Check out the new design

የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ጋሂቲ * - የትርጉሞች ማዉጫ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (187) ምዕራፍ: አል-በቀራህ
أُحِلَّ لَكُمۡ لَيۡلَةَ ٱلصِّيَامِ ٱلرَّفَثُ إِلَىٰ نِسَآئِكُمۡۚ هُنَّ لِبَاسٞ لَّكُمۡ وَأَنتُمۡ لِبَاسٞ لَّهُنَّۗ عَلِمَ ٱللَّهُ أَنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَخۡتَانُونَ أَنفُسَكُمۡ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡ وَعَفَا عَنكُمۡۖ فَٱلۡـَٰٔنَ بَٰشِرُوهُنَّ وَٱبۡتَغُواْ مَا كَتَبَ ٱللَّهُ لَكُمۡۚ وَكُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ حَتَّىٰ يَتَبَيَّنَ لَكُمُ ٱلۡخَيۡطُ ٱلۡأَبۡيَضُ مِنَ ٱلۡخَيۡطِ ٱلۡأَسۡوَدِ مِنَ ٱلۡفَجۡرِۖ ثُمَّ أَتِمُّواْ ٱلصِّيَامَ إِلَى ٱلَّيۡلِۚ وَلَا تُبَٰشِرُوهُنَّ وَأَنتُمۡ عَٰكِفُونَ فِي ٱلۡمَسَٰجِدِۗ تِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِ فَلَا تَقۡرَبُوهَاۗ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ ءَايَٰتِهِۦ لِلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ
Imana Allah Yarabarekuriye mw’ijoro mu kwezi kwa “Ramadhani” ko murangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi banyu. Ni bo babafasha kugumya ibanga ry’ukutarenga ibigo[27], na mwe mukabafasha kugumya ibanga ry’ukutarenga ibigo. Imana Allah Irazi ko mwahora mwihemukira mukarangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi banyu mw’ijoro mu kwezi kwa “Ramadhani[28]”, Iraheza Irabagirira ikigongwe Irabababarira. Guhera ubu rero, murarangura amabanga y’abubatse munarondera ico Imana Allah Yabageneye mu bibondo, munafungure mwongere munywe gushika umutwenzi w’ukuri ukitse, hanyuma mukwize amapfungo kugera izuba rirenze. Ntimuzohirahire ngo murangure amabanga y’abubatse canke ngo muhobere abakenyezi mu gihe mwiyeguriye Imana Allah mu misigiti “Itikaafu”. Izo rero, ni imbibe z’ibibujijwe n’Imana Allah, ntimukazivogere ngo muhave mugwa mu vyaha. Ukwo ni ko Imana Allah Itomorera abantu ingingo n’amabwirizwa yayo kugira ngo bayigamburukire mu kuyubahiriza.
[27] Nka kurya impuzu igumiriza ibanga uwuyambaye.
[28] Ubwa mbere bagitegekwa ukwipfunga.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (187) ምዕራፍ: አል-በቀራህ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ጋሂቲ - የትርጉሞች ማዉጫ

ተርጓሚ ዩሱፍ ጋሂቲ ‐ ከአፍሪካ የልማት ተቋም የተገኘ

መዝጋት