Abakorera inteba ishushe intore ata co zinona mu bagore n’abagabo mu kuzagiriza icaha c’ubusambanyi, hanyuma ntibazane ivyabona bine vy’intungane bizagiriza nya caha, murabaha igihano co gukubitwa ibimoko mirongo umunani, hamwe no kutemererwa kuba ivyabona kandi mu buzima bwabo bwose. Abo rero, ni na vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Ariko rero, abazokwigaya mu nyuma, bakicuza kuri nya caha co kwagiriza ubusambanyi intore ata co zinona, bagaheza bakitunganya mu gukora ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Izobumvira, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Kuri iyi ndahiro igira gatanu, umukenyezi wiwe aca yagirwa na nya caha c’ubusambanyi, agaheza agahabwa igihano co guterwa amabuye gushika apfe. Nta gikura ico gihano kuri nya mukenyezi, kiretse ukurahira incuro zine avuga ati: “Ndarahiye ngira Imana Allah Icabona canje, ko umugabo wanje ambeshera ku caha c’ubusambanyi anyagiriza”;
Iyo hataba impano z’Imana Allah n’impuhwe zayo kuri mwebwe abemeramana, mu gushinga ingingo yo kwahukana kw’abubakanye bagirizanya ubusambanyi mu gihe barahiye, umubeshi muri bo yari guhanishwa igihano yisabiye mu kurahira, ivyo rero biri ukwo kuko Imana Allah ari Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira mu biremwa, Intungane mu vyo Ikora.
Ese iyo bamwe ku bandi muri mwebwe abemeramana biyumvira bagashira imbere ineza igihe mwumviye nya rementanya, maze bakavuga bati: “Iyi nkuru, ni irementanya ryeruye kuri Aisha (Imana Allah Imwishimire)!”.
Abazanye iryo rementanya, ntibari gupfuma bazana ivyabona bine vy’intungane biryemeza! Ku kubera ko rero batashoboye kuzana nya vyabona, abo ku Mana Allah ni bo babeshi ruhebwa.
Igihe mwahanahana inkuru y’iryo rementanya kandi ari ikinyoma ceruye, mugaheza mukarikwiragiza mu kuvuga ivyo mutazi, mwibaza ko ari ikintu coroshe cofatwa minenegwe kandi ku Mana Allah ari icaha rutura[4]!
[4] Ugukwiragiza igihuha, kuba kurimwo ivyaha bibiri; ukuvuga ikinyoma hamwe rero no kuvuga ico umuntu adafitiye ubumenyi bucemeza. Iyi Aayah rero, irihaniza yivuye inyuma ugufata minenegwe ikwiragizwa ry’igihuha.
Mu vy’ukuri, abakunda ko ukwagirizanya ubusambanyi n’ukwambikana ibara bikwiragizwa mu bemeramana nibatigaya nya caha, barategekanirijwe ibihano bibabaza kw’isi[5] hamwe rero n’umuriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo babesha mu gihe mwebwe ata vyo muzi.
[5] Gukubitwa ibimoko mirongo umunani, hatibagiwe kubaho mu maganya.
Abatewe iteka mw’idini no mu kuronswa ikibabeshaho, ntibakarahire ko baretse gufasha mu gutera inkunga abavandimwe babo bakenye, abakene batagira shinge na rugero n’abimutse mu nzira yo guharanira idini ry’Imana Allah, maze bakareka kubafasha ku mvo y’icaha bakoze, barabagirira ikigongwe ku caha babakoreye, baheze bacirengagize. None mweho ntimukunda ko Imana Allah Ibagumiriza akabanga ku vyaha mwakoze Ikabababarira! Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo[6].
[6] Iyi Aayah irahimiriza umuntu ko agirira ikigongwe uwamugiriye nabi, akirengagiza kumwihora n’aho uwamugiriye nabi atohaha gusubira kumugirira nabi.
Mu vy’ukuri, abakorera inteba ishushe abakenyezi bubatse izabo ata n’ico binona, abemeramanakazi batigera biyumvira na rimwe ko bosambana, mu kubagiriza icaha c’ubusambanyi, baravumwe n’Imana Allah kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, barategekanirijwe n’ibihano rutura mu muriro wa Jahannamu ku musi w’izuka[7];
[7] Iyi Aayah, ni icemezo c’uko uwututse uwundi canke akambika ibara umwe mu bakenyezi b’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) aba agararije.
Kuri uwo musi rero, Imana Allah Izobahemba ku vyo bakoze impembo ikwiye vy’ukuri. Aho rero, bazoheza bamenye kandi ko Imana Allah ari Yo Nyakuri[8], Nyenugutomora.
[8] Ukubaho kwayo n’ibikomoka kuri Yo vyose, ni ukuri, nta makenga canke amazinda ari mu mazina n’amatazirano yayo, kibure mu bumana bwayo.
Ariko rero, nta kabi kuri mwebwe ko mwinjira mu mazu atagenewe kubamwo abantu mutabanje kudodora, mu gihe hoba hari ico mukeneyeyo; nk’amazu yagenewe kuba uburaro bw’ingenzi, n’ayandi mazu rusangi. Burya Imana Allah, Irazi neza ivyo mugaragaza n’ivyo muhisha.
Muvugishwamana! Bwira abemeramana bicishe bugufi mu kwunamika amaso yabo mu kutaraba ibizira vyotuma bagwa mu caha c’ubusambanyi, baheze bacungere n’ubwambure bwabo mu kudakora ibizira[9]; ivyo ni vyo bibeza gusumba. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi ibintu vyose bakoze;
[9] Mu kutagaragaza ubwambure, kudasambana, kutipfuza abagabo ku bandi canke abagore ku bandi, n’ibindi.
Bemeramana! Murashingira abatagira abagabo muri mwebwe no mu beranda mu ncoreke no mu bashumba banyu. Abipfuza kwabira muri bo nibaba bakenye, Imana Allah Izobakenura Ibahe mu mpano zayo. Burya Imana Allah, ni Nyenimpano-ntangere, Nyenubumenyikurivyose.
Abadashoboye kurongora ku mvo z’ubukene canke ku zindi mvo, barigumya mu kudatandukira ibizira gushika igihe Imana Allah Yabakenuriye, Ikabaha mu mpano zayo. Abashumba banyu bashaka ko mwandikiranira bakazobariha amahera kugira bikure mu buja, muraheza mwandikirane na bo nimwamenya ko bafise ishaka n’intumbero nziza[12], maze mubaterere mu kubaha no mu matungo mwaronkejwe n’Imana Allah, canke mubahebere nya mahera mwandikiraniye. Ntimuzohatire incoreke zanyu ku gushurashura murondera kuzironkerako amaronko y’ivy’isi. Mbega muzishurashuza gute kandi zishaka kwigumya mu kudakora ibizira! Uwuzozihatira gushurashura azoba acumuye. Mu vy’ukuri, inyuma yo guhatirwa gushurashura, nya ncoreke izobabarirwa. Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
[12] Mu kuba ari abagororotsi, bafise ishaka hamwe n’ubushobozi bwo kwironderera icobabeshaho.
Imana Allah, ni Yo Muco w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, vyose birongorwa n’umuco w’ubumenyi n’uburongozi vyayo. Akarorero k’umuco w’uburongozi bw’Imana Allah mu kurongora abemeramana, ni nk’umwenge uri mu ruhome wegeranya umuco ngo ntushwiragire; muri nya mwenge hakaba harimwo itara, nya tara rikaba riri mu kiyo, nya kiyo kikaba kimeze nk’inyenyeri yakaka, nya tara na ryo rikatswa n’amavuta y’igiti gihezagiwe c’Umuzayituni, kiri ahantu gishikirwa ku mpande zose n’umuco w’izuba umwanya wose; si mu gihe gusa c’iseruka ry’izuba, eka si no mu gihe gusa c’irenga ryaryo. Nya mavuta rero ya nya giti gihezagiwe ahakwa kwaka akabonesha n’aho yoba ataracanwa n’umuriro; agize ngo aracanwe hoho yaka vy’akaroruhore ukabona hose harakaka, ari umuco ku wundi[13]. Ni nk’ukwo nyene rero umuco w’uburongozi ubonesha mu mutima w’umwemeramana. Burya rero Imana Allah, Irongora uwo Ishatse Ikamushoboza kuzigama no gukurikira Qor’ani, kandi Imana Allah Icira agace abantu b’abanyabwenge kugira batahure ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.
[13] Umuco w’amavuta ya zayituni ataracanwa hiyongeyeko umuco w’ukwatsa nya mavuta n’umuriro.
Uwo muco w’uburongozi rero uri mu misigiti, Imana Allah Yategetse ko yubakwa ikubahwa hakanayagirwamwo izina ryayo mw’ininahaza n’itaziramana no mu gusoma Qor’ani, n’ibindi, maze nya misigiti igasengerwamwo gusa Imana Imwe Rudende Allah mu gitondo no ku mugoroba;
Imana Allah, ni Yo Yaremye zina-kintu cose kigendagenda kw’isi mu biremwa Igikomoye ku mazi. Muri ivyo biremwa rero, harimwo ibigenda vyikwega ku nda, hakabamwo n’ibigendera ku maguru abiri, harimwo n’ibigendera ku maguru ane. Burya Imana Allah, Irema ukwo Ishatse. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Mushoboravyose.
N’iyo indyarya zirarikiwe mu gihe co gukemura amatati yazo, kugaruka zikisunga Igitabu c’Imana Allah n’ingingo y’Intumwa yayo, haca hiyadukiza umugwi muri zo wirengagiza ukanka nya ngingo y’Intumwa, kandi ari yo ngingo y’ukuri.
Nayo abemeramana koko, bararikiwe mu gihe co gukemura amatati yabo kwisunga Igitabu c’Imana Allah n’ingingo y’Intumwa yayo, baraheza bakagamburuka, maze bakavuga bati: “Twumvise ingingo twahawe kandi twumviye n’uwayidushikirije”. Abo, ni na bo rero baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Ntiwibaze rero ko abagararije bananiye Imana Allah ko Yobahanira kw’isi, ahubwo nyabuna Irashoboye kubahanira kw’isi, mbere n’ubushikiro bwabo ni mu muriro wa Jahannamu, ni na yo maherezo mabi cane.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubwirize abashumba banyu hamwe n’abana bataragera mu bigero, ko bategerezwa kubanza kudodora imbere y’ukwinjira aho muri mu bihe bitatu: igihe co kwitegurira isengesho ryo mu mutwenzi[15], igihe co gukura impuzu ngo muruhuke ku musase[16] n’inyuma rero y’isengesho ryo ku mugoroba igihe mwiteguriye kuryama[17]. Ivyo rero ni vyo bihe kenshi mutaba mwambaye ngo mwikwize. Si bibi rero kuri mwebwe canke kuri bo kwinjira mutabanje kudodora mu bihe bitari ivyo, kuko mwese mukenerana mu gufashanya utu na turiya. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ingingo zijanye n’urupfasoni rwo kudodora - Ibatomorera ivyemezo n’amabwirizwa vyayo. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora.
[15] Ni igihe umuntu akura impuzu zo kurarana agashaka kwambara impuzu zo gusohokana. [16] Ni igihe umuntu akura impuzu zo gusohokana agashaka kwambara impuzu zoroshe zo muhira. [17] Ni igihe umuntu akura impuzu zo muhira agashaka kwambara impuzu zo kurarana.
N’abakecuru batagishoboye kuva mu nzu, batagikeneye no gushingirwa, si bibi kuri bo kutambara umwitwikiro mu gihe atari mu ntumbero yo kugaragaza ibisharizo bambaye; ariko mu gihe bokwambara nya mwitwikiro bakikwiza, vyoba ari vyiza kurusha kuri bo. Burya Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo mukora n’ivyo muzirikana.
Si bibi ku mpumyi, ku bimuga no ku barwayi kureka gukora ivyo badashoboye mu mabwirizwa, biturutse ku bumuga canke ku ndwara; eka si na bibi kuri mwebwe gufungurira hamwe mu miryango yanyu, canke mu miryango ya ba so na ba sobukwe, mu miryango ya ba nyoko canke iya benewanyu, mu miryango ya bashikanyu canke iya ba sowanyu, mu miryango ya ba nyogosenge canke iya ba nyokorome, mu miryango ya nyokwanyu, mu miryango mushinzwe gucungera ku burenganzira bwa bene yo mu gihe batahari no mu muryango w’umugenzi wanyu; muri ico gihe rero, si bibi kuri mwebwe gufungurira hamwe abagabo n’abagore canke gufungura umwe wese ukwiwe. Nimwinjira rero mu nzu zibamwo abantu (mu mihana), muraheza mwihe indamutso nziza ihezagiye ivuye ku Mana Allah muti: “Nimugire amahoro, impuhwe z’Imana Allah n’imihezagiro yayo[18]”. Nihatagira abantu baba muri nya nzu, zikaba zagenewe ibindi bikorwa, muraheza mwihe indamutso muti: “Nitugire amahoro, twebwe hamwe n’aberanda b’Imana Allah[19]”. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yabatomoreye ingingo zijanye n’urupfasoni rwo gufungura - Ibatomorera ivyemezo n’amabwirizwa vyayo kugira mubitegere, muheze muvyubahirize.
Abemeramana vy’ukuri, ni abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo; no mu gihe bari kumwe n’Intumwa mu gikorwa kibahuza, ntibiyonjorora mu bandi batabanje kuyisaba uburenganzira bwo kugenda. Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri abagusaba uburenganzira ku mvo zumvikana, abo ni bo bemeye koko Imana Allah n’Intumwa yayo; nibagusaba uburenganzira bwo kuja gutunganya utwabo, uraha nya burenganzira uwo ushatse muri bo, uheze unabasabire ikigongwe ku Mana Allah. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Bantu, nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ibiri mu majuru n’isi, nta nkeka rero ko ubumenyi bwayo buhetuye ivyo mukora vyose, n’umusi ibiremwa vyose vyasubijwe kuri Yo Izobibwira ido n’ido ku vyo vyakoze kw’isi, Iheze Inabibihembere. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, nta co Iyobewe.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Излов натижалари:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".