የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ሙዘሚል   አንቀጽ:

SURATU L-MUZZAMMIL

يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمُزَّمِّلُ
Ewe wizingiriye mu mpuzu!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُمِ ٱلَّيۡلَ إِلَّا قَلِيلٗا
Haguruka usenge mw’ijoro, usigaze umwanya muto wo kuruhuka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
نِّصۡفَهُۥٓ أَوِ ٱنقُصۡ مِنۡهُ قَلِيلًا
Senga igice c’ijoro canke ugabanyeko gato gushika ku ca gatatu caryo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَوۡ زِدۡ عَلَيۡهِ وَرَتِّلِ ٱلۡقُرۡءَانَ تَرۡتِيلًا
Canke wongereko gato gushika ku vya gatatu bibiri, hanyuma usome neza Qor’ani ntagatifu mu bwitonzi, wubahirije amategeko y’ukuntu isomwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا سَنُلۡقِي عَلَيۡكَ قَوۡلٗا ثَقِيلًا
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzokumanurira Qor’ani irimwo amabwirizwa ahambaye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ نَاشِئَةَ ٱلَّيۡلِ هِيَ أَشَدُّ وَطۡـٔٗا وَأَقۡوَمُ قِيلًا
Mu vy’ukuri, ukwiyegereza Imana Allah mu gusenga mw’ijoro, kuratururuza umushaha kurusha, kandi kuratuma utahura neza igisomwa, kuko umuntu muri uwo mwanya, nta buremere n’umwitwarariko w’ivy’isi biba bimuhanze.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ لَكَ فِي ٱلنَّهَارِ سَبۡحٗا طَوِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri ku murango, urafise umwanya munini ukwiye wo gutunganya ivyawe n’ibindi bikorwa vy'ishikirizabutumwa. Kubera ivyo rero, koresha umwanya wo mw’ijoro mu gusenga Imana yawe Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱذۡكُرِ ٱسۡمَ رَبِّكَ وَتَبَتَّلۡ إِلَيۡهِ تَبۡتِيلٗا
Wongere uninahaze Izina ry’Imana yawe Rurema Allah, kandi wamizeko kuyisenga bimwe bivuye ku mutima, unayizere.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
رَّبُّ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ فَٱتَّخِذۡهُ وَكِيلٗا
Imana Allah, ni Yo Mubungabunzi Rugaba w’ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati y’aho, nta mana rero ibwirijwe gusengwa atari Yo Yonyene gusa. Kubera ivyo rero, yizere uheze uyigire Umuhagarikizi wawe muri vyose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱهۡجُرۡهُمۡ هَجۡرٗا جَمِيلٗا
Uheze wihanganire n’ivyo ababangikanyamana bakuvugako, mu kugutyoza wewe hamwe n’idini warungikanwe, maze witandukanye n’ivyo bakora unabirengagize ata gahigihigi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَذَرۡنِي وَٱلۡمُكَذِّبِينَ أُوْلِي ٱلنَّعۡمَةِ وَمَهِّلۡهُمۡ قَلِيلًا
Maze undekere Jewe Allah abahakana Aayah zanje, borohewe mu buzima bwo kw’isi; batenyenyere gato, maze ubandekere vuba bwango bazokwibonerako.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ لَدَيۡنَآ أَنكَالٗا وَجَحِيمٗا
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turafise ibihano Twabateguriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa; ibihano vyo kuboheshwa iminyororo iremereye no guturirwa mu muriro ururumba ata guhesha;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَطَعَامٗا ذَا غُصَّةٖ وَعَذَابًا أَلِيمٗا
N’imfungurwa zihagama uwuziriye, n’ibindi bihano vy’akataraboneka bibabaza cane bibarindiriye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ تَرۡجُفُ ٱلۡأَرۡضُ وَٱلۡجِبَالُ وَكَانَتِ ٱلۡجِبَالُ كَثِيبٗا مَّهِيلًا
Umusi isi hamwe n’imisozi bizogigima, maze imisozi ikaba nk’amaburi y’umusenyi woroshe yayotse.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَآ إِلَيۡكُمۡ رَسُولٗا شَٰهِدًا عَلَيۡكُمۡ كَمَآ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ رَسُولٗا
Bantu b'i Makka! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarabarungikiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira itubere icabona ku bugarariji n’ubugaba bwanyu, nk’uko Twarungikiye Firawuni Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَعَصَىٰ فِرۡعَوۡنُ ٱلرَّسُولَ فَأَخَذۡنَٰهُ أَخۡذٗا وَبِيلٗا
Ni uko rero, Firawuni yarahakanye iyo Ntumwa, ntiyaheza ngo ayemere, Dushoka Tumuhanisha ibihano vy’akarorero[1].
[1] Iyi Aayah, iragabisha uwo wese aca kubiri n’Intumwa akagabitanya, ko ashobora gushikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye Firawuni n’abantu biwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَكَيۡفَ تَتَّقُونَ إِن كَفَرۡتُمۡ يَوۡمٗا يَجۡعَلُ ٱلۡوِلۡدَٰنَ شِيبًا
Mbega none, ni gute mwokwikingira - mu gihe mwobandanya kugarariza - ibihano vy’umusi w’izuka, umusi uzosazisha abana bakamera imvi kubera intureka zawo!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلسَّمَآءُ مُنفَطِرُۢ بِهِۦۚ كَانَ وَعۡدُهُۥ مَفۡعُولًا
Kuri uwo musi, ijuru rizokwata imigaga. Ni isango ry’Imana Allah ritegerezwa gushika nta gisivya.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ هَٰذِهِۦ تَذۡكِرَةٞۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلًا
Mu vy’ukuri, izi Aayah za Qor’ani zigabisha, zirimwo urwibutso ku bantu. Uwushaka kwibuka rero, niyumvire Imana Allah, maze afate inzira igana ku Mana yiwe Rurema Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ إِنَّ رَبَّكَ يَعۡلَمُ أَنَّكَ تَقُومُ أَدۡنَىٰ مِن ثُلُثَيِ ٱلَّيۡلِ وَنِصۡفَهُۥ وَثُلُثَهُۥ وَطَآئِفَةٞ مِّنَ ٱلَّذِينَ مَعَكَۚ وَٱللَّهُ يُقَدِّرُ ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَۚ عَلِمَ أَن لَّن تُحۡصُوهُ فَتَابَ عَلَيۡكُمۡۖ فَٱقۡرَءُواْ مَا تَيَسَّرَ مِنَ ٱلۡقُرۡءَانِۚ عَلِمَ أَن سَيَكُونُ مِنكُم مَّرۡضَىٰ وَءَاخَرُونَ يَضۡرِبُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ يَبۡتَغُونَ مِن فَضۡلِ ٱللَّهِ وَءَاخَرُونَ يُقَٰتِلُونَ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِۖ فَٱقۡرَءُواْ مَا تَيَسَّرَ مِنۡهُۚ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتُواْ ٱلزَّكَوٰةَ وَأَقۡرِضُواْ ٱللَّهَ قَرۡضًا حَسَنٗاۚ وَمَا تُقَدِّمُواْ لِأَنفُسِكُم مِّنۡ خَيۡرٖ تَجِدُوهُ عِندَ ٱللَّهِ هُوَ خَيۡرٗا وَأَعۡظَمَ أَجۡرٗاۚ وَٱسۡتَغۡفِرُواْ ٱللَّهَۖ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمُۢ
Muvugishwamana! Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Irazi ko wewe hari igihe uhaguruka mw’ijoro gusenga umwanya wababa ivya gatatu bibiri vyaryo, ikindi gihe ugasenga igice caryo canke ica gatatu caryo; kandi aho hose uba uri kumwe na bamwe mu ngendanyi zawe. Burya Imana Allah, ni Yo Itunganya ibiringo vy’ijoro n’umurango. Imana Allah rero, Irazi ko mutazoshobora kwubahiriza ibiringo vyo gusenga ijoro ryose, kubera ivyo rero, Iraborohereje. Muraheza rero musome mw’isengesho ryo mw’ijoro, ibisomwa vyoroshe muri Qor’ani. Imana Allah, Irazi ko muri mwebwe hazobamwo abarwaye, abafata ingendo baja kurondera icorirenza mu mpano z’Imana Allah, n’abandi rero baja guharanira idini ryayo. Kubera ivyo rero, murasoma mw'isengesho ryo mu gicugu, ibisomwa biboroheye muri Qor'ani, muheze mutsimbataze n'amasengesho-bwirizwa, mwongere mutange n'ishikanwa-bwirizwa, hanyuma mugurane Imana Allah, ingurane nziza mu gutanga imperezwa ku bwayo. Nta na kimwe rero mutanga ku neza yanyu, kiretse ko muzosanga indishi yaco ku Mana Allah, muzosanga ari ineza n’indishi nyinshi kuruta ivyo mwatanze kw’isi. Nimusabe kandi imbabazi ku Mana Allah mu bihe vyose. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ሙዘሚል
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት