የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አስ ሷፋት   አንቀጽ:

SURATU SSWAAFFAAT

وَٱلصَّٰٓفَّٰتِ صَفّٗا
Ndarahiye Jewe Allah, ku bamalayika batonda ku murongo mu gusenga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱلزَّٰجِرَٰتِ زَجۡرٗا
No ku bamalayika basunika ibicu vy’imvura kw’itegeko ryanje;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱلتَّٰلِيَٰتِ ذِكۡرًا
No ku bamalayika basoma urwibutso n’amajambo yanje mu guhishurira Intumwa[1]!
[1] Imana Allah Irahira ku co Ishatse mu biremwa vyayo, nayo ibiremwa ntibirekuriwe kurahira, kiretse kw’izina ryayo gusa. Ukurahira kw’izina ry’ikitari Imana Allah, ni ibangikanyamana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ إِلَٰهَكُمۡ لَوَٰحِدٞ
Mu vy’ukuri ga bantu! Imana yanyu mukwiye gusenga Itabangikanywa, ni Imana Imwe Rudende Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَرَبُّ ٱلۡمَشَٰرِقِ
Ni Yo Mana Rurema Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ni na Yo Mubungabunzi w’izuba mu buseruko no mu burengero bwaryo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا زَيَّنَّا ٱلسَّمَآءَ ٱلدُّنۡيَا بِزِينَةٍ ٱلۡكَوَاكِبِ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarasharije n’inyenyeri ijuru ryegereye isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَحِفۡظٗا مِّن كُلِّ شَيۡطَٰنٖ مَّارِدٖ
Turaheza Turaribungabunga, kugira ntirivogerwe n’uwo wese mu ntagondwa z’amashetani;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَّا يَسَّمَّعُونَ إِلَى ٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰ وَيُقۡذَفُونَ مِن كُلِّ جَانِبٖ
Amashetani rero, ntashobora gushika ahari abamalayika mu majuru ngo aheze asume urusaku kw’ihishurwa ry’ibijanye n’amabwirizwa, ivyagezwe hamwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo. Amashetani ahirahiye agasuma urusaku, aca aterwa ibishirira vya nyakotsi biturutse ku mpande zose;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
دُحُورٗاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٞ وَاصِبٌ
Akirukanwa kugira ntashobore gusuma nya rusaku, yaranategekanirijwe n’ibihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا مَنۡ خَطِفَ ٱلۡخَطۡفَةَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٞ ثَاقِبٞ
Kiretse shetani isamiye hejuru ijambo rimwe muri iryo suma ry’urusaku, igaca iribwira iyiri musi yayo; ino na yo ikaribwira iyindi iri musi yayo gushika ku yiri kw’isi. Hari n’aho rero, ikurikizwa igishirira ca nyakotsi kikayiturira imbere yuko iribwira iyiri musi yayo. Hari n’igihe bishika rero mu vyagezwe n’Imana Allah, ikarisamira hejuru ikaribwira iyiri musi yayo imbere yuko ishikirwa na nya gishirira kikayiturira, maze iya nyuma muri yo ikarishikiriza ba senyagara n’abapfumu, na bo bagaca baryuhirako ayandi majambo ijana y’ikinyoma.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَهُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَم مَّنۡ خَلَقۡنَآۚ إِنَّا خَلَقۡنَٰهُم مِّن طِينٖ لَّازِبِۭ
Ntumwa y’Imana! Baza abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, ko iremwa ryabo ari ryo rigoye cane gusumba iremwa ry’ibindi biremwa Twaremye! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye se wabo Adamu mw’ivu ribomvye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلۡ عَجِبۡتَ وَيَسۡخَرُونَ
Ntumwa y’Imana! Ahubwo icogutangaza, ni ihakana ryabo ry’izurwa ry’ibiremwa; n’icogutangaza kurusha, ni itebura ryabo kuri wewe n’isuzugurwa ry’amajambo yawe!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذَا ذُكِّرُواْ لَا يَذۡكُرُونَ
N’iyo bibukijwe ku vyo bibagiye canke bakagotwa, ukubibutsa nta co kubamarira ngo bikebuke.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذَا رَأَوۡاْ ءَايَةٗ يَسۡتَسۡخِرُونَ
N’iyo babonye icemezo cerekana ko uri Intumwa vy’ukuri, baragiteburako bakitangaza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّبِينٌ
Bagaheza bakavuga bati: “Iyi Qor’ani watuzaniye, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ
Mbega igihe twapfuye tugacika ivu n’amagufa yaboze, burya mu vy’ukuri tuzosubizwa ubuzima duheze tuzuke!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَوَءَابَآؤُنَا ٱلۡأَوَّلُونَ
Mbega burya hazozuka na ba data bapfuye kera!”
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُلۡ نَعَمۡ وَأَنتُمۡ دَٰخِرُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa uti: “Ego cane! Bitebe bitebuke, muzosubizwa ubuzima maze muzuke kandi musuzuguritse”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٞ وَٰحِدَةٞ فَإِذَا هُمۡ يَنظُرُونَ
Ni ukuri, izurwa ryabo ni akaravyo, hazopfa kuvuzwa inzamba igira kabiri gusa, ubwo nyene bace basokoroka mu kuzimu birabira intureka zo ku musi w’izuka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالُواْ يَٰوَيۡلَنَا هَٰذَا يَوۡمُ ٱلدِّينِ
Baheze bavuge n’agahinda n’akantu bati: “Amagorwa arama yemwe! Uwu, ni wo musi w’iharurirwa n’impera!”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ
Bace babwirwa n’abamalayika bati: “Uwu, ni wo musi wo gutunganiriza ibiremwa, umusi mwahora muhakana mwivuye inyuma mukiri kw’isi ko utabaho”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ ٱحۡشُرُواْ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ وَأَزۡوَٰجَهُمۡ وَمَا كَانُواْ يَعۡبُدُونَ
Abamalayika bazobwirwa bati: “Nimwegeranirize hamwe abirenganije mu kugarariza bari kumwe n’abagenzi babo, hamwe rero n’ibigirwamana bahora basenga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مِن دُونِ ٱللَّهِ فَٱهۡدُوهُمۡ إِلَىٰ صِرَٰطِ ٱلۡجَحِيمِ
Bakabisenga mu gishingo c’Imana Allah, muheze mubashorere mu nzira ibashikana mu muriro ururumba;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقِفُوهُمۡۖ إِنَّهُم مَّسۡـُٔولُونَ
Maze mubahagarike aho babanza kubazwa imbere yuko batabwa mu muriro wa Jahannamu; mu vy’ukuri, bategerezwa kubazwa ku vyo bakoze no ku vyo bavuze vyose”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا لَكُمۡ لَا تَنَاصَرُونَ
Bazoheza rero babwirwe ku gashinyaguro n’akantu bati: “Mbega mwafashwe n’iki ko mudatabarana nk’uko mwabigenza kw’isi!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلۡ هُمُ ٱلۡيَوۡمَ مُسۡتَسۡلِمُونَ
Ahubwo kuri uwu musi, bicishije bugufi mu kwubahiriza itegeko ry’Imana Allah, ntibashobora namba guca kubiri na ryo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ
Aho rero, bazoheza batangure guhazana, bahangane hagati yabo batanako imiragwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُوٓاْ إِنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَأۡتُونَنَا عَنِ ٱلۡيَمِينِ
Maze indongozi z’abahuvye zibwirwe n’abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Mu vy’ukuri, ni mwebwe mwahora mutuja mu gutwi mukatwankisha ukuri, mukaturyohereza ubuhuvyi kw’izina ry’idini”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ بَل لَّمۡ تَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ
Indongozi z’abahuvye na zo zibwire abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Sigaho, murabaga mwifashe! Ahubwo nyabuna, mwebwe ntimwigeze mwemera namba;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا كَانَ لَنَا عَلَيۡكُم مِّن سُلۡطَٰنِۭۖ بَلۡ كُنتُمۡ قَوۡمٗا طَٰغِينَ
Vyongeye nta n’ububasha bw’ivyemezo canke bw’inguvu twari tubafiseko ngo tubabuze ukwemera Imana Allah, eka mbere mwari mwigize akagaramaruganda mu guhonyanga ukuri mukubona;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَحَقَّ عَلَيۡنَا قَوۡلُ رَبِّنَآۖ إِنَّا لَذَآئِقُونَ
Ni ho rero twebwe hamwe na mwe twagirwa n’ijambo ry’Imana yacu Rurema Allah, ryo gusezeranira ibihano abagarariji[2]. Mu vy’ukuri rero, twese hamwe dutegerezwa guhonja ibihano;
[2] Raba Aayah ya 13 mu gisomwa Sajda.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَغۡوَيۡنَٰكُمۡ إِنَّا كُنَّا غَٰوِينَ
Twebwe twarabahubishije inzira y’ukwemera, muraheza muradukurikira mu buhuvyi, mu vy’ukuri twari twarahuvye”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِنَّهُمۡ يَوۡمَئِذٖ فِي ٱلۡعَذَابِ مُشۡتَرِكُونَ
Mu vy’ukuri kuri uwo musi rero, indongozi z’abahuvye hamwe n’abazikurikiye mu buhuvyi, bazofadikanya mu bihano nk’uko bafadikanije kw’isi mu buhuvyi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ
Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tugira mu guhana inkozi z’ikibi zahisemwo ubugaba kw’isi ha kutwumvira.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُمۡ كَانُوٓاْ إِذَا قِيلَ لَهُمۡ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا ٱللَّهُ يَسۡتَكۡبِرُونَ
Mu vy’ukuri, ababangikanyamana bakiri kw’isi, iyo bararikiwe gusenga Imana Imwe Rudende Allah, bati: “Nta mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah”, bahora bagira amanyama bakirengagiza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَيَقُولُونَ أَئِنَّا لَتَارِكُوٓاْ ءَالِهَتِنَا لِشَاعِرٖ مَّجۡنُونِۭ
Bagaca bavuga bati: “Mbega vyoshoboka gute mu vy’ukuri, ko tureka gusenga imana zacu ku kwubahiriza gusa ijambo ry’umwivuzi w’amazina, yakehewe n’ubwenge!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلۡ جَآءَ بِٱلۡحَقِّ وَصَدَّقَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Nibateshwe bate barahumba! Muhamadi ntari nk’ukwo bamuvuga namba, ahubwo yaje abazaniye ukuri kw’ukwemera gushingiye kuri Qor’ani, ashimangira ivyashikirijwe n’izindi Ntumwa mu mabwirizwa n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّكُمۡ لَذَآئِقُواْ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَلِيمِ
Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, mwebwe ku kubera ihakana ryanyu, mutegerezwa guhonja ibihano bibabaza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntimuzohanwa, kiretse ku vyaha mwari mwarakoze kw’isi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Kiretse abaja b’Imana Allah bayitumbera mu vyo bakora vyose bakabikora ku bwayo, maze Igaheza Ikabakingira ibihano;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ رِزۡقٞ مَّعۡلُومٞ
Abo, ni bo rero bazoronka impano zizwi neza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَوَٰكِهُ وَهُم مُّكۡرَمُونَ
Izo mpembo, ni ivyamwa vy’ubwoko butandukanye, bakazonaterwa iteka n’icubahiro;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِي جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ
Mu Bwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema zamaho;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عَلَىٰ سُرُرٖ مُّتَقَٰبِلِينَ
Aho bazoba bicaye ku bitanda batumberanye, barabana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يُطَافُ عَلَيۡهِم بِكَأۡسٖ مِّن مَّعِينِۭ
Ibirahuri vy’inzoga itambiye bicanacanako, inzoga yengwa mu mazi y’iriba ritemba ryamaho;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَيۡضَآءَ لَذَّةٖ لِّلشَّٰرِبِينَ
Ifise ibara ryera n'akanovera k’akataraboneka ku banywi bazoyihereza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَا فِيهَا غَوۡلٞ وَلَا هُمۡ عَنۡهَا يُنزَفُونَ
Ntigira ingaruka mbi ngo iboreze canke ngo isinzikaze ubuzima bw’uwuguma ayinywa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ عِينٞ
Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi biyubashe bisoneye, batigera bakubita ijisho abatari abagabo babo, bafise n’amaso meza nk’ay’inyana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَأَنَّهُنَّ بَيۡضٞ مَّكۡنُونٞ
Basa neza, ntiworaba barasayangana; wogira ngo ni irigi ribitswe ahantu ata n’umwe ararikorako.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ
Abari mu Bwami bw’ijuru, bazobazanya hagati yabo, batera inkuru z’ubuzima babanyemwo n’abandi kw’isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ قَآئِلٞ مِّنۡهُمۡ إِنِّي كَانَ لِي قَرِينٞ
Maze umwe muri bo aheze avuge ati: “Mu vy’ukuri, kw’isi nari mfise umugenzi twamana hafi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَقُولُ أَءِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُصَدِّقِينَ
Yavuga yitangaza ambwira ati: “Mbega mu vy’ukuri, wewe uri mu bemera ko izurwa ry’ibiremwa ribaho!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَدِينُونَ
Aho nyene uremera ko nitwapfa tugacika ivu n’amagufa mu kuzimu, tuzoheza tugasubizwa ubuzima tukazuka koko, hanyuma tugaharurirwa, tukanahemberwa ivyo twakoze!””.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ هَلۡ أَنتُم مُّطَّلِعُونَ
Hanyuma wa mwemeramana, ace avuga abwire abo bari kumwe mu Bwami bw’ijuru, ati: “Ubwo ntimwoza tukarunguruka mu muriro tukaraba iherezo ry’uwahoze ari umugenzi twamana hafi!”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱطَّلَعَ فَرَءَاهُ فِي سَوَآءِ ٱلۡجَحِيمِ
Wa mwemeramana agize ngo ararunguruka mu muriro, aca abona wa mugenzi wiwe bamana hafi, ari hagati na hagati mu nyenga y’umuriro ururumba;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ تَٱللَّهِ إِن كِدتَّ لَتُرۡدِينِ
Aca avuga abwira nya mugenzi wiwe ati: “Ndarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko wahatswe kumpubisha ngahona iyo ndakwumvira;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَوۡلَا نِعۡمَةُ رَبِّي لَكُنتُ مِنَ ٱلۡمُحۡضَرِينَ
Iyo hataba impano y’Imana yanje Rurema Allah, Yanshoboje kwemera nkatsimbatara, ni ukuri nari kuba ndi mu begeranirijwe hamwe na we mu muriro”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَمَا نَحۡنُ بِمَيِّتِينَ
Ba bemeramana aho bari mu Bwami bw’ijuru, baca bavuga akamwemwe kabasya bati: “Ni ivy’ukuri, ko tuzoguma mu nema zamaho ibihe bidahera ata gupfa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا مَوۡتَتَنَا ٱلۡأُولَىٰ وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ
Kiretse urupfu rwa mbere twapfuye tukiri kw’isi, nta n’uguhanwa inyuma y’aho twinjiriye mu Bwami bw’ijuru!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ
Mu vy’ukuri, iyi ni yo ntsinzi ihambaye”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لِمِثۡلِ هَٰذَا فَلۡيَعۡمَلِ ٱلۡعَٰمِلُونَ
Mu ntumbero yo gushika ku ntsinzi nk’iyi y’Ubwami bw’ijuru, abakora ivyo bakora kw’isi rero, nibakore batiziganya, ata kudebukirwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَذَٰلِكَ خَيۡرٞ نُّزُلًا أَمۡ شَجَرَةُ ٱلزَّقُّومِ
Mbega none burya iyo ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru, ni ryo cumbi ryiza cane kuruta ibindi, canke ni igiti Al-Zaqquumu cavumwe, gifungurirwa abantu bo mu muriro!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا جَعَلۡنَٰهَا فِتۡنَةٗ لِّلظَّٰلِمِينَ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twagize ico giti kuba igeragezwa ku birenganije mu kugarariza, bahakana bivuye inyuma bati: “Bishoboka gute ko igiti kiba mu muriro kandi umuriro uturira igiti!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهَا شَجَرَةٞ تَخۡرُجُ فِيٓ أَصۡلِ ٱلۡجَحِيمِ
Al-Zaqquumu mu vy’ukuri, ni igiti kinagira hagati na hagati mu nyenga y’umuriro wa Jahannamu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
طَلۡعُهَا كَأَنَّهُۥ رُءُوسُ ٱلشَّيَٰطِينِ
Ivyamwa vya nya giti bisa nabi cane; wogira ngo ni imitwe y’amashetani, ntubaze rero akanuko kavyo n’ukuntu bibishe (bikata) mu kanwa!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِنَّهُمۡ لَأٓكِلُونَ مِنۡهَا فَمَالِـُٔونَ مِنۡهَا ٱلۡبُطُونَ
Mu vy’ukuri ababangikanyamana, bazorya ivyamwa vyaco, bibuzuze inda batumbirwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ إِنَّ لَهُمۡ عَلَيۡهَا لَشَوۡبٗا مِّنۡ حَمِيمٖ
Hanyuma bashozeko ikinyobwa kigizwe n’uruvange rw’amashira n’urwuya vy’abantu bo mu muriro vyasebuye bikaryimara;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ إِنَّ مَرۡجِعَهُمۡ لَإِلَى ٱلۡجَحِيمِ
Hanyuma iyegeranirizo ryabo inyuma y’ivyo vyose, ni mu bihano vyo mu muriro.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُمۡ أَلۡفَوۡاْ ءَابَآءَهُمۡ ضَآلِّينَ
Mu vy’ukuri ababangikanyamana, basanze ba se babo ari impuvyi mw’ibangikanyamana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَهُمۡ عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِمۡ يُهۡرَعُونَ
Baraheza bacanacanako mu kubakurikira mu buhuvyi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ ضَلَّ قَبۡلَهُمۡ أَكۡثَرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri mu bantu bo hambere y’abo warungitsweko, harimwo benshi bahuvye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا فِيهِم مُّنذِرِينَ
Ni ukuri, Twarabarungikiye Intumwa zibagabisha ku bihano vyacu, maze ntibumva, baragarariza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Ntumwa y’Imana! Raba rero iherezo ry’abantu bagabishijwe maze ntibumva, ukuntu ryagenze, barahanwe bimwe vy’akarorero;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Kiretse abaja b’Imana Allah bayitumbera mu vyo bakora vyose, maze bakabikora ku bwayo, Igaheza Ikabakingira ibihano.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ نَادَىٰنَا نُوحٞ فَلَنِعۡمَ ٱلۡمُجِيبُونَ
Ni ukuri, Nuhu amaze kwihebura ko abantu yarungitsweko batarota bamwemera, yaraduhamagaye Twebwe Allah kugira Tumutabare, maze asanga ni Twebwe Umwiza w’abatabazi yitabira uwumutabaje;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥ مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ
Turaheza rero Turamurokora we n’umuryango wiwe hamwe n’abemeramana bari kumwe, Tubakura mu kaga ko gusomeshwa nturi y’akataraboneka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَجَعَلۡنَا ذُرِّيَّتَهُۥ هُمُ ٱلۡبَاقِينَ
Maze Tugira uruvyaro rwa Nuhu kuba ari rwo rusigara rukarondoka inyuma yuko abantu yarungitsweko bahitanwa n’isegenya;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Tumuha no kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سَلَٰمٌ عَلَىٰ نُوحٖ فِي ٱلۡعَٰلَمِينَ
Harakayagwa neza rero Nuhu mw’iteka n’itekane mu biremwa vyose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Nuhu mu kuyagwa neza n’ibiremwa - Duhemba abagwaneza mu kwumvira Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri, Nuhu ari mu baja bacu b’abemeramana bubahiriza koko amabwirizwa yacu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ
Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah, Twahonya abantu ba Nuhu bahakanye bivuye inyuma, maze bahitanwa n’isegenya.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ وَإِنَّ مِن شِيعَتِهِۦ لَإِبۡرَٰهِيمَ
Mu vy’ukuri, mu bagendeye ukwemera-ndemanwa kwa Nuhu gushingiye ku kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni Umuvugishwamana Ibrahimu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ جَآءَ رَبَّهُۥ بِقَلۡبٖ سَلِيمٍ
Igihe yatumbera Imana yiwe Rurema Allah n’umutima wejejwe mu kutemera ibintazi n’ingeso mbi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَاذَا تَعۡبُدُونَ
Igihe abwira se wiwe n’abantu yarungitsweko ati: “Ni ibiki musenga mu gishingo c’Imana Allah!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَئِفۡكًا ءَالِهَةٗ دُونَ ٱللَّهِ تُرِيدُونَ
Karashize ingani, mukanagare mwihe gusenga imana z’irementanya ha gusenga Imana Imwe Rudende Allah!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَمَا ظَنُّكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Mbega none mwibaza iki ku co Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yobahanisha mu gihe mwoyibangikanya!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَنَظَرَ نَظۡرَةٗ فِي ٱلنُّجُومِ
Ni ho rero Ibrahimu yitegereza inyenyeri yiyumvira ico yobigobotoza mu kutajana na bo ku musi mukuru wabo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَقَالَ إِنِّي سَقِيمٞ
Aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri jewe ndarwaye”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَتَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ مُدۡبِرِينَ
Baraheza rero baramureka arasigara, na bo barabandanya ku musi mukuru wabo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَرَاغَ إِلَىٰٓ ءَالِهَتِهِمۡ فَقَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ
Ni ho rero yagenda anyaragasa ahari ibigirwamana vyabo, aca abibwira atebura abinebagura ati: “Aho ga ntu, ntimwofungura kuri izi mfungurwa muterekerwa n’ababasenga!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا لَكُمۡ لَا تَنطِقُونَ
Mbega mwafashwe n’iki ko mutavuga, ngo mwishure n’uwubabajije!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَرَاغَ عَلَيۡهِمۡ ضَرۡبَۢا بِٱلۡيَمِينِ
Ni ho rero yarengera kuri nya bigirwamana, arabikubita n’ukuryo arabimenagura.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَقۡبَلُوٓاْ إِلَيۡهِ يَزِفُّونَ
Ba bantu ni ho baja kumurondera baza batazambaye n’ishavu n’akantu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالَ أَتَعۡبُدُونَ مَا تَنۡحِتُونَ
Ibrahimu araheza ahura na bo ababwira ata co yinona ati: “Bishoboka gute ko musenga ivyo mwibaziye mwebwe nyene;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱللَّهُ خَلَقَكُمۡ وَمَا تَعۡمَلُونَ
Mugaheza mukareka kwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora ntimunayisenge, kandi ari Yo Yabaremye, Ikarema n’ivyo mukora!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ ٱبۡنُواْ لَهُۥ بُنۡيَٰنٗا فَأَلۡقُوهُ فِي ٱلۡجَحِيمِ
Ba bantu bamaze kwumva ko ata kuri bafise ngo biregure, baciye babicisha mu ngimba babwirana hagati yabo bati: “Nimumwubakireko, maze mugire inkonge y'umuriro, muheze mumuteyo”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَرَادُواْ بِهِۦ كَيۡدٗا فَجَعَلۡنَٰهُمُ ٱلۡأَسۡفَلِينَ
Bagomvye rero kumugirira nabi ngo bamwice, Turaheza Twebwe Allah, Turabatsinda mu gutegeka nya muriro ko utohirahira ngo umukoreko.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالَ إِنِّي ذَاهِبٌ إِلَىٰ رَبِّي سَيَهۡدِينِ
Ibrahimu yababwiye ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndimukiye aho nshobora kwiyegereza Imana yanje Rurema mu vyo nkora vyose ndanayisenga mu mwidegemvyo, Izoheza Inshikane ku vyiza mw’idini no mu buzima bwanje bwo kw’isi”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
رَبِّ هَبۡ لِي مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Araheza yitura Imana Allah ayisaba avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe umwana mu beranda”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَبَشَّرۡنَٰهُ بِغُلَٰمٍ حَلِيمٖ
Twaramwumviye igisabisho ciwe, Turaheza Tumuha agakuru keza ko azoronswa umwana w’umuhungu azorangwa n’ubwitonzi nta ngere[3].
[3] Uyo mwana akaba ari Ismayili mwene Ibrahimu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَمَّا بَلَغَ مَعَهُ ٱلسَّعۡيَ قَالَ يَٰبُنَيَّ إِنِّيٓ أَرَىٰ فِي ٱلۡمَنَامِ أَنِّيٓ أَذۡبَحُكَ فَٱنظُرۡ مَاذَا تَرَىٰۚ قَالَ يَٰٓأَبَتِ ٱفۡعَلۡ مَا تُؤۡمَرُۖ سَتَجِدُنِيٓ إِن شَآءَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Ismayili rero amaze gukura akagera mu bigero vyo kujana na Ibrahimu mu dukorwa twa misi yose, Ibrahimu yamubwiye ati: “Mwananje! Ni ukuri, jewe narose mbona vy’ukuri ndiko ndagukerera, none ubivuzeko iki?”. Ismayili yishuye se ata gushidikanya ati: “Da! Shira mu ngiro ivyo wategetswe n’Imana Allah, maze unkerere[4], nanje uza gusanga ku bushake bw’Imana Allah ndi mu bihangana mu kwumvira Imana Allah”.
[4] Kuko indoto z’Intumwa z’Imana, ni ibwirizwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَمَّآ أَسۡلَمَا وَتَلَّهُۥ لِلۡجَبِينِ
Bompi rero bamaze kwitegurira kwubahiriza iryo tegeko, maze Ibrahimu akarambika Ismayili hasi yubitse inda kugira amukerere;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَنَٰدَيۡنَٰهُ أَن يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُ
Ni ho Twahamagara Ibrahimu muri ivyo bihe bigoye Duti: “Ewe Ibrahimu!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَدۡ صَدَّقۡتَ ٱلرُّءۡيَآۚ إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni ukuri, wamaze gushira mu ngiro ico wategetswe mu ndoto. Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu kw’ishirwa mu ngiro ry’indoto yiwe - Duhemba abagwaneza mu kubakura mu vyago mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡبَلَٰٓؤُاْ ٱلۡمُبِينُ
Mu vy’ukuri ikererwa ry’umwana wawe Ismayili, ni ryo geragezwa rihambaye ryerekana ukuri kw’ukwemera kwawe”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَفَدَيۡنَٰهُ بِذِبۡحٍ عَظِيمٖ
Ni ukwo rero Twarokoye Ismayili, haraheza hakererwa imbagwa y’intama mu kibanza ciwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Gutyo Duha Ibrahimu kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِيمَ
Ibrahimu arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu ku kwubahiriza ibwirizwa ryacu - Duhemba abagwaneza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu baja bacu b’abemeramana koko.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَبَشَّرۡنَٰهُ بِإِسۡحَٰقَ نَبِيّٗا مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Ibrahimu mu kumuhembera ukwihangana kw’ishirwa mu ngiro ry’ibwirizwa ryacu, Twaranamuhaye agakuru keza ko kuzoronswa umwana yitwa Is-haka, akazoba n’Umuvugishwamana mu Bavugishwamana beranda;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَبَٰرَكۡنَا عَلَيۡهِ وَعَلَىٰٓ إِسۡحَٰقَۚ وَمِن ذُرِّيَّتِهِمَا مُحۡسِنٞ وَظَالِمٞ لِّنَفۡسِهِۦ مُبِينٞ
Maze Turamuhezagira we hamwe n’umwana wiwe Is-haka. Mu ruvyaro rwabo bompi rero, hahavuye habonekamwo umwumviramana w’umugwaneza koko, hamwe rero n’uwirenganya bimwe biboneka mu kugarariza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ مَنَنَّا عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Ni ukuri Musa na murumunawe Haruna, Twarabateye iteka ryo kuba Intumwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَنَجَّيۡنَٰهُمَا وَقَوۡمَهُمَا مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ
Turaheza Turabarokora bompi hamwe n’abantu babo mu vyago bihambaye vyo gusoma nturi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَنَصَرۡنَٰهُمۡ فَكَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ
Maze Turabatabara, baranesha Firawuni hamwe n’abunganizi biwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَءَاتَيۡنَٰهُمَا ٱلۡكِتَٰبَ ٱلۡمُسۡتَبِينَ
Twaranabahaye Igitabu ca Tawurati gitomoye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَهَدَيۡنَٰهُمَا ٱلصِّرَٰطَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ
Tubarongora no mu nzira igororotse y’ubwislamu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِمَا فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Gutyo, Tubaha kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سَلَٰمٌ عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Musa na murumunawe Haruna barakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Musa na Haruna - Duhemba abagwaneza b’imvugakuri.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُمَا مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri Musa na murumunawe Haruna, bari mu baja bacu b’abemeramana koko.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّ إِلۡيَاسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Mu vy’ukuri Ilyaasi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَلَا تَتَّقُونَ
Igihe yabwira abantu biwe yarungitsweko muri Bene Israyeli ati: “Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, ntimuhirahire ngo muyibangikanye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَتَدۡعُونَ بَعۡلٗا وَتَذَرُونَ أَحۡسَنَ ٱلۡخَٰلِقِينَ
Bishoboka gute ko musenga ikigirwamana ata na kimwe gishoboye, mukirengagiza gusenga Umwiza w’abaremyi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱللَّهَ رَبَّكُمۡ وَرَبَّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikaba ari na Yo Mana Yaremye ba so aho hambere yanyu!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَكَذَّبُوهُ فَإِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ
Abantu Ilyaasi yarungitsweko rero, baramuhakanye bivuye inyuma. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, bazokwegeranirizwa ku Mana Allah kugira Ibahanire ivyo bakoze;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Kiretse abaja b’Imana Allah bejeje idini ryayo, abo ntibazohanwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Ilyaasi Twamuhaye kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِلۡ يَاسِينَ
Ilyaasi arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Mu vy’ukuri, ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ilyaasi kw’igamburukiramana ryiwe - Duhemba abagwaneza mu bemeramana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri Ilyaasi, ari mu baja bacu bubahiriza koko amabwirizwa yacu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّ لُوطٗا لَّمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Mu vy’ukuri Luutwi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ نَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ
Igihe Twamurokora we hamwe n’umuryango wiwe mu bihano;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا عَجُوزٗا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ
Kiretse umukecuru ari aho, yahonejwe mu bandi ku bubegito bwiwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ
Mu nyuma rero, ni ho Twahonya vy’akarorero abahakanyi mu bantu ba Luutwi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّكُمۡ لَتَمُرُّونَ عَلَيۡهِم مُّصۡبِحِينَ
Bantu b’i Makka! Mu vy’ukuri mu ruja n’uruza rwanyu, ni ukuri mwama muzinduka muca ahahoze imihana y’abantu ba Luutwi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَبِٱلَّيۡلِۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Mukanagorobeza muhaca. Ubwo ntimwogarura akenge mugatinya ko mwoshikirwa n’ivyabashikiye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّ يُونُسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Mu vy’ukuri Yunusu, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ أَبَقَ إِلَى ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ
Igihe atwarwa n’agashavu agata abantu biwe yarungitsweko, agahungira mu bwato bwuzuye abantu n’ibintu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَسَاهَمَ فَكَانَ مِنَ ٱلۡمُدۡحَضِينَ
Maze nya bwato bukubitwa n’imikuba iturutse irya n’ino, biba ngombwa ko baburemururira kugira ntibwibire. Ni ho rero bagira tombora ku kuraba uwotabwa mw’ibahari, maze amajwi yose agwa kuri Yunusu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱلۡتَقَمَهُ ٱلۡحُوتُ وَهُوَ مُلِيمٞ
Araheza atabwa mw’ibahari, ifi amahanga iba yamubonye nk’ejo ica iramusama, iramutamira ku mwikomo yari afitiwe n’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَوۡلَآ أَنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلۡمُسَبِّحِينَ
Iyo Yunusu rero ataba ari mu bantu barangwa no gukora ivyiza imbere yuko atamirwa na nya fi, hanyuma akaguma aninahaza yongera atazira Imana Allah ari mu nda yayo[5];
[5] Avuga ati : “LAA ILAAHA ILLAA ANTA SUB-HAANAKA INNII KUN-TU MINA DDHWAALIMIINA”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَلَبِثَ فِي بَطۡنِهِۦٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Ni ukuri yari gupfira mu nda yayo, maze akagumayo gushika ku musi w’izurwa ry’ibiremwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ فَنَبَذۡنَٰهُ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ سَقِيمٞ
Ni ho rero Twamukura muri nya fi Tukamuterera kw’isi y’ubugaragwa, yarushe yacitse intere;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنۢبَتۡنَا عَلَيۡهِ شَجَرَةٗ مِّن يَقۡطِينٖ
Turaheza Tumunagishiriza igiti c’uruyuzi kimuha agatutu, akanagifungurako gushika atore mitende.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ مِاْئَةِ أَلۡفٍ أَوۡ يَزِيدُونَ
Mu nyuma, Twahavuye Tumurungika ku bantu ibihumbi ijana, mbere n’abarenga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَـَٔامَنُواْ فَمَتَّعۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ حِينٖ
Maze baramwemera baranashira mu ngiro ivyo abigisha, Duca Tubaha kuryoherwa n’ubuzima bwo kw’isi gushika kw’isango ryo gupfa kwabo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَلِرَبِّكَ ٱلۡبَنَاتُ وَلَهُمُ ٱلۡبَنُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza abantu warungitsweko ukuntu bubahuka bakomekera abakobwa ku Mana yawe Rurema Allah ku rwanko gusa babafitiye, maze bakigenera abahungu ku rukundo babafitiye!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ خَلَقۡنَا ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ إِنَٰثٗا وَهُمۡ شَٰهِدُونَ
Babaze kandi bakwereke ko ariho bari bari, igihe Twebwe Allah Turema abamalayika ari abakobwa nk’uko babivuga!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَلَآ إِنَّهُم مِّنۡ إِفۡكِهِمۡ لَيَقُولُونَ
Emwe bantu! Nimwumve mwumvireho! Ni ukuri mu binyoma vy’ababangikanyamana, bavuga ko;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَدَ ٱللَّهُ وَإِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ
Imana Allah Yavyaye. Mu vy’ukuri, barabesha bagaheba bakanyomoza ku kuvuga ivyo batazi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَصۡطَفَى ٱلۡبَنَاتِ عَلَى ٱلۡبَنِينَ
Imana Allah Yokwihitiramwo gute abakobwa Ikirengagiza abahungu!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ
Bantu! Iyo, ni ingingo mbi cane mwishingira, ko Imana Allah Yigeneye abakobwa mu biremwa, na mwe Ikabagenera abahungu!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَلَا تَذَكَّرُونَ
Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ko bitabereye namba ko Imana Allah Yitirirwa umwana! Ntibikabe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ لَكُمۡ سُلۡطَٰنٞ مُّبِينٞ
Canke mwoba mufise ku vyo muvuga, icemezo gitomoye gishingiye ku bumenyi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأۡتُواْ بِكِتَٰبِكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Nimwaba rero mufise nya cemezo kiri mu Gitabu c’Imana Allah, enda nyabuna rero, nimukizane nimwaba muri imvugakuri koko!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَجَعَلُواْ بَيۡنَهُۥ وَبَيۡنَ ٱلۡجِنَّةِ نَسَبٗاۚ وَلَقَدۡ عَلِمَتِ ٱلۡجِنَّةُ إِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ
Ababangikanyamana bibwira ko Imana Allah hari ico Ipfana n’abamalayika gishingiye ku maraso. Ni ukuri abamalayika, barazi neza ko ababangikanyamana bazokwegeranirizwa mu bihano ku musi w’izuka.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ عَمَّا يَصِفُونَ
Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Ariko rero, abaja b’Imana Allah bemera koko bakeza n’idini ryayo, ntibavuga ku Mana Allah, kiretse ibiberanye n’icubahiro cayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِنَّكُمۡ وَمَا تَعۡبُدُونَ
Babangikanyamana! Mu vy’ukuri mwebwe hamwe n’ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَآ أَنتُمۡ عَلَيۡهِ بِفَٰتِنِينَ
Ntimushoboye guhubisha n’umwe mu biremwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا مَنۡ هُوَ صَالِ ٱلۡجَحِيمِ
Kiretse uwagenewe kuja mu muriro ku bugarariji bwiwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا مِنَّآ إِلَّا لَهُۥ مَقَامٞ مَّعۡلُومٞ
Abamalayika bazovuga bati: “Nta n’umwe muri twebwe, kiretse ko afise ahantu hazwi mw’ijuru adashobora kurenga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّا لَنَحۡنُ ٱلصَّآفُّونَ
Mu vy’ukuri twebwe, turatonda mu runani, ku murongo mu gusenga Imana Allah no mu kuyumvira;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّا لَنَحۡنُ ٱلۡمُسَبِّحُونَ
Mu vy’ukuri twebwe, tuninahaza twongera dutazira Imana Allah, mu buryo buri kure cane y’ibitaberanye n'icubahiro cayo”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِن كَانُواْ لَيَقُولُونَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri ababangikanyamana, ni ukuri bahora binamura bakavuga imbere y’irungikwa ryawe bati:
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَوۡ أَنَّ عِندَنَا ذِكۡرٗا مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ
“Ese iyo dushikirwa n’Ibitabu n’Intumwa nk’ivyashikiriye abo hambere yacu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَكُنَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Ni ukuri twari kuba abaja b’Imana Allah, bemera koko bakeza n’idini ryayo”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَكَفَرُواْ بِهِۦۖ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ
Igihe bashikirwa rero n’Igibabu ca Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), barabigararije bivuye inyuma. Bitebe bitebuke rero, bazomenya ibihano bibarindiriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ سَبَقَتۡ كَلِمَتُنَا لِعِبَادِنَا ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ni ukuri ijambo ryacu Twebwe Allah, ryaramaze gushingwa ku baja bacu mu Ntumwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُمۡ لَهُمُ ٱلۡمَنصُورُونَ
Ko mu vy’ukuri ari bo bategerezwa gutsinda no kunesha abansi babo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّ جُندَنَا لَهُمُ ٱلۡغَٰلِبُونَ
N’uko ingabo zacu ziduharanira, zitegerezwa kunesha abansi bazo, kuko ari zo zeniherezo ryiza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ حِينٖ
Ntumwa y’Imana! Irengagize abatemera ubarabishe amaso, gushika igihe bagenewe kubaho gihere maze bapfe, hanyuma bahanwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَبۡصِرۡهُمۡ فَسَوۡفَ يُبۡصِرُونَ
Tenyenya rero, uzoheza wirabire ibizobashikira ku kugarariza kwabo, bitebe bitebuke, na bo nyene bazoheza bibonereko ibizobashikira mu bihano!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَبِعَذَابِنَا يَسۡتَعۡجِلُونَ
Ntumwa y’Imana! Karashize ingani bihutire gusaba ko ibihano vyacu bibashikira!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِذَا نَزَلَ بِسَاحَتِهِمۡ فَسَآءَ صَبَاحُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Burya, igihe bashikiwe n’ibihano vyacu, hazoba ari igitondo kibi cane ku bagabishijwe hanyuma ntibumva!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ حِينٖ
Ntumwa y’Imana! Birengagize ubarabishe amaso rero, gushika igihe bashikiwe n’ibihano vy’Imana Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَبۡصِرۡ فَسَوۡفَ يُبۡصِرُونَ
Tenyenya rero uzoheza wirabire ibizobashikira ku kugarariza kwabo; bitebe bitebuke, na bo nyene bazokwibonerako ibizobashikira mu bihano!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سُبۡحَٰنَ رَبِّكَ رَبِّ ٱلۡعِزَّةِ عَمَّا يَصِفُونَ
Nihaninahazwe rero Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahiro c’iteka mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَسَلَٰمٌ عَلَى ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Intumwa zose rero zirakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አስ ሷፋት
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት