Check out the new design

የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ * - የትርጉሞች ማዉጫ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ጋፊር   አንቀጽ:
وَلَقَدۡ جَآءَكُمۡ يُوسُفُ مِن قَبۡلُ بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَمَا زِلۡتُمۡ فِي شَكّٖ مِّمَّا جَآءَكُم بِهِۦۖ حَتَّىٰٓ إِذَا هَلَكَ قُلۡتُمۡ لَن يَبۡعَثَ ٱللَّهُ مِنۢ بَعۡدِهِۦ رَسُولٗاۚ كَذَٰلِكَ يُضِلُّ ٱللَّهُ مَنۡ هُوَ مُسۡرِفٞ مُّرۡتَابٌ
Ni ukuri, mwararungikiwe Umuvugishwamana Yusufu mwene Yakubu (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah) imbere y’irungikwa rya Musa, yaje yibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwiwe, araheza abararikira ukwemera n’ugusenga Imana Imwe Rudende Allah, ntimwaretse kuguma mu makenga ku vyo yabazaniye akiriho, muraheza murushirizaho kuyagira inyuma y'aho apfiriye; amaze gupfa, muca muvuga muti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, ntizobarungikira iyindi Ntumwa mu nyuma ya Yusufu”. Ni nk’iryo hubishwa rero, Imana Allah Ihubisha uwo wese yimonogoje mu bugarariji no mu kurenga ku mabwirizwa yayo, akamana amakenga mu kwemera ko Imana Allah ari Imwe Rudende.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِينَ يُجَٰدِلُونَ فِيٓ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ بِغَيۡرِ سُلۡطَٰنٍ أَتَىٰهُمۡۖ كَبُرَ مَقۡتًا عِندَ ٱللَّهِ وَعِندَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْۚ كَذَٰلِكَ يَطۡبَعُ ٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ قَلۡبِ مُتَكَبِّرٖ جَبَّارٖ
Abaharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ata n’icemezo bahawe gishingiye ku bumenyi; abo rero, iharira ryabo rirashavuza cane Imana Allah, rigashavuza n’abemeramana. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Idashoboza kurongoka abaharira ku bijanye na Aayah zayo ata n’ubumenyi bafise - Itera ikimangu ku mutima w’uwo wese agira amanyama mu kutemera Imana Imwe Rudende Allah, akimonogoza no mu kurenganya abandi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالَ فِرۡعَوۡنُ يَٰهَٰمَٰنُ ٱبۡنِ لِي صَرۡحٗا لَّعَلِّيٓ أَبۡلُغُ ٱلۡأَسۡبَٰبَ
Firawuni yavuze yiyamiriza Musa ati: “Ewe Haamaana! Enda nyabuna rero, nyubakira inyubakwa ndende (umunara), hari n’aho noronka inzira zinshikana ku co nshaka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَسۡبَٰبَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ فَأَطَّلِعَ إِلَىٰٓ إِلَٰهِ مُوسَىٰ وَإِنِّي لَأَظُنُّهُۥ كَٰذِبٗاۚ وَكَذَٰلِكَ زُيِّنَ لِفِرۡعَوۡنَ سُوٓءُ عَمَلِهِۦ وَصُدَّ عَنِ ٱلسَّبِيلِۚ وَمَا كَيۡدُ فِرۡعَوۡنَ إِلَّا فِي تَبَابٖ
Inzira zinshikana mu majuru, kugira nirabire ko Imana ya Musa Ibaho. Mu vy’ukuri, ndibwira neza ko Musa abesha, ata mana yindi iri hejuru”. Ni nk’ukwo rero Firawuni yaryoherejwe ibikorwa vyiwe bibi akabibona ko ari vyiza, gutyo bimubuza gukurikira inzira y’ukuri; burya urwenge rwa Firawuni mu kurwanya ukuri, nta kindi rwari kumushikanako, kiretse agahombo no guhona.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالَ ٱلَّذِيٓ ءَامَنَ يَٰقَوۡمِ ٱتَّبِعُونِ أَهۡدِكُمۡ سَبِيلَ ٱلرَّشَادِ
Wa mwemeramana mu bantu ba Firawuni, yarongeye guhanura abantu biwe ati: “Emwe bantu banje! Enda rero nyabuna nimunkundire munkurikire, mpeze ndabarongore mu nzira ibereye y’ubugororotsi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰقَوۡمِ إِنَّمَا هَٰذِهِ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَا مَتَٰعٞ وَإِنَّ ٱلۡأٓخِرَةَ هِيَ دَارُ ٱلۡقَرَارِ
Bantu banje! Ni ukuri ubuzima bwo kw’isi, ni ubwo kuryoherwa n’ibihendamaso mu kanya gato hanyuma bugahera; mu gihe ubuzima bw’inyuma yo gupfa, ari bwo buzima bwo kuryoherwa n’ivyiza vyamaho ibihe bidahera;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَنۡ عَمِلَ سَيِّئَةٗ فَلَا يُجۡزَىٰٓ إِلَّا مِثۡلَهَاۖ وَمَنۡ عَمِلَ صَٰلِحٗا مِّن ذَكَرٍ أَوۡ أُنثَىٰ وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَأُوْلَٰٓئِكَ يَدۡخُلُونَ ٱلۡجَنَّةَ يُرۡزَقُونَ فِيهَا بِغَيۡرِ حِسَابٖ
Abazokora ikibi uko kingana kwose rero, mu buzima bw’inyuma yo gupfa ntibazohabwa kiretse igihano kingana na nya kibi; nayo abazokora iciza gitegetswe uko kingana kwose, baba abahungu canke abakobwa, maze bakagikora ari abemeramana; abo, ni bo rero bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, aho bazoronswa ibibabeshaho ata kugererwa ngo baharurirwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ጋፊር
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ - የትርጉሞች ማዉጫ

ተርጎመዋል በዩሱፍ ጋሂቲ። የተሰኘው ከየአፍሪካ ልማት ፋውንዴሽን ነው።

መዝጋት