அல்குர்ஆன் மொழிபெயர்ப்பு - الترجمة الكيروندية * - மொழிபெயர்ப்பு அட்டவணை

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

மொழிபெயர்ப்பு வசனம்: (143) அத்தியாயம்: ஸூரா அல்பகரா
وَكَذَٰلِكَ جَعَلۡنَٰكُمۡ أُمَّةٗ وَسَطٗا لِّتَكُونُواْ شُهَدَآءَ عَلَى ٱلنَّاسِ وَيَكُونَ ٱلرَّسُولُ عَلَيۡكُمۡ شَهِيدٗاۗ وَمَا جَعَلۡنَا ٱلۡقِبۡلَةَ ٱلَّتِي كُنتَ عَلَيۡهَآ إِلَّا لِنَعۡلَمَ مَن يَتَّبِعُ ٱلرَّسُولَ مِمَّن يَنقَلِبُ عَلَىٰ عَقِبَيۡهِۚ وَإِن كَانَتۡ لَكَبِيرَةً إِلَّا عَلَى ٱلَّذِينَ هَدَى ٱللَّهُۗ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُضِيعَ إِيمَٰنَكُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِٱلنَّاسِ لَرَءُوفٞ رَّحِيمٞ
Bislamu! Ni nk’uko nyene rero Twabarongoye mw’idini ry’ubwislamu, Twabagize intore n’intungane mu bantu, kugira ngo mube ivyabona ku bantu bose ku musi w’izuka ko Intumwa z’Imana zashikirije ubutumwa; no kugira rero Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) na yo, izobe icabona kuri mwebwe ko yabashikaniye ubutumwa. Ntumwa y’Imana! Ubutumbero bwa Bayti l-Maqdis wahora werekezako mu gusenga, ntitwabuhinduye ngo Tugutumbereze Al-Ka’ba, atari ukugira hamenyekane ku vyo Dusanzwe Tuzi, uwumvira agakurikira Intumwa, hamwe rero n’uwutayumvira akagenza umugongo mu kwemera. Ukwo guhindura ubutumbero mu gusenga, ni ukuri ni ikintu kiremereye kigoye kwumva kiretse kuri barya Imana Allah Yarongoye mu nzira y’ukwemera n’iy’igamburukiramana. Kandi rero Imana Allah ntiyari kugira impfagusa ukwemera kwanyu ngo ntibemerere amasengesho yanyu mwasenze mugitumbera Bayti l-Maqdis. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
அரபு விரிவுரைகள்:
 
மொழிபெயர்ப்பு வசனம்: (143) அத்தியாயம்: ஸூரா அல்பகரா
அத்தியாயங்களின் அட்டவணை பக்க எண்
 
அல்குர்ஆன் மொழிபெயர்ப்பு - الترجمة الكيروندية - மொழிபெயர்ப்பு அட்டவணை

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

மூடுக