Check out the new design

Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti * - Índice de tradução

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Tradução dos significados Surah: Al-Maidah   Versículo:
۞ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَتَّخِذُواْ ٱلۡيَهُودَ وَٱلنَّصَٰرَىٰٓ أَوۡلِيَآءَۘ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٖۚ وَمَن يَتَوَلَّهُم مِّنكُمۡ فَإِنَّهُۥ مِنۡهُمۡۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abayahudi n’abanaswara abagenzi banyu somambike mu kubahereza amabanga yanyu, mu gihe ata rukundo babafitiye. Umugwi wose muri bo uracuditse n’uwundi; baratabarana hagati yabo, bagafatana mu mugongo mu kubarwanya. Uwuzobagira abagenzi somambike acuditse na bo rero, azoharurwa muri bo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntishoboza abantu birenganya mu gucudika n’abagarariji.
Os Tafssir em língua árabe:
فَتَرَى ٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ يُسَٰرِعُونَ فِيهِمۡ يَقُولُونَ نَخۡشَىٰٓ أَن تُصِيبَنَا دَآئِرَةٞۚ فَعَسَى ٱللَّهُ أَن يَأۡتِيَ بِٱلۡفَتۡحِ أَوۡ أَمۡرٖ مِّنۡ عِندِهِۦ فَيُصۡبِحُواْ عَلَىٰ مَآ أَسَرُّواْ فِيٓ أَنفُسِهِمۡ نَٰدِمِينَ
Uzobona abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo, bihutira kubagira abagenzi somambike bavuga mu kwisigura bati: “Burya tubagira abagenzi somambike ku gutinya ko baramutse batsinze abislamu, na twe boduhitana”. Imana Allah Yabishuye ko kumbure hari n’aho Yogarurira abislamu igisagara ca Makka canke Ikabashikana ku ntsinzi bakaganza, izo ndyarya zikazokwicuza ku catumye zicudika na bo;
Os Tafssir em língua árabe:
وَيَقُولُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَهَٰٓؤُلَآءِ ٱلَّذِينَ أَقۡسَمُواْ بِٱللَّهِ جَهۡدَ أَيۡمَٰنِهِمۡ إِنَّهُمۡ لَمَعَكُمۡۚ حَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡ فَأَصۡبَحُواْ خَٰسِرِينَ
Muri ico gihe, abemeramana bazobwirana hagati yabo bitangaza bati: “Mbega none, aba ni bo barahiye bakarengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko mu vy’ukuri bari kumwe na mwe!”. Ibikorwa vyabo rero vyarahungurutse bicika impfagusa kuko babikorana uburyarya, nta co bazokuramwo atari agahombo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Os Tafssir em língua árabe:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مَن يَرۡتَدَّ مِنكُمۡ عَن دِينِهِۦ فَسَوۡفَ يَأۡتِي ٱللَّهُ بِقَوۡمٖ يُحِبُّهُمۡ وَيُحِبُّونَهُۥٓ أَذِلَّةٍ عَلَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ أَعِزَّةٍ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ يُجَٰهِدُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَلَا يَخَافُونَ لَوۡمَةَ لَآئِمٖۚ ذَٰلِكَ فَضۡلُ ٱللَّهِ يُؤۡتِيهِ مَن يَشَآءُۚ وَٱللَّهُ وَٰسِعٌ عَلِيمٌ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Uwuzoramuka yisubiyeko muri mwebwe, akava mw’idini ryiwe ry’ubwislamu, nta co azokwicira Imana Allah, kuko Izoheza Izane abandi bantu Ikunda, kandi na bo nyene bakayikunda, bicisha bugufi bakanagirira impuhwe abemeramana, bagakarira abagarariji, bagaharanira n’idini ryayo ata gutinya igitsure c’umuntu n’umwe. Iyo rero, ni impano y’Imana Allah Iha uwo Ishatse mu biremwa, kira noneho, burya Imana Allah ni Nyeningabirano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose.
Os Tafssir em língua árabe:
إِنَّمَا وَلِيُّكُمُ ٱللَّهُ وَرَسُولُهُۥ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱلَّذِينَ يُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَيُؤۡتُونَ ٱلزَّكَوٰةَ وَهُمۡ رَٰكِعُونَ
Bemeramana! Ni ukuri umuhagarikizi n’umutabazi wanyu, ni Imana Allah n’Intumwa yayo, hamwe rero n’abemeramana; barya batsimbataza isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, bakanatanga n’ishikanwa-bwirizwa bicishije bugufi ku Mana Allah.
Os Tafssir em língua árabe:
وَمَن يَتَوَلَّ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ فَإِنَّ حِزۡبَ ٱللَّهِ هُمُ ٱلۡغَٰلِبُونَ
Uwo wese rero azogira Imana Allah Umuhagarikizi, agaheza akizera Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’abemeramana, azoba ari mu mugwi uharanira Imana Allah. Burya mu vy’ukuri, umugwi uharanira Imana Allah, ni wo wenintsinzi.
Os Tafssir em língua árabe:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَتَّخِذُواْ ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ دِينَكُمۡ هُزُوٗا وَلَعِبٗا مِّنَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ مِن قَبۡلِكُمۡ وَٱلۡكُفَّارَ أَوۡلِيَآءَۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abagenzi somambike, abanebagura bagatebura kw’idini ryanyu mu bahawe Igitabu aho hambere yanyu no mu bagarariji, muraheza nyabuna mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo nimwaba muyemera vy’ukuri;
Os Tafssir em língua árabe:
 
Tradução dos significados Surah: Al-Maidah
Índice de capítulos Número de página
 
Tradução dos significados do Nobre Qur’an. - Tradução quirundi - Yusuf Ghahiti - Índice de tradução

Traduzida por Youssef Ghayiti. Publicada pela Fundação Africana de Desenvolvimento.

Fechar