የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (76) ምዕራፍ: ሱረቱ ዩሱፍ
فَبَدَأَ بِأَوۡعِيَتِهِمۡ قَبۡلَ وِعَآءِ أَخِيهِ ثُمَّ ٱسۡتَخۡرَجَهَا مِن وِعَآءِ أَخِيهِۚ كَذَٰلِكَ كِدۡنَا لِيُوسُفَۖ مَا كَانَ لِيَأۡخُذَ أَخَاهُ فِي دِينِ ٱلۡمَلِكِ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ نَرۡفَعُ دَرَجَٰتٖ مَّن نَّشَآءُۗ وَفَوۡقَ كُلِّ ذِي عِلۡمٍ عَلِيمٞ
Ni ho rero babasubiza kwa Yusufu, araheza atangura gusaka ubwiwe ivyo bafise, ahera kuri benewabo kuri se imbere yuko asaka murumunawe. Hanyuma ni ho yatandukira gusaka murumunawe, aca asanga nya gipimo co kugeresha kiri mu mfungurwa ziri ku gitwazi ca murumunawe. Ni uko rero Twebwe Allah, Tworohereje Yusufu kugumana na murumunawe, ntiyari gushobora gusigarana na we ku kirimba c’umwami wa Misiri, kiretse ku bushake bw’Imana Allah mu kwisunga ingingo yuko uwivye, ahanishwa igihano gisanzwe kiri mw’idini rya benewabo. Twebwe Allah, Tuduza icubahiro kw’isi uwo Dushatse mu biremwa. Burya rero, hejuru y’uwo wese afise ubumenyi, haba hari uwundi abumusumvya.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (76) ምዕራፍ: ሱረቱ ዩሱፍ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት