Check out the new design

د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي * - د ژباړو فهرست (لړلیک)

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

د معناګانو ژباړه سورت: آل عمران   آیت:
يَوۡمَ تَجِدُ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا عَمِلَتۡ مِنۡ خَيۡرٖ مُّحۡضَرٗا وَمَا عَمِلَتۡ مِن سُوٓءٖ تَوَدُّ لَوۡ أَنَّ بَيۡنَهَا وَبَيۡنَهُۥٓ أَمَدَۢا بَعِيدٗاۗ وَيُحَذِّرُكُمُ ٱللَّهُ نَفۡسَهُۥۗ وَٱللَّهُ رَءُوفُۢ بِٱلۡعِبَادِ
Umusi rero umuntu wese yasanze indishi y’ivyo yakoze mu vyiza imurindiriye, agasanga n’ivyo yakoze mu bibi indishi yavyo imurindiriye, azokwipfuza ko hopfuma haba ikiringo kirekire hagati yiwe n’ingaruka mbi z’ibibi yakoze kugira ntabibazwe. Kandi rero Imana Allah Irabihanije ku bihano vyayo nimuvyiyubare. N’aho biri ukwo rero, Imana Allah ni Nyenikigongwe ku baja bayo.
عربي تفسیرونه:
قُلۡ إِن كُنتُمۡ تُحِبُّونَ ٱللَّهَ فَٱتَّبِعُونِي يُحۡبِبۡكُمُ ٱللَّهُ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡ ذُنُوبَكُمۡۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Ntumwa y’Imana! Bwira abemeramana uti: “Nimwaba mukunda vy’ukuri Imana Allah, nimunkurikire rero munyumvire, gutyo Imana Allah Iheze Ibakunde, Inabagumirize akabanga ku vyaha vyanyu ntibibahanire. Burya Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo [6]”.
[6] Iyi Aayah iratomoye mu kwerekana ko uwukunda Imana Allah ategerezwa kandi gukunda n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) akanayumvira vy’ukuri.
عربي تفسیرونه:
قُلۡ أَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَٱلرَّسُولَۖ فَإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يُحِبُّ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Babwire uti: “Nimwumvire Imana Allah mu kugendera Qor’ani, munumvire Intumwa mu gukurikiza inyigisho n’imigenzo vyayo”. Nibagenza umugongo bakakwirengagiza, baramenya rero ko mu vy’ukuri Imana Allah Idakunda abagarariji.
عربي تفسیرونه:
۞ إِنَّ ٱللَّهَ ٱصۡطَفَىٰٓ ءَادَمَ وَنُوحٗا وَءَالَ إِبۡرَٰهِيمَ وَءَالَ عِمۡرَٰنَ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaratoye Adamu na Nuhu n’umuryango wa Ibrahimu n’uwa Amraani, Ibagira aberanda n’intore mu gihe cabo,
عربي تفسیرونه:
ذُرِّيَّةَۢ بَعۡضُهَا مِنۢ بَعۡضٖۗ وَٱللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٌ
Iraheza Ibagira Intumwa n’Abavugishwamana mu rukurikirane rw’uruvyaro rwabo rweranda. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva ibivugwa n’abaja bayo, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo bazirikana n’ivyo bakora, kandi Izobibahembera;
عربي تفسیرونه:
إِذۡ قَالَتِ ٱمۡرَأَتُ عِمۡرَٰنَ رَبِّ إِنِّي نَذَرۡتُ لَكَ مَا فِي بَطۡنِي مُحَرَّرٗا فَتَقَبَّلۡ مِنِّيٓۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Ntumwa y’Imana! Ibuka ivyashikiye Isa na nyina wiwe Mariyamu hamwe na inakuru wiwe, ari we mukenyezi wa Amraani, igihe yasama imbanyi ya Mariyamu maze akavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe mu vy’ukuri, ndiyemeje kukwegurira ico nibungenze (kizokwame gikorera ingoro yawe Bayti l-Maqdisi), ndakwinginze rero ukinyemerere, mu vy’ukuri ni Wewe Nyenukwumva igisabisho canje, Nyenubumenyikurivyose, Uzi umuzirikanyi wanje”.
عربي تفسیرونه:
فَلَمَّا وَضَعَتۡهَا قَالَتۡ رَبِّ إِنِّي وَضَعۡتُهَآ أُنثَىٰ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا وَضَعَتۡ وَلَيۡسَ ٱلذَّكَرُ كَٱلۡأُنثَىٰۖ وَإِنِّي سَمَّيۡتُهَا مَرۡيَمَ وَإِنِّيٓ أُعِيذُهَا بِكَ وَذُرِّيَّتَهَا مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ ٱلرَّجِيمِ
Nya mbanyi imaze kuvuka, umukenyezi wa Amraani yaciye avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri nibarutse umukobwa, ntashoboye gukorera ingoro yawe - Imana Allah na Yo Yari Izi neza ico yibarutse ko kizoba igitangaro - kandi rero umuhungu nipfuje kwibaruka si nk’umukobwa mu bubasha bwo gukorera ingoro yawe. Mu vy’ukuri, namwise Mariyamu, ni ukuri ndanamukuragije we n’uruvyaro rwiwe, Ubakingire inyoshambi za shetani yavumwe”.
عربي تفسیرونه:
فَتَقَبَّلَهَا رَبُّهَا بِقَبُولٍ حَسَنٖ وَأَنۢبَتَهَا نَبَاتًا حَسَنٗا وَكَفَّلَهَا زَكَرِيَّاۖ كُلَّمَا دَخَلَ عَلَيۡهَا زَكَرِيَّا ٱلۡمِحۡرَابَ وَجَدَ عِندَهَا رِزۡقٗاۖ قَالَ يَٰمَرۡيَمُ أَنَّىٰ لَكِ هَٰذَاۖ قَالَتۡ هُوَ مِنۡ عِندِ ٱللَّهِۖ إِنَّ ٱللَّهَ يَرۡزُقُ مَن يَشَآءُ بِغَيۡرِ حِسَابٍ
Kukaba nkako, Imana yiwe Rurema Allah Yaramwemereye igisabisho, Iramwakirira neza uwo yayeguriye Iraheza Iramubungabunga Imuha indero nziza, maze arerwa na Zakariya [63] aho yari asanzwe asengera. Igihe cose yaja kumuraba yahasanga imfungurwa ziteguye, agaca amubaza ati: “Mbega Mariya! Izi mfugurwa wazikuye hehe?”, na we akamwishura ati: “Ni izo nafunguriwe n’Imana Allah”. Mu vy’ukuri, Imana Allah Ironsa ibibeshaho uwo Ishaka mu biremwa vyayo Itarinze kumugerera.
[63] Umugabo wa nyinabo.
عربي تفسیرونه:
 
د معناګانو ژباړه سورت: آل عمران
د سورتونو فهرست (لړلیک) د مخ نمبر
 
د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - کیروندي ژباړه - یوسف ګهيتي - د ژباړو فهرست (لړلیک)

یوسف ګهيتي ژباړلی. د افریقا پرمختیایي بنسټ لخوا خپره شوې ده.

بندول