அல்குர்ஆன் மொழிபெயர்ப்பு - الترجمة الكيروندية * - மொழிபெயர்ப்பு அட்டவணை

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

மொழிபெயர்ப்பு வசனம்: (62) அத்தியாயம்: ஸூரா அல்பகரா
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَٱلَّذِينَ هَادُواْ وَٱلنَّصَٰرَىٰ وَٱلصَّٰبِـِٔينَ مَنۡ ءَامَنَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَعَمِلَ صَٰلِحٗا فَلَهُمۡ أَجۡرُهُمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ وَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Mu vy’ukuri, abemeye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakayikurikira, abayahudi[8], abanaswara[9] hamwe rero n’abatsimbataye kuri kameremere kabo batagira idini nyezina, abazokwemera vy’ukuri muri bo Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa yayo Muhamadi n’umusi w’imperuka, bakanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, abo rero bazosanga indishi yabo ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi[10].
[8] Abayahudi, ni abemeye Musa bakanamukurikira. Ijambo “abayahudi”, risigura abigaye ku Mana Allah.
[9] Abanaswara, ni abemeye Isa mwene Mariyamu bakamukurikira bakanamutabara. Ijambo “abanaswara”, risugura abatabazi.
[10] Inyuma y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku bantu bose, nta dini ryemewe ku Mana Allah atari idini ry’ubwislamu yaje ishimangira kuko ari ryo dini Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose, rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah.
அரபு விரிவுரைகள்:
 
மொழிபெயர்ப்பு வசனம்: (62) அத்தியாயம்: ஸூரா அல்பகரா
அத்தியாயங்களின் அட்டவணை பக்க எண்
 
அல்குர்ஆன் மொழிபெயர்ப்பு - الترجمة الكيروندية - மொழிபெயர்ப்பு அட்டவணை

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

மூடுக