Check out the new design

د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي * - د ژباړو فهرست (لړلیک)

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

د معناګانو ژباړه سورت: بقره   آیت:
وَإِذۡ نَجَّيۡنَٰكُم مِّنۡ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ يَسُومُونَكُمۡ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ يُذَبِّحُونَ أَبۡنَآءَكُمۡ وَيَسۡتَحۡيُونَ نِسَآءَكُمۡۚ وَفِي ذَٰلِكُم بَلَآءٞ مِّن رَّبِّكُمۡ عَظِيمٞ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Tubakuyeko amagorwa y’abantu ba Firawuni yo gucurwa bufuni na buhoro, babaha ibihano bikomeye, bagakereragura abana banyu b’abahungu, bagasigaza abakobwa banyu ku gutinya ko mu bahungu hovamwo uwuzoza gukura ubutegetsi bwiwe. Muri ivyo vyose vyabashikiye rero, harimwo igeragezwa rikomeye rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah.
عربي تفسیرونه:
وَإِذۡ فَرَقۡنَا بِكُمُ ٱلۡبَحۡرَ فَأَنجَيۡنَٰكُمۡ وَأَغۡرَقۡنَآ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ وَأَنتُمۡ تَنظُرُونَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke kandi igihe Twabaciramwo kubiri ibahari ritukura hakaboneka inzira ihita, gutyo Tubakura mu bihano mwarimwo, Tunasomesha nturi Firawuni n’abantu biwe na mwe mwirabira n’amaso yanyu ukuntu basoma nturi.
عربي تفسیرونه:
وَإِذۡ وَٰعَدۡنَا مُوسَىٰٓ أَرۡبَعِينَ لَيۡلَةٗ ثُمَّ ٱتَّخَذۡتُمُ ٱلۡعِجۡلَ مِنۢ بَعۡدِهِۦ وَأَنتُمۡ ظَٰلِمُونَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Twaha Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) isezerano ryo kuvugana nanje ukuri kwamye no kumanurirwa Tawurati, inyuma y’amajoro mirongo ine, muca mufata igishusho c’inyana y’inka mwibumbiye muragisenga igihe Intumwa y’Imana Musa yari kwakira ubutumwa bwa Tawurati ku musozi Sinayi. Mwari mwirenganije pe!
عربي تفسیرونه:
ثُمَّ عَفَوۡنَا عَنكُم مِّنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Mu nyuma yo gusenga nya gishusho c’inyana, Twarabababariye ivyaha vyanyu kugira ngo mushime ubutore n’ingabirano z’Imana Allah.
عربي تفسیرونه:
وَإِذۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡفُرۡقَانَ لَعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ
Nimwibuke igihe Twaha Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Tawurati gitandukanya ukuri n’ikinyoma, ibirekuwe n’ibibujijwe, kugira ngo mube abagororotsi.
عربي تفسیرونه:
وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ إِنَّكُمۡ ظَلَمۡتُمۡ أَنفُسَكُم بِٱتِّخَاذِكُمُ ٱلۡعِجۡلَ فَتُوبُوٓاْ إِلَىٰ بَارِئِكُمۡ فَٱقۡتُلُوٓاْ أَنفُسَكُمۡ ذَٰلِكُمۡ خَيۡرٞ لَّكُمۡ عِندَ بَارِئِكُمۡ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلتَّوَّابُ ٱلرَّحِيمُ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ibwira abantu bayo iti: “Bantu banje! Mu vy’ukuri, mwarirenganije mu gusenga igishusho c’inyana y’inka. Kubera ivyo rero, nimugaruke ku Mana Allah Umuremyi wanyu, maze mwigaye ibicumuro vyanyu mu kwicana hagati yanyu. Ivyo rero mu gihe mwobigira, ni ku neza yanyu imbere y’Imana Allah Umuremyi wanyu. Ico gihe mwaricanye hapfa ibihumbi mirongo indwi, gutyo Iyabaremye Irabababarira”. Mu vy’ukuri rero, ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
عربي تفسیرونه:
وَإِذۡ قُلۡتُمۡ يَٰمُوسَىٰ لَن نُّؤۡمِنَ لَكَ حَتَّىٰ نَرَى ٱللَّهَ جَهۡرَةٗ فَأَخَذَتۡكُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ وَأَنتُمۡ تَنظُرُونَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke igihe (abantu mirongo indwi muri mwebwe) mwabwira Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) muti: “Ntiturota twemera ko wewe uvugana n’Imana Allah tutabanje kwibonera nya Mana Allah utubwira amaso mu yandi”, haca hamanuka umuriro uvuye hejuru mwiboneye n’amaso yanyu, urabahonya;
عربي تفسیرونه:
ثُمَّ بَعَثۡنَٰكُم مِّنۢ بَعۡدِ مَوۡتِكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Hanyuma Tubasubiza ubuzima inyuma y’iryo honywa kugira ngo mushimire Iyabaremye ku nema Yabahaye.
عربي تفسیرونه:
وَظَلَّلۡنَا عَلَيۡكُمُ ٱلۡغَمَامَ وَأَنزَلۡنَا عَلَيۡكُمُ ٱلۡمَنَّ وَٱلسَّلۡوَىٰۖ كُلُواْ مِن طَيِّبَٰتِ مَا رَزَقۡنَٰكُمۡۚ وَمَا ظَلَمُونَا وَلَٰكِن كَانُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ يَظۡلِمُونَ
Nimwibuke n’igihe Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira ngo kibakingire izuba ryo mu bugaragwa igihe mwari mu gihano co kuzembagirika, Tubamanurira na “Manna[6]” na “Salwa[7]”. Turaheza Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye maze mwubahirize idini ryanyuˮ, ariko rero nta ryo bubahirije. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo, mugabo ni bo nyene birenganije.
[6] Ibirirarira vy’ibiti bisosa nk’ubuki.
[7] Inyama z’ubwoko bw’inyoni.
عربي تفسیرونه:
 
د معناګانو ژباړه سورت: بقره
د سورتونو فهرست (لړلیک) د مخ نمبر
 
د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي - د ژباړو فهرست (لړلیک)

یوسف ګهيتي ژباړلی. د افریقا پرمختیایي بنسټ لخوا خپره شوې ده.

بندول