Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - الترجمة الكيروندية * - Përmbajtja e përkthimeve

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Përkthimi i kuptimeve Ajeti: (177) Surja: Suretu El Bekare
۞ لَّيۡسَ ٱلۡبِرَّ أَن تُوَلُّواْ وُجُوهَكُمۡ قِبَلَ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ وَلَٰكِنَّ ٱلۡبِرَّ مَنۡ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ وَٱلۡكِتَٰبِ وَٱلنَّبِيِّـۧنَ وَءَاتَى ٱلۡمَالَ عَلَىٰ حُبِّهِۦ ذَوِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينَ وَٱبۡنَ ٱلسَّبِيلِ وَٱلسَّآئِلِينَ وَفِي ٱلرِّقَابِ وَأَقَامَ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتَى ٱلزَّكَوٰةَ وَٱلۡمُوفُونَ بِعَهۡدِهِمۡ إِذَا عَٰهَدُواْۖ وَٱلصَّٰبِرِينَ فِي ٱلۡبَأۡسَآءِ وَٱلضَّرَّآءِ وَحِينَ ٱلۡبَأۡسِۗ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ صَدَقُواْۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُتَّقُونَ
Nta neza muziga ku Mana Allah mu gutumbera mu buseruko no mu burengero mu gusenga kutubahirije ibwirizwa ry’Imana Allah. Ahubwo ineza nya neza, ni ukwemera kw’uwemeye Imana Imwe Rudende Allah akanemera n’umusi w’imperuka, abamalayika bose, Ibitabu vyose vyamanuwe n’Imana Allah, Abavugishwamana bose ata kuvangura, agahereza mu matungo yiwe akunda incuti mu muryango, impfumvyi, abakene, uwakehaniwe ku rugendo, abasega kuko bugarijwe n’ubukene; agatanga no mu kubohoza imbohe n’abagurano; agatsimbataza isengesho, agatanga n’ishikanwa-bwirizwa, abubahiriza isezerano ryabo iyo baryiyemeje, abihangana mu bukene, mu gihe c’indwara, no mu gihe c’indwano. Abo ni bo rero mvugakuri. Abo ni na bo rero batinya ibihano vy’Imana Allah maze bakavyikingira.
Tefsiret në gjuhën arabe:
 
Përkthimi i kuptimeve Ajeti: (177) Surja: Suretu El Bekare
Përmbajtja e sureve Numri i faqes
 
Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - الترجمة الكيروندية - Përmbajtja e përkthimeve

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Mbyll