Check out the new design

Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti * - Përmbajtja e përkthimeve

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Përkthimi i kuptimeve Surja: En Nisa   Ajeti:
أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ يَزۡعُمُونَ أَنَّهُمۡ ءَامَنُواْ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ وَمَآ أُنزِلَ مِن قَبۡلِكَ يُرِيدُونَ أَن يَتَحَاكَمُوٓاْ إِلَى ٱلطَّٰغُوتِ وَقَدۡ أُمِرُوٓاْ أَن يَكۡفُرُواْ بِهِۦۖ وَيُرِيدُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَن يُضِلَّهُمۡ ضَلَٰلَۢا بَعِيدٗا
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye inkuru y’indyarya zibwira ko zemeye ivyo wamanuriwe muri Qor’ani n’ivyamanuriwe Intumwa zo hambere yawe, zigashaka guca imanza zisunze ingingo zishingiye ku bintazi n’ikinyoma, kandi zaramaze gutegekwa kubigarariza, shetani na yo igashaka kuzihubisha uguhuba kuri kure cane y’ukuri[16];
[16] Iyi Aayah, irerekana ko ukwemera nya kwemera gutuma umuntu yubahiriza ingingo y’Imana Allah, akayisunga mu gutunganiriza abantu muri vyose. Uwo wese rero, yibwira ko yemera vy’ukuri, hanyuma agahitamwo kwubahiriza ingingo y’ibintazi n’ikinyoma, aba ari indyarya mu kwemera kwiwe.
Tefsiret në gjuhën arabe:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمۡ تَعَالَوۡاْ إِلَىٰ مَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ وَإِلَى ٱلرَّسُولِ رَأَيۡتَ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ يَصُدُّونَ عَنكَ صُدُودٗا
Iyo zihanuwe ziti: “Nimuze mwubahirize ivyamanuwe n’Imana Allah, muheze mukurikire Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)”, ubona zikwirengagije nya kwirengagiza;
Tefsiret në gjuhën arabe:
فَكَيۡفَ إِذَآ أَصَٰبَتۡهُم مُّصِيبَةُۢ بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيهِمۡ ثُمَّ جَآءُوكَ يَحۡلِفُونَ بِٱللَّهِ إِنۡ أَرَدۡنَآ إِلَّآ إِحۡسَٰنٗا وَتَوۡفِيقًا
Mbega none bizozigendera gute igihe zashikiwe n’ikiza gitewe n’ivyo zakoze ubwazo nyene, hanyuma zikaza kukwisigurako zirahira kw’izina ry’Imana Allah, ziti: “Nta co twashaka gushikako mu vyo twagize, kiretse ubugwaneza no kunywanisha abatase”,
Tefsiret në gjuhën arabe:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ يَعۡلَمُ ٱللَّهُ مَا فِي قُلُوبِهِمۡ فَأَعۡرِضۡ عَنۡهُمۡ وَعِظۡهُمۡ وَقُل لَّهُمۡ فِيٓ أَنفُسِهِمۡ قَوۡلَۢا بَلِيغٗا
Izo ndyarya, Imana Allah Irazi neza ukuri kw’ibiri mu mishaha yazo mu buryarya. Ntumwa y’Imana! Uraheza rero uzirengagize, maze uziburire ku ngaruka mbi z’ivyo zikora, wongere uzibwire ijambo ry’inkoramutima ryo kuzihaniza.
Tefsiret në gjuhën arabe:
وَمَآ أَرۡسَلۡنَا مِن رَّسُولٍ إِلَّا لِيُطَاعَ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَلَوۡ أَنَّهُمۡ إِذ ظَّلَمُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ جَآءُوكَ فَٱسۡتَغۡفَرُواْ ٱللَّهَ وَٱسۡتَغۡفَرَ لَهُمُ ٱلرَّسُولُ لَوَجَدُواْ ٱللَّهَ تَوَّابٗا رَّحِيمٗا
Nta Ntumwa n’imwe Twarungitse atari ukugira ngo yumvirwe ku bubasha n’ubutungane bw’Imana Allah. Ntumwa y’Imana! Iyo rero abirenganije mu gukora ivyaha baza bakugana - ukiriho - kugira bigaye, baheze basabe Imana Allah imbabazi ku vyaha vyabo, maze Intumwa na yo ibasabire imbabazi ku Mana Allah, bari gusanga Imana Allah ari Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Tefsiret në gjuhën arabe:
فَلَا وَرَبِّكَ لَا يُؤۡمِنُونَ حَتَّىٰ يُحَكِّمُوكَ فِيمَا شَجَرَ بَيۡنَهُمۡ ثُمَّ لَا يَجِدُواْ فِيٓ أَنفُسِهِمۡ حَرَجٗا مِّمَّا قَضَيۡتَ وَيُسَلِّمُواْ تَسۡلِيمٗا
Ihibambewe! Ndarahiye kw’Izina ry’Imana yawe Rurema Allah, ko bataremera vy’ukuri, batabanje kukugira umucamanza mu matati yaduka hagati yabo, hanyuma ntibasigarane akangonongono mu mitima yabo ku ngingo washikirije, baheze bayemere nk’uko wayishikirije ata guhigimanga[17].
[17] Burya ukwubahiriza no gukurikiza ingingo zisunga Qor’ani n’inyigisho z’intumwa muri vyose bijanye n’ubuzima, ni mu bigize umushinge wo kwemera.
Tefsiret në gjuhën arabe:
 
Përkthimi i kuptimeve Surja: En Nisa
Përmbajtja e sureve Numri i faqes
 
Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti - Përmbajtja e përkthimeve

Përkthimi nga Jusuf Ghaiti. Botuar nga Organizata Afrikane e Zhvillimit.

Mbyll