قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - الترجمة الكيروندية * - ترجمے کی لسٹ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

معانی کا ترجمہ سورت: سورۂ واقعہ   آیت:

SURATU L-WAAQI’A

إِذَا وَقَعَتِ ٱلۡوَاقِعَةُ
Igihe umuhero w’isi wabaye;
عربی تفاسیر:
لَيۡسَ لِوَقۡعَتِهَا كَاذِبَةٌ
Ukuba kwawo, nta n’umwe ashobora kuguhakana;
عربی تفاسیر:
خَافِضَةٞ رَّافِعَةٌ
Uzota abansi b’Imana Allah mu muriro, uduze abatoni bayo mu Bwami bw’ijuru.
عربی تفاسیر:
إِذَا رُجَّتِ ٱلۡأَرۡضُ رَجّٗا
Igihe isi yagigimye nya kugigima;
عربی تفاسیر:
وَبُسَّتِ ٱلۡجِبَالُ بَسّٗا
Imisozi na yo ikavungagurika nya kuvungagurika;
عربی تفاسیر:
فَكَانَتۡ هَبَآءٗ مُّنۢبَثّٗا
Igacika intumo itumurwa n’umuyaga mu kirere;
عربی تفاسیر:
وَكُنتُمۡ أَزۡوَٰجٗا ثَلَٰثَةٗ
Maze na mwe ibiremwa mukagaburwa mu migwi itatu;
عربی تفاسیر:
فَأَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ
Umugwi w’abantu b’iburyo. Ese icokwereka icubahiro cabo n’indishi bagenewe!
عربی تفاسیر:
وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ
Umugwi w’abantu b’ibubamfu. Ese icokwereka amagorwa bagowe n’ibihano bibarindiriye!
عربی تفاسیر:
وَٱلسَّٰبِقُونَ ٱلسَّٰبِقُونَ
Hamwe rero n’umugwi w’abahurumbira gukora ivyiza kw’isi, bazotanga abandi mu vyubahiro vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
عربی تفاسیر:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلۡمُقَرَّبُونَ
Aba rero, ni bo bazoba batonye hambavu y’Imana Allah;
عربی تفاسیر:
فِي جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ
Ikazobinjiza mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema.
عربی تفاسیر:
ثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ
Hazokwinjira muri Bwo, umugwi munini w’abantu bo mu binjana vya mbere mu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abandi bantu bo kuva ku gihe ca Adamu;
عربی تفاسیر:
وَقَلِيلٞ مِّنَ ٱلۡأٓخِرِينَ
Hamwe rero n’umugwi w’abantu bake mu bakurikiye mu nyuma gushika ku musi w’iherezo[1];
[1] Abo bakaba ari abarungikiwe Intumwa yasozereye izindi, Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abo na bo, bafatwa ko ari umugwi w’abantu bake ugereranije n’igitigiri c’abandi bantu bose kuva kuri Adamu gushika ku muzo w’iyo Ntumwa.
عربی تفاسیر:
عَلَىٰ سُرُرٖ مَّوۡضُونَةٖ
Bazoba bicaye ku bitanda bisharijwe n’inzahabu;
عربی تفاسیر:
مُّتَّكِـِٔينَ عَلَيۡهَا مُتَقَٰبِلِينَ
Bavyegamiyeko, bicaye barabana;
عربی تفاسیر:
يَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ وِلۡدَٰنٞ مُّخَلَّدُونَ
Bazoba bakikujwe n’imisore myiza, ikurakuranwa mu kubazimana, iri mu runganwe rumwe, idasaza, itigera ipfa;
عربی تفاسیر:
بِأَكۡوَابٖ وَأَبَارِيقَ وَكَأۡسٖ مِّن مَّعِينٖ
Ibahereza ibinyobwa mu bikombe n’amabirika, maze bahabwe n’akarahuri k’inzoga zenzwe mu mazi y’imbizi itemba mu Bwami bw’ijuru;
عربی تفاسیر:
لَّا يُصَدَّعُونَ عَنۡهَا وَلَا يُنزِفُونَ
Ntibazosoma nya karahuri ngo bameneke umutwe, eka ntibazonaborerwa ngo umutwe uyayuke, batangure kudedemba bavuga ayamuhe;
عربی تفاسیر:
وَفَٰكِهَةٖ مِّمَّا يَتَخَيَّرُونَ
Ibahereza n’ivyamwa bo bonyene bihitiyemwo;
عربی تفاسیر:
وَلَحۡمِ طَيۡرٖ مِّمَّا يَشۡتَهُونَ
Hamwe n’inyama z’inyoni bo bonyene bipfuza;
عربی تفاسیر:
وَحُورٌ عِينٞ
Bazoba bafiseyo n’abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini);
عربی تفاسیر:
كَأَمۡثَٰلِ ٱللُّؤۡلُوِٕ ٱلۡمَكۡنُونِ
Ku bwiza bwa nya bakenyezi, wogira ngo ni lulu[2] zikiri aho zaremewe, zitarakorwako n’iminwe y’abantu;
[2] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yaryo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.
عربی تفاسیر:
جَزَآءَۢ بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Iyo ni yo mpembo yabo ku vyo bari barakoze kw’isi.
عربی تفاسیر:
لَا يَسۡمَعُونَ فِيهَا لَغۡوٗا وَلَا تَأۡثِيمًا
Muri nya Bwami, ntibazokwumva amajambo y’ikinyoma canke ay’imburakimazi;
عربی تفاسیر:
إِلَّا قِيلٗا سَلَٰمٗا سَلَٰمٗا
Kiretse gusa ijambo riroranye ryeza umutima, n’iryo kuramukanya amahoro.
عربی تفاسیر:
وَأَصۡحَٰبُ ٱلۡيَمِينِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلۡيَمِينِ
Abantu b’iburyo. Ese icokwereka icubahiro cabo n’indishi bagenewe!
عربی تفاسیر:
فِي سِدۡرٖ مَّخۡضُودٖ
Bazoba bari ahantu hari igiti ca Sidri kitagira amahwa;
عربی تفاسیر:
وَطَلۡحٖ مَّنضُودٖ
N’ibitoki vy’imihanyu igerekeranye;
عربی تفاسیر:
وَظِلّٖ مَّمۡدُودٖ
Bari mu gatutu kamaho, katigera karenga;
عربی تفاسیر:
وَمَآءٖ مَّسۡكُوبٖ
Hari n’amazi atemba, atigera akama;
عربی تفاسیر:
وَفَٰكِهَةٖ كَثِيرَةٖ
N’ivyamwa vy’ubwoko bwinshi vy’urutavanako;
عربی تفاسیر:
لَّا مَقۡطُوعَةٖ وَلَا مَمۡنُوعَةٖ
Bitigera bihundura, ata n’ikibabuza kuvyamura borohewe;
عربی تفاسیر:
وَفُرُشٖ مَّرۡفُوعَةٍ
Bazoba bicaye ku bisaswa bishashe neza ku bitanda.
عربی تفاسیر:
إِنَّآ أَنشَأۡنَٰهُنَّ إِنشَآءٗ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzoha abagore bo mu Bwami bw’ijuru indemo nshasha itandukanye kure cane n’iyo n’ukuntu bari bararemwe kw’isi;
عربی تفاسیر:
فَجَعَلۡنَٰهُنَّ أَبۡكَارًا
Maze Tubagire amasugi;
عربی تفاسیر:
عُرُبًا أَتۡرَابٗا
Yikundwakaza ku bagabo bayo, akaba no mu runganwe rumwe;
عربی تفاسیر:
لِّأَصۡحَٰبِ ٱلۡيَمِينِ
Tukazobaremera bushasha abantu b’iburyo;
عربی تفاسیر:
ثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ari na bo bagize umugwi w’abantu benshi b’imbere y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
عربی تفاسیر:
وَثُلَّةٞ مِّنَ ٱلۡأٓخِرِينَ
Hamwe rero n’umugwi w’abantu benshi bakurikiye mu nyuma gushika ku musi w’iherezo.
عربی تفاسیر:
وَأَصۡحَٰبُ ٱلشِّمَالِ مَآ أَصۡحَٰبُ ٱلشِّمَالِ
Umugwi w’abantu b’ibubamfu. Ese icokwereka amagorwa bagowe n’ibihano bibarindiriye!
عربی تفاسیر:
فِي سَمُومٖ وَحَمِيمٖ
Bazoba bari mu bihano vy’umwokero w’umuriro wa Jahannamu bahezagurika, bahemburwa n’amazi yasebuye akaryimara, acagagura amara;
عربی تفاسیر:
وَظِلّٖ مِّن يَحۡمُومٖ
Bari mu gatutu k’umwotsi wa Jahannamu;
عربی تفاسیر:
لَّا بَارِدٖ وَلَا كَرِيمٍ
Si ahantu harangwa n’akayaga wokwipfuza gushikira; si n’ahantu hubashwe wokwipfuza kuraba ibihabera;
عربی تفاسیر:
إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَبۡلَ ذَٰلِكَ مُتۡرَفِينَ
Mu vy’ukuri n’imbere y’aho bakiri kw’isi, bararyoherwa n’ibizira mu bihendamaso vyayo, bakirengagiza ukuri bazaniwe n’Intumwa z’Imana Allah;
عربی تفاسیر:
وَكَانُواْ يُصِرُّونَ عَلَى ٱلۡحِنثِ ٱلۡعَظِيمِ
Baranatsimbatara kw’igarariza n’ibangikanyamana, batiyumvira kwigaya;
عربی تفاسیر:
وَكَانُواْ يَقُولُونَ أَئِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ
Bahora bavuga mu guhakana izurwa ry’ibiremwa, bati: “Mbega burya, nitwapfa tugacika ivu n’amagufa yaboze mu kuzimu, tuzoheza dusubizwe ubuzima tuzuke koko!
عربی تفاسیر:
أَوَءَابَآؤُنَا ٱلۡأَوَّلُونَ
Burya, tuzozuka twebwe hamwe n’abavyeyi bacu bapfuye kera bagacika ivu!”.
عربی تفاسیر:
قُلۡ إِنَّ ٱلۡأَوَّلِينَ وَٱلۡأٓخِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Bakurire inkoni ku gishitsi, maze ubishure uti: “Mu vy’ukuri, abapfuye kera hamwe n’abazopfa mu nyuma muri Bene Adamu;
عربی تفاسیر:
لَمَجۡمُوعُونَ إِلَىٰ مِيقَٰتِ يَوۡمٖ مَّعۡلُومٖ
Ni ukuri bose bazozuka, maze begeranirizwe hamwe ku musi nyezina w’izuka”.
عربی تفاسیر:
ثُمَّ إِنَّكُمۡ أَيُّهَا ٱلضَّآلُّونَ ٱلۡمُكَذِّبُونَ
Hanyuma rero ga bantu bahuvye inzira y’ukuri, bagahakana bivuye inyuma isezerano ry’Imana Allah;
عربی تفاسیر:
لَأٓكِلُونَ مِن شَجَرٖ مِّن زَقُّومٖ
Ni ukuri, muzorya ku giti Zaqquumu kiri mu nyenga y’umuriro;
عربی تفاسیر:
فَمَالِـُٔونَ مِنۡهَا ٱلۡبُطُونَ
Maze ku kwicwa n’inzara, muzokiryako ku kwuzuza inda;
عربی تفاسیر:
فَشَٰرِبُونَ عَلَيۡهِ مِنَ ٱلۡحَمِيمِ
Muheze mushozeko n’amazi yasebuye akaryimara;
عربی تفاسیر:
فَشَٰرِبُونَ شُرۡبَ ٱلۡهِيمِ
Muzoyanywa kenshi atabavuna akanyota, nka kurya kw’ingamiya inywa ntihere inyota ku burwayi;
عربی تفاسیر:
هَٰذَا نُزُلُهُمۡ يَوۡمَ ٱلدِّينِ
Ivyo bihano bateguriwe rero, ni yo nduhuro yabo ku musi w’iharurirwa n’impera.
عربی تفاسیر:
نَحۡنُ خَلَقۡنَٰكُمۡ فَلَوۡلَا تُصَدِّقُونَ
Bantu! Twebwe Allah, Twabaremye ata co mwari muri, Tubarema mu busa. Ubwo none, ntimwokwemera ko Dushoboye no kubazura inyuma yo gupfa!
عربی تفاسیر:
أَفَرَءَيۡتُم مَّا تُمۡنُونَ
Mbega ntimuraba ngo mubone intanga musesera mu gitereko c’abagore banyu;
عربی تفاسیر:
ءَأَنتُمۡ تَخۡلُقُونَهُۥٓ أَمۡ نَحۡنُ ٱلۡخَٰلِقُونَ
Ni mwebwe muheza mukaziremamwo umuntu, canke ni Twebwe Turema!
عربی تفاسیر:
نَحۡنُ قَدَّرۡنَا بَيۡنَكُمُ ٱلۡمَوۡتَ وَمَا نَحۡنُ بِمَسۡبُوقِينَ
Twebwe Allah, umwe wese muri mwebwe, Twaramugeneye isango ryiwe ryo gupfa, ntitwonanirwa rero;
عربی تفاسیر:
عَلَىٰٓ أَن نُّبَدِّلَ أَمۡثَٰلَكُمۡ وَنُنشِئَكُمۡ فِي مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Kubarema ukundi ku musi w’izuka, maze Tukabarema ukuntu mutazi;
عربی تفاسیر:
وَلَقَدۡ عَلِمۡتُمُ ٱلنَّشۡأَةَ ٱلۡأُولَىٰ فَلَوۡلَا تَذَكَّرُونَ
Ni ukuri, mwaramenye ko Imana Allah Yabaremye iremwa rya mbere ata co mwari muri. Ubwo none, ntimwokwibuka ko Ishoboye no kubarema bushasha!
عربی تفاسیر:
أَفَرَءَيۡتُم مَّا تَحۡرُثُونَ
Mbega murabona ivyo muteragira mu kurima!
عربی تفاسیر:
ءَأَنتُمۡ تَزۡرَعُونَهُۥٓ أَمۡ نَحۡنُ ٱلزَّٰرِعُونَ
Ni mwebwe mubinagisha bikagondora biva mu kuzimu, canke ni Twebwe Tubinagisha bikamera!
عربی تفاسیر:
لَوۡ نَشَآءُ لَجَعَلۡنَٰهُ حُطَٰمٗا فَظَلۡتُمۡ تَفَكَّهُونَ
Iyo Dushaka rero, Twari kugira ivyo mwateragiye bigacika ubusize, maze mugasigara mwipfumbereje, mukumirwa muravye ivyashikiye ibiterwa vyanyu;
عربی تفاسیر:
إِنَّا لَمُغۡرَمُونَ
Mukavuga muti: “Mu vy’ukuri, turaguye mu gahombo katagira izina;
عربی تفاسیر:
بَلۡ نَحۡنُ مَحۡرُومُونَ
Ahubwo mbere turabuze n’icotubeshaho!”.
عربی تفاسیر:
أَفَرَءَيۡتُمُ ٱلۡمَآءَ ٱلَّذِي تَشۡرَبُونَ
Mbega, ntimuraba ngo mubone amazi munywa kugira mubeho!
عربی تفاسیر:
ءَأَنتُمۡ أَنزَلۡتُمُوهُ مِنَ ٱلۡمُزۡنِ أَمۡ نَحۡنُ ٱلۡمُنزِلُونَ
Ni mwebwe muyamanura mu bicu maze hakagwa imvura kw’isi, canke ni Twebwe Allah Dutuma imvura igwa ku mpuhwe zacu!
عربی تفاسیر:
لَوۡ نَشَآءُ جَعَلۡنَٰهُ أُجَاجٗا فَلَوۡلَا تَشۡكُرُونَ
Iyo Dushaka rero, Twari kuyagira amazi y’icunyunyu ku buryo mudashobora kuyakoresha mu kunywa no mu kuvomera ibiterwa vyanyu. Ubwo none, ntimwoshimira Imana Allah ku nema yo kuronswa amazi y’akanovera!
عربی تفاسیر:
أَفَرَءَيۡتُمُ ٱلنَّارَ ٱلَّتِي تُورُونَ
Mbega ntimuraba ngo mubone umucanwa mucana!
عربی تفاسیر:
ءَأَنتُمۡ أَنشَأۡتُمۡ شَجَرَتَهَآ أَمۡ نَحۡنُ ٱلۡمُنشِـُٔونَ
Ni mwebwe mwaremye igiti cawo, canke ni Twebwe Allah Twakiremye!
عربی تفاسیر:
نَحۡنُ جَعَلۡنَٰهَا تَذۡكِرَةٗ وَمَتَٰعٗا لِّلۡمُقۡوِينَ
Twebwe Allah, Twabagiriye umucanwa kugira ubabere inkebuzo ibibutsa umuriro wa Jahannamu, no kugira ubere kirumara abari ku rugendo.
عربی تفاسیر:
فَسَبِّحۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلۡعَظِيمِ
Muvugishwamana! Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah ku mazina yayo no ku matazirano yayo, Nyenicubahirogisumbavyose.
عربی تفاسیر:
۞ فَلَآ أُقۡسِمُ بِمَوَٰقِعِ ٱلنُّجُومِ
Jewe Allah, Ndarahiye ku bituro inyenyeri zirengerako mu kirere!
عربی تفاسیر:
وَإِنَّهُۥ لَقَسَمٞ لَّوۡ تَعۡلَمُونَ عَظِيمٌ
Iyo rero mu vy’ukuri, ni indahiro koko iyo mumenya uburemere bwayo buhambaye;
عربی تفاسیر:
إِنَّهُۥ لَقُرۡءَانٞ كَرِيمٞ
Mu vy’ukuri, iyi Qor’ani yahishuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni Qor’ani yubashwe, irimwo ubumenyi n’ivyiza vyinshi;
عربی تفاسیر:
فِي كِتَٰبٖ مَّكۡنُونٖ
Yanditswe mu Gitabu gicungerewe n’abamalayika ku Mana Allah, ahatabonwa n’ibiremwa;
عربی تفاسیر:
لَّا يَمَسُّهُۥٓ إِلَّا ٱلۡمُطَهَّرُونَ
Nta n’uwugikorako, kiretse abamalayika bubashwe bejejwe ivyaha. Eka mbere nta n’uwugikorako mu biremwa, kiretse abejejwe ibangikanyamana n'ibihumanya bituma umuntu yiyuhagira agatunganya n’isuku ryo gusenga.
عربی تفاسیر:
تَنزِيلٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Iyi Qor’ani, yamanuwe ivuye ku Mana Rurema Allah Yaremye ibiremwa vyose.
عربی تفاسیر:
أَفَبِهَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ أَنتُم مُّدۡهِنُونَ
Mbega none ga babangikanyamana, ni iyi Qor’ani muhakana mwivuye inyuma!
عربی تفاسیر:
وَتَجۡعَلُونَ رِزۡقَكُمۡ أَنَّكُمۡ تُكَذِّبُونَ
Maze mukagira ishimwa ry’inema z’Imana Allah, rikaba uguhakana mwivuye inyuma!
عربی تفاسیر:
فَلَوۡلَآ إِذَا بَلَغَتِ ٱلۡحُلۡقُومَ
Mbega burya igihe umuntu yoba ari ku mpfiro, umutima ugeze mu muhogo agira acikane;
عربی تفاسیر:
وَأَنتُمۡ حِينَئِذٖ تَنظُرُونَ
Na mwe mukaba ari ho mwibereye muraba ukuntu asambagirika, mwoshobora gutuma adacikana! Muranguha.
عربی تفاسیر:
وَنَحۡنُ أَقۡرَبُ إِلَيۡهِ مِنكُمۡ وَلَٰكِن لَّا تُبۡصِرُونَ
Kandi rero muri ico gihe, Twebwe Allah Tubicishije ku bamalayika, Tuba Turi hafi yiwe cane kurusha uko mumwegereye, ariko rero mwebwe ntimubabona.
عربی تفاسیر:
فَلَوۡلَآ إِن كُنتُمۡ غَيۡرَ مَدِينِينَ
Mbega nimwaba mutazoharurirwa ngo muhemberwe ivyo mwakoze;
عربی تفاسیر:
تَرۡجِعُونَهَآ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Murashobora gusubiza mu mubiri w’uwapfuye, inkomoko y’ubuzima “Roho” maze akaba muzima nimwaba muri imvugakuri! Muranguha.
عربی تفاسیر:
فَأَمَّآ إِن كَانَ مِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ
Uwapfuye rero, iyo ari uwo mu bantu bahurumbira gukora ivyiza, batonye ku Mana Allah;
عربی تفاسیر:
فَرَوۡحٞ وَرَيۡحَانٞ وَجَنَّتُ نَعِيمٖ
Igihe co gucikana, aba ari mu mpuhwe z’Imana Allah hamwe n’umunezero nta ngere; akazohabwa n’Ubwami bw’ijuru bwuzuye inema.
عربی تفاسیر:
وَأَمَّآ إِن كَانَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلۡيَمِينِ
Iyo uwupfuye, ari uwo mu bantu b’iburyo naho;
عربی تفاسیر:
فَسَلَٰمٞ لَّكَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلۡيَمِينِ
Mu gihe co gucikana abwirwa ati: “Urakagira iteka n’itekane kuba uri mu bantu b’iburyo”.
عربی تفاسیر:
وَأَمَّآ إِن كَانَ مِنَ ٱلۡمُكَذِّبِينَ ٱلضَّآلِّينَ
Iyo uwupfuye, ari mu bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bahuvye inzira y’ukuri;
عربی تفاسیر:
فَنُزُلٞ مِّنۡ حَمِيمٖ
Azokwakirwa mu muriro wa Jahannamu, aheze azimanwe amazi yasebuye akaryimara;
عربی تفاسیر:
وَتَصۡلِيَةُ جَحِيمٍ
Maze yinjizwe mu muriro ururumba, aheze awote.
عربی تفاسیر:
إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ حَقُّ ٱلۡيَقِينِ
Ntumwa y’Imana! Ibi Tukwiganiye, ni kwo kuri koko kudahinyuzwa.
عربی تفاسیر:
فَسَبِّحۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلۡعَظِيمِ
Muvugishwamana! Ninahaza izina ry’Imana yawe Rurema Allah ku mazina yayo no ku matazirano yayo, Nyenicubahirogisumbavyose.
عربی تفاسیر:
 
معانی کا ترجمہ سورت: سورۂ واقعہ
سورتوں کی لسٹ صفحہ نمبر
 
قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - الترجمة الكيروندية - ترجمے کی لسٹ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

بند کریں