ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - الترجمة الكيروندية * - පරිවර්තන පටුන

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: සූරා අල් කියාමා   වාක්‍යය:

SURATU L-QIYAAMAH

لَآ أُقۡسِمُ بِيَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ
Jewe Allah, Ndarahiye ku musi w’izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَآ أُقۡسِمُ بِٱلنَّفۡسِ ٱللَّوَّامَةِ
Ndanarahiye no ku mutima winegura kenshi[1]! Ko ibiremwa bizozuka.
[1] Umutima winegura kenshi ku kudakora ibitegetswe, canke ku gukora ibibujijwe bizira, ni umutima w’umwemeramana.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَيَحۡسَبُ ٱلۡإِنسَٰنُ أَلَّن نَّجۡمَعَ عِظَامَهُۥ
Mbega, umuntu w’umugarariji yibaza ko Tutazosubira kwegeranya amagufa yiwe inyuma yo gupfa!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
بَلَىٰ قَٰدِرِينَ عَلَىٰٓ أَن نُّسَوِّيَ بَنَانَهُۥ
Vyobuzwa n’iki! Twebwe Allah Tuzosubira kuyegeranya, ahubwo Turashoboye no kuringaniza intoke n’amakanda yazo nk’uko zari ziri imbere yo gupfa.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
بَلۡ يُرِيدُ ٱلۡإِنسَٰنُ لِيَفۡجُرَ أَمَامَهُۥ
Ahubwo rero, umuntu ahakana yivuye inyuma izuka ry’ibiremwa, ashaka ko yoguma mu vyaha;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
يَسۡـَٔلُ أَيَّانَ يَوۡمُ ٱلۡقِيَٰمَةِ
Maze akabaza atangara n'itebura n'akantu ati: “Mbega izuka ry’ibiremwa rizoshika ryari!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَإِذَا بَرِقَ ٱلۡبَصَرُ
Igihe umugarariji yakanutse amaso ku bwoba bw’intureka z’uwo musi;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَخَسَفَ ٱلۡقَمَرُ
Ukwezi kukazima, hakaba ubwirakabiri;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَجُمِعَ ٱلشَّمۡسُ وَٱلۡقَمَرُ
Izuba hamwe n’ukwezi bigashirwa hamwe, ntihasubire kuba ijoro n’umurango;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
يَقُولُ ٱلۡإِنسَٰنُ يَوۡمَئِذٍ أَيۡنَ ٱلۡمَفَرُّ
Kuri uwo musi, umuntu azovuga ati: “Ubuhungiro bwo gukira ibihano buri hehe!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَلَّا لَا وَزَرَ
Muntu! Eka teshwa ute, urahumba! Si nk’uko uvyipfuza, nta buhungiro, eka nta n’ubukiriro;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِلَىٰ رَبِّكَ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡمُسۡتَقَرُّ
Kuri uwo musi, amaherezo y’ibiremwa vyose n’ubutururo bwavyo, ni ku Mana yawe Rurema Allah.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
يُنَبَّؤُاْ ٱلۡإِنسَٰنُ يَوۡمَئِذِۭ بِمَا قَدَّمَ وَأَخَّرَ
Umuntu kuri uwo musi, azomenyeshwa ivyo yakoze vyose; ivyiza n’ibibi, n’ivyo yagizemwo uruhara bigakorwa yarapfuye.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
بَلِ ٱلۡإِنسَٰنُ عَلَىٰ نَفۡسِهِۦ بَصِيرَةٞ
Ahubwo rero, burya umuntu wenyene ku gatwe kiwe, ni isura ku vyo yakoze n’ivyo atakoze;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَوۡ أَلۡقَىٰ مَعَاذِيرَهُۥ
N’aho yotanga ivyireguzo yisigura ku vyaha yakoze, nta co bizomwungura.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
لَا تُحَرِّكۡ بِهِۦ لِسَانَكَ لِتَعۡجَلَ بِهِۦٓ
Ntumwa y’Imana! Ntugasubiremwo Qor’ani mu gihe co kuyihishurirwa, imbere yuko umumalayika Jibrili aheraheza, wihutira kuyifata neza ku mutwe ku mpungenge z’uko woyibagira.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ عَلَيۡنَا جَمۡعَهُۥ وَقُرۡءَانَهُۥ
Mu vy’ukuri ni Twebwe Allah, Tujejwe kuyitururuza mu mushaha wawe no kugushoboza kuyisoma ku mutwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَإِذَا قَرَأۡنَٰهُ فَٱتَّبِعۡ قُرۡءَانَهُۥ
Iyo Intumwa yacu Jibrili iyigusomeye rero, ba ukurikirana igisomwa ata kuyiciramwo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ثُمَّ إِنَّ عَلَيۡنَا بَيَانَهُۥ
Hanyuma mu vy’ukuri, ni Twebwe Allah Tujejwe kuyigusigurira.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَلَّا بَلۡ تُحِبُّونَ ٱلۡعَاجِلَةَ
Babangikanyamana! Teshwa mute, murahumba! Si nk’uko mwibaza ko ata zuka ry’ibiremwa rihari, ahubwo murakunda ivy’isi bisayangana mukarenza urugero;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَتَذَرُونَ ٱلۡأٓخِرَةَ
Mukareka gukora ivyiza bizobafasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وُجُوهٞ يَوۡمَئِذٖ نَّاضِرَةٌ
Abemeramana kuri uwo musi, bazoba basayangana mu maso, akanyamuneza ku kandi kabasya;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِلَىٰ رَبِّهَا نَاظِرَةٞ
Baraba bitegereza Imana yabo Rurema Allah ukuri kwamye.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَوُجُوهٞ يَوۡمَئِذِۭ بَاسِرَةٞ
Abanyavyaha na bo kuri uwo musi, bazoba bijiriwe mu maso, babihiwe;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
تَظُنُّ أَن يُفۡعَلَ بِهَا فَاقِرَةٞ
Bazi neza ko bashikiwe n’ibihano vy'agacamugongo.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
كَلَّآ إِذَا بَلَغَتِ ٱلتَّرَاقِيَ
Nateshwe ate, arahumba mu gukunda ivy’ isi! Igihe inkomoko y'ubuzima "Roho" yageze mu muhogo ari ku mpfiro;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَقِيلَ مَنۡۜ رَاقٖ
Maze uwuri hafi, akabwirwa n’abari ng’aho ati: “Mbega yemwe, ni nde yomukiza!”;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَظَنَّ أَنَّهُ ٱلۡفِرَاقُ
Uwuri ku mpfiro na we azoba yamaze kumenya neza na neza ko hageze gusezera isi;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَٱلۡتَفَّتِ ٱلسَّاقُ بِٱلسَّاقِ
Maze intureka zo gusezera isi zigahura n’intureka zo gutangura ubuzima bw’inyuma yo gupfa, imirundi igafatana atera akagere ka nyuma.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِلَىٰ رَبِّكَ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡمَسَاقُ
Kuri uwo musi w'izuka ry'ibiremwa rero, ibiremwa bizoshorerwa ku Mana yawe Rurema Allah[2].
[2] Ibija mu Bwami bw’ijuru, biterwe iteka ryo kubwinjira; ibija mu muriro udahera na vyo nyene, biteterezwe mu kuwinjira.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَلَا صَدَّقَ وَلَا صَلَّىٰ
Umugarariji, ntiyigeze yemera Intumwa na Qor’ani, eka ntiyigeze anasenga amasengesho-bwirizwa;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَٰكِن كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ
Ahubwo yarahakanye Qor’ani yivuye inyuma, yirengagiza n’ukwemera Intumwa;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ثُمَّ ذَهَبَ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ يَتَمَطَّىٰٓ
Hanyuma agenda agana ku muryango wiwe n’amanyama n’ubwirasi n'akantu.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَوۡلَىٰ لَكَ فَأَوۡلَىٰ
Muhakanyi! Uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ثُمَّ أَوۡلَىٰ لَكَ فَأَوۡلَىٰٓ
Hanyuma kandi, uragahanwa n’Imana Allah! Uragahanwa n’Imana Allah!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَيَحۡسَبُ ٱلۡإِنسَٰنُ أَن يُتۡرَكَ سُدًى
Mbega, umuhakanyi w’izuka ry’ibiremwa, yibaza ko azokwihozwa akarekwa uko ashaka, ntahabwe amabwirizwa ngo aheze abazwe ko yayubahirije!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَلَمۡ يَكُ نُطۡفَةٗ مِّن مَّنِيّٖ يُمۡنَىٰ
Mbega, ntiyari ima ry’intanga ryakororewe mu gitereko!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
ثُمَّ كَانَ عَلَقَةٗ فَخَلَقَ فَسَوَّىٰ
Hanyuma aba amaraso avuze, ni uko rero Imana Allah Iraheza Iramurema, Iraringaniza indemo yiwe n’ibihimba vyiwe; kimwe cose aho kigenewe, kibereye;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَجَعَلَ مِنۡهُ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰٓ
Hanyuma Imugiramwo ibitsina bibiri: igitsina-gabo canke igitsina-gore.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَلَيۡسَ ذَٰلِكَ بِقَٰدِرٍ عَلَىٰٓ أَن يُحۡـِۧيَ ٱلۡمَوۡتَىٰ
Mbega Imana Allah Ishoboye gukora ivyo vyose, ntishoboye kuzura abapfuye, Ikabasubiza ubuzima[3]!
[3] Iyo umuntu ahejeje gusoma iyo Aayah, aca avuga yemanga ati: “BALAA INNAHUU LAQAADIRUN ALAA DHAALIK” (Ibuzwa n’iki! Mu vy’ukuri, Irabishoboye pe!).
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
 
අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: සූරා අල් කියාමා
සූරා පටුන පිටු අංක
 
ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - الترجمة الكيروندية - පරිවර්තන පටුන

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

වසන්න