የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (153) ምዕራፍ: ሱረቱ አን-ኒሳዕ
يَسۡـَٔلُكَ أَهۡلُ ٱلۡكِتَٰبِ أَن تُنَزِّلَ عَلَيۡهِمۡ كِتَٰبٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِۚ فَقَدۡ سَأَلُواْ مُوسَىٰٓ أَكۡبَرَ مِن ذَٰلِكَ فَقَالُوٓاْ أَرِنَا ٱللَّهَ جَهۡرَةٗ فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ بِظُلۡمِهِمۡۚ ثُمَّ ٱتَّخَذُواْ ٱلۡعِجۡلَ مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡبَيِّنَٰتُ فَعَفَوۡنَا عَن ذَٰلِكَۚ وَءَاتَيۡنَا مُوسَىٰ سُلۡطَٰنٗا مُّبِينٗا
Ntumwa y’Imana! Abayahudi bahawe Igitabu, baragusaba ko wobereka igitangaro cemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, ugaheza ukabamanurira Igitabu kivuye ku Mana Allah canditswe nka kurya kw’Imizingo yamanuriwe Intumwa Musa. Ico ntikigutangaze! Kuko ni ukuri ba sekuru barasavye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) igihambaye gusumba ico bagusavye, baraheza bayisaba bati: “Enda twereke Imana Allah duheze tuyibonere ukuri kwamye”, ni ho rero Imana Allah Yaca Ibahanisha umuriro ukabahitana bwa nkuba, bitewe n’ukuntu birenganije mu gusaba ivyo batarekuriwe. Mu nyuma y’aho Imana Allah Ibasubirije ubuzima, bafashe igishusho c’inyana bibumbiye, maze baragisenga, inyuma y’aho bamaze kwibonera Aayah n’ivyemezo bigaragaza ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Musa ari Intumwa vy’ukuri. Bamaze kwigaya rero, Twebwe Allah Twarabahariye iryo bangikanyamana, Duha n’Intumwa Musa icemezo kigaragara cemeza ko ari Intumwa vy’ukuri;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም አንቀጽ: (153) ምዕራፍ: ሱረቱ አን-ኒሳዕ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት