पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - الترجمة الكيروندية * - अनुवादहरूको सूची

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थको अनुवाद सूरः: सूरतुस्साफ्फात   श्लोक:

SURATU SSWAAFFAAT

وَٱلصَّٰٓفَّٰتِ صَفّٗا
Ndarahiye Jewe Allah, ku bamalayika batonda ku murongo mu gusenga;
अरबी व्याख्याहरू:
فَٱلزَّٰجِرَٰتِ زَجۡرٗا
No ku bamalayika basunika ibicu vy’imvura kw’itegeko ryanje;
अरबी व्याख्याहरू:
فَٱلتَّٰلِيَٰتِ ذِكۡرًا
No ku bamalayika basoma urwibutso n’amajambo yanje mu guhishurira Intumwa[1]!
[1] Imana Allah Irahira ku co Ishatse mu biremwa vyayo, nayo ibiremwa ntibirekuriwe kurahira, kiretse kw’izina ryayo gusa. Ukurahira kw’izina ry’ikitari Imana Allah, ni ibangikanyamana.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّ إِلَٰهَكُمۡ لَوَٰحِدٞ
Mu vy’ukuri ga bantu! Imana yanyu mukwiye gusenga Itabangikanywa, ni Imana Imwe Rudende Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
رَّبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا وَرَبُّ ٱلۡمَشَٰرِقِ
Ni Yo Mana Rurema Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ni na Yo Mubungabunzi w’izuba mu buseruko no mu burengero bwaryo.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّا زَيَّنَّا ٱلسَّمَآءَ ٱلدُّنۡيَا بِزِينَةٍ ٱلۡكَوَاكِبِ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarasharije n’inyenyeri ijuru ryegereye isi;
अरबी व्याख्याहरू:
وَحِفۡظٗا مِّن كُلِّ شَيۡطَٰنٖ مَّارِدٖ
Turaheza Turaribungabunga, kugira ntirivogerwe n’uwo wese mu ntagondwa z’amashetani;
अरबी व्याख्याहरू:
لَّا يَسَّمَّعُونَ إِلَى ٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰ وَيُقۡذَفُونَ مِن كُلِّ جَانِبٖ
Amashetani rero, ntashobora gushika ahari abamalayika mu majuru ngo aheze asume urusaku kw’ihishurwa ry’ibijanye n’amabwirizwa, ivyagezwe hamwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo. Amashetani ahirahiye agasuma urusaku, aca aterwa ibishirira vya nyakotsi biturutse ku mpande zose;
अरबी व्याख्याहरू:
دُحُورٗاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٞ وَاصِبٌ
Akirukanwa kugira ntashobore gusuma nya rusaku, yaranategekanirijwe n’ibihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَّا مَنۡ خَطِفَ ٱلۡخَطۡفَةَ فَأَتۡبَعَهُۥ شِهَابٞ ثَاقِبٞ
Kiretse shetani isamiye hejuru ijambo rimwe muri iryo suma ry’urusaku, igaca iribwira iyiri musi yayo; ino na yo ikaribwira iyindi iri musi yayo gushika ku yiri kw’isi. Hari n’aho rero, ikurikizwa igishirira ca nyakotsi kikayiturira imbere yuko iribwira iyiri musi yayo. Hari n’igihe bishika rero mu vyagezwe n’Imana Allah, ikarisamira hejuru ikaribwira iyiri musi yayo imbere yuko ishikirwa na nya gishirira kikayiturira, maze iya nyuma muri yo ikarishikiriza ba senyagara n’abapfumu, na bo bagaca baryuhirako ayandi majambo ijana y’ikinyoma.
अरबी व्याख्याहरू:
فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَهُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَم مَّنۡ خَلَقۡنَآۚ إِنَّا خَلَقۡنَٰهُم مِّن طِينٖ لَّازِبِۭ
Ntumwa y’Imana! Baza abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, ko iremwa ryabo ari ryo rigoye cane gusumba iremwa ry’ibindi biremwa Twaremye! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twaremye se wabo Adamu mw’ivu ribomvye.
अरबी व्याख्याहरू:
بَلۡ عَجِبۡتَ وَيَسۡخَرُونَ
Ntumwa y’Imana! Ahubwo icogutangaza, ni ihakana ryabo ry’izurwa ry’ibiremwa; n’icogutangaza kurusha, ni itebura ryabo kuri wewe n’isuzugurwa ry’amajambo yawe!
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِذَا ذُكِّرُواْ لَا يَذۡكُرُونَ
N’iyo bibukijwe ku vyo bibagiye canke bakagotwa, ukubibutsa nta co kubamarira ngo bikebuke.
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِذَا رَأَوۡاْ ءَايَةٗ يَسۡتَسۡخِرُونَ
N’iyo babonye icemezo cerekana ko uri Intumwa vy’ukuri, baragiteburako bakitangaza;
अरबी व्याख्याहरू:
وَقَالُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّبِينٌ
Bagaheza bakavuga bati: “Iyi Qor’ani watuzaniye, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye;
अरबी व्याख्याहरू:
أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ
Mbega igihe twapfuye tugacika ivu n’amagufa yaboze, burya mu vy’ukuri tuzosubizwa ubuzima duheze tuzuke!
अरबी व्याख्याहरू:
أَوَءَابَآؤُنَا ٱلۡأَوَّلُونَ
Mbega burya hazozuka na ba data bapfuye kera!”
अरबी व्याख्याहरू:
قُلۡ نَعَمۡ وَأَنتُمۡ دَٰخِرُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa uti: “Ego cane! Bitebe bitebuke, muzosubizwa ubuzima maze muzuke kandi musuzuguritse”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٞ وَٰحِدَةٞ فَإِذَا هُمۡ يَنظُرُونَ
Ni ukuri, izurwa ryabo ni akaravyo, hazopfa kuvuzwa inzamba igira kabiri gusa, ubwo nyene bace basokoroka mu kuzimu birabira intureka zo ku musi w’izuka;
अरबी व्याख्याहरू:
وَقَالُواْ يَٰوَيۡلَنَا هَٰذَا يَوۡمُ ٱلدِّينِ
Baheze bavuge n’agahinda n’akantu bati: “Amagorwa arama yemwe! Uwu, ni wo musi w’iharurirwa n’impera!”;
अरबी व्याख्याहरू:
هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ
Bace babwirwa n’abamalayika bati: “Uwu, ni wo musi wo gutunganiriza ibiremwa, umusi mwahora muhakana mwivuye inyuma mukiri kw’isi ko utabaho”.
अरबी व्याख्याहरू:
۞ ٱحۡشُرُواْ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ وَأَزۡوَٰجَهُمۡ وَمَا كَانُواْ يَعۡبُدُونَ
Abamalayika bazobwirwa bati: “Nimwegeranirize hamwe abirenganije mu kugarariza bari kumwe n’abagenzi babo, hamwe rero n’ibigirwamana bahora basenga;
अरबी व्याख्याहरू:
مِن دُونِ ٱللَّهِ فَٱهۡدُوهُمۡ إِلَىٰ صِرَٰطِ ٱلۡجَحِيمِ
Bakabisenga mu gishingo c’Imana Allah, muheze mubashorere mu nzira ibashikana mu muriro ururumba;
अरबी व्याख्याहरू:
وَقِفُوهُمۡۖ إِنَّهُم مَّسۡـُٔولُونَ
Maze mubahagarike aho babanza kubazwa imbere yuko batabwa mu muriro wa Jahannamu; mu vy’ukuri, bategerezwa kubazwa ku vyo bakoze no ku vyo bavuze vyose”.
अरबी व्याख्याहरू:
مَا لَكُمۡ لَا تَنَاصَرُونَ
Bazoheza rero babwirwe ku gashinyaguro n’akantu bati: “Mbega mwafashwe n’iki ko mudatabarana nk’uko mwabigenza kw’isi!”.
अरबी व्याख्याहरू:
بَلۡ هُمُ ٱلۡيَوۡمَ مُسۡتَسۡلِمُونَ
Ahubwo kuri uwu musi, bicishije bugufi mu kwubahiriza itegeko ry’Imana Allah, ntibashobora namba guca kubiri na ryo.
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ
Aho rero, bazoheza batangure guhazana, bahangane hagati yabo batanako imiragwe;
अरबी व्याख्याहरू:
قَالُوٓاْ إِنَّكُمۡ كُنتُمۡ تَأۡتُونَنَا عَنِ ٱلۡيَمِينِ
Maze indongozi z’abahuvye zibwirwe n’abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Mu vy’ukuri, ni mwebwe mwahora mutuja mu gutwi mukatwankisha ukuri, mukaturyohereza ubuhuvyi kw’izina ry’idini”.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالُواْ بَل لَّمۡ تَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ
Indongozi z’abahuvye na zo zibwire abazikurikiye mu buhuvyi ziti: “Sigaho, murabaga mwifashe! Ahubwo nyabuna, mwebwe ntimwigeze mwemera namba;
अरबी व्याख्याहरू:
وَمَا كَانَ لَنَا عَلَيۡكُم مِّن سُلۡطَٰنِۭۖ بَلۡ كُنتُمۡ قَوۡمٗا طَٰغِينَ
Vyongeye nta n’ububasha bw’ivyemezo canke bw’inguvu twari tubafiseko ngo tubabuze ukwemera Imana Allah, eka mbere mwari mwigize akagaramaruganda mu guhonyanga ukuri mukubona;
अरबी व्याख्याहरू:
فَحَقَّ عَلَيۡنَا قَوۡلُ رَبِّنَآۖ إِنَّا لَذَآئِقُونَ
Ni ho rero twebwe hamwe na mwe twagirwa n’ijambo ry’Imana yacu Rurema Allah, ryo gusezeranira ibihano abagarariji[2]. Mu vy’ukuri rero, twese hamwe dutegerezwa guhonja ibihano;
[2] Raba Aayah ya 13 mu gisomwa Sajda.
अरबी व्याख्याहरू:
فَأَغۡوَيۡنَٰكُمۡ إِنَّا كُنَّا غَٰوِينَ
Twebwe twarabahubishije inzira y’ukwemera, muraheza muradukurikira mu buhuvyi, mu vy’ukuri twari twarahuvye”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَإِنَّهُمۡ يَوۡمَئِذٖ فِي ٱلۡعَذَابِ مُشۡتَرِكُونَ
Mu vy’ukuri kuri uwo musi rero, indongozi z’abahuvye hamwe n’abazikurikiye mu buhuvyi, bazofadikanya mu bihano nk’uko bafadikanije kw’isi mu buhuvyi.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ
Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tugira mu guhana inkozi z’ikibi zahisemwo ubugaba kw’isi ha kutwumvira.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّهُمۡ كَانُوٓاْ إِذَا قِيلَ لَهُمۡ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا ٱللَّهُ يَسۡتَكۡبِرُونَ
Mu vy’ukuri, ababangikanyamana bakiri kw’isi, iyo bararikiwe gusenga Imana Imwe Rudende Allah, bati: “Nta mana ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah”, bahora bagira amanyama bakirengagiza;
अरबी व्याख्याहरू:
وَيَقُولُونَ أَئِنَّا لَتَارِكُوٓاْ ءَالِهَتِنَا لِشَاعِرٖ مَّجۡنُونِۭ
Bagaca bavuga bati: “Mbega vyoshoboka gute mu vy’ukuri, ko tureka gusenga imana zacu ku kwubahiriza gusa ijambo ry’umwivuzi w’amazina, yakehewe n’ubwenge!”.
अरबी व्याख्याहरू:
بَلۡ جَآءَ بِٱلۡحَقِّ وَصَدَّقَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Nibateshwe bate barahumba! Muhamadi ntari nk’ukwo bamuvuga namba, ahubwo yaje abazaniye ukuri kw’ukwemera gushingiye kuri Qor’ani, ashimangira ivyashikirijwe n’izindi Ntumwa mu mabwirizwa n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّكُمۡ لَذَآئِقُواْ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَلِيمِ
Babangikanyamana! Mu vy’ukuri, mwebwe ku kubera ihakana ryanyu, mutegerezwa guhonja ibihano bibabaza;
अरबी व्याख्याहरू:
وَمَا تُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Kandi mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ntimuzohanwa, kiretse ku vyaha mwari mwarakoze kw’isi.
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Kiretse abaja b’Imana Allah bayitumbera mu vyo bakora vyose bakabikora ku bwayo, maze Igaheza Ikabakingira ibihano;
अरबी व्याख्याहरू:
أُوْلَٰٓئِكَ لَهُمۡ رِزۡقٞ مَّعۡلُومٞ
Abo, ni bo rero bazoronka impano zizwi neza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru;
अरबी व्याख्याहरू:
فَوَٰكِهُ وَهُم مُّكۡرَمُونَ
Izo mpembo, ni ivyamwa vy’ubwoko butandukanye, bakazonaterwa iteka n’icubahiro;
अरबी व्याख्याहरू:
فِي جَنَّٰتِ ٱلنَّعِيمِ
Mu Bwami bw’ijuru bwuzuyemwo inema zamaho;
अरबी व्याख्याहरू:
عَلَىٰ سُرُرٖ مُّتَقَٰبِلِينَ
Aho bazoba bicaye ku bitanda batumberanye, barabana;
अरबी व्याख्याहरू:
يُطَافُ عَلَيۡهِم بِكَأۡسٖ مِّن مَّعِينِۭ
Ibirahuri vy’inzoga itambiye bicanacanako, inzoga yengwa mu mazi y’iriba ritemba ryamaho;
अरबी व्याख्याहरू:
بَيۡضَآءَ لَذَّةٖ لِّلشَّٰرِبِينَ
Ifise ibara ryera n'akanovera k’akataraboneka ku banywi bazoyihereza;
अरबी व्याख्याहरू:
لَا فِيهَا غَوۡلٞ وَلَا هُمۡ عَنۡهَا يُنزَفُونَ
Ntigira ingaruka mbi ngo iboreze canke ngo isinzikaze ubuzima bw’uwuguma ayinywa;
अरबी व्याख्याहरू:
وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ عِينٞ
Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi biyubashe bisoneye, batigera bakubita ijisho abatari abagabo babo, bafise n’amaso meza nk’ay’inyana;
अरबी व्याख्याहरू:
كَأَنَّهُنَّ بَيۡضٞ مَّكۡنُونٞ
Basa neza, ntiworaba barasayangana; wogira ngo ni irigi ribitswe ahantu ata n’umwe ararikorako.
अरबी व्याख्याहरू:
فَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ
Abari mu Bwami bw’ijuru, bazobazanya hagati yabo, batera inkuru z’ubuzima babanyemwo n’abandi kw’isi;
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ قَآئِلٞ مِّنۡهُمۡ إِنِّي كَانَ لِي قَرِينٞ
Maze umwe muri bo aheze avuge ati: “Mu vy’ukuri, kw’isi nari mfise umugenzi twamana hafi;
अरबी व्याख्याहरू:
يَقُولُ أَءِنَّكَ لَمِنَ ٱلۡمُصَدِّقِينَ
Yavuga yitangaza ambwira ati: “Mbega mu vy’ukuri, wewe uri mu bemera ko izurwa ry’ibiremwa ribaho!
अरबी व्याख्याहरू:
أَءِذَا مِتۡنَا وَكُنَّا تُرَابٗا وَعِظَٰمًا أَءِنَّا لَمَدِينُونَ
Aho nyene uremera ko nitwapfa tugacika ivu n’amagufa mu kuzimu, tuzoheza tugasubizwa ubuzima tukazuka koko, hanyuma tugaharurirwa, tukanahemberwa ivyo twakoze!””.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ هَلۡ أَنتُم مُّطَّلِعُونَ
Hanyuma wa mwemeramana, ace avuga abwire abo bari kumwe mu Bwami bw’ijuru, ati: “Ubwo ntimwoza tukarunguruka mu muriro tukaraba iherezo ry’uwahoze ari umugenzi twamana hafi!”;
अरबी व्याख्याहरू:
فَٱطَّلَعَ فَرَءَاهُ فِي سَوَآءِ ٱلۡجَحِيمِ
Wa mwemeramana agize ngo ararunguruka mu muriro, aca abona wa mugenzi wiwe bamana hafi, ari hagati na hagati mu nyenga y’umuriro ururumba;
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ تَٱللَّهِ إِن كِدتَّ لَتُرۡدِينِ
Aca avuga abwira nya mugenzi wiwe ati: “Ndarahiye kw’izina ry’Imana Allah, ko wahatswe kumpubisha ngahona iyo ndakwumvira;
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَوۡلَا نِعۡمَةُ رَبِّي لَكُنتُ مِنَ ٱلۡمُحۡضَرِينَ
Iyo hataba impano y’Imana yanje Rurema Allah, Yanshoboje kwemera nkatsimbatara, ni ukuri nari kuba ndi mu begeranirijwe hamwe na we mu muriro”.
अरबी व्याख्याहरू:
أَفَمَا نَحۡنُ بِمَيِّتِينَ
Ba bemeramana aho bari mu Bwami bw’ijuru, baca bavuga akamwemwe kabasya bati: “Ni ivy’ukuri, ko tuzoguma mu nema zamaho ibihe bidahera ata gupfa;
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَّا مَوۡتَتَنَا ٱلۡأُولَىٰ وَمَا نَحۡنُ بِمُعَذَّبِينَ
Kiretse urupfu rwa mbere twapfuye tukiri kw’isi, nta n’uguhanwa inyuma y’aho twinjiriye mu Bwami bw’ijuru!
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ
Mu vy’ukuri, iyi ni yo ntsinzi ihambaye”.
अरबी व्याख्याहरू:
لِمِثۡلِ هَٰذَا فَلۡيَعۡمَلِ ٱلۡعَٰمِلُونَ
Mu ntumbero yo gushika ku ntsinzi nk’iyi y’Ubwami bw’ijuru, abakora ivyo bakora kw’isi rero, nibakore batiziganya, ata kudebukirwa.
अरबी व्याख्याहरू:
أَذَٰلِكَ خَيۡرٞ نُّزُلًا أَمۡ شَجَرَةُ ٱلزَّقُّومِ
Mbega none burya iyo ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru, ni ryo cumbi ryiza cane kuruta ibindi, canke ni igiti Al-Zaqquumu cavumwe, gifungurirwa abantu bo mu muriro!
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّا جَعَلۡنَٰهَا فِتۡنَةٗ لِّلظَّٰلِمِينَ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twagize ico giti kuba igeragezwa ku birenganije mu kugarariza, bahakana bivuye inyuma bati: “Bishoboka gute ko igiti kiba mu muriro kandi umuriro uturira igiti!”.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّهَا شَجَرَةٞ تَخۡرُجُ فِيٓ أَصۡلِ ٱلۡجَحِيمِ
Al-Zaqquumu mu vy’ukuri, ni igiti kinagira hagati na hagati mu nyenga y’umuriro wa Jahannamu;
अरबी व्याख्याहरू:
طَلۡعُهَا كَأَنَّهُۥ رُءُوسُ ٱلشَّيَٰطِينِ
Ivyamwa vya nya giti bisa nabi cane; wogira ngo ni imitwe y’amashetani, ntubaze rero akanuko kavyo n’ukuntu bibishe (bikata) mu kanwa!
अरबी व्याख्याहरू:
فَإِنَّهُمۡ لَأٓكِلُونَ مِنۡهَا فَمَالِـُٔونَ مِنۡهَا ٱلۡبُطُونَ
Mu vy’ukuri ababangikanyamana, bazorya ivyamwa vyaco, bibuzuze inda batumbirwe;
अरबी व्याख्याहरू:
ثُمَّ إِنَّ لَهُمۡ عَلَيۡهَا لَشَوۡبٗا مِّنۡ حَمِيمٖ
Hanyuma bashozeko ikinyobwa kigizwe n’uruvange rw’amashira n’urwuya vy’abantu bo mu muriro vyasebuye bikaryimara;
अरबी व्याख्याहरू:
ثُمَّ إِنَّ مَرۡجِعَهُمۡ لَإِلَى ٱلۡجَحِيمِ
Hanyuma iyegeranirizo ryabo inyuma y’ivyo vyose, ni mu bihano vyo mu muriro.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّهُمۡ أَلۡفَوۡاْ ءَابَآءَهُمۡ ضَآلِّينَ
Mu vy’ukuri ababangikanyamana, basanze ba se babo ari impuvyi mw’ibangikanyamana;
अरबी व्याख्याहरू:
فَهُمۡ عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِمۡ يُهۡرَعُونَ
Baraheza bacanacanako mu kubakurikira mu buhuvyi.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَقَدۡ ضَلَّ قَبۡلَهُمۡ أَكۡثَرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri mu bantu bo hambere y’abo warungitsweko, harimwo benshi bahuvye;
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَا فِيهِم مُّنذِرِينَ
Ni ukuri, Twarabarungikiye Intumwa zibagabisha ku bihano vyacu, maze ntibumva, baragarariza.
अरबी व्याख्याहरू:
فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Ntumwa y’Imana! Raba rero iherezo ry’abantu bagabishijwe maze ntibumva, ukuntu ryagenze, barahanwe bimwe vy’akarorero;
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Kiretse abaja b’Imana Allah bayitumbera mu vyo bakora vyose, maze bakabikora ku bwayo, Igaheza Ikabakingira ibihano.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَقَدۡ نَادَىٰنَا نُوحٞ فَلَنِعۡمَ ٱلۡمُجِيبُونَ
Ni ukuri, Nuhu amaze kwihebura ko abantu yarungitsweko batarota bamwemera, yaraduhamagaye Twebwe Allah kugira Tumutabare, maze asanga ni Twebwe Umwiza w’abatabazi yitabira uwumutabaje;
अरबी व्याख्याहरू:
وَنَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥ مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ
Turaheza rero Turamurokora we n’umuryango wiwe hamwe n’abemeramana bari kumwe, Tubakura mu kaga ko gusomeshwa nturi y’akataraboneka;
अरबी व्याख्याहरू:
وَجَعَلۡنَا ذُرِّيَّتَهُۥ هُمُ ٱلۡبَاقِينَ
Maze Tugira uruvyaro rwa Nuhu kuba ari rwo rusigara rukarondoka inyuma yuko abantu yarungitsweko bahitanwa n’isegenya;
अरबी व्याख्याहरू:
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Tumuha no kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
अरबी व्याख्याहरू:
سَلَٰمٌ عَلَىٰ نُوحٖ فِي ٱلۡعَٰلَمِينَ
Harakayagwa neza rero Nuhu mw’iteka n’itekane mu biremwa vyose.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Nuhu mu kuyagwa neza n’ibiremwa - Duhemba abagwaneza mu kwumvira Imana Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri, Nuhu ari mu baja bacu b’abemeramana bubahiriza koko amabwirizwa yacu.
अरबी व्याख्याहरू:
ثُمَّ أَغۡرَقۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ
Mu nyuma rero, ni ho Twebwe Allah, Twahonya abantu ba Nuhu bahakanye bivuye inyuma, maze bahitanwa n’isegenya.
अरबी व्याख्याहरू:
۞ وَإِنَّ مِن شِيعَتِهِۦ لَإِبۡرَٰهِيمَ
Mu vy’ukuri, mu bagendeye ukwemera-ndemanwa kwa Nuhu gushingiye ku kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah, ni Umuvugishwamana Ibrahimu;
अरबी व्याख्याहरू:
إِذۡ جَآءَ رَبَّهُۥ بِقَلۡبٖ سَلِيمٍ
Igihe yatumbera Imana yiwe Rurema Allah n’umutima wejejwe mu kutemera ibintazi n’ingeso mbi;
अरबी व्याख्याहरू:
إِذۡ قَالَ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦ مَاذَا تَعۡبُدُونَ
Igihe abwira se wiwe n’abantu yarungitsweko ati: “Ni ibiki musenga mu gishingo c’Imana Allah!
अरबी व्याख्याहरू:
أَئِفۡكًا ءَالِهَةٗ دُونَ ٱللَّهِ تُرِيدُونَ
Karashize ingani, mukanagare mwihe gusenga imana z’irementanya ha gusenga Imana Imwe Rudende Allah!
अरबी व्याख्याहरू:
فَمَا ظَنُّكُم بِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Mbega none mwibaza iki ku co Imana Rurema w’ibiremwa vyose Yobahanisha mu gihe mwoyibangikanya!”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَنَظَرَ نَظۡرَةٗ فِي ٱلنُّجُومِ
Ni ho rero Ibrahimu yitegereza inyenyeri yiyumvira ico yobigobotoza mu kutajana na bo ku musi mukuru wabo;
अरबी व्याख्याहरू:
فَقَالَ إِنِّي سَقِيمٞ
Aca ababwira ati: “Mu vy’ukuri jewe ndarwaye”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَتَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ مُدۡبِرِينَ
Baraheza rero baramureka arasigara, na bo barabandanya ku musi mukuru wabo.
अरबी व्याख्याहरू:
فَرَاغَ إِلَىٰٓ ءَالِهَتِهِمۡ فَقَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ
Ni ho rero yagenda anyaragasa ahari ibigirwamana vyabo, aca abibwira atebura abinebagura ati: “Aho ga ntu, ntimwofungura kuri izi mfungurwa muterekerwa n’ababasenga!
अरबी व्याख्याहरू:
مَا لَكُمۡ لَا تَنطِقُونَ
Mbega mwafashwe n’iki ko mutavuga, ngo mwishure n’uwubabajije!”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَرَاغَ عَلَيۡهِمۡ ضَرۡبَۢا بِٱلۡيَمِينِ
Ni ho rero yarengera kuri nya bigirwamana, arabikubita n’ukuryo arabimenagura.
अरबी व्याख्याहरू:
فَأَقۡبَلُوٓاْ إِلَيۡهِ يَزِفُّونَ
Ba bantu ni ho baja kumurondera baza batazambaye n’ishavu n’akantu;
अरबी व्याख्याहरू:
قَالَ أَتَعۡبُدُونَ مَا تَنۡحِتُونَ
Ibrahimu araheza ahura na bo ababwira ata co yinona ati: “Bishoboka gute ko musenga ivyo mwibaziye mwebwe nyene;
अरबी व्याख्याहरू:
وَٱللَّهُ خَلَقَكُمۡ وَمَا تَعۡمَلُونَ
Mugaheza mukareka kwiyegereza Imana Allah mu vyo mukora ntimunayisenge, kandi ari Yo Yabaremye, Ikarema n’ivyo mukora!”.
अरबी व्याख्याहरू:
قَالُواْ ٱبۡنُواْ لَهُۥ بُنۡيَٰنٗا فَأَلۡقُوهُ فِي ٱلۡجَحِيمِ
Ba bantu bamaze kwumva ko ata kuri bafise ngo biregure, baciye babicisha mu ngimba babwirana hagati yabo bati: “Nimumwubakireko, maze mugire inkonge y'umuriro, muheze mumuteyo”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَأَرَادُواْ بِهِۦ كَيۡدٗا فَجَعَلۡنَٰهُمُ ٱلۡأَسۡفَلِينَ
Bagomvye rero kumugirira nabi ngo bamwice, Turaheza Twebwe Allah, Turabatsinda mu gutegeka nya muriro ko utohirahira ngo umukoreko.
अरबी व्याख्याहरू:
وَقَالَ إِنِّي ذَاهِبٌ إِلَىٰ رَبِّي سَيَهۡدِينِ
Ibrahimu yababwiye ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndimukiye aho nshobora kwiyegereza Imana yanje Rurema mu vyo nkora vyose ndanayisenga mu mwidegemvyo, Izoheza Inshikane ku vyiza mw’idini no mu buzima bwanje bwo kw’isi”;
अरबी व्याख्याहरू:
رَبِّ هَبۡ لِي مِنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Araheza yitura Imana Allah ayisaba avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe umwana mu beranda”;
अरबी व्याख्याहरू:
فَبَشَّرۡنَٰهُ بِغُلَٰمٍ حَلِيمٖ
Twaramwumviye igisabisho ciwe, Turaheza Tumuha agakuru keza ko azoronswa umwana w’umuhungu azorangwa n’ubwitonzi nta ngere[3].
[3] Uyo mwana akaba ari Ismayili mwene Ibrahimu.
अरबी व्याख्याहरू:
فَلَمَّا بَلَغَ مَعَهُ ٱلسَّعۡيَ قَالَ يَٰبُنَيَّ إِنِّيٓ أَرَىٰ فِي ٱلۡمَنَامِ أَنِّيٓ أَذۡبَحُكَ فَٱنظُرۡ مَاذَا تَرَىٰۚ قَالَ يَٰٓأَبَتِ ٱفۡعَلۡ مَا تُؤۡمَرُۖ سَتَجِدُنِيٓ إِن شَآءَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Ismayili rero amaze gukura akagera mu bigero vyo kujana na Ibrahimu mu dukorwa twa misi yose, Ibrahimu yamubwiye ati: “Mwananje! Ni ukuri, jewe narose mbona vy’ukuri ndiko ndagukerera, none ubivuzeko iki?”. Ismayili yishuye se ata gushidikanya ati: “Da! Shira mu ngiro ivyo wategetswe n’Imana Allah, maze unkerere[4], nanje uza gusanga ku bushake bw’Imana Allah ndi mu bihangana mu kwumvira Imana Allah”.
[4] Kuko indoto z’Intumwa z’Imana, ni ibwirizwa.
अरबी व्याख्याहरू:
فَلَمَّآ أَسۡلَمَا وَتَلَّهُۥ لِلۡجَبِينِ
Bompi rero bamaze kwitegurira kwubahiriza iryo tegeko, maze Ibrahimu akarambika Ismayili hasi yubitse inda kugira amukerere;
अरबी व्याख्याहरू:
وَنَٰدَيۡنَٰهُ أَن يَٰٓإِبۡرَٰهِيمُ
Ni ho Twahamagara Ibrahimu muri ivyo bihe bigoye Duti: “Ewe Ibrahimu!
अरबी व्याख्याहरू:
قَدۡ صَدَّقۡتَ ٱلرُّءۡيَآۚ إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni ukuri, wamaze gushira mu ngiro ico wategetswe mu ndoto. Ni nk’uko nyene rero mu vy’ukuri Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu kw’ishirwa mu ngiro ry’indoto yiwe - Duhemba abagwaneza mu kubakura mu vyago mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa;
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّ هَٰذَا لَهُوَ ٱلۡبَلَٰٓؤُاْ ٱلۡمُبِينُ
Mu vy’ukuri ikererwa ry’umwana wawe Ismayili, ni ryo geragezwa rihambaye ryerekana ukuri kw’ukwemera kwawe”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَفَدَيۡنَٰهُ بِذِبۡحٍ عَظِيمٖ
Ni ukwo rero Twarokoye Ismayili, haraheza hakererwa imbagwa y’intama mu kibanza ciwe.
अरबी व्याख्याहरू:
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Gutyo Duha Ibrahimu kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
अरबी व्याख्याहरू:
سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِبۡرَٰهِيمَ
Ibrahimu arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ibrahimu ku kwubahiriza ibwirizwa ryacu - Duhemba abagwaneza.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri, Ibrahimu ari mu baja bacu b’abemeramana koko.
अरबी व्याख्याहरू:
وَبَشَّرۡنَٰهُ بِإِسۡحَٰقَ نَبِيّٗا مِّنَ ٱلصَّٰلِحِينَ
Ibrahimu mu kumuhembera ukwihangana kw’ishirwa mu ngiro ry’ibwirizwa ryacu, Twaranamuhaye agakuru keza ko kuzoronswa umwana yitwa Is-haka, akazoba n’Umuvugishwamana mu Bavugishwamana beranda;
अरबी व्याख्याहरू:
وَبَٰرَكۡنَا عَلَيۡهِ وَعَلَىٰٓ إِسۡحَٰقَۚ وَمِن ذُرِّيَّتِهِمَا مُحۡسِنٞ وَظَالِمٞ لِّنَفۡسِهِۦ مُبِينٞ
Maze Turamuhezagira we hamwe n’umwana wiwe Is-haka. Mu ruvyaro rwabo bompi rero, hahavuye habonekamwo umwumviramana w’umugwaneza koko, hamwe rero n’uwirenganya bimwe biboneka mu kugarariza.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَقَدۡ مَنَنَّا عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Ni ukuri Musa na murumunawe Haruna, Twarabateye iteka ryo kuba Intumwa;
अरबी व्याख्याहरू:
وَنَجَّيۡنَٰهُمَا وَقَوۡمَهُمَا مِنَ ٱلۡكَرۡبِ ٱلۡعَظِيمِ
Turaheza Turabarokora bompi hamwe n’abantu babo mu vyago bihambaye vyo gusoma nturi;
अरबी व्याख्याहरू:
وَنَصَرۡنَٰهُمۡ فَكَانُواْ هُمُ ٱلۡغَٰلِبِينَ
Maze Turabatabara, baranesha Firawuni hamwe n’abunganizi biwe;
अरबी व्याख्याहरू:
وَءَاتَيۡنَٰهُمَا ٱلۡكِتَٰبَ ٱلۡمُسۡتَبِينَ
Twaranabahaye Igitabu ca Tawurati gitomoye;
अरबी व्याख्याहरू:
وَهَدَيۡنَٰهُمَا ٱلصِّرَٰطَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ
Tubarongora no mu nzira igororotse y’ubwislamu;
अरबी व्याख्याहरू:
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِمَا فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Gutyo, Tubaha kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
अरबी व्याख्याहरू:
سَلَٰمٌ عَلَىٰ مُوسَىٰ وَهَٰرُونَ
Musa na murumunawe Haruna barakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Musa na Haruna - Duhemba abagwaneza b’imvugakuri.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّهُمَا مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri Musa na murumunawe Haruna, bari mu baja bacu b’abemeramana koko.
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِنَّ إِلۡيَاسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Mu vy’ukuri Ilyaasi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;
अरबी व्याख्याहरू:
إِذۡ قَالَ لِقَوۡمِهِۦٓ أَلَا تَتَّقُونَ
Igihe yabwira abantu biwe yarungitsweko muri Bene Israyeli ati: “Nimutinye ibihano vy’Imana Allah, ntimuhirahire ngo muyibangikanye;
अरबी व्याख्याहरू:
أَتَدۡعُونَ بَعۡلٗا وَتَذَرُونَ أَحۡسَنَ ٱلۡخَٰلِقِينَ
Bishoboka gute ko musenga ikigirwamana ata na kimwe gishoboye, mukirengagiza gusenga Umwiza w’abaremyi;
अरबी व्याख्याहरू:
ٱللَّهَ رَبَّكُمۡ وَرَبَّ ءَابَآئِكُمُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Imana yanyu Rurema Allah Yabaremye, Ikaba ari na Yo Mana Yaremye ba so aho hambere yanyu!”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَكَذَّبُوهُ فَإِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ
Abantu Ilyaasi yarungitsweko rero, baramuhakanye bivuye inyuma. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, bazokwegeranirizwa ku Mana Allah kugira Ibahanire ivyo bakoze;
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Kiretse abaja b’Imana Allah bejeje idini ryayo, abo ntibazohanwa.
अरबी व्याख्याहरू:
وَتَرَكۡنَا عَلَيۡهِ فِي ٱلۡأٓخِرِينَ
Ilyaasi Twamuhaye kuyagwa neza mu bantu bakurikiye gushika ku musi w’iherezo.
अरबी व्याख्याहरू:
سَلَٰمٌ عَلَىٰٓ إِلۡ يَاسِينَ
Ilyaasi arakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Mu vy’ukuri, ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Ilyaasi kw’igamburukiramana ryiwe - Duhemba abagwaneza mu bemeramana.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّهُۥ مِنۡ عِبَادِنَا ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Mu vy’ukuri Ilyaasi, ari mu baja bacu bubahiriza koko amabwirizwa yacu.
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِنَّ لُوطٗا لَّمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Mu vy’ukuri Luutwi, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;
अरबी व्याख्याहरू:
إِذۡ نَجَّيۡنَٰهُ وَأَهۡلَهُۥٓ أَجۡمَعِينَ
Igihe Twamurokora we hamwe n’umuryango wiwe mu bihano;
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَّا عَجُوزٗا فِي ٱلۡغَٰبِرِينَ
Kiretse umukecuru ari aho, yahonejwe mu bandi ku bubegito bwiwe.
अरबी व्याख्याहरू:
ثُمَّ دَمَّرۡنَا ٱلۡأٓخَرِينَ
Mu nyuma rero, ni ho Twahonya vy’akarorero abahakanyi mu bantu ba Luutwi.
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِنَّكُمۡ لَتَمُرُّونَ عَلَيۡهِم مُّصۡبِحِينَ
Bantu b’i Makka! Mu vy’ukuri mu ruja n’uruza rwanyu, ni ukuri mwama muzinduka muca ahahoze imihana y’abantu ba Luutwi;
अरबी व्याख्याहरू:
وَبِٱلَّيۡلِۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Mukanagorobeza muhaca. Ubwo ntimwogarura akenge mugatinya ko mwoshikirwa n’ivyabashikiye.
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِنَّ يُونُسَ لَمِنَ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Mu vy’ukuri Yunusu, ni ukuri ari mu bo Twateye iteka ryo kuba Intumwa;
अरबी व्याख्याहरू:
إِذۡ أَبَقَ إِلَى ٱلۡفُلۡكِ ٱلۡمَشۡحُونِ
Igihe atwarwa n’agashavu agata abantu biwe yarungitsweko, agahungira mu bwato bwuzuye abantu n’ibintu;
अरबी व्याख्याहरू:
فَسَاهَمَ فَكَانَ مِنَ ٱلۡمُدۡحَضِينَ
Maze nya bwato bukubitwa n’imikuba iturutse irya n’ino, biba ngombwa ko baburemururira kugira ntibwibire. Ni ho rero bagira tombora ku kuraba uwotabwa mw’ibahari, maze amajwi yose agwa kuri Yunusu;
अरबी व्याख्याहरू:
فَٱلۡتَقَمَهُ ٱلۡحُوتُ وَهُوَ مُلِيمٞ
Araheza atabwa mw’ibahari, ifi amahanga iba yamubonye nk’ejo ica iramusama, iramutamira ku mwikomo yari afitiwe n’Imana Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
فَلَوۡلَآ أَنَّهُۥ كَانَ مِنَ ٱلۡمُسَبِّحِينَ
Iyo Yunusu rero ataba ari mu bantu barangwa no gukora ivyiza imbere yuko atamirwa na nya fi, hanyuma akaguma aninahaza yongera atazira Imana Allah ari mu nda yayo[5];
[5] Avuga ati : “LAA ILAAHA ILLAA ANTA SUB-HAANAKA INNII KUN-TU MINA DDHWAALIMIINA”.
अरबी व्याख्याहरू:
لَلَبِثَ فِي بَطۡنِهِۦٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Ni ukuri yari gupfira mu nda yayo, maze akagumayo gushika ku musi w’izurwa ry’ibiremwa.
अरबी व्याख्याहरू:
۞ فَنَبَذۡنَٰهُ بِٱلۡعَرَآءِ وَهُوَ سَقِيمٞ
Ni ho rero Twamukura muri nya fi Tukamuterera kw’isi y’ubugaragwa, yarushe yacitse intere;
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَنۢبَتۡنَا عَلَيۡهِ شَجَرَةٗ مِّن يَقۡطِينٖ
Turaheza Tumunagishiriza igiti c’uruyuzi kimuha agatutu, akanagifungurako gushika atore mitende.
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ مِاْئَةِ أَلۡفٍ أَوۡ يَزِيدُونَ
Mu nyuma, Twahavuye Tumurungika ku bantu ibihumbi ijana, mbere n’abarenga;
अरबी व्याख्याहरू:
فَـَٔامَنُواْ فَمَتَّعۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ حِينٖ
Maze baramwemera baranashira mu ngiro ivyo abigisha, Duca Tubaha kuryoherwa n’ubuzima bwo kw’isi gushika kw’isango ryo gupfa kwabo.
अरबी व्याख्याहरू:
فَٱسۡتَفۡتِهِمۡ أَلِرَبِّكَ ٱلۡبَنَاتُ وَلَهُمُ ٱلۡبَنُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza abantu warungitsweko ukuntu bubahuka bakomekera abakobwa ku Mana yawe Rurema Allah ku rwanko gusa babafitiye, maze bakigenera abahungu ku rukundo babafitiye!
अरबी व्याख्याहरू:
أَمۡ خَلَقۡنَا ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ إِنَٰثٗا وَهُمۡ شَٰهِدُونَ
Babaze kandi bakwereke ko ariho bari bari, igihe Twebwe Allah Turema abamalayika ari abakobwa nk’uko babivuga!
अरबी व्याख्याहरू:
أَلَآ إِنَّهُم مِّنۡ إِفۡكِهِمۡ لَيَقُولُونَ
Emwe bantu! Nimwumve mwumvireho! Ni ukuri mu binyoma vy’ababangikanyamana, bavuga ko;
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَدَ ٱللَّهُ وَإِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ
Imana Allah Yavyaye. Mu vy’ukuri, barabesha bagaheba bakanyomoza ku kuvuga ivyo batazi.
अरबी व्याख्याहरू:
أَصۡطَفَى ٱلۡبَنَاتِ عَلَى ٱلۡبَنِينَ
Imana Allah Yokwihitiramwo gute abakobwa Ikirengagiza abahungu!
अरबी व्याख्याहरू:
مَا لَكُمۡ كَيۡفَ تَحۡكُمُونَ
Bantu! Iyo, ni ingingo mbi cane mwishingira, ko Imana Allah Yigeneye abakobwa mu biremwa, na mwe Ikabagenera abahungu!
अरबी व्याख्याहरू:
أَفَلَا تَذَكَّرُونَ
Ubwo ntimwokwibuka mukamenya ko bitabereye namba ko Imana Allah Yitirirwa umwana! Ntibikabe.
अरबी व्याख्याहरू:
أَمۡ لَكُمۡ سُلۡطَٰنٞ مُّبِينٞ
Canke mwoba mufise ku vyo muvuga, icemezo gitomoye gishingiye ku bumenyi!
अरबी व्याख्याहरू:
فَأۡتُواْ بِكِتَٰبِكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Nimwaba rero mufise nya cemezo kiri mu Gitabu c’Imana Allah, enda nyabuna rero, nimukizane nimwaba muri imvugakuri koko!
अरबी व्याख्याहरू:
وَجَعَلُواْ بَيۡنَهُۥ وَبَيۡنَ ٱلۡجِنَّةِ نَسَبٗاۚ وَلَقَدۡ عَلِمَتِ ٱلۡجِنَّةُ إِنَّهُمۡ لَمُحۡضَرُونَ
Ababangikanyamana bibwira ko Imana Allah hari ico Ipfana n’abamalayika gishingiye ku maraso. Ni ukuri abamalayika, barazi neza ko ababangikanyamana bazokwegeranirizwa mu bihano ku musi w’izuka.
अरबी व्याख्याहरू:
سُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ عَمَّا يَصِفُونَ
Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera.
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Ariko rero, abaja b’Imana Allah bemera koko bakeza n’idini ryayo, ntibavuga ku Mana Allah, kiretse ibiberanye n’icubahiro cayo.
अरबी व्याख्याहरू:
فَإِنَّكُمۡ وَمَا تَعۡبُدُونَ
Babangikanyamana! Mu vy’ukuri mwebwe hamwe n’ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah;
अरबी व्याख्याहरू:
مَآ أَنتُمۡ عَلَيۡهِ بِفَٰتِنِينَ
Ntimushoboye guhubisha n’umwe mu biremwa;
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَّا مَنۡ هُوَ صَالِ ٱلۡجَحِيمِ
Kiretse uwagenewe kuja mu muriro ku bugarariji bwiwe.
अरबी व्याख्याहरू:
وَمَا مِنَّآ إِلَّا لَهُۥ مَقَامٞ مَّعۡلُومٞ
Abamalayika bazovuga bati: “Nta n’umwe muri twebwe, kiretse ko afise ahantu hazwi mw’ijuru adashobora kurenga;
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِنَّا لَنَحۡنُ ٱلصَّآفُّونَ
Mu vy’ukuri twebwe, turatonda mu runani, ku murongo mu gusenga Imana Allah no mu kuyumvira;
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِنَّا لَنَحۡنُ ٱلۡمُسَبِّحُونَ
Mu vy’ukuri twebwe, tuninahaza twongera dutazira Imana Allah, mu buryo buri kure cane y’ibitaberanye n'icubahiro cayo”.
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِن كَانُواْ لَيَقُولُونَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri ababangikanyamana, ni ukuri bahora binamura bakavuga imbere y’irungikwa ryawe bati:
अरबी व्याख्याहरू:
لَوۡ أَنَّ عِندَنَا ذِكۡرٗا مِّنَ ٱلۡأَوَّلِينَ
“Ese iyo dushikirwa n’Ibitabu n’Intumwa nk’ivyashikiriye abo hambere yacu;
अरबी व्याख्याहरू:
لَكُنَّا عِبَادَ ٱللَّهِ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Ni ukuri twari kuba abaja b’Imana Allah, bemera koko bakeza n’idini ryayo”.
अरबी व्याख्याहरू:
فَكَفَرُواْ بِهِۦۖ فَسَوۡفَ يَعۡلَمُونَ
Igihe bashikirwa rero n’Igibabu ca Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), barabigararije bivuye inyuma. Bitebe bitebuke rero, bazomenya ibihano bibarindiriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
अरबी व्याख्याहरू:
وَلَقَدۡ سَبَقَتۡ كَلِمَتُنَا لِعِبَادِنَا ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ni ukuri ijambo ryacu Twebwe Allah, ryaramaze gushingwa ku baja bacu mu Ntumwa;
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّهُمۡ لَهُمُ ٱلۡمَنصُورُونَ
Ko mu vy’ukuri ari bo bategerezwa gutsinda no kunesha abansi babo;
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِنَّ جُندَنَا لَهُمُ ٱلۡغَٰلِبُونَ
N’uko ingabo zacu ziduharanira, zitegerezwa kunesha abansi bazo, kuko ari zo zeniherezo ryiza.
अरबी व्याख्याहरू:
فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ حِينٖ
Ntumwa y’Imana! Irengagize abatemera ubarabishe amaso, gushika igihe bagenewe kubaho gihere maze bapfe, hanyuma bahanwe;
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَبۡصِرۡهُمۡ فَسَوۡفَ يُبۡصِرُونَ
Tenyenya rero, uzoheza wirabire ibizobashikira ku kugarariza kwabo, bitebe bitebuke, na bo nyene bazoheza bibonereko ibizobashikira mu bihano!
अरबी व्याख्याहरू:
أَفَبِعَذَابِنَا يَسۡتَعۡجِلُونَ
Ntumwa y’Imana! Karashize ingani bihutire gusaba ko ibihano vyacu bibashikira!
अरबी व्याख्याहरू:
فَإِذَا نَزَلَ بِسَاحَتِهِمۡ فَسَآءَ صَبَاحُ ٱلۡمُنذَرِينَ
Burya, igihe bashikiwe n’ibihano vyacu, hazoba ari igitondo kibi cane ku bagabishijwe hanyuma ntibumva!
अरबी व्याख्याहरू:
وَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ حَتَّىٰ حِينٖ
Ntumwa y’Imana! Birengagize ubarabishe amaso rero, gushika igihe bashikiwe n’ibihano vy’Imana Allah;
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَبۡصِرۡ فَسَوۡفَ يُبۡصِرُونَ
Tenyenya rero uzoheza wirabire ibizobashikira ku kugarariza kwabo; bitebe bitebuke, na bo nyene bazokwibonerako ibizobashikira mu bihano!
अरबी व्याख्याहरू:
سُبۡحَٰنَ رَبِّكَ رَبِّ ٱلۡعِزَّةِ عَمَّا يَصِفُونَ
Nihaninahazwe rero Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahiro c’iteka mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayomekera.
अरबी व्याख्याहरू:
وَسَلَٰمٌ عَلَى ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Intumwa zose rero zirakagira amahoro, iteka n’itekane bivuye ku Mana Allah.
अरबी व्याख्याहरू:
وَٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
अरबी व्याख्याहरू:
 
अर्थको अनुवाद सूरः: सूरतुस्साफ्फात
अध्यायहरूको (सूरःहरूको) सूची رقم الصفحة
 
पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - الترجمة الكيروندية - अनुवादहरूको सूची

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

बन्द गर्नुस्