Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twaraguhishuriye ko ushikiriza ubutumwa; nka kurya Twahishuriye Intumwa Nuhu be n’Abavugishwamana barungitswe mu nyuma zayo. Twaranahishuriye Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu be n’Intumwa rero zarungitswe mu ruvyaro rwiwe[25], Isa, Ayubu, Yunusu, Haruna na Sulaymani. Twaranahaye Dawudi Igitabu ca Zaburi[26];
[25] Ijambo “ASBAATW”, risigura Intumwa n’Abavugishwamana barungitswe n’Imana Allah mu ruvyaro rwa Yakubu, ari na we batazira Israyeli. Urwo ruvyaro rwa Yakubu rero, rwahavuye ruvamwo imiryango canke amoko cumi n’abiri ya Bene Israyeli. [26] “Zaburi”, ni Igitabu n’Imizingo vyamanuriwe Intumwa Dawudi vyanditswe
Jewe Allah rero Narungitse Intumwa ku biremwa, kugira zishikirize abemeramana inkuru ibahumuriza yo guhabwa Ubwami bw’ijuru, zongere zinagabishe abagarariji ku bihano vyo mu muriro, kugira ntihagire n’umwe mu biremwa aronka icitwazo co kwigobotoza ku Mana Allah inyuma y’irungikwa ry’izo Ntumwa. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Ntumwa y’Imana! Nihagira rero abakugarariza, Imana Allah Izoheza Ikubere Icabona ko wewe uri Intumwa yayo Yamanuriye Qor’ani ntagatifu, Yayimanuye ku bumenyi bwayo, kira noneho n’abamalayika bazokubera ivyabona ko ivyo wahishuriwe ari ukuri. Burya Imana Allah Irakwiye ubwayo kuba Icabona.
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, abagararije bagahakana bivuye inyuma ko uri Intumwa y’ukuri, bakanaburagiza abantu kwinjira mu bwislamu, ni ukuri baramaze guhuba uguhuba kuri kure cane y’ukuri.
Mu vy’ukuri, abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bagaheza bakirenganya mu gushishikara ata guhesha mu bugarariji, ntivyari gushika ko Imana Allah Ibagumiriza akabanga ku vyaha vyabo ngo Ibababarire, eka ntivyari no gushika ko Ibarongora mu nzira igororotse yotuma badahanwa;
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
تلاش کے نتائج:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".