Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - الترجمة الكيروندية * - Таржималар мундарижаси

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Маънолар таржимаси Оят: (31) Сура: Раъд сураси
وَلَوۡ أَنَّ قُرۡءَانٗا سُيِّرَتۡ بِهِ ٱلۡجِبَالُ أَوۡ قُطِّعَتۡ بِهِ ٱلۡأَرۡضُ أَوۡ كُلِّمَ بِهِ ٱلۡمَوۡتَىٰۗ بَل لِّلَّهِ ٱلۡأَمۡرُ جَمِيعًاۗ أَفَلَمۡ يَاْيۡـَٔسِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَن لَّوۡ يَشَآءُ ٱللَّهُ لَهَدَى ٱلنَّاسَ جَمِيعٗاۗ وَلَا يَزَالُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ تُصِيبُهُم بِمَا صَنَعُواْ قَارِعَةٌ أَوۡ تَحُلُّ قَرِيبٗا مِّن دَارِهِمۡ حَتَّىٰ يَأۡتِيَ وَعۡدُ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُخۡلِفُ ٱلۡمِيعَادَ
Iyo haba Qor’ani yosomwa, maze ikagendesha imisozi ikava aho iri, canke igatuma isi isadagurika igatemba inzuzi, canke igatuma abapfuye bazuka bakavuga, yobaye ari iyi Qor’ani [9]; kandi hamwe n’ivyo vyose, ntivyotumye bayemera. Burya rero Imana Allah, ni Yo Nyene gushinga ingingo zose mu kwerekana ibitangaro, n’ibindi. Mbega abemeramana ntibazi ko iyo Imana Allah Ishaka, Yari gutuma abantu bose kw’isi, bemera hatarinze kuba ibitangaro! Abagararije rero, ntibazoreka gushikirwa n’ivyago bitewe n’igarariza ryabo; nko kwicwa no kugirwa imbohe, canke nya vyago bishikire ababanyi b’aho bacumbitse, gushika n’aho isezerano ry’Imana Allah ryo kuneshwa kwabo, rizoshika. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntica kubiri n’isezerano.
[9] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yishura abasavye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko yobaha ibitangaro bifadika kugira bayemere, ko Qor’ani ari co gitangaro gisumba ibitangaro vyose.
Арабча тафсирлар:
 
Маънолар таржимаси Оят: (31) Сура: Раъд сураси
Суралар мундарижаси Бет рақами
 
Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - الترجمة الكيروندية - Таржималар мундарижаси

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Ёпиш