আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-মুদ্দাচ্ছিৰ   আয়াত:

SURATU L-MUDDATTHIR

يَٰٓأَيُّهَا ٱلۡمُدَّثِّرُ
Ewe wipfutse impuzu!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُمۡ فَأَنذِرۡ
Haguruka ugabishe abantu ku bihano vy’Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَرَبَّكَ فَكَبِّرۡ
Ninahaza wongere ukuze n’Imana yawe Rurema Allah, mu kuyiyegereza mu vyo ukora vyose;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَثِيَابَكَ فَطَهِّرۡ
Sukura n’impuzu zawe ibihumanya kuko isuku ry’ibiboneka riranga isuku ry’umushaha n’ibitaboneka;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلرُّجۡزَ فَٱهۡجُرۡ
Bandanya witandukanye n’ibigirwamana vyose ntukavyegere;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَا تَمۡنُن تَسۡتَكۡثِرُ
Kandi ntugatange uzeye gusubirizwa mu ndumane umurengera;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلِرَبِّكَ فَٱصۡبِرۡ
Kubera ugushimwa n’Imana yawe Rurema Allah, niwihanganire ishira mu ngiro ry’amabwirizwa yayo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَإِذَا نُقِرَ فِي ٱلنَّاقُورِ
Nihavuzwa inzamba ya kabiri yo kuzuka;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَذَٰلِكَ يَوۡمَئِذٖ يَوۡمٌ عَسِيرٌ
Uwo musi, ni wo uzoba uremereye cane ku bagarariji;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ غَيۡرُ يَسِيرٖ
Ntuzoborohera na gato kubera ibibazo vy’iharurirwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ذَرۡنِي وَمَنۡ خَلَقۡتُ وَحِيدٗا
Ntumwa y’Imana! Ndekera Jewe Allah, uwo Naremye mu nda ya nyina ari wenyene, ata matungo ata n’abana yavukanye;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَعَلۡتُ لَهُۥ مَالٗا مَّمۡدُودٗا
Ndaheza Ndamuha amatungo menshi amaze kuvuka;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَبَنِينَ شُهُودٗا
N’abana bama hambavu yiwe i Makka;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَهَّدتُّ لَهُۥ تَمۡهِيدٗا
Ndamworohereza no mu buzima bw’isi, Ndamuhesha n’icubahiro;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ يَطۡمَعُ أَنۡ أَزِيدَ
Hanyuma akipfuza ko Nomwongerereza ku vyo afise, kandi yarangararije!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَلَّآۖ إِنَّهُۥ كَانَ لِأٓيَٰتِنَا عَنِيدٗا
Eka, nateshwe ate, arahumba! Mu vy’ukuri, ni umuntu yama yarwanije Aayah n’ivyemezo vyacu;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
سَأُرۡهِقُهُۥ صَعُودًا
Nzomuha ibihano bikomakomeye cane ata gahengwe[1].
[1] Uwuvugwa muri izi Aayah, ni umuhakanyi ruhebwa w’i Makka, yitwa Al-Waliid mwene Al-Mughiira. Ibihano yasezeraniwe ng’aho, bitegekanirijwe uwo wese ahakana akarwanya ukuri yivuye inyuma.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّهُۥ فَكَّرَ وَقَدَّرَ
Mu vy’ukuri, yaricaye ariyumvira ico yotegekanya, kugira atyoze Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَقُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ
Nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ قُتِلَ كَيۡفَ قَدَّرَ
Hanyuma, nyakuvumwa n’Imana Allah! Ukuntu yategekanije iryo tyoza!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ نَظَرَ
Hanyuma arihweza ico yovuga mu gutyoza Qor’ani n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ عَبَسَ وَبَسَرَ
Araheza arijirirwa mu maso, aranyinyirwa kuko atorohewe kuronka ico yovuga.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ أَدۡبَرَ وَٱسۡتَكۡبَرَ
Hanyuma arirengagiza ukuri n’amanyama menshi ku bwishime;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَقَالَ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ يُؤۡثَرُ
Aca avuga atyoza Qor’ani ati: “Iyi Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari uburozi, Muhamadi yarazwe n’ab’aho hambere;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا قَوۡلُ ٱلۡبَشَرِ
Mu vy’ukuri Qor’ani si ikindi, kiretse ko ari amajambo yabuye ku bantu b’abakurambere, araheza ayitirira Imana”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
سَأُصۡلِيهِ سَقَرَ
Jewe Allah, Nzomuta mu muriro ubabura.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سَقَرُ
Mbega ni igiki cokumenyesha uwo muriro ubabura ico ari co?
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَا تُبۡقِي وَلَا تَذَرُ
Nta co usigaza utakirigise, nta n’ico urekura ngo gicaruke;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَوَّاحَةٞ لِّلۡبَشَرِ
Ubabura urukoba rw’umubiri mu kanya isase;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
عَلَيۡهَا تِسۡعَةَ عَشَرَ
Ucungerewe n’abamalayika b’ibihangange cumi n’icenda, bakaba ari na bo bajejwe guhana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا جَعَلۡنَآ أَصۡحَٰبَ ٱلنَّارِ إِلَّا مَلَٰٓئِكَةٗۖ وَمَا جَعَلۡنَا عِدَّتَهُمۡ إِلَّا فِتۡنَةٗ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ لِيَسۡتَيۡقِنَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَيَزۡدَادَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِيمَٰنٗا وَلَا يَرۡتَابَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَ وَلِيَقُولَ ٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ وَٱلۡكَٰفِرُونَ مَاذَآ أَرَادَ ٱللَّهُ بِهَٰذَا مَثَلٗاۚ كَذَٰلِكَ يُضِلُّ ٱللَّهُ مَن يَشَآءُ وَيَهۡدِي مَن يَشَآءُۚ وَمَا يَعۡلَمُ جُنُودَ رَبِّكَ إِلَّا هُوَۚ وَمَا هِيَ إِلَّا ذِكۡرَىٰ لِلۡبَشَرِ
Twebwe Allah, ntitwashizeho abacungera uwo muriro, atari abamalayika b’ibihangange. Ntitwanagize ico gitigiri cabo, atari ukugira ngo kibe ikigeragezo ku bagarariji; kugira n’abahawe Igitabu bamenye ko Qor’ani ari ukuri; no kugira ngo ukwemera kw’abemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, kwiyongere; no kugira ngo abahawe Igitabu n’abemeramana ntibasubire gukekeranya mw’idini ku vyerekeye igitigiri c’abamalayika bacungereye Jahannamu[2]; no kugira ngo abafise indwara y’uburyarya mu mitima yabo n’abagarariji, bavuge batangara bati: “Mbega, Imana Allah Yashatse kuvuga iki mu gutanga aka karorero k’igitigiri c’abamalayika bacungereye umuriro!”. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah, Ihubisha uwo Ishatse kuko yahisemwo uguhakana, Ikarongora mu nzira yayo uwo Ishatse, kuko yahisemwo ukwemera. Nta n’umwe rero azi igitigiri c’ingabo z’Imana yawe Rurema Allah uko kingana, atari Yo Yonyene ubwayo, kanatsinda uwo muriro wa Jahannamu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu.
[2] Kuko ico gitigiri nyene, ni co kivugwa no mu bindi Bitabu vyamanuwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَلَّا وَٱلۡقَمَرِ
Eka nibateshwe bate, barahumba! Si uko bahakanye Intumwa na Qor’ani! Jewe Allah, Ndarahiye ku kwezi!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلَّيۡلِ إِذۡ أَدۡبَرَ
No kw’ijoro iyo bwije hakijima!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلصُّبۡحِ إِذَآ أَسۡفَرَ
No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّهَا لَإِحۡدَى ٱلۡكُبَرِ
Ko mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ari kimwe mu ntureka zihambaye!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
نَذِيرٗا لِّلۡبَشَرِ
Kugira ngo habe igabishwa ry’abantu ku bihano vy’Imana Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِمَن شَآءَ مِنكُمۡ أَن يَتَقَدَّمَ أَوۡ يَتَأَخَّرَ
Ku wo ari we wese muri mwebwe ashaka gutera intambwe mu kwemera, canke ashaka gutera asubira inyuma mu buhakanyi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كُلُّ نَفۡسِۭ بِمَا كَسَبَتۡ رَهِينَةٌ
Umuntu wese rero azogirwa ingwati ku vyo yakoze, ntazobohorwa kiretse mu gihe yoba yakoze ibitunganye canke ahanwe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِلَّآ أَصۡحَٰبَ ٱلۡيَمِينِ
Havuyemwo gusa abantu b’iburyo, bazohabwa ibitabu vy’ibikorwa vyabo mu minwe yabo y’iburyo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فِي جَنَّٰتٖ يَتَسَآءَلُونَ
Abo rero, ni bo bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, babazanya;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
عَنِ ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Ukuntu abanyavyaha bamerewe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَا سَلَكَكُمۡ فِي سَقَرَ
Bazobabaza bati: “Mbega, ni igiki catumye mwinjira mu muriro ubabura wama wegenyejwe?”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قَالُواْ لَمۡ نَكُ مِنَ ٱلۡمُصَلِّينَ
Na bo bazobishura bati: “Tukiri kw’isi, ntitwari mu basenga amasengesho-bwirizwa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَمۡ نَكُ نُطۡعِمُ ٱلۡمِسۡكِينَ
Ntitwigeze tunafungurira abakene;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكُنَّا نَخُوضُ مَعَ ٱلۡخَآئِضِينَ
Twahora dukora n’ivyaha hamwe n’abanyavyaha;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَكُنَّا نُكَذِّبُ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ
Twahora tunahakana ko ata n’umusi w’impera uriho;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
حَتَّىٰٓ أَتَىٰنَا ٱلۡيَقِينُ
Kugeza n’aho dushikiriwe n’urupfu, tukiri nk’uko turi”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَمَا تَنفَعُهُمۡ شَفَٰعَةُ ٱلشَّٰفِعِينَ
Kuri uwo musi rero, ivugira ry’abavugira abandi[3] nta co rizobamarira namba.
[3] Mu bamalayika, Intumwa n’abandi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَمَا لَهُمۡ عَنِ ٱلتَّذۡكِرَةِ مُعۡرِضِينَ
Mbega bafashwe n’iki, ko birengagiza kwibutswa n’iyo Qor’ani!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَأَنَّهُمۡ حُمُرٞ مُّسۡتَنفِرَةٞ
Wogira ngo ni imparage zivudutse zitekewe n’ubwoba;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَرَّتۡ مِن قَسۡوَرَةِۭ
Zihunze intambwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
بَلۡ يُرِيدُ كُلُّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُمۡ أَن يُؤۡتَىٰ صُحُفٗا مُّنَشَّرَةٗ
Ahubwo umwe wese muri bo, agomba ko yohabwa Igitabu ciwe bwite, cemeza ko wewe uri Intumwa y’Imana.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَلَّاۖ بَل لَّا يَخَافُونَ ٱلۡأٓخِرَةَ
Eka nibateshwe bate, barahumba! Si nk’uko bibaza namba, ahubwo ntibatinya ibihano vyo mu buzima bw'inyuma yo gupfa n’iharurirwa, ngo baheze bavyitegurire.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَلَّآ إِنَّهُۥ تَذۡكِرَةٞ
Eka, nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ni urwibutso rukwiye ku wushaka kwibuka.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَمَن شَآءَ ذَكَرَهُۥ
Uwo wese rero ashaka kunyurwa n’iyo Qor’ani, aranyurwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا يَذۡكُرُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُۚ هُوَ أَهۡلُ ٱلتَّقۡوَىٰ وَأَهۡلُ ٱلۡمَغۡفِرَةِ
Ntibazonyurwa atari uko Imana Allah Ibishatse. Ni Yo Nyenugutinywa Ikagamburukirwa, ni na Yo Nyenimbabazi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-মুদ্দাচ্ছিৰ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ