Check out the new design

Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti * - Indise ng mga Salin

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Salin ng mga Kahulugan Ayah: (187) Surah: Al-Baqarah
أُحِلَّ لَكُمۡ لَيۡلَةَ ٱلصِّيَامِ ٱلرَّفَثُ إِلَىٰ نِسَآئِكُمۡۚ هُنَّ لِبَاسٞ لَّكُمۡ وَأَنتُمۡ لِبَاسٞ لَّهُنَّۗ عَلِمَ ٱللَّهُ أَنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَخۡتَانُونَ أَنفُسَكُمۡ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡ وَعَفَا عَنكُمۡۖ فَٱلۡـَٰٔنَ بَٰشِرُوهُنَّ وَٱبۡتَغُواْ مَا كَتَبَ ٱللَّهُ لَكُمۡۚ وَكُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ حَتَّىٰ يَتَبَيَّنَ لَكُمُ ٱلۡخَيۡطُ ٱلۡأَبۡيَضُ مِنَ ٱلۡخَيۡطِ ٱلۡأَسۡوَدِ مِنَ ٱلۡفَجۡرِۖ ثُمَّ أَتِمُّواْ ٱلصِّيَامَ إِلَى ٱلَّيۡلِۚ وَلَا تُبَٰشِرُوهُنَّ وَأَنتُمۡ عَٰكِفُونَ فِي ٱلۡمَسَٰجِدِۗ تِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِ فَلَا تَقۡرَبُوهَاۗ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ ءَايَٰتِهِۦ لِلنَّاسِ لَعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ
Imana Allah Yarabarekuriye mw’ijoro mu kwezi kwa “Ramadhani” ko murangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi banyu. Ni bo babafasha kugumya ibanga ry’ukutarenga ibigo[27], na mwe mukabafasha kugumya ibanga ry’ukutarenga ibigo. Imana Allah Irazi ko mwahora mwihemukira mukarangura amabanga y’abubatse n’abakenyezi banyu mw’ijoro mu kwezi kwa “Ramadhani[28]”, Iraheza Irabagirira ikigongwe Irabababarira. Guhera ubu rero, murarangura amabanga y’abubatse munarondera ico Imana Allah Yabageneye mu bibondo, munafungure mwongere munywe gushika umutwenzi w’ukuri ukitse, hanyuma mukwize amapfungo kugera izuba rirenze. Ntimuzohirahire ngo murangure amabanga y’abubatse canke ngo muhobere abakenyezi mu gihe mwiyeguriye Imana Allah mu misigiti “Itikaafu”. Izo rero, ni imbibe z’ibibujijwe n’Imana Allah, ntimukazivogere ngo muhave mugwa mu vyaha. Ukwo ni ko Imana Allah Itomorera abantu ingingo n’amabwirizwa yayo kugira ngo bayigamburukire mu kuyubahiriza.
[27] Nka kurya impuzu igumiriza ibanga uwuyambaye.
[28] Ubwa mbere bagitegekwa ukwipfunga.
Ang mga Tafsir na Arabe:
 
Salin ng mga Kahulugan Ayah: (187) Surah: Al-Baqarah
Indise ng mga Surah Numero ng Pahina
 
Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti - Indise ng mga Salin

Isinalin ni Yusuf Ghayiti. Inilabas ng Pundasyong Afrikano ng Paglago.

Isara