Impera n'imperuka, iherezo ryanyu mwese ni ku Mana Allah, ni na Yo Mushoboravyose, Irashoboye kubazura inyuma yo gupfa Ikabasubiza ubuzima, Ikanabahembera ivyo mwakoze.
Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, ababangikanyamana bahisha ubugarariji mu mishaha yabo, bibaza ko bohisha Imana Allah nya bugarariji bwabo. Mbega ntibazi ko n’igihe bambaye bakikwiza, Imana Allah Izi neza ivyo bahisha n’ivyo bagaragaza! Mu vy’ukuri, ni Yo Izi ibihishijwe mu mishaha.
Nta kiremwa na kimwe kigendagenda kw’isi, kiretse ko Imana Allah Yakigeneye ibikibeshaho, Irazi n’aho gifise icumbi mu buzima bwo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Irazi n’ahantu kizopfira, ivyo vyose kandi biranditswe ku Mana Allah mu Gitabu gitomora vyose.
Ariko abihangana ku bw’Imana Allah mu gihe bashikiwe n’ivyago, bakanakora n’ivyiza bitegetswe ku gushima inema zayo, abo ni bo rero bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo ntibabihanirwe, bazoronka n’impano nta ngere kandi zamaho mu buzima bw'inyuma yo gupfa.
Ntumwa y’Imana! Abo babangikanyamana nivyabananira bakanareka kubumvira mu vyo mubararikiramwo wewe n’abemeramana, muramenya rero ko Qor’ani yamanuwe n’Imana Allah ku bumenyi bwayo, mumenye kandi ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo. Mbega none, inyuma y'ivyo vyose ntimwoshishikara muri abislamu bicisha bugufi ku Mana Allah!
Abo ni bo rero ata co bategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kiretse umuriro wa Jahannamu; ivyo bakoze kw’isi bizobabera impfagusa, ntibizokwemerwa namba kuko bitakozwe ku bw’Imana Allah.
Mbega burya, uwemera Imana Allah, yofatwa co kimwe gute n’uwitwararika gusa ubuzima bw’isi n’ibihendamaso vyayo, mu gihe umwemeramana akora yisunze icemezo c’ukuri kivuye ku Mana yiwe Rurema Allah, akanararikira abandi kwemera yisunze icemezo cahishuwe muri Qor’ani, maze nya cemezo kigaherekezwa n’ikindi cemezo[4] cerekana ko Qor’ani, iva ku Mana Allah, hakaba rero n’ikindi cemezo ca Tawurati yamanuriwe Musa imbere y’ihishurwa rya Qor’ani, kugira ibere abayemeye uburongozi n’impuhwe! Abo bemera muri ubwo buryo rero, ni bo bemera koko Qor’ani bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. Uwugararije Qor’ani mu migwi yiyunze mu kurwaniriza hamwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amenye ko isango ry’ibihano vyiwe ari mu muriro, ata gisivya. Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko Qor’ani iva ku Mana Allah, uheze umenye ko idini ry’ubwislamu ari kwo kuri kuvuye ku Mana yawe Rurema Allah, ariko rero abenshi mu bantu ntibemera ngo bubahirize ivyo bategetswe.
Ababuragiza abantu gukurikira inzira y’Imana Allah, bagashaka ko nya nzira igorama ku vyipfuzo vyabo, kandi bagahakana bivuye inyuma ko bazozuka bagahemberwa ivyo bakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, maze bakubahiriza n’amabwirizwa y’Imana yabo Rurema Allah, abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera.
Ni ukuri, Twebwe Allah Twararungitse Nuhu ku bantu biwe, araheza ababwira ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi umugabisha wanyu atomoye ku bihano vy’Imana Allah;
Ndababwiriza ko mutokwiyegereza mu vyo mukora vyose mu gusenga, kiretse Imana Imwe Rudende Allah, jewe mu vy’ukuri ndatinya ko mu gihe mwobangikanya Imana Allah, mwohabwa ibihano bibabaza”,
Indongozi z’abagararije mu bantu biwe, zaciye zimwishura ziti: “Twebwe tubona ko wewe uri umuntu nkatwe, ni gute hohishurirwa wewe gusa! Turavye n’abagukurikiye muri twebwe, dusanga ari ba nyarucari gusa, badashoboye kwiyumvira. Kira noneho, nta n’ico tubona mudusumbije mu matungo kuva mwinjiye mw’idini ryanyu, ahubwo mbere turemeza neza ko mubesha mu vyo mushikiriza”.
Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yishuye nya ndongozi ati: “Bantu banje narungitsweko! Mbega mubona gute hamwe nozana icemezo gitomoye kivuye ku Mana yanje Rurema Allah, cemeza ko ndi mu kuri, Ikanampa n’ubutumwa ku mpuhwe zayo, maze Ikabahumya ntimushobore kubona nya kuri Yandungikanye, mubona twobahatira gukurikira nya kuri mu gihe muguhakana!
Bantu banje! Nta matungo ndabasaba ko mwompemba kw’irarikiramana ryanje, ariko impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah. Sindota rero nirukana abemeramana ndabahora ko ari ba nyarucari, kugira ngo mwemere, mu vy’ukuri bazohura n’Imana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, ariko rero jewe mbona ko muri inshirasoni mukaba n’abahanuzi babi;
Bantu banje! Ni nde yontabara ku bihano, mu gihe Imana Allah Yompanira ukwirukana abemeramana? Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ikibafitiye akamaro kurusha ibindi!
Jewe sindigera ndababwira na rimwe ko ngaba ibigega vy’Imana Allah, sindanababwira ko nzi ibinyegejwe ibiremwa, canke ko ndi umumalayika; vyongeye sinorota mbwira abo musuzugura mu bemeramana, ko Imana Allah Itazobahembera ivyiza bakora; burya Imana Allah, ni Yo Izi gusumba ibiri mu mishaha yabo; ndamutse rero ndabikoze ukwo, muri ico gihe noba ndi mu barenganya”.
Eka n’ukwita kwanje ku rutare ndabahanura nshaka ko mwemera, nta co kuzobamarira mu gihe Imana Allah Yoshaka kubahubisha ngo Iheze Ibahane, ni Yo Mana yanyu Rurema, impera n'imperuka rero, ni no kuri Yo muzosubizwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibahembere ivyo mwakoze kw’isi”.
Ni ho Nuhu rero yatangura kubaza nya bwato, uko indongozi z’abagarariji mu bantu biwe zirenganye aho abazira, zaravunanira urugohe ku gasuzuguro n'akantu, Nuhu agaca azibwira ati: “Nimwaba muvunanira urugohe ku kudusuzugura uno musi, nimwatwarwa n’isegenya na twe tuzobasuzugura nk’ukwo mudusuzugura;
Ni ho rero Nuhu yabwira abamwemeye ati: “Nimwurire ubwato, kw’izina ry’Imana Allah buraheza bugende mu mazi, ni no kw’izina ryayo buhagarara. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.
Umuhungu wiwe yamwishuye ati: “Ndahungira ku musozi, maze unkingire sintwarwe”. Nuhu amusubiza ati: “Uno musi nta gikingira umuntu n’umwe igihano c’isengenya, kiretse uwugirirwa impuhwe n’Imana Allah, enda nyabuna mwananje, niwemere uheze wurire ubwato”. Aho ni ho rero umukuba ungana umusozi wahitana nya muhungu, aca aba mu basomeshejwe nturi, bari aho.
Inyuma y’ihanishwa ry’isegenya, isi yategetswe n’Imana Allah, iti: “Wa si we! Kamya amazi yawe. Na we wa juru we! Tara imvura yawe ihite”. Ni ho amazi yabona kugabanuka, isi irumuka, gutyo itegeko ry’Imana Allah ryo guhana abantu ba Nuhu, riba rishizwe mu ngiro. Bwa bwato bushoka buhagarara ku nkengera z’umusozi Al-Juudiy, akayagwa karayagwa bati: “Haragahona abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah”.
Ni ho Nuhu yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wari Wansezeraniye ko Urokora umuryango wanje ntuhitanwe n’isegenya, umuhungwanje na we akaba ari mu muryango wanje, kandi mu vy’ukuri isezerano ryawe ni iry’ukuri, ni na Wewe Nyene kugira ubutungane bubereye ku biremwa gusumba abacamanza bose”.
Ni ho Imana Allah Yabwira Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Iti: “Ururuka ubwato mw’ituze, mw'iteka n’itekane bivuye kuri Twebwe Allah, uheze ubeho mu migisha y’ingabirano Twaguhundagajeko, wewe n’imigwi y’amoko y’ibiremwa izokomoka ku biremwa muri kumwe. Hari n’iyindi migwi y’intumva mu biremwa, Tuzoha kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi gushika ku musi wa rwo, hanyuma Tuyihe ibihano bibabaza ku musi w’izuka”.
Ntumwa y’Imana! Izo rero, ni zimwe mu nkuru zo muri kahise Tuguhishurira. Yaba wewe kibure abantu bawe, nta wigeze azimenya imbere yuko Tuzikubwira. Kubera ivyo rero, ihanganire ihakana n’ibangamira ry’abantu bawe; nk’uko n’Intumwa zo hambere yawe zihanganye. Mu vy’ukuri, iherezo ryiza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni iry’abagamburukiramana.
Twararungikiye na Bene Aadi mwenewabo Huudi, araheza ababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, burya mwebwe nta co muri kiretse ko murementanya mu gusenga ikitari Imana Allah;
Bantu banje! Nimusabe ikigongwe ku vyaha vyanyu Imana yanyu Rurema Allah, muheze mwigaye kuri Yo ivyaha vyanyu. Nimwicisha bugufi rero ku Mana Allah, Izoca Ibamanurira imvura y’urutavanako murime mwimbure, Yongere Ibongerereze inkomezi ku nkomezi musanganwe mu kurondoka; ntimuzogenze umugongo mu kuba abanyavyaha”.
Nta co tworonka tukubwira, kiretse ko imana zacu zaguhuganiye ugakeherwa n’ubwenge”. Huudi araheza abishura ati: “Jewe mu vy’ukuri, Icabona canje ku vyo mvuga, ni Imana Allah, na mwe nyene ndabagize ivyabona ko nitandukanije n’ivyo muyibangikanya”;
Mu vy’ukuri, jewe nishimikije Imana Allah kandi ndayizeye, nta conshikira Itakirekuye, ni Yo Mana yanje Ikongera Ikaba n’Imana yanyu Rurema Allah, nta kiremwa na kimwe kigendagenda kw’isi kiretse ko ari Yo Rugaba waco. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyeninzira igororotse[9]”.
Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana Bene Aadi ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu, Huudi n’abemeramana bari kumwe, Tubakiza ibihano bikaze vyashikiye Bene Aadi.
Bakurikijwe n’imivumo y’Imana Allah kuri iyi si. Ku musi w’izuka naho, bazoshavurirwa n’Imana Allah. Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, Bene Aadi baragararije Imana yabo Rurema Allah, bahakana bivuye inyuma n’Intumwa zayo. Bantu, nimwumve mwumvireho! Haragahona Bene Aadi barungikiwe Huudi.
Twaranarungikiye Bene Thamuudi mwenewabo Swalehe, araheza arababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, ni Yo Yabaremye mw’ivu mu kurema so wanyu Adamu, Iraheza Ibaha ububasha bwo gutunganya no guteza imbere isi. Kubera ivyo rero, nimuyisabe ikigongwe ku vyaha vyanyu, hanyuma mugaruke mwigaye kuri Yo, mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah Iri hafi y’umusenzi, Yumvira uwuyisavye.
Swalehe yabishuye avuga ati: “Bantu banje narungitsweko! Mbega mubona gute hamwe noba ndi mu kuri kuvuye ku Mana yanje Rurema Allah, Ikampa n’ubutumwa ku mpuhwe zayo, ni nde muri mwebwe yontabara akankurako ibihano vyayo, mu gihe noreka gushikiriza ubutumwa! Ni igiki mwonyongerereza atari agahombo k’ubuhuvyi;
Ni ho rero bahakana bivuye inyuma, basimbira kuri nya ngamiya barayica imitsi, barayibaga. Swalehe aca ababwira ati: “Nimuryoherwe mwidagadure mu zanyu mu kiringo c’imisi itatu itarenga, inyuma y’aho nimwitege ibihano bigiye gushika, iryo ni isezerano ry’Imana Allah ntabanduka, ritabeshuzwa”.
Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana Bene Thamuudi ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu, Swalehe n’abemeramana bari kumwe, Twaranabateturuye kuri uyo musi w’ibihano. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa.
Ibrahimu amaze kubona ko zitihereza inzimano yazihaye, ntivyamunezereye namba ku mutima, maze bimutera ubwoba. Nya ntumwa zimaze kubona ko Ibrahimu yagize ubwoba mu kumuhumuriza zamubwiye ziti: “Ntugire ubwoba namba! Twebwe turi abamalayika, twarungitswe n’Imana Allah kuja guhonya abantu ba Luutwi”.
Aho, umukenyezi wiwe Sarah yari ahagaze haruguru, yaciye atwenga atangazwa n’ivyo yumvise, ni ho rero Twamuha inkuru nziza yashikirijwe n’abo bamalayika ko azokwibaruka umwana azokwitwa Is-haka, hanyuma Is-haka na we akazovyara umwana w’umwuzukuru azokwitwa Yakubu.
Sarah yaratangaye aca avuga ati: “Bishoboka gute ko novyara kandi ndi umukecuru, umugabo wanje na we akaba amaze gusaza! Mu vy’ukuri, ico coba ari ikintu gitangaje koko”.
Nya ntumwa z’abamalayika ziraheza zimwishura ziti: “Utangazwa n’ivyagezwe n’Imana Allah kuri mwebwe! Bantu b’inzu y’ubutumwa! Murakagira impuhwe n’imigisha vy’Imana Allah. Mu vy’ukuri, ni Yo Nyenugushimwa muri vyose, Nyeniteka”.
Ni ho rero abantu baza banyaragasa kwa Luutwi, bakaba bahora bari mu bipfuza abagabo ha kwipfuza abagore, Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje[12] ndababashingize, ni bo mukwiranye; nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje, ubwo muri mwebwe ntihagiramwo umuntu n’umwe w’inararibonye yobabuza gukora iryo bara?”.
[12] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yise abagore abakobwa ba Luutwi kuko Intumwa yarungitswe ku bantu, ifatwa nka sewabo.
Bamwishuye bati: "Luutwi! Ni ukuri urazi neza ko tutipfuza abakobwa bawe, kandi mu vy’ukuri urazi neza na neza ico dushaka, ko ari ihuzabitsina n'abagabo nkatwe".
Bantu banje! Nimukwize neza ivyo mupima ku ngero no ku munzani, kandi ntimukarenganye abantu mu kubambura utwabo mu buryo ubwo ari bwo bwose, ntimukagenzwe n’ubwononyi kw’isi;
Inyungu muronka mu gihe mukwije ingero n’iminzani, ni yo irimwo imigisha n’ineza kuri mwebwe biturutse ku Mana Allah. Nimwaba mwemera koko Imana Allah, nimwubahirize rero iryo bwirizwa, si nanje njejwe kumenya no kubungabunga ivyo mukora".
Abantu ba Shu’ayibu barinamuye bamwishura bati: “Ewe Shu’ayibu! Mbega amasengesho yawe, ni yo agutegeka kutubuza ko dusenga ivyo ba data basenga! Canke ko tureka kurondera inyungu y’amatungo yacu uko dushaka! Yoo! Ni ukuri, wewe urateye ikigongwe! Aho rero, ni wewe uri inararibonye izi ikoreshwa ribereye ry’amatungo!”.
Shu’ayibu yavuze ati: “Emwe bantu banje narungitsweko! Nimumbwire uko vyogenda, mu gihe noba ndi mu kuri kuvuye ku Mana yanje Rurema Allah, Ikampa n’ibimbeshaho bikwiye, biryoshe kandi birekuwe! Sinshaka rero ko noca kubiri na mwe nkakora ivyo ndababuza; nta n’ico ndondera mu kubararikira kwubahiriza utwa murundi, kiretse kubatunganiriza uko nshoboye kwose; eka nta n’ico nshoboye gushikako kiretse ico nshobojwe n’Imana Allah, ni Yo gusa nishimikije nkizera, ni na Yo gusa ngarukako nkigaya;
Bantu banje narungitsweko! Urwanko ruturutse ku kuba tudahuje gusa ukwemera, ntirutume mubandanya kuba intumva, kuko vyotuma muhanwa nk’uko hahanwe abantu ba Nuhu, canke abantu ba Huudi, canke abantu ba Swalehe. Kira noneho n’ihanwa ry’abantu ba Luutwi ntiryabereye kure y’aho mucumbitse!;
Nimusabe ikigongwe ku vyaha vyanyu Imana yanyu Rurema Allah, hanyuma mugaruke mwigaye kuri Yo, mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Nyenimbabazi ku batoni bayo, Nyenurukundo-ntangere ku bigaya”.
Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana abantu ba Shu’ayibu ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu Shu’ayibu n’abemeramana bari kumwe, abirenganije na bo bahitanwe n'igihano c'akaruru kaziba amatwi gaturutse hejuru, bazinduka bose mu mazu yabo bahonye, ari ibiziga vyibereye aho;
Wamengo ni nk’aho batigeze babaho. Bantu, nimwumve mwumvireho! Haragahona abantu bo muri Madiyana nk’uko hahonye Bene Thamuudi, na kare bose barimonogoje mu butumva!
Bakurikijwe imivumo y’Imana Allah kuri iyi si inyuma yo gusomeshwa nturi, ku musi w’izuka na ho nyene bazovumwa binjizwe no mu muriro udahera. Urwo rutavanako rw’imivumo n’ibihano rero, ni rubi cane.
Ntitwigeze Tubarenganya namba kuri iryo honya, ariko ni bo birenganije kw’ibangikanyamana ryabo no kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, imana zabo rero basenga mu gishingo c’Imana Allah, nta co zabamariye ngo zibatabare igihe isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kubahonya ryagera, eka nta n’ico zabongerereje kiretse agahombo no guhanwa.
Ni nk’uko nyene rero Imana yawe Rurema Allah - Yahanye uducimbiri tw’abagararije - Ihana abandi baba mu tundi ducimbiri iyo bimonogoje mw’igarariza ry’Imana Allah n’Intumwa zayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irahana Igahasha.
Mu vy’ukuri, mw’ihanwa ry’utwo ducimbiri, ni ukuri harimwo inkebuzo kuri uwo wese atinya ibihano vy’Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, umusi hegeranijwe abantu kugira baharurirwe, maze bahemberwe ivyo bakoze, ni n'umusi ibiremwa vyose bizokwibonera.
Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko amasengesho y’ababangikanyamana mu bantu warungitsweko, ari impfagusa; ntibasenga mu bigirwamana kiretse nk’ivyo ba se basenga aho hambere yabo, na Twe Allah mu vy’ukuri, Tuzobaha ibihano Twabasezeraniye ata kigabanijweko na kimwe.
Ni ukuri, Musa Twaramuhaye Igitabu ca Tawurati, maze abantu yarungitsweko barahazana ku birimwo; bamwe muri bo baravyemera, abandi na bo barabihakana. Iyo rero hataba isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kutihutira guhana ibiremwa, mu kurindiriza ibihano vy’umwe wese mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri abagarariji bari guhanwa bagahona maze hagasigara abagororotsi gusa. Mu vy’ukuri, abagarariji mu bayahudi n’ababangikanyamana mu bo warungitsweko, ni ukuri barafise amakenga kuri iyi Qor’ani.
Umugwi uwo ari wo wose w’abahazana, nta nkeka ko Imana yawe Rurema Allah Izowuhembera ivyo wakoze ku musi w’izuka. Burya, Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi; ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera.
Ntimugahengamire ku ruhande rw’abirenganije mu kugarariza ngo muhave mukorwako n’umuriro, nta n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, eka nta n’uwobatabara akabakingira guhanwa.
Muvugishwamana! Tsimbataza kandi n’isengesho rikwije ibisabwa mu gitondo no ku mugoroba, no mu gihe c’ijoro. Mu vy’ukuri, ukugira ivyiza guhanagura ibicumuro, ivyo rero ni inkebuzo ku bibuka bagategera;
Nta ho vyakabaye ko Imana yawe Rurema Allah Ihana Igahonya agacimbiri ako ari ko kose, mu gihe abakabamwo ari abantu b’intungane, bitwararika no gutunganiriza abandi.
Ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi, ni ubw’Imana Allah, impera n'imperuka vyose bizosubizwa kuri Yo ku musi w’izuka. Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, shishikara kuyiyegereza mu vyo ukora vyose unayisenge utayibangikanya, wongere uyishimikize muri vyose, uyizere. Burya Imana yawe Rurema Allah, ntiyirengagiza na kimwe mu vyo mukora, kandi Izobibahembera.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Rezultatet e kërkimit:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".