Check out the new design

Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - Кирунди тили таржимаси - Юсуф Ғҳейти * - Таржималар мундарижаси

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Маънолар таржимаси Сура: Каҳф   Оят:
وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَا فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ لِلنَّاسِ مِن كُلِّ مَثَلٖۚ وَكَانَ ٱلۡإِنسَٰنُ أَكۡثَرَ شَيۡءٖ جَدَلٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoreye bikwiye muri Qor’ani abantu, mu gutanga uburorero butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakemera. Burya zina kiremwa-muntu wese, yamye ari umuharirizi cane gusumba ibindi biremwa.
Арабча тафсирлар:
وَمَا مَنَعَ ٱلنَّاسَ أَن يُؤۡمِنُوٓاْ إِذۡ جَآءَهُمُ ٱلۡهُدَىٰ وَيَسۡتَغۡفِرُواْ رَبَّهُمۡ إِلَّآ أَن تَأۡتِيَهُمۡ سُنَّةُ ٱلۡأَوَّلِينَ أَوۡ يَأۡتِيَهُمُ ٱلۡعَذَابُ قُبُلٗا
Nta cabujije abantu kwemera igihe bashikirwa n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yibangikanije uburongozi bwa Qor’ani, bagaheza bagasaba Imana yabo Rurema kubabarirwa ivyaha, kiretse ugushaka guhangana n’Intumwa, bagaheza bagahonywa n’Imana Allah nk’uko Yahoneje abo hambere yabo, canke bagashikirwa n’ibihano imbona nkubone.
Арабча тафсирлар:
وَمَا نُرۡسِلُ ٱلۡمُرۡسَلِينَ إِلَّا مُبَشِّرِينَ وَمُنذِرِينَۚ وَيُجَٰدِلُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِٱلۡبَٰطِلِ لِيُدۡحِضُواْ بِهِ ٱلۡحَقَّۖ وَٱتَّخَذُوٓاْ ءَايَٰتِي وَمَآ أُنذِرُواْ هُزُوٗا
Kandi Twebwe Allah, ntiturungika Intumwa zacu kiretse ko ziheza zigashikiriza abatwumvira inkuru nziza ibahumuriza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, zikanagabisha abagabitanya ku bihano vyo mu muriro. N’aho rero ukuri kugaragara, nta kibuza abagarariji guhaririza Intumwa zabo ku butumva bisunga ikinyoma, kugira batsindishe nya kinyoma ukuri atari agaseseshwarumuri, bagaheza rero bakagira Igitabu n’ivyemezo vyanje itebura.
Арабча тафсирлар:
وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن ذُكِّرَ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِۦ فَأَعۡرَضَ عَنۡهَا وَنَسِيَ مَا قَدَّمَتۡ يَدَاهُۚ إِنَّا جَعَلۡنَا عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ أَكِنَّةً أَن يَفۡقَهُوهُ وَفِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَقۡرٗاۖ وَإِن تَدۡعُهُمۡ إِلَى ٱلۡهُدَىٰ فَلَن يَهۡتَدُوٓاْ إِذًا أَبَدٗا
Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwibutswa n’ivyemezo vy’Imana yiwe Rurema Allah, maze akavyirengagiza, akanibagira kwisubirako ngo avavanure n’ibikorwa bibi yakoze. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarazibanganije imitima yabo icika agatimatare biturutse ku bugaba bwabo, ntibaheza ngo banyurwe na Qor’ani; Turanaziba n’amatwi yabo maze ntibumviriza Qor’ani ngo igire ico ibunguye; n’aho rero worara urabararikira ukwemera, ntibarota bakwumvira namba, ngo baheze batumbere inzira igororotse.
Арабча тафсирлар:
وَرَبُّكَ ٱلۡغَفُورُ ذُو ٱلرَّحۡمَةِۖ لَوۡ يُؤَاخِذُهُم بِمَا كَسَبُواْ لَعَجَّلَ لَهُمُ ٱلۡعَذَابَۚ بَل لَّهُم مَّوۡعِدٞ لَّن يَجِدُواْ مِن دُونِهِۦ مَوۡئِلٗا
Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Ikaba n’inkomoko y’impuhwe ku biremwa vyayo; iyo rero Ihanira nya biremwa ivyaha n’ibicumuro vy'ivyo vyarondeye kw'isi, ni ukuri Yari kwihutira kubihana, ariko rero Yarabigeneye isango ryo kuzuka kugira Ibiharurire, Iheze Ibihembere ivyo vyakoze, ntibizonaronka kuri nya sango aho bicarukira.
Арабча тафсирлар:
وَتِلۡكَ ٱلۡقُرَىٰٓ أَهۡلَكۡنَٰهُمۡ لَمَّا ظَلَمُواْ وَجَعَلۡنَا لِمَهۡلِكِهِم مَّوۡعِدٗا
Abahora baba muri turya ducimbiri turi hafi yanyu[8], Twebwe Allah Twabahoneje igihe birenganya mu kugarariza, Tukaba Twari Twabageneye isango ryo kubahonya, aho nya sango rigereye rero Twarabahoneje.
[8] Uducimbiri tw’abarungikiwe Intumwa Hudi, Swalehe, Luutwi na Shu’ayibu (za nyakugira impuhwe z’Imana Allah).
Арабча тафсирлар:
وَإِذۡ قَالَ مُوسَىٰ لِفَتَىٰهُ لَآ أَبۡرَحُ حَتَّىٰٓ أَبۡلُغَ مَجۡمَعَ ٱلۡبَحۡرَيۡنِ أَوۡ أَمۡضِيَ حُقُبٗا
Ntumwa y’Imana! Niwibuke n’igihe Musa yabwira umukozi wiwe Yuusha’u mwene Nuuni ati: “Sindota ndeka kubandanya urugendo gushika ngere kw’ihuriro ry’amabahari abiri, canke ngume ngenda ikiringo kirekire gushika aho nzohurira n’umuja mweranda, aheze anyigishe ubumenyi ntafise”.
Арабча тафсирлар:
فَلَمَّا بَلَغَا مَجۡمَعَ بَيۡنِهِمَا نَسِيَا حُوتَهُمَا فَٱتَّخَذَ سَبِيلَهُۥ فِي ٱلۡبَحۡرِ سَرَبٗا
Bompi barabandanije urugendo badahesha, bamaze gushika kuri nya huriro ry’amabahari abiri, baraheza baricara kw’ibuye ryari ng’aho kugira baruhuke gato, bakaba bari batekeye impamba igizwe n’ifi yumye, nya fi iramwiyaka ikorokera mu mazi, ica icika nzima, maze iroga igenda ica inzira iboneka mw’ibahari.
Арабча тафсирлар:
 
Маънолар таржимаси Сура: Каҳф
Суралар мундарижаси Бет рақами
 
Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - Кирунди тили таржимаси - Юсуф Ғҳейти - Таржималар мундарижаси

Юсуф Ғаҳити таржимаси - Африка тараққиёт муассасаси.

Ёпиш