የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ቂያማህ   አንቀጽ:

SURATU L-QIYAAMAH

لَآ أُقۡسِمُ بِيَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ
Jewe Allah, Ndarahiye ku musi w’izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَآ أُقۡسِمُ بِٱلنَّفۡسِ ٱللَّوَّامَةِ
Ndanarahiye no ku mutima winegura kenshi[1]! Ko ibiremwa bizozuka.
[1] Umutima winegura kenshi ku kudakora ibitegetswe, canke ku gukora ibibujijwe bizira, ni umutima w’umwemeramana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَيَحۡسَبُ ٱلۡإِنسَٰنُ أَلَّن نَّجۡمَعَ عِظَامَهُۥ
Mbega, umuntu w’umugarariji yibaza ko Tutazosubira kwegeranya amagufa yiwe inyuma yo gupfa!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلَىٰ قَٰدِرِينَ عَلَىٰٓ أَن نُّسَوِّيَ بَنَانَهُۥ
Vyobuzwa n’iki! Twebwe Allah Tuzosubira kuyegeranya, ahubwo Turashoboye no kuringaniza intoke n’amakanda yazo nk’uko zari ziri imbere yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلۡ يُرِيدُ ٱلۡإِنسَٰنُ لِيَفۡجُرَ أَمَامَهُۥ
Ahubwo rero, umuntu ahakana yivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, ashaka ko yoguma mu vyaha;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَسۡـَٔلُ أَيَّانَ يَوۡمُ ٱلۡقِيَٰمَةِ
Maze akabaza atangara n'itebura n'akantu ati: “Mbega izuka ry’ibiremwa rizoshika ryari!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِذَا بَرِقَ ٱلۡبَصَرُ
Igihe umugarariji yakanutse amaso ku bwoba bw’intureka z’uwo musi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَخَسَفَ ٱلۡقَمَرُ
Ukwezi kukazima, hakaba ubwirakabiri;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَجُمِعَ ٱلشَّمۡسُ وَٱلۡقَمَرُ
Izuba hamwe n’ukwezi bigashirwa hamwe, ntihasubire kuba ijoro n’umurango;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَقُولُ ٱلۡإِنسَٰنُ يَوۡمَئِذٍ أَيۡنَ ٱلۡمَفَرُّ
Kuri uwo musi, umuntu azovuga ati: “Ubuhungiro bwo gukira ibihano buri hehe!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّا لَا وَزَرَ
Muntu! Eka teshwa ute, urahumba! Si nk’uko uvyipfuza, nta buhungiro, eka nta n’ubukiriro;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَىٰ رَبِّكَ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡمُسۡتَقَرُّ
Kuri uwo musi, amaherezo y’ibiremwa vyose n’ubutururo bwavyo, ni ku Mana yawe Rurema Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يُنَبَّؤُاْ ٱلۡإِنسَٰنُ يَوۡمَئِذِۭ بِمَا قَدَّمَ وَأَخَّرَ
Umuntu kuri uwo musi, azomenyeshwa ivyo yakoze vyose; ivyiza n’ibibi, n’ivyo yagizemwo uruhara bigakorwa yarapfuye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بَلِ ٱلۡإِنسَٰنُ عَلَىٰ نَفۡسِهِۦ بَصِيرَةٞ
Ahubwo rero, burya umuntu wenyene ku gatwe kiwe, ni isura ku vyo yakoze n’ivyo atakoze;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَوۡ أَلۡقَىٰ مَعَاذِيرَهُۥ
N’aho yotanga ivyireguzo yisigura ku vyaha yakoze, nta co bizomwungura.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَا تُحَرِّكۡ بِهِۦ لِسَانَكَ لِتَعۡجَلَ بِهِۦٓ
Ntumwa y’Imana! Ntugasubiremwo Qor’ani mu gihe co kuyihishurirwa, imbere yuko umumalayika Jibrili aheraheza, wihutira kuyifata neza ku mutwe ku mpungenge z’uko woyibagira.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ عَلَيۡنَا جَمۡعَهُۥ وَقُرۡءَانَهُۥ
Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Tujejwe kuyitururuza mu mushaha wawe no kugushoboza kuyisoma ku mutwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِذَا قَرَأۡنَٰهُ فَٱتَّبِعۡ قُرۡءَانَهُۥ
Iyo Intumwa yacu Jibrili iyigusomeye rero, ba ukurikirana igisomwa ata kuyiciramwo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ إِنَّ عَلَيۡنَا بَيَانَهُۥ
Hanyuma mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tujejwe kuyigusigurira.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّا بَلۡ تُحِبُّونَ ٱلۡعَاجِلَةَ
Babangikanyamana! Teshwa mute, murahumba! Si nk’uko mwibaza ko ata zuka ry’ibiremwa rihari, ahubwo murakunda ivy’isi bisayangana mukarenza urugero;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَتَذَرُونَ ٱلۡأٓخِرَةَ
Mukareka gukora ivyiza bizobafasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وُجُوهٞ يَوۡمَئِذٖ نَّاضِرَةٌ
Abemeramana kuri uwo musi, bazoba basayangana mu maso, akanyamuneza ku kandi kabasya;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَىٰ رَبِّهَا نَاظِرَةٞ
Baraba bitegereza Imana yabo Rurema Allah ukuri kwamye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَوُجُوهٞ يَوۡمَئِذِۭ بَاسِرَةٞ
Abanyavyaha na bo kuri uwo musi, bazoba bijiriwe mu maso, babihiwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
تَظُنُّ أَن يُفۡعَلَ بِهَا فَاقِرَةٞ
Bazi neza ko bashikiwe n’ibihano vy'agacamugongo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّآ إِذَا بَلَغَتِ ٱلتَّرَاقِيَ
Nateshwe ate, arahumba mu gukunda ivy’ isi! Igihe inkomoko y'ubuzima "Roho" yageze mu muhogo ari ku mpfiro;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقِيلَ مَنۡۜ رَاقٖ
Maze uwuri hafi, akabwirwa n’abari ng’aho ati: “Mbega yemwe, ni nde yomukiza!”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَظَنَّ أَنَّهُ ٱلۡفِرَاقُ
Uwuri ku mpfiro na we azoba yamaze kumenya neza na neza ko hageze gusezera isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلۡتَفَّتِ ٱلسَّاقُ بِٱلسَّاقِ
Maze intureka zo gusezera isi zigahura n’intureka zo gutangura ubuzima bw’inyuma yo gupfa, imirundi igafatana atera akagere ka nyuma.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَىٰ رَبِّكَ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡمَسَاقُ
Kuri uwo musi w'izuka ry'ibiremwa rero, ibiremwa bizoshorerwa ku Mana yawe Rurema Allah[2].
[2] Ibija mu Bwami bw’ijuru, biterwe iteka ryo kubwinjira; ibija mu muriro udahera na vyo nyene, biteterezwe mu kuwinjira.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَا صَدَّقَ وَلَا صَلَّىٰ
Umugarariji, ntiyigeze yemera Intumwa na Qor’ani, eka ntiyigeze anasenga amasengesho-bwirizwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَٰكِن كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ
Ahubwo yarahakanye Qor’ani yivuye inyuma, yirengagiza n’ukwemera Intumwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ ذَهَبَ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ يَتَمَطَّىٰٓ
Hanyuma agenda agana ku muryango wiwe n’amanyama n’ubwirasi n'akantu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَوۡلَىٰ لَكَ فَأَوۡلَىٰ
Muhakanyi! Uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ أَوۡلَىٰ لَكَ فَأَوۡلَىٰٓ
Hanyuma kandi, uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَيَحۡسَبُ ٱلۡإِنسَٰنُ أَن يُتۡرَكَ سُدًى
Mbega, umuhakanyi w’izuka ry’ibiremwa, yibaza ko azokwihozwa akarekwa uko ashaka, ntahabwe amabwirizwa ngo aheze abazwe ko yayubahirije!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَلَمۡ يَكُ نُطۡفَةٗ مِّن مَّنِيّٖ يُمۡنَىٰ
Mbega, ntiyari ima ry’intanga ryakororewe mu gitereko!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ كَانَ عَلَقَةٗ فَخَلَقَ فَسَوَّىٰ
Hanyuma aba amaraso avuze, ni uko rero Imana Allah Iraheza Iramurema, Iraringaniza indemo yiwe n’ibihimba vyiwe; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَجَعَلَ مِنۡهُ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰٓ
Hanyuma Imugiramwo ibitsina bibiri: igitsina-gabo canke igitsina-gore.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَلَيۡسَ ذَٰلِكَ بِقَٰدِرٍ عَلَىٰٓ أَن يُحۡـِۧيَ ٱلۡمَوۡتَىٰ
Mbega Imana Allah Ishoboye gukora ivyo vyose, ntishoboye kuzura abapfuye, Ikabasubiza ubuzima[3]!
[3] Iyo umuntu ahejeje gusoma iyo Aayah, aca avuga yemanga ati: “BALAA INNAHUU LAQAADIRUN ALAA DHAALIK” (Ibuzwa n’iki! Mu vy’ukuri, Irabishoboye pe!).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ቂያማህ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት