Check out the new design

የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ * - የትርጉሞች ማዉጫ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: አል-ማኢዳህ   አንቀጽ:
يُرِيدُونَ أَن يَخۡرُجُواْ مِنَ ٱلنَّارِ وَمَا هُم بِخَٰرِجِينَ مِنۡهَاۖ وَلَهُمۡ عَذَابٞ مُّقِيمٞ
Bashaka gusohoka mu muriro bahunga intureka z’ibihano vyawo, kandi ata buhungiro bwo kuwuvamwo bafise. Baranategekanirijwe ibihano vyamaho.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلسَّارِقُ وَٱلسَّارِقَةُ فَٱقۡطَعُوٓاْ أَيۡدِيَهُمَا جَزَآءَۢ بِمَا كَسَبَا نَكَٰلٗا مِّنَ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Uwivye, yaba umuhungu canke umukobwa, murabaca ibikonjo vyabo mwisunze ibwirizwa ry’Imana Allah, ni co gihano c’abivye ivya murundi badafiseko uburenganzira, cagenwe n’Imana Allah ku guhasha abasuma. Burya Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَمَن تَابَ مِنۢ بَعۡدِ ظُلۡمِهِۦ وَأَصۡلَحَ فَإِنَّ ٱللَّهَ يَتُوبُ عَلَيۡهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٌ
Uwigaye inyuma yo kwiba, akanatunganya ibikorwa vyiwe asabwa n’Imana Allah, mu vy’ukuri Imana Allah Izomubabarira, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَلَمۡ تَعۡلَمۡ أَنَّ ٱللَّهَ لَهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ يُعَذِّبُ مَن يَشَآءُ وَيَغۡفِرُ لِمَن يَشَآءُۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye ko Imana Allah ari Nyenubwami Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo! Ihana uwo Ishatse Ikagumiriza akabanga ku vyaha uwo Ishatse ntibimuhanire, burya Imana Allah ni Mushoboravyose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ يَٰٓأَيُّهَا ٱلرَّسُولُ لَا يَحۡزُنكَ ٱلَّذِينَ يُسَٰرِعُونَ فِي ٱلۡكُفۡرِ مِنَ ٱلَّذِينَ قَالُوٓاْ ءَامَنَّا بِأَفۡوَٰهِهِمۡ وَلَمۡ تُؤۡمِن قُلُوبُهُمۡۛ وَمِنَ ٱلَّذِينَ هَادُواْۛ سَمَّٰعُونَ لِلۡكَذِبِ سَمَّٰعُونَ لِقَوۡمٍ ءَاخَرِينَ لَمۡ يَأۡتُوكَۖ يُحَرِّفُونَ ٱلۡكَلِمَ مِنۢ بَعۡدِ مَوَاضِعِهِۦۖ يَقُولُونَ إِنۡ أُوتِيتُمۡ هَٰذَا فَخُذُوهُ وَإِن لَّمۡ تُؤۡتَوۡهُ فَٱحۡذَرُواْۚ وَمَن يُرِدِ ٱللَّهُ فِتۡنَتَهُۥ فَلَن تَمۡلِكَ لَهُۥ مِنَ ٱللَّهِ شَيۡـًٔاۚ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ لَمۡ يُرِدِ ٱللَّهُ أَن يُطَهِّرَ قُلُوبَهُمۡۚ لَهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا خِزۡيٞۖ وَلَهُمۡ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Ewe Ntumwa y’Imana! Ntukicwe n’intuntu y’abihutira kugarariza ubutumwa bwawe mu bantu b’indyarya bavuze n’akanwa ivyo batemera mu mutima, bati: “Twaremeye”. Nzoheza rero Ndagutere intege ubatsinde. Kandi ntukicwe n’intuntu y’abihutira kugarariza ubutumwa bwawe mu bayahudi bumviriza ikinyoma c’abamenyi muri bo, bakumvira n’abandi bantu batigera bashika mu cicaro cawe, bahindagura amajambo y’Imana Allah uko atari inyuma yo kuyatahura, bagaheza bakavuga bati: “Nimwahabwa na Muhamadi ibihuye n’ivyo twahindaguye muri Tawurati, muravyakira mubigendere; nayo nimwahabwa ibidahuye na vyo, muravyiyubara, ntimubigendere”. Uwo Imana Allah Ishatse kugerageza agahuba, nta na kimwe womushoboza gukora gituma atumbera inzira y’ukuri. Abo ni bo bantu rero mu ndyarya no mu bayahudi, Imana Allah Itashatse kweza imitima yabo ngo ivavanure n’ubugarariji kubera ubugaba bwabo. Barategekanirijwe ubuzima busuzuguza kw’isi, baranategekanirijwe n’ibihano bihambaye mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: አል-ማኢዳህ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - የኪሩንድኛ ትርጉም - ዩሱፍ ግሂቲ - የትርጉሞች ማዉጫ

ተርጎመዋል በዩሱፍ ጋሂቲ። የተሰኘው ከየአፍሪካ ልማት ፋውንዴሽን ነው።

መዝጋት