クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية * - 対訳の目次

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

対訳 節: (153) 章: 婦人章
يَسۡـَٔلُكَ أَهۡلُ ٱلۡكِتَٰبِ أَن تُنَزِّلَ عَلَيۡهِمۡ كِتَٰبٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِۚ فَقَدۡ سَأَلُواْ مُوسَىٰٓ أَكۡبَرَ مِن ذَٰلِكَ فَقَالُوٓاْ أَرِنَا ٱللَّهَ جَهۡرَةٗ فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ بِظُلۡمِهِمۡۚ ثُمَّ ٱتَّخَذُواْ ٱلۡعِجۡلَ مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَتۡهُمُ ٱلۡبَيِّنَٰتُ فَعَفَوۡنَا عَن ذَٰلِكَۚ وَءَاتَيۡنَا مُوسَىٰ سُلۡطَٰنٗا مُّبِينٗا
Ntumwa y’Imana! Abayahudi bahawe Igitabu, baragusaba ko wobereka igitangaro cemeza ko uri Intumwa vy’ukuri, ugaheza ukabamanurira Igitabu kivuye ku Mana Allah canditswe nka kurya kw’Imizingo yamanuriwe Intumwa Musa. Ico ntikigutangaze! Kuko ni ukuri ba sekuru barasavye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) igihambaye gusumba ico bagusavye, baraheza bayisaba bati: “Enda twereke Imana Allah duheze tuyibonere ukuri kwamye”, ni ho rero Imana Allah Yaca Ibahanisha umuriro ukabahitana bwa nkuba, bitewe n’ukuntu birenganije mu gusaba ivyo batarekuriwe. Mu nyuma y’aho Imana Allah Ibasubirije ubuzima, bafashe igishusho c’inyana bibumbiye, maze baragisenga, inyuma y’aho bamaze kwibonera Aayah n’ivyemezo bigaragaza ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Musa ari Intumwa vy’ukuri. Bamaze kwigaya rero, Twebwe Allah Twarabahariye iryo bangikanyamana, Duha n’Intumwa Musa icemezo kigaragara cemeza ko ari Intumwa vy’ukuri;
アラビア語 クルアーン注釈:
 
対訳 節: (153) 章: 婦人章
章名の目次 ページ番号
 
クルアーンの対訳 - الترجمة الكيروندية - 対訳の目次

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

閉じる