Check out the new design

Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti * - Përmbajtja e përkthimeve

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Përkthimi i kuptimeve Surja: Es Saff   Ajeti:

As-Swaff

سَبَّحَ لِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۖ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, bininahaza Imana Allah. Ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Tefsiret në gjuhën arabe:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لِمَ تَقُولُونَ مَا لَا تَفۡعَلُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni kuki musezerana canke muvuga ivyo mudakora ngo muvyubahirize[1]?
[1] Iyi Aayah, ni inkebuzo ku muntu uwo ari we wese akora ibihushanye n’ivyo avuga.
Tefsiret në gjuhën arabe:
كَبُرَ مَقۡتًا عِندَ ٱللَّهِ أَن تَقُولُواْ مَا لَا تَفۡعَلُونَ
Birashavuza cane Imana Allah kuvuga ivyo mudakora.
Tefsiret në gjuhën arabe:
إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلَّذِينَ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِهِۦ صَفّٗا كَأَنَّهُم بُنۡيَٰنٞ مَّرۡصُوصٞ
Mu vy’ukuri Imana Allah, Irakunda abaharanira idini ryayo bafatanye mu nda[2], bari ku murongo umwe bameze nka kurya kw’inyubakwa imwe ifatanye[3].
[2] Barangwa n’ubumwe ku buryo umwansi adashobora kubacanishamwo.
[3] Iyi Aayah, yerekana ivyiza vyinshi vyagenewe abaharanira idini ry'Imana Allah bafatanye mu nda; abo, akaba ari bo bakundwa n’Imana Allah.
Tefsiret në gjuhën arabe:
وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِقَوۡمِهِۦ يَٰقَوۡمِ لِمَ تُؤۡذُونَنِي وَقَد تَّعۡلَمُونَ أَنِّي رَسُولُ ٱللَّهِ إِلَيۡكُمۡۖ فَلَمَّا زَاغُوٓاْ أَزَاغَ ٱللَّهُ قُلُوبَهُمۡۚ وَٱللَّهُ لَا يَهۡدِي ٱلۡقَوۡمَ ٱلۡفَٰسِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwira abantu bayo iti: “Bantu banje narungitsweko! Ni kuki mumbabaza (mu kugarariza), kandi muzi neza ko jewe ndi Intumwa y’Imana kuri mwebwe!”. Igihe rero abantu ba Musa bamariye guhengama (bagata inzira y’ukuri), Imana Allah, Yaciye Ihengamika imitima yabo kurusha. Burya Imana Allah, ntirongora ibigaba birenga ku mabwirizwa yayo.
Tefsiret në gjuhën arabe:
 
Përkthimi i kuptimeve Surja: Es Saff
Përmbajtja e sureve Numri i faqes
 
Përkthimi i kuptimeve të Kuranit Fisnik - Përkthimi kirundisht - Jusuf Ghaiti - Përmbajtja e përkthimeve

Përkthimi nga Jusuf Ghaiti. Botuar nga Organizata Afrikane e Zhvillimit.

Mbyll