የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ሙደሲር   አንቀጽ:

SURATU L-MUDDATTHIR

يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمُدَّثِّرُ
Ewe wipfutse impuzu!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُمۡ فَأَنذِرۡ
Haguruka ugabishe abantu ku bihano vy’Imana Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَرَبَّكَ فَكَبِّرۡ
Ninahaza wongere ukuze n’Imana yawe Rurema Allah, mu kuyiyegereza mu vyo ukora vyose;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَثِيَابَكَ فَطَهِّرۡ
Sukura n’impuzu zawe ibihumanya kuko isuku ry’ibiboneka riranga isuku ry’umushaha n’ibitaboneka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلرُّجۡزَ فَٱهۡجُرۡ
Bandanya witandukanye n’ibigirwamana vyose ntukavyegere;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَا تَمۡنُن تَسۡتَكۡثِرُ
Kandi ntugatange uzeye gusubirizwa mu ndumane umurengera;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلِرَبِّكَ فَٱصۡبِرۡ
Kubera ugushimwa n’Imana yawe Rurema Allah, niwihanganire ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِذَا نُقِرَ فِي ٱلنَّاقُورِ
Nihavuzwa inzamba ya kabiri yo kuzuka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَذَٰلِكَ يَوۡمَئِذٖ يَوۡمٌ عَسِيرٌ
Uwo musi, ni wo uzoba uremereye cane ku bagarariji;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ غَيۡرُ يَسِيرٖ
Ntuzoborohera na gato kubera ibibazo vy’iharurirwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذَرۡنِي وَمَنۡ خَلَقۡتُ وَحِيدٗا
Ntumwa y’Imana! Ndekera Jewe Allah, uwo Naremye mu nda ya nyina ari wenyene, ata matungo ata n’abana yavukanye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَجَعَلۡتُ لَهُۥ مَالٗا مَّمۡدُودٗا
Ndaheza Ndamuha amatungo menshi amaze kuvuka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَبَنِينَ شُهُودٗا
N’abana bama hambavu yiwe i Makka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَهَّدتُّ لَهُۥ تَمۡهِيدٗا
Ndamworohereza no mu buzima bw’isi, Ndamuhesha n’icubahiro;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ يَطۡمَعُ أَنۡ أَزِيدَ
Hanyuma akipfuza ko Nomwongerereza ku vyo afise, kandi yarangararije!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّآۖ إِنَّهُۥ كَانَ لِأٓيَٰتِنَا عَنِيدٗا
Eka, nateshwe ate, arahumba! Mu vy’ukuri, ni umuntu yama yarwanije Aayah n’ivyemezo vyacu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سَأُرۡهِقُهُۥ صَعُودًا
Nzomuha ibihano bikomakomeye cane ata gahengwe[1].
[1] Uwuvugwa muri izi Aayah, ni umuhakanyi ruhebwa w’i Makka, yitwa Al-Waliid mwene Al-Mughiira. Ibihano yasezeraniwe ng’aho, bitegekanirijwe uwo wese ahakana akarwanya ukuri yivuye inyuma.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهُۥ فَكَّرَ وَقَدَّرَ
Mu vy’ukuri, yaricaye ariyumvira ico yotegekanya, kugira atyoze Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَقُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ
Nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ قُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ
Hanyuma, nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ نَظَرَ
Hanyuma arihweza ico yovuga mu gutyoza Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ عَبَسَ وَبَسَرَ
Araheza arijirirwa mu maso, aranyinyirwa kuko atorohewe kuronka ico yovuga.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ أَدۡبَرَ وَٱسۡتَكۡبَرَ
Hanyuma arirengagiza ukuri n’amanyama menshi ku bwishime;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَقَالَ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ يُؤۡثَرُ
Aca avuga atyoza Qor’ani ati: “Iyi Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari uburozi, Muhamadi yarazwe n’ab’aho hambere;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا قَوۡلُ ٱلۡبَشَرِ
Mu vy’ukuri Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari amajambo yabuye ku bantu b’abakurambere, araheza ayitirira Imana”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
سَأُصۡلِيهِ سَقَرَ
Jewe Allah, Nzomuta mu muriro ubabura.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سَقَرُ
Mbega ni igiki cokumenyesha uwo muriro ubabura ico ari co?
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَا تُبۡقِي وَلَا تَذَرُ
Nta co usigaza utakirigise, nta n’ico urekura ngo gicaruke;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَوَّاحَةٞ لِّلۡبَشَرِ
Ubabura urukoba rw’umubiri mu kanya isase;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عَلَيۡهَا تِسۡعَةَ عَشَرَ
Ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange cumi n’icenda, bakaba ari na bo bajejwe guhana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا جَعَلۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلنَّارِ إِلَّا مَلَٰٓئِكَةٗۖ وَمَا جَعَلۡنَا عِدَّتَهُمۡ إِلَّا فِتۡنَةٗ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ لِيَسۡتَيۡقِنَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَيَزۡدَادَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِيمَٰنٗا وَلَا يَرۡتَابَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَ وَلِيَقُولَ ٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ وَٱلۡكَٰفِرُونَ مَاذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِهَٰذَا مَثَلٗاۚ كَذَٰلِكَ يُضِلُّ ٱللَّهُ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَمَا يَعۡلَمُ جُنُودَ رَبِّكَ إِلَّا هُوَۚ وَمَا هِيَ إِلَّا ذِكۡرَىٰ لِلۡبَشَرِ
Twebwe Allah, ntitwashizeho abacungera uwo muriro, atari abamalayika b’ibihangange. Ntitwanagize ico gitigiri cabo, atari ukugira ngo kibe ikigeragezo ku bagarariji; kugira n’abahawe Igitabu bamenye ko Qor’ani ari ukuri; no kugira ngo ukwemera kw’abemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, kwiyongere; no kugira ngo abahawe Igitabu n’abemeramana ntibasubire gukekeranya mw’idini ku vyerekeye igitigiri c’abamalayika bacungereye Jahannamu[2]; no kugira ngo abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo n’abagarariji, bavuge batangara bati: “Mbega, Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’igitigiri c’abamalayika bacungereye umuriro!”. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse kuko yahisemwo uguhakana, Ikarongora mu nzira yayo uwo Ishatse, kuko yahisemwo ukwemera. Nta n’umwe rero azi igitigiri c’ingabo z’Imana yawe Rurema Allah uko kingana, atari Yo Yonyene ubwayo, kanatsinda uwo muriro wa Jahannamu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu.
[2] Kuko ico gitigiri nyene, ni co kivugwa no mu bindi Bitabu vyamanuwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّا وَٱلۡقَمَرِ
Eka nibateshwe bate, barahumba! Si uko bahakanye Intumwa na Qor’ani! Jewe Allah, Ndarahiye ku kwezi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلَّيۡلِ إِذۡ أَدۡبَرَ
No kw’ijoro iyo bwije hakijima!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلصُّبۡحِ إِذَآ أَسۡفَرَ
No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّهَا لَإِحۡدَى ٱلۡكُبَرِ
Ko mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ari kimwe mu ntureka zihambaye!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
نَذِيرٗا لِّلۡبَشَرِ
Kugira ngo habe igabishwa ry’abantu ku bihano vy’Imana Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لِمَن شَآءَ مِنكُمۡ أَن يَتَقَدَّمَ أَوۡ يَتَأَخَّرَ
Ku wo ari we wese muri mwebwe ashaka gutera intambwe mu kwemera, canke ashaka gutera asubira inyuma mu buhakanyi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡ رَهِينَةٌ
Umuntu wese rero azogirwa ingwati ku vyo yakoze, ntazobohorwa kiretse mu gihe yoba yakoze ibitunganye canke ahanwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡيَمِينِ
Havuyemwo gusa abantu b’iburyo, bazohabwa ibitabu vy’ibikorwa vyabo mu minwe yabo y’iburyo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِي جَنَّٰتٖ يَتَسَآءَلُونَ
Abo rero, ni bo bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, babazanya;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عَنِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Ukuntu abanyavyaha bamerewe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا سَلَكَكُمۡ فِي سَقَرَ
Bazobabaza bati: “Mbega, ni igiki catumye mwinjira mu muriro ubabura wama wegenyejwe?”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ لَمۡ نَكُ مِنَ ٱلۡمُصَلِّينَ
Na bo bazobishura bati: “Tukiri kw’isi, ntitwari mu basenga amasengesho-bwirizwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَمۡ نَكُ نُطۡعِمُ ٱلۡمِسۡكِينَ
Ntitwigeze tunafungurira abakene;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَكُنَّا نَخُوضُ مَعَ ٱلۡخَآئِضِينَ
Twahora dukora n’ivyaha hamwe n’abanyavyaha;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَكُنَّا نُكَذِّبُ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ
Twahora tunahakana ko ata n’umusi w’impera uriho;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
حَتَّىٰٓ أَتَىٰنَا ٱلۡيَقِينُ
Kugeza n’aho dushikiriwe n’urupfu, tukiri nk’uko turi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَمَا تَنفَعُهُمۡ شَفَٰعَةُ ٱلشَّٰفِعِينَ
Kuri uwo musi rero, ivugira ry’abavugira abandi[3] nta co rizobamarira namba.
[3] Mu bamalayika, Intumwa n’abandi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَمَا لَهُمۡ عَنِ ٱلتَّذۡكِرَةِ مُعۡرِضِينَ
Mbega bafashwe n’iki, ko birengagiza kwibutswa n’iyo Qor’ani!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَأَنَّهُمۡ حُمُرٞ مُّسۡتَنفِرَةٞ
Wogira ngo ni imparage zivudutse zitekewe n’ubwoba;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَرَّتۡ مِن قَسۡوَرَةِۭ
Zihunze intambwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلۡ يُرِيدُ كُلُّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُمۡ أَن يُؤۡتَىٰ صُحُفٗا مُّنَشَّرَةٗ
Ahubwo umwe wese muri bo, agomba ko yohabwa Igitabu ciwe bwite, cemeza ko wewe uri Intumwa y’Imana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّاۖ بَل لَّا يَخَافُونَ ٱلۡأٓخِرَةَ
Eka nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bibaza namba, ahubwo ntibatinya ibihano vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa n’iharurirwa, ngo baheze bavyitegurire.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّآ إِنَّهُۥ تَذۡكِرَةٞ
Eka, nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ni urwibutso rukwiye ku wushaka kwibuka.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَمَن شَآءَ ذَكَرَهُۥ
Uwo wese rero ashaka kunyurwa n’iyo Qor’ani, aranyurwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا يَذۡكُرُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ هُوَ أَهۡلُ ٱلتَّقۡوَىٰ وَأَهۡلُ ٱلۡمَغۡفِرَةِ
Ntibazonyurwa atari uko Imana Allah Ibishatse. Ni Yo Nyenugutinywa Ikagamburukirwa, ni na Yo Nyenimbabazi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ሙደሲር
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት