د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - الترجمة الكيروندية * - د ژباړو فهرست (لړلیک)

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

د معناګانو ژباړه سورت: الانسان   آیت:

SURATU L-INSAAN

هَلۡ أَتَىٰ عَلَى ٱلۡإِنسَٰنِ حِينٞ مِّنَ ٱلدَّهۡرِ لَمۡ يَكُن شَيۡـٔٗا مَّذۡكُورًا
Mu vy’ukuri, haraciye igihe kirekire ku muntu atarahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima "Roho", ntiyari bwabe ikintu kivugwa.
عربي تفسیرونه:
إِنَّا خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ مِن نُّطۡفَةٍ أَمۡشَاجٖ نَّبۡتَلِيهِ فَجَعَلۡنَٰهُ سَمِيعَۢا بَصِيرًا
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye umuntu mu ntanga zivanze (iz’umugabo n’iz’umugore), kugira Tuzomugerageze mu kwubahiriza amabwirizwa, Turaheza Tumugira uwumva, abona, kugira azobazwe ku co yumvise no ku co yabonye.
عربي تفسیرونه:
إِنَّا هَدَيۡنَٰهُ ٱلسَّبِيلَ إِمَّا شَاكِرٗا وَإِمَّا كَفُورًا
Mu vy’ukuri, Twaramumenyesheje Turanamutomorera inzira y’ubugororotsi n’iy’ubuhuvyi, iy’ivyiza n’iy’ibibi. Kubera ivyo rero, ashobora guhitamwo kwemera Imana Allah, agashima ivyiza Yamuhaye, canke akagarariza Iyamuremye, agahakana inema zayo.
عربي تفسیرونه:
إِنَّآ أَعۡتَدۡنَا لِلۡكَٰفِرِينَ سَلَٰسِلَاْ وَأَغۡلَٰلٗا وَسَعِيرًا
Mu vy’ukuri, Twarateguriye abagarariji amapingu bazoboheshwa ku maguru, hamwe n’iminyororo bazoboheshwa amaboko yabo mw’izosi, Twarabateguriye n’umuriro wama wegenyejwe.
عربي تفسیرونه:
إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ يَشۡرَبُونَ مِن كَأۡسٖ كَانَ مِزَاجُهَا كَافُورًا
Mu vy’ukuri aberanda bagamburukira Imana Allah, bazonywa mu Bwami bw’ijuru inzoga itaboreza ivanzwe na “Kaafuuri[1]”.
[1] Kaafuuri, ni umwambiro uzoha ibinyobwa akanovera n’akamoto keza.
عربي تفسیرونه:
عَيۡنٗا يَشۡرَبُ بِهَا عِبَادُ ٱللَّهِ يُفَجِّرُونَهَا تَفۡجِيرٗا
Ivyo binyobwa, ni iriba riri mu Bwami bw’ijuru, aho abaja b’Imana Allah bicisha bugufi bazonywera, bazoricira inzira baritumbereze aho bashaka;
عربي تفسیرونه:
يُوفُونَ بِٱلنَّذۡرِ وَيَخَافُونَ يَوۡمٗا كَانَ شَرُّهُۥ مُسۡتَطِيرٗا
Bakiri kw’isi rero, barubahiriza ivyo biyemeje “nadhri” bakabishira mu ngiro, bagatinya n'ibihano vyo ku musi, ivyago vyawo bizoba bihambaye, vyugarije hose;
عربي تفسیرونه:
وَيُطۡعِمُونَ ٱلطَّعَامَ عَلَىٰ حُبِّهِۦ مِسۡكِينٗا وَيَتِيمٗا وَأَسِيرًا
Bakanafungurira n’umukene, impfuvyi n’imbohe, mu gihe na bo nyene bakunda izo mfungurwa kandi banazikeneye;
عربي تفسیرونه:
إِنَّمَا نُطۡعِمُكُمۡ لِوَجۡهِ ٱللَّهِ لَا نُرِيدُ مِنكُمۡ جَزَآءٗ وَلَا شُكُورًا
Mu mitima yabo bakavuga bati: “Ni ukuri, Tubafunguriye ku bw’Imana Allah turondera indishi zayo, ntitubaronderako namba impembo canke gushimwa;
عربي تفسیرونه:
إِنَّا نَخَافُ مِن رَّبِّنَا يَوۡمًا عَبُوسٗا قَمۡطَرِيرٗا
Mu vy’ukuri, dutinya ibihano bivuye ku Mana yacu Rurema Allah, umusi umuntu azokwijirirwa mu maso n’iminkanyari myinshi, kubera intureka z’akataraboneka”.
عربي تفسیرونه:
فَوَقَىٰهُمُ ٱللَّهُ شَرَّ ذَٰلِكَ ٱلۡيَوۡمِ وَلَقَّىٰهُمۡ نَضۡرَةٗ وَسُرُورٗا
Abo rero, Imana Allah Izobakingira intureka z’ibihano vy’uwo musi, Yongere Ibasayanganishe mu maso, Ibahe n’akamwemwe ku kandi ku mutima;
عربي تفسیرونه:
وَجَزَىٰهُم بِمَا صَبَرُواْ جَنَّةٗ وَحَرِيرٗا
Imana Allah Izonabahembera ukuntu bihanganye kw’isi, Ibahe Ubwami bw’ijuru n’impuzu z’iharire yoroshe;
عربي تفسیرونه:
مُّتَّكِـِٔينَ فِيهَا عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِۖ لَا يَرَوۡنَ فِيهَا شَمۡسٗا وَلَا زَمۡهَرِيرٗا
Bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije, biteye igomwe, akayaga keza kabaca irya n’ino, ntibazokwumva ubushuhe bw’izuba canke igikonyozi vy’umurengera;
عربي تفسیرونه:
وَدَانِيَةً عَلَيۡهِمۡ ظِلَٰلُهَا وَذُلِّلَتۡ قُطُوفُهَا تَذۡلِيلٗا
Bazoba bari mu gatutu k’ibiti vy’aho kari hafi, ivyamwa vya nya biti bizoba vyoroshe kwamura.
عربي تفسیرونه:
وَيُطَافُ عَلَيۡهِم بِـَٔانِيَةٖ مِّن فِضَّةٖ وَأَكۡوَابٖ كَانَتۡ قَوَارِيرَا۠
Bazohabwa n’abakozi babahereza ku masahani no mu birahuri vy’umwakaka;
عربي تفسیرونه:
قَوَارِيرَاْ مِن فِضَّةٖ قَدَّرُوهَا تَقۡدِيرٗا
Ibirahuri vy’umwakaka bibonerana, birimwo ibinyobwa bipimwe neza ku rugero rw’inyota y’umunywi.
عربي تفسیرونه:
وَيُسۡقَوۡنَ فِيهَا كَأۡسٗا كَانَ مِزَاجُهَا زَنجَبِيلًا
Aho mu Bwami bw’ijuru, bazoherezwa inzoga itaboreza ivanzwe n’itangawizi.
عربي تفسیرونه:
عَيۡنٗا فِيهَا تُسَمَّىٰ سَلۡسَبِيلٗا
Yengeshejwe amazi y’akanovera y’iriba “Salsabiil”, amanuka neza mu muhogo ata gakatsi.
عربي تفسیرونه:
۞ وَيَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ وِلۡدَٰنٞ مُّخَلَّدُونَ إِذَا رَأَيۡتَهُمۡ حَسِبۡتَهُمۡ لُؤۡلُؤٗا مَّنثُورٗا
Bazoba bakikijwe n’imisore myiza ibahereza, ikurakuranwa, iri mu runganwe rumwe, idasaza. Uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni “lulu[2]” zisanzajwe mu Bwami bw’ijuru.
[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.
عربي تفسیرونه:
وَإِذَا رَأَيۡتَ ثَمَّ رَأَيۡتَ نَعِيمٗا وَمُلۡكٗا كَبِيرًا
Aho ubonye hose muri nya Bwami, ubona inema z’akaroruhore n’ubwami bunini buhimbaye.
عربي تفسیرونه:
عَٰلِيَهُمۡ ثِيَابُ سُندُسٍ خُضۡرٞ وَإِسۡتَبۡرَقٞۖ وَحُلُّوٓاْ أَسَاوِرَ مِن فِضَّةٖ وَسَقَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ شَرَابٗا طَهُورًا
Bazoba bambaye impuzu z’iharire yoroshe y’urwatsi rubisi, baheze barenzeko n’izindi z'iharire iremereye, bazonaberwa mu kwambikwa imiringa y’umwakaka. Hamwe n’ivyo vyose rero, Imana yabo Rurema Allah, Izobaha ikinyobwa gisukuye, kitagira agakatsi;
عربي تفسیرونه:
إِنَّ هَٰذَا كَانَ لَكُمۡ جَزَآءٗ وَكَانَ سَعۡيُكُم مَّشۡكُورًا
Maze babwirwe bati: “Mu vy’ukuri, iyi ni yo mpembo yanyu, ibikorwa vyanyu vyarashimwe n’Imana Allah”.
عربي تفسیرونه:
إِنَّا نَحۡنُ نَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡقُرۡءَانَ تَنزِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaguhishuriye Qor’ani ibicebice, kugira wibutse ibiremwa, uheze uremeshe abemeramana, ugabishe n’abagarariji.
عربي تفسیرونه:
فَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ وَلَا تُطِعۡ مِنۡهُمۡ ءَاثِمًا أَوۡ كَفُورٗا
Kubera ivyo rero, ihanganire ingingo y’Imana yawe Rurema Allah ku vyagezwe kuri wewe, uheze uyishime, maze ubandanye ushikirize ubutumwa bwayo, kandi ntukagamburukire umunyavyaha canke umugarariji n’umwe mu babangikanyamana.
عربي تفسیرونه:
وَٱذۡكُرِ ٱسۡمَ رَبِّكَ بُكۡرَةٗ وَأَصِيلٗا
Kandi wibuke kuguma uninahaza Imana yawe Rurema Allah no kuyisaba mu gitondo no ku mugoroba.
عربي تفسیرونه:
وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَٱسۡجُدۡ لَهُۥ وَسَبِّحۡهُ لَيۡلٗا طَوِيلًا
Mw’ijoro naho, urubamira Imana Allah (usujudu), uheze usenge mu gicugu uyininahaza umwanya munini.
عربي تفسیرونه:
إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ يُحِبُّونَ ٱلۡعَاجِلَةَ وَيَذَرُونَ وَرَآءَهُمۡ يَوۡمٗا ثَقِيلٗا
Mu vy’ukuri, abo babangikanyamana bakunda ivy’isi, bakavyitwararika cane, bakareka kwitegurira umusi w’umuhero w’isi uremereye.
عربي تفسیرونه:
نَّحۡنُ خَلَقۡنَٰهُمۡ وَشَدَدۡنَآ أَسۡرَهُمۡۖ وَإِذَا شِئۡنَا بَدَّلۡنَآ أَمۡثَٰلَهُمۡ تَبۡدِيلًا
Mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Twabaremye, Turaheza Dukomeza ibihimba vy’imibiri yabo. Mu gihe rero Twoshaka, Twobarigita, Tukarema abandi nkabo bagamburukira Imana Allah kubarusha.
عربي تفسیرونه:
إِنَّ هَٰذِهِۦ تَذۡكِرَةٞۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلٗا
Mu vy’ukuri iki gisomwa, ni urwibutso ku biremwa, uwoshaka ineza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa rero, yogira ukwemera Imana Allah inzira imushikana ku mbabazi n’ishimwa vy’Imana yiwe Rurema Allah.
عربي تفسیرونه:
وَمَا تَشَآءُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمٗا
Kanatsinda, nta co mwoshaka gushikako mu vyo mukora vyose ngo gishoboke, kiretse mu gihe Imana Allah Ibishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi umwe wese muri mwebwe kurusha, Intungane mu vyo Ikora.
عربي تفسیرونه:
يُدۡخِلُ مَن يَشَآءُ فِي رَحۡمَتِهِۦۚ وَٱلظَّٰلِمِينَ أَعَدَّ لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمَۢا
Ishira mu mpuhwe zayo uwo Ishaka mu baja bayo. Nayo abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, Yarabateguriye ibihano bibabaza cane.
عربي تفسیرونه:
 
د معناګانو ژباړه سورت: الانسان
د سورتونو فهرست (لړلیک) د مخ نمبر
 
د قرآن کریم د معناګانو ژباړه - الترجمة الكيروندية - د ژباړو فهرست (لړلیک)

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

بندول