Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwubahirize amasezerano y’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mu kubungabunga no gushikiriza imbitso bene zo; mwubahiriza n’amasezerano y’ubuguzi hagati yanyu, n’ay’ibindi bidaciye kubiri n’ingingo ziri mu Gitabu ca Qor’ani no mu nyigisho n’imigenzo vy’intumwa. Mwaraziruriwe gufungura inyama za bimwe mu bitungwa, na zo ni inyama y’ingamiya, iy’inka n’iy’intungwa, havuyemwo ivyo mwatomorewe n’Imana Allah ko bizira gufungurwa mu ntumvyi[1], ikiremve [2] n’ibindi, kugira uruhigi mu gihe mwamaze kuzirikana ishengerera canke igendera ry’ingoro ntagatifu mukambara n’urubega, canke muri mu karere gatagatifu ka Makka. Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibwiriza ivyo Ishaka mu ntumbero nziza kandi itunganye.
[1] Igitungwa capfuye kidakerewe mu buryo bwemewe mu bwislamu. [2] Ikiremve, ni ubuseri, na bwo ni amaraso y’igitungwa atetswe, yaba ari ay’icakerewe canke icarashwe kikavomwa amaraso.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukarenge ku mabwirizwa y’Imana Allah no ku bimenyetso vyo kuyubaha[3]; ntimukanarwane[4] mu mezi matagatifu[5]; ntimukihe na kimwe ku mbagwa; ntimukihagire imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka; ntimukarwanye abaje bagana ingoro ntagatifu barondera impano mu vyobabeshaho bivuye ku Mana yabo Rurema Allah bikanayishimisha. Nimwamara kurekurirwa kugira ivyari bibujijwe mu gihe mwambaye urubega, muzoba murekuriwe kugira uruhigi. Urwanko mufitiye abigeze kubabuza kwinjira i Makka [6], ntiruzobabuze kubatunganiriza. Bemeramana! Muraheza rero mufashanye gukora ivyiza n’ibikorwa vy’igamburukiramana, ntimugafashanye gukora ibituma mugwa mu vyaha no kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, muheze rero kandi mwiyubare guca kubiri n’amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irahana Igahasha abaca kubiri n'amabwirizwa yayo.
[3] Mu gihe c’ishengerera canke c’igendera ry’ingoro ntagatifu. [4] Iyi ngingo yo kutarwana muri ayo mezi matagatifu, yarubahirizwa n’imbere yuko ubwislamu buyigira ibwirizwa. [5] Ayo mezi, ni ukwezi kwa 11 kwa Dhu l-Qa’da, n’ukwa 12 kwa Dhu l-Hijja, n’ukwa 1 kwa Muharram, hamwe rero n’ukwa 7 kwa Rajab mu kirangamisi c’ikislamu. [6] Mu mwaka witiriwe amasezerano ya Al-Hudaybiyya.
Vyaraziririjwe kuri mwebwe kurya intumvyi, ikiremve, inyama y’ingurube, iy’icavugiweko izina ritari iry’Imana Allah mu gihe co kugikerera, iy’icanizwe kigapfa, iy’icakubiswe gushika aho gipfa, iy’icahanantutse kigapfa, hamwe rero n’iy’icacumiswe ihembe n’ikindi kigapfa. Vyaranaziririjwe kuri mwebwe kurya ibitungwa vyariwe n’inyamaswa[7], kiretse mu gihe mwobikerera bitaradenduka. Vyaraziririjwe kuri mwebwe gufungura ivyabagiwe ibigirwamana hamwe no gusokora imyampi mu ndaha mu ntumbero yo kumenya ico mwokora muri kazoza. Ukugira ivyo bizira rero, ni ubugaba butuma murenga kw’ibwirizwa ry’Imana Allah. Ubu rero abagararije, baramaze kwihebura ko mwovavanura n’idini ryanyu mukarivamwo inyuma y’aho mubatsindiye. Kubera ivyo rero ntimukabatinye, nyabuna nimuntinye Jewe Allah. Kuri uno musi, idini ryanyu ry’ubwislamu Ndaribakwirije ku kubashikana ku ntsinzi, Ndabatunganirije n’inema zanje ku kubakura mu muzimagiza, Nkabashira mu muco w’ukwemera, kira noneho, Naramaze kubahitiramwo ubwislamu kuba ari ryo dini ryanyu, nimuritsimbatareko rero. Ariko rero uwishwe n’inzara, bikaba ngombwa kuri we kurya intumvyi, atarondera gukora n’ibigirankana icaha, ararekuriwe kuyikorako mu kwikiza nya nzara. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Ntumwa y’Imana! Ingendanyi zawe zirakubaza ku vyerekeye ivyo zirekuriwe kwikorako mu mfungurwa! Zishure uti: “Murekuriwe gufungura ivyiza bibaryoheye bitazira, ibihigwa vyafashwe n’inyamaswa mwamenyereje gufatisha inzara n’amenyo mu ruhigi [8], mukazigisha uburyo bwo guhiga mwigishijwe n’Imana Allah mu gucakira canke gukomeretsa gusa, ntizinige”, muraheza rero mufungure ku vyo zabahigiye, muvuge n’Izina ry’Imana Allah mu gihe co kuzirekurira ku gihigwa, maze mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iranyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa vyayo.
Bemeramana! Kuri uno musi rero, biri mu gukwirizwa inema, kuba murekuriwe gufungura ivyiza bibaryoheye bitazira, muranarekuriwe kandi gufungura ibibagwa vy’abahawe Igitabu mu bayahudi no mu banaswara, mu gihe vyokererwa hisunzwe amabwirizwa yabo; na bo nyene bararekuriwe gufungura ibibagwa vyanyu. Muranarekuriwe kwabira abakenyezi bigenga mu bemeramanakazi badashurashura muri mwebwe. Vyongeye, murarekuriwe no kwabira abakenyezi bigenga, badashurashura mu bahawe Igitabu aho hambere yanyu, mu gihe mwobakwa mu ntumbero yo kwubakana na bo bidaciye mu gushurashura, kibure mu kubagira abahabara. Ivyo rero, mubirekuriwe mu gihe mwobona ko bitobatsitaza mu kwemera kwanyu. Uwo wese rero azogarariza mu guhakana yivuye inyuma amabwirizwa y’ukwemera, ni ukuri ibikorwa vyiwe bizohunguruka bicike impfagusa, kandi na we nyene azoba ari mu bahomvye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimube abahagarikizi vy’ukuri ku vyo mushinzwe ku bw’Imana Allah, mube n’ivyabona vy’intungane ata nkunzi. Urwanko mufitiye abantu ntiruzobabuze kubatunganiriza canke kubabera ivyabona. Nimutunganirize rero abansi banyu co kimwe n’abakunzi banyu ata ho muhengamiye. Ukwo gutunganiriza abantu ata nkunzi, ni vyo bibegereza kw’igamburukiramana, nimutinye rero Imana Allah mu kwiyubara kurenganya. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, Izonabibahembera.
Abagararije mu guhakana bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bakanahakana Aayah n’ivyemezo vyazanwe n’Intumwa zayo vyerekana ko ari Imwe Rudende, abo ni bo bantu rero bo mu muriro ururumba.
Ni ukuri, Imana Allah Yarahaye Bene Israyeli isezerano rihambaye ryo kuyumvira, bakumvira n’Intumwa yayo, bakubahiriza n’ibiri muri Tawurati. Twebwe Allah Twaranabwirije Intumwa Musa ko yobagenera indongozi cumi na zibiri z’inararibonye, zihagarikira iyubahirizwa ry’iryo sezerano mu miryango cumi n’ibiri ya Bene Israyeli, gutyo Imana Allah Ibabwira Iti: “Jewe Allah, mu vy’ukuri Ndi kumwe na mwe mu kubacungera no mu kubatabara. Nimwatsimbataza isengesho, mugatanga n’ishikanwa-bwirizwa, mukemera n’Intumwa zanje mukanazishigikira, mukagurana Imana Allah ingurane nziza mu gutanga mu nzira yayo, ni ukuri Nzobababarira ibicumuro n’ivyaha vyanyu, ni ukuri Nzonabinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi. Uwo wese rero azogarariza muri mwebwe akarenga kuri iri sezerano, ni ukuri azoba yahuvye inzira y’ukuri”;
Hakoreshejwe ico Gitabu ca Qor’ani rero, Imana Allah Irongora abagenzwa no gushimwa na Yo mu nzira zibashikana kw’iteka n’itekane n’amahoro, ku burenganzira bwayo rero Igaheza Ikabakura mu muzimagiza w’ubugarariji, Ikabaganisha ku muco w’ukwemera, Ikanabashoboza gukurikira inzira igororotse y’ubwislamu.
Abavuze ko Imana Allah ari we Masihi Isa mwene Mariyamu, ni ukuri baramaze kugarariza. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega none, ni nde yoshobora gukingira urupfu Masihi mwene Mariyamu be na nyina wiwe, mu gihe Imana Allah Yoshaka ko bapfa bompi hamwe n’ibiremwa vyose biri kw’isi[10]! Eka nta n’umwe yoshobora kubakingira urupfu, kuko burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Irema ico Ishatse kikaba. Imana Allah ni Mushoboravyose[11].
[10] Iyo rero Masihi mwene Mariyamu aba ari imana vy’ukuri, yokwikingiye urupfu ntapfe. Yari no gukingira urupfu nyina wiwe Mariyamu, ntapfe, ariko rero ntiyashoboye kumukingira urwo rupfu, kuko we hamwe na nyina, ni ibiremwa muri Bene Adamu. [11] Ukwemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, gushingiye ku kwemera ko ari Yo Nyenubushobozi bwo kurema no kubeshaho ibiremwa, n’uko ata kintu na kimwe kibangikanije na Yo muri ubwo bushobozi. Abenshi rero bagwa mu caha c’ibangikanyamana, mu kurenza urugezo rw’icubahiro baha Abavugishwamana kibure aberanda mu biremwa, n’aho boba barahawe n’Imana Allah ibitangaro, ntivyotuma bahabwa icubahiro c’ubumana cagenewe gusa Imana Allah Yabaremye, ari na Yo Ibwirijwe guhabwa ico cubahiro Itabangikanijwe na kimwe mu biremwa.
Abayahudi n’abanaswara barinamuye bavuga bigamba bati: “Twebwe turi abana b’Imana Allah tukaba n’abakunzi bayo”. Ntumwa y’Imana! Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Nivyaba biri nk’ukwo muvuga, none ni kuki Imana Allah Ibahanira ivyaha vyanyu nimwaba koko muri abakunzi bayo! Muranguha! Ahubwo mwebwe muri ibiremwa nk’ibindi muri Bene Adamu, muzorihwa iciza ku ciza, murihwe n’ikibi ku kibi”. Burya rero, Imana Allah Igumiriza akabanga ku vyaha Ikababarira uwo Ishatse, Ikanahana uwo Ishatse. Burya Imana Allah ni Yo Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, ni no kuri Yo rero ibiremwa vyose bizosubira, kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
Bantu banje! Enda nimwinjire mu gisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, ari na co Imana Allah Yabasezeraniye ko mwinjira mugahangana n’abagarariji. Ntimuzogenze umugongo ngo muhunge urugamba; muramutse muruhunze, mwotahira agahombo mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa”.
Bene Israyeli bishuye bati: “Ewe Musa! Muri ico gisagara, ni ukuri hariyo abantu b’ibihangange, nta nguvu dufise zo guhangana na vyo, kandi twebwe mu vy’ukuri ntiturota tucinjira bitabanje kukivamwo. Nivyaramuka bikivuyemwo, tuzoheza tucinjire”.
Ni ho haboneka abagabo babiri mu bantu batinya Imana Allah, bahawe no kuyumvira Yo hamwe n’Intumwa yayo, baraheza bavuga bati: “Ivyo bihangange nimuvyinjirireko mu gisagara, nimwamara kwinjira, mu vy’ukuri muzobitsinda, kandi rero nimwishimikize Imana Allah muyizere nimwaba mwemera koko Intumwa yayo, mwubahiriza n’amabwirizwa yayo”.
Musa, ni ho yaca atakambira Imana Allah ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe mu vy’ukuri, nta we mfiseko ububasha, kiretse agatwe kanje na murumunanje. Kubera ivyo rero, ruducire hagati yacu n’abantu b’ibigaba bari aho”.
Imana Allah Yaramwumviye Imwishura Iti: “Mu vy’ukuri, kuva uno musi, kwinjira igisagara ceranda ca Bayti l-Maqdis, ni ikizira kuri Bene Israyeli mu kiringo c’imyaka mirongo ine, bazokwamana intekera ku mutwe bazembagirika kw’isi, eka mbere ntukagirire impungenge abantu b’ibigaba”.
Ntumwa y’Imana! Cira agace Bene Israyeli ku nkuru y’ukuri y’ivyashikiye Bene Adamu Qaabiili na Haabiili, igihe umwe wese muri bo yiyegereza ku Mana Allah mu gutanga ikimazi[12], Imana Allah Iraheza Yakira ikimazi catanzwe na Haabiili kuko yatinya Imana Allah akayigamburukira; Yanka kwakira ikimazi catanzwe na Qaabiili kuko ari ikigaba. Ni ho Qaabiili yaca asharika Haabiili amubwira ati: “Ntegerezwa kukwica!”, Haabiili na we amwishura amuhanura ati: “Ni ukuri, Imana Allah Yakirira abayitinya bakayigamburukira;
[12] Ikimazi, ni ikintu ico ari co cose umuntu atanga ku kwiyegereza Imana Allah nk’imbagwa mu bitungwa canke imperezwa mu yandi matungo, n’ibindi.
Mu vy’ukuri, jewe nshaka ko uruhira kwikorera ivyaha vyo kunyica vyiyongereye ku vyo wari usanganwe, ushoke uja mu bantu bo mu muriro. Iyo ni yo ndishi y’abarenganya abandi”.
Ni ho rero Qaabiili umutima wiwe wamwosha kwica murumunawe, araheza aramwica, aca aruhira kuba mu biguze ubuzima bwo kw’isi, bahomvye ubuzima bwabo bw’inyuma yo gupfa.
Ni ho Imana Allah Yarungika igikona, cimba ikinogo hasi gishaka gufuririramwo ikindi gikona cishe, kugira cereke Qaabiili ukuntu afuba ikiziga ca murumunawe kimutera urubwa. Ni ho yitangaza yicuza ati: “Amagorwa arama yemwe! Nananiwe no kuba nk’iki gikona, ngaheza nkafuba ikiziga ca murumunanje!”. Ni ho rero yashoka amufuba, aca aruhira kuba mu bicuza.
Ku kubera ico caha co kwica rero, Twategetse Bene Israyeli, ko uwishe umuntu ku karenganyo atari ku mvo yo kwihora canke guhana igenzwa n’ubwononyi kw’isi[13], ahabwa igihano gikaze nk’aho yoba yishe abantu bose; n’uko uwubungabunze ubuzima bw’umuntu, Imana Allah Yaziririje ko yicirwa ubusa, ahabwa indishi ihambaye nk’aho yoba yabungabunze ubuzima bw’abantu bose[14]. Ni ukuri, Bene Israyeli baramaze gushikirwa n’Intumwa zacu, zibangikanije n’ivyemezo vyerekana ukuri kw’ukwemera Imana Allah no kwubahiriza amabwirizwa yayo. Inyuma yo gushikirwa n’izo Ntumwa rero, abenshi muri bo barimonogoza kw’isi mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
[13] Nk’ibangikanyamana, ukwambura ivya murundi hakoreshejwe ibirwanisho. [14] Ukubungabunga ubuzima bw’umuntu umwe ntiyicirwe ubusa, ni wo mushinge wo kubungabunga ubuzima bw’abantu bose no kwubahiriza agateka kabo. Kukaba nkako, burya ukwicira umuntu ubusa ata camira, ni yo ntango yo kurendegera mu kwicira ubusa abantu bose.
Ariko rero, abazokwigaya muri bo bakishikana imbere yuko mubafata, muramenya ko ibihano bategekanirijwe ku Mana Allah bizohanagurwa. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze muyiyegereze mu kuyumvira no mu gukora ibiyishimisha, maze muharanire n’idini ryayo kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Mu vy’ukuri, abagararije mu guhakana bivuye inyuma ko Imana Allah ari Imwe Rudende, vyoshika bakaba bagaba ibiri kw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibingana na vyo, bagashaka gutanga ivyo bagaba vyose kugira bigombore mu bihano vyo ku musi w’izuka, Imana Allah ntiyokwemeye ivyigombozo vyabo, mbere baranategekanirijwe ibihano bibabaza;
Uwivye, yaba umuhungu canke umukobwa, murabaca ibikonjo vyabo mwisunze ibwirizwa ry’Imana Allah, ni co gihano c’abivye ivya murundi badafiseko uburenganzira, cagenwe n’Imana Allah ku guhasha abasuma. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;
Uwigaye inyuma yo kwiba, akanatunganya ibikorwa vyiwe asabwa n’Imana Allah, mu vy’ukuri Imana Allah Izomubabarira, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Abahawe Injili rero, bakaba ari na bo barungikiwe Intumwa Isa, nyabuna nibatunganirize abantu bisunze ivyamanuwe n’Imana Allah muri yo. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura, canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo mu kubatunganiriza, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni vyo bigaba birenga ku mabwirizwa yayo.
Mbega none abo bayahudi bashaka ko ubatunganiriza wisunze ingingo zubahirizwa n’ababangikanyamana! Eka ntibikabe! Mbega ni nde mwiza w’intungane yoza asumba Imana Allah mu gufata ingingo y’ukuri, ku bantu bazi neza ko ingingo y’Imana Allah ari yo y’ukuri!
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire abayahudi n’abanaswara abagenzi banyu somambike mu kubahereza amabanga yanyu, mu gihe ata rukundo babafitiye. Umugwi wose muri bo uracuditse n’uwundi; baratabarana hagati yabo, bagafatana mu mugongo mu kubarwanya. Uwuzobagira abagenzi somambike acuditse na bo rero, azoharurwa muri bo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntishoboza abantu birenganya mu gucudika n’abagarariji.
Uzobona abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo, bihutira kubagira abagenzi somambike bavuga mu kwisigura bati: “Burya tubagira abagenzi somambike ku gutinya ko baramutse batsinze abislamu, na twe boduhitana”. Imana Allah Yabishuye ko kumbure hari n’aho Yogarurira abislamu igisagara ca Makka canke Ikabashikana ku ntsinzi bakaganza, izo ndyarya zikazokwicuza ku catumye zicudika na bo;
Muri ico gihe, abemeramana bazobwirana hagati yabo bitangaza bati: “Mbega none, aba ni bo barahiye bakarengwa kw’izina ry’Imana Allah, ko mu vy’ukuri bari kumwe na mwe!”. Ibikorwa vyabo rero vyarahungurutse bicika impfagusa kuko babikorana uburyarya, nta co bazokuramwo atari agahombo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Bemeramana! Ni ukuri umuhagarikizi n’umutabazi wanyu, ni Imana Allah n’Intumwa yayo, hamwe rero n’abemeramana; barya batsimbataza isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, bakanatanga n’ishikanwa-bwirizwa bicishije bugufi ku Mana Allah.
Uwo wese rero azogira Imana Allah Umuhagarikizi, agaheza akizera Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’abemeramana, azoba ari mu mugwi uharanira Imana Allah. Burya mu vy’ukuri, umugwi uharanira Imana Allah, ni wo wenintsinzi.
Muvugishwamana! Bwira abemeramana uti: “Mbega ndababwire uwuzoronka indishi mbi cane ku Mana Allah, isumba iy’ivyo bigaba ku musi w’izuka! Ni barya bakomoka ku bo Imana Allah Yavumye, Ikabashavurira, Ikanahindura bamwe muri bo inkende n’ingurube, hamwe rero n’abasenga ibigirwamana vyo mu bwoko ubwo ari bwo bwose[17]. Abo ni bo bantu rero bafise uburuhukiro bubi cane, banahuvye cane n’inzira y’ukuri”.
[17] Ibigirwamana vyo mu bwoko ubwo ari bwo bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.
Bemeramana! Iyo indyarya mu bayahudi zije zibagana, zibabwira mu bwiyorobetsi ziti: “Twaremeye”, kandi zikiri mu bugarariji. Ni ukuri zinjirana ubugarariji aho muri, hanyuma zigasohoka uko zaje. Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo zihishije mu mushaha n’aho zibiyorobekako.
Ntumwa y’Imana! Uzobona benshi mu bayahudi bihutira gukora ivyaha vyo kubesha, kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah hamwe rero no kwihereza ku karenganyo amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira. Ni ukuri, ni bibi cane ivyo bakora ku karenganyo.
Abayahudi igihe baterwa n’inzara, bavuze bati: “Ukuboko kw’Imana Allah nta co kwikura”. Baragapfa ata co bikuye mu gukora ivyiza! Baranavumwe bitewe n’ivyo bavuze. Imana Allah rero ntiri nk’ukwo bavuze, ahubwo nyabuna amaboko yayo ararekura mu gutanga ijoro n’umurango[18], Itanga uko Ishatse ku neza y’ibiremwa. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri ukwihambaza no kugarariza bizokwiyongera kuri benshi muri bo, bitewe n’ishari n’inzigo bagufitiye ku kuba wahawe ubutumwa n’Imana yawe Rurema Allah. Twarateye urwanko n’inzigo vyamaho hagati y’imigwi y’abayahudi gushika ku musi w’umuhero w’isi. Igihe cose rero bazokwatsa umuriro wo gutera indwano mu bislamu, Imana Allah Izowuzimya mu kubacanishamwo, kandi ntibazokwigera bareka kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, buturutse ku vyo bakora. Burya Imana Allah ntikunda na gato abononyi.
[18] Iyi Aayah, iremeza ko Imana Allah Ifise amaboko mu buryo bukwiranye n’icubahiro cayo, ata kuyagereranya n’ay’ibiremwa mu kuntu aremye.
Iyo abahawe Igitabu bemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa yayo, bakanayitinya mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni ukuri Twebwe Allah Twari kubababarira ibicumuro n’ivyaha vyabo, ni ukuri Twari no kubinjiza mu Bwami bw’ijuru bwuzuye inema;
Ewe Ntumwa y’Imana! Shikiriza ivyo wamanuriwe n’Imana yawe Rurema Allah. Niwahirahira ngo ureke gushikiriza bimwe muri vyo, ntuzoba washikirije bikwiye ubutumwa warungikanwe n’Imana Allah[19]. Imana Allah na Yo Izoheza Igukingire abansi bawe mu bantu, shishikara rero ushikiriza ubutumwa ata co winona. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntishoboza abantu b’abagarariji gutumbera inzira igororotse.
[19] Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarashikirije bikwiye ubutumwa yarungikanwe n’Imana Allah butagabanije. Uwibaza rero ko hoba hari na kimwe yanyegeje mu nyigisho, aba anyomoje mu kubeshera Imana Allah n’Intumwa yayo.
Mu vy’ukuri, abemeye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakayikurikira, abayahudi[20], abatsimbataye kuri kameremere kabo batagira idini nyezina, hamwe rero n’abanaswara[21], abazokwemera vy’ukuri muri bo Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa yayo Muhamadi n’umusi w’imperuka, bakanakora n’ibikorwa vyiza bitegetswe, abo rero bazosanga indishi yabo ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi[22].
[20] Abayahudi, ni abemeye Musa bakanamukurikira. Ijambo “abayahudi” risigura abigaye ku Mana Allah. [21] Abanaswara, ni abemeye Isa mwene Mariyamu bakamukurikira bakanamutabara. Ijambo “abanaswara”, risigura abatabazi. [22] Inyuma y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku bantu bose, nta dini ryemewe ku Mana Allah atari idini ry’ubwislamu yaje ishimangira, kuko ari ryo dini Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose, rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah.
Ni ukuri abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari we Masihi mwene Mariyamu, baramaze kugarariza, kuko Masihi ubwiwe yabwiye Bene Israyeli ati: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema. Mu vy’ukuri, uwo wese azobangikanya Imana Allah n’ikindi kintu, ni ukuri Imana Allah Yaraziririje ko yoja mu Bwami bw’ijuru, ubushikiro bwiwe ni mu muriro. Abirenganije mw’ibangikanyamana ntibazoronka n’umwe abatabara mu bihano”.
Ni ukuri, abavuze ko Imana Allah mu vy’ukuri ari imwe mu butatu bweranda[23], baramaze kugarariza. Mbega none ntibazi ko abantu ata yindi mana bafise, atari Imana Imwe Rudende Allah, Itavyaye kandi Itavyawe! Ntiboteshwa ngo bate, bakavavanura n’ivyo bavuga! Ni ukuri bazokorwako n’ibihano bibabaza;
[23] Ubutatu bweranda, bugizwe n’umukama w’imana zitatu ari zo, data, mwana na mutimamweranda. Ijambo “umukama” rero, kizira ku mwislamu kurikoresha nk’izina ry’Imana Allah, kuko ng’aha risigura ubutatu bweranda, iryo na ryo ni ibangikanyamana.
Mbega ntibogaruka ku Mana Allah bakigaya ku vyo bavuga, bakanayisaba imbabazi! Burya Imana Allah, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Burya rero Masihi mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) si ikindi, kiretse ko ari Intumwa nk’izindi zarungitswe n’Imana Allah aho hambere; na nyina wiwe yari imvugakuri yemera vy’ukuri, Masihi hamwe na nyina barihereza imfungurwa nk’ibindi biremwa, mu gihe ata mana y’ukuri ikenera kubeshwaho n’imfungurwa. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubatomorera ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ntibaheze ngo bave mu muzimagiza w’ubuhuvyi! Hanyuma urabe n’ukuntu bagarariza ukuri kandi baramaze kukumenya, maze bakareka kwemera no gusenga Imana Allah Yaremye batayibangikanya!
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega mubangikanya Imana Allah mu gusenga ibigirwamana ata co bibatwara mu gihe mworeka kubisenga, ata n’ico bibungura mu gihe mwobisenga! Burya rero Imana Allah ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi n’ivyo muhisha mu mishaha yanyu”.
Twobuzwa n’iki kwemera Imana Allah hamwe no kwemera tugakurikira ukuri twashikirijwe n’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kuvuye ku Mana Allah, tukanizera ko Imana yacu Rurema Allah Izotwinjiza mu Bwami bw’ijuru hamwe n’aberanda bayumvira!”.
Kubera ukwo kwemanga rero, Imana Allah Izobahemba imirima yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Iyo ni na yo ndishi rero yagenewe abagwaneza mu mvugo n’ingiro.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukaziririze ivyiza biryoshe vyarekuwe n’Imana Allah mu mfungurwa, ibinyobwa no kwabira abakenyezi, kandi ntimukarenge ku mabwirizwa yayo mu gukora ivyo Yababujije. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abarenga imbibe zayo z'ibibujijwe.
Abemeye Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, nta caha kiri kuri bo co kunywa inzoga imbere yuko iziririzwa; mu gihe bovavanura na yo bakirinda gukora ibishavuza Imana Allah banayemera, bagashishikara gukora n’ivyiza bitegetswe, hanyuma bakabandanya batinya Imana Allah bayigamburukira, banayemera gushika n’aho barangwa n’ubugwaneza mu kwiyegereza Imana Allah banayisenga nk’aho bayibona imbona nkubone. Burya Imana Allah Irakunda abarangwa n’ubugwaneza gushika aho bemera ibinyegejwe ibiremwa nk’aho babibona.
Al-ka’ba, Imana Allah Yayigize ingoro ntagatifu kugira abantu bubahirize ukwemera kwabo mw’iteka n’itekane, Inaziririza gusotorana no kurwana mu mezi matagatifu[32], kwiha na kimwe ku mbagwa hamwe no kwihagira imbagwa mu bitungwa vyagenewe abakene basanzwe bacumbitse i Makka. Izo ngingo zafashwe kugira mumenye neza mu vy’ukuri, ko Imana Allah Izi bikwiye ibiri mu majuru no mw’isi vyose[33], n’uko mu vy’ukuri Imana Allah ari Nyenubumenyikurivyose.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwitwararike kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, n’aho abantu batobumvira. Abahuvye inzira, nta co bazobicira mu gihe mwoguma mu nzira igororotse, mugategeka gukora ivyiza, mukabuza no gukora ibibi. Impera n’imperuka, mwese muzosubira ku Mana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira Ibamenyeshe ivyo mwakoze Inabibahembere.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ukwemeza iragi ry’uwuri ku mpfiro muri mwebwe, gusaba ivyabona bibiri vy’intungane muri mwebwe, canke ivyabona bibiri mu batari abislamu mu gihe hatoboneka abislamu, maze bikababera ivyabona mu kwemeza nya ragi igihe hogira uwushikirwa n’urupfu ari ku rugendo. Ivyo vyabona rero, nimwabigirako amakenga, muraheza mubihagurutse inyuma yo gusenga, canecane isengesho ryo ku muhingamo, biheze birahire kw’Izina ry’Imana Allah mu kwemeza iryo ragi, biti: “Turarahiye ko tutarota twakira igiturire mu kuba ivyabona n’aho twobera ivyabona uwo dusangiye umuryango; n’uko tutazonyegeza na kimwe mu kuri tuzi, tukaba ivyabona vy’ukuri ku bw’Imana Allah; nitwaramuka turenze kuri iyi ndahiro, tuzoba turi mu bacumuye”.
Abasigwa b’umuhisi, nibamenya ko ivyo vyabona bikwiye kwagirizwa icaha co guhemuka mu kutaba ivyabona vy’ukuri canke mu kutemeza iragi nk’uko riri, muraheza muhagurutse ibindi vyabona bibiri mu basigwa b’umuhisi, biheze birahire kw’Izina ry’Imana Allah biti: “Ni ukuri, ivyo twemeza mu kuba ivyabona, ni ivy’ukuri, mbere bikwiye kwemerwa gusumba ivyemejwe n’ivyabona vya mbere, nta kuri twahonyanze mu vyo twemeje; nitwaramuka turenze kuri iyi ndahiro, tuzoba turi mu birenganije mu kurenga amabwirizwa y’Imana Allah”.
Abakunzi mu bigishwa biwe bavuze bati: “Dushaka gufungura ku mfungurwa ziri kuri nya meza, gutyo imitima yacu iturure, duheze tumenye ata makenga ko watubwiye ukuri ku bijanye n’ubutumwa bwawe, twongere tube no mu biboneye n’amaso igitangaro c’iyo meza cemeza ko uri Intumwa”;
Imana Allah Yaramwishuye Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Ndabamanurira iyo meza y’imfungurwa musavye. Inyuma y’imanurwa ryayo rero, uwuzogarariza muri mwebwe Imana Allah n’Intumwa yayo Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aramenya ko mu vy’ukuri Nzomuha ibihano ruhasha ntazohanisha uwundi n’umwe mu biremwa”.
Sinigeze na rimwe ndababwira kiretse ivyo Wantegetse Uti: “Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ni Yo Mana yanje Ikaba n’Imana yanyu Rurema”; igihe cose nari nkiri kumwe na bo rero, nari icabona ku vyo bavuga no ku vyo bakora. Umaze kunderura nkaza iwawe mw’ijuru, ni Wewe gusa Wari Umureretsi w’ivyo bakora kw’isi, ni na Wewe uri Cabonamurivyose, kuko Uzi ivyo bakoze vyose;
Mana Allah! Uramutse ubahaniye ivyo bakoze, bo mu vy’ukuri ni abaja bawe, Urabafiseko uburenganzira; Ubagumirije akabanga ku vyaha vyabo naho, maze ku mpuhwe zawe Ukareka kubihanira uwigaye muri bo, Wewe mu vy’ukuri ni We Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora”.
Imana Allah Izobwira Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Iti: “Uwu musi w’izuka rero, ni umusi w’indishi, aho ukwemera kugirira akamaro imvugakuri mu bemeramana zubahirije amabwirizwa y’Imana Allah. Zarategekanirijwe imirima yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Imana Allah Yarabishimiye, Iraheza Ibakirira ivyiza vyabo, na bo nyene kandi barishimiye indishi y’ivyo bakoze, iyo rero ni yo ntsinzi ihambaye”.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
የፍለጋ ዉጤቶች:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".