Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - الترجمة الكيروندية * - Таржималар мундарижаси

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Маънолар таржимаси Оят: (37) Сура: Аҳзоб сураси
وَإِذۡ تَقُولُ لِلَّذِيٓ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِ وَأَنۡعَمۡتَ عَلَيۡهِ أَمۡسِكۡ عَلَيۡكَ زَوۡجَكَ وَٱتَّقِ ٱللَّهَ وَتُخۡفِي فِي نَفۡسِكَ مَا ٱللَّهُ مُبۡدِيهِ وَتَخۡشَى ٱلنَّاسَ وَٱللَّهُ أَحَقُّ أَن تَخۡشَىٰهُۖ فَلَمَّا قَضَىٰ زَيۡدٞ مِّنۡهَا وَطَرٗا زَوَّجۡنَٰكَهَا لِكَيۡ لَا يَكُونَ عَلَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ حَرَجٞ فِيٓ أَزۡوَٰجِ أَدۡعِيَآئِهِمۡ إِذَا قَضَوۡاْ مِنۡهُنَّ وَطَرٗاۚ وَكَانَ أَمۡرُ ٱللَّهِ مَفۡعُولٗا
Muvugishwamana! Ibuka igihe Zayidi mwene Haaritha[11] ahabwa n’Imana Allah inema y’ukuba umwislamu, maze na we ukamugirira ubuntu bwo kumuha ubwigenge ukamubarira uti: “Kenyera wubake rugume, nturote wahukana n’umukenyezi wawe Zayinabu mwene Jahshi, maze utinye Imana Allah”; uraheza uhisha mu mushaha wawe ivyo Imana Allah Yahavuye Ishira ahabona, ko Zayinabu niyahukana na Zayidi, ari wewe uzoca umwabira; ugira n’impungenge zo kwanka ko indyarya zovuga ko wabiriye uwahoze ari umukazana wawe, kandi Imana Allah ari Yo wategerezwa gutinya kurusha. Zayidi rero amaze kwahukana na Zayinabu, Zayinabu agaheza ikiringo ciwe co kwarama, Twebwe Allah Twaramugushingiye, kugira ubere abemeramana imboneza n’imurikizi mu kutaziririza gushingirwa abahoze ari abakenyezi b’abana b’abarerano inyuma yo kwahukana. Burya ingingo y’Imana Allah, yamye ari yo ija mu ngiro ata gisivya.
[11] Zayidi mwene Haaritha yarerewe ku Ntumwa, ico gihe umwana w’umurerano yafatwa nk’aho ari umwana w’uwamureze akanamwitirirwa kw’izina. Ivyo rero, vyahagaritswe n’ihishurwa rya Aayah ya 5 iri muri iki gisomwa c’Ingabo ziyunze “Al-Ahzaab”.
Арабча тафсирлар:
 
Маънолар таржимаси Оят: (37) Сура: Аҳзоб сураси
Суралар мундарижаси Бет рақами
 
Қуръони Карим маъноларининг таржимаси - الترجمة الكيروندية - Таржималар мундарижаси

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Ёпиш