Check out the new design

የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ * - የትርጉሞች ማዉጫ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ጋፊር   አንቀጽ:
إِنَّ ٱلسَّاعَةَ لَأٓتِيَةٞ لَّا رَيۡبَ فِيهَا وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يُؤۡمِنُونَ
Bantu! Mu vy’ukuri isango ry’umuhero w’isi, vuba bwango rirashika nta gisivya. Nimuvyizere nk’uko mwabishikirijwe n’Intumwa kuko nta makenga arimwo. Ariko rero abenshi mu bantu, ntibemera ko umuhero w’isi ugiye gushika ngo baheze bawitegurire.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَالَ رَبُّكُمُ ٱدۡعُونِيٓ أَسۡتَجِبۡ لَكُمۡۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَسۡتَكۡبِرُونَ عَنۡ عِبَادَتِي سَيَدۡخُلُونَ جَهَنَّمَ دَاخِرِينَ
Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Yavuze Iti: “Nimunsabe mutambangikanya na kimwe mu biremwa, maze Ndabahe ivyo musavye; mu vy’ukuri, abagira amanyama mu kuticisha bugufi ngo banyiyegereze mu vyo bakora banansenge Ndi Imana Imwe Rudende, bazokwinjira mu muriro wa Jahannamu basuzuguritse”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱللَّهُ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلَّيۡلَ لِتَسۡكُنُواْ فِيهِ وَٱلنَّهَارَ مُبۡصِرًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَذُو فَضۡلٍ عَلَى ٱلنَّاسِ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَشۡكُرُونَ
Imana Allah, ni Yo Yabagiriye ijoro kuba umuzimagiza kugira muturure muri ryo muheze muruhuke; Ibagirira n’umurango, kuba habona kugira murondere icorirenza mu mpano zayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyeningabirano zihambaye ku bantu, ariko rero abenshi muri bo ntibayishimira ngo bayiyegereze mu vyo bakora banayisenge ari Imwe Rudende.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءٖ لَّآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ فَأَنَّىٰ تُؤۡفَكُونَ
Uwabagiriye ivyo vyiza rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, Yaremye ibintu vyose, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo. None, ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَذَٰلِكَ يُؤۡفَكُ ٱلَّذِينَ كَانُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ يَجۡحَدُونَ
Bagarariji! Ni nk’uko nyene rero - mwahakanye ukuri mugahitamwo ikinyoma - abahakanye bivuye inyuma ivyemezo vy’Imana Allah, bahusha ukuri bagakurikira ikinyoma.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱللَّهُ ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ قَرَارٗا وَٱلسَّمَآءَ بِنَآءٗ وَصَوَّرَكُمۡ فَأَحۡسَنَ صُوَرَكُمۡ وَرَزَقَكُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِۚ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡۖ فَتَبَارَكَ ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Imana Allah, ni Yo Yabagiriye isi kuba ubutururo bwanyu; Ibagirira n’ijuru riri hafi y’isi, kuba igisenge kibakingira; Iraheza Ibashirira muri nya juru ibimenyetso vy’inyenyeri bibazimurura; Ibarema mw’ishusho n’indemo vyiza bibereye, Ibaronsa n’ibibabeshaho vyiza birekuwe. Uwabagiriye ivyo vyiza vyose rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah. Harakubahwa rero Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هُوَ ٱلۡحَيُّ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ فَٱدۡعُوهُ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَۗ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ni Yo Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, nimuyiyegereze rero mu kuyisaba ari Imwe Rudende, mweza n’ivyo mugira vyose ku bwayo. Nihashimagizwe Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ قُلۡ إِنِّي نُهِيتُ أَنۡ أَعۡبُدَ ٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ لَمَّا جَآءَنِيَ ٱلۡبَيِّنَٰتُ مِن رَّبِّي وَأُمِرۡتُ أَنۡ أُسۡلِمَ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri jewe, nabujijwe n’Imana Allah gusenga ibigirwamana musenga mu gishingo cayo, inyuma y’aho maze gushikirwa n’ivyemezo bivuye ku Mana yanje Rurema Allah, kandi nategetswe kwicisha bugufi no kwumvira Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ጋፊር
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ - የትርጉሞች ማዉጫ

ተርጎመዋል በዩሱፍ ጋሂቲ። የተሰኘው ከየአፍሪካ ልማት ፋውንዴሽን ነው።

መዝጋት