የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል-አንፋል   አንቀጽ:

SURATU L-ANFAAL

يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡأَنفَالِۖ قُلِ ٱلۡأَنفَالُ لِلَّهِ وَٱلرَّسُولِۖ فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَصۡلِحُواْ ذَاتَ بَيۡنِكُمۡۖ وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥٓ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ukuntu iminyago mwanyaze ku rugamba rwa Badri yogaburwa! Babwire uti: “Ingingo y’igaburwa ry’iyo minyago, yega Imana Allah n’Intumwa yayo; Intumwa iyigabura yisunze ibwirizwa ry’Imana Allah. Nimugamburukire rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze mutunganye imigenderanire hagati yanyu ntimucanishwemwo n’iminyago, maze mushishikare mwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo nimwaba muri abemeramana vy’ukuri”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّمَا ٱلۡمُؤۡمِنُونَ ٱلَّذِينَ إِذَا ذُكِرَ ٱللَّهُ وَجِلَتۡ قُلُوبُهُمۡ وَإِذَا تُلِيَتۡ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُهُۥ زَادَتۡهُمۡ إِيمَٰنٗا وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ
Ni ukuri, abemeramana vy’ukuri ni barya iyo havuzwe Imana Allah, imitima yabo ihinda agashitsi; iyo naho basomewe Aayah zayo ziri muri Qor’ani zibongerereza ukwemera ku kwemera basanganwe, kandi bishimikiza Imana yabo Rurema Allah bakayizera;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِينَ يُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ
Abatsimbataza amasengesho ku mwanya wayo, bakanatanga no mu vyo Twabaronkeje.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ حَقّٗاۚ لَّهُمۡ دَرَجَٰتٌ عِندَ رَبِّهِمۡ وَمَغۡفِرَةٞ وَرِزۡقٞ كَرِيمٞ
Abo barangwa n’iyo migenzo rero, ni bo bemeramana vy’ukuri, baragenewe amacumbi yo mu rwego rwo hejuru ku Mana yabo Rurema Allah, hamwe no kubabarirwa ibicumuro vyabo hamwe n’impano yubashwe y’Ubwami bw’ijuru.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَمَآ أَخۡرَجَكَ رَبُّكَ مِنۢ بَيۡتِكَ بِٱلۡحَقِّ وَإِنَّ فَرِيقٗا مِّنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ لَكَٰرِهُونَ
Ihazana ry’ingendanyi kw’igaburwa ry’iminyago, aho Imana Allah Yashinga ingingo y’igaburwa ryayo, ni nk’ihazana ryabo ryo kuja ku rugamba rwa Badri, igihe Imana yawe Rurema Allah Yagutegeka vy’ukuri kuva i Madina ugana ahitwa Badri gutegera ibidandazwa vy’Abakorayishi, n’aho mu vy’ukuri bamwe mu bemeramana batashaka ko mujana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يُجَٰدِلُونَكَ فِي ٱلۡحَقِّ بَعۡدَ مَا تَبَيَّنَ كَأَنَّمَا يُسَاقُونَ إِلَى ٱلۡمَوۡتِ وَهُمۡ يَنظُرُونَ
Bakubazagiza ku vyerekeye indwano ko yohava iba, inyuma y’aho bamaze kumenya neza ko nya ndwano itegerezwa kuba, bari nk’aho boba bashorewe gupfa kandi babona nya rupfu imbere yabo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذۡ يَعِدُكُمُ ٱللَّهُ إِحۡدَى ٱلطَّآئِفَتَيۡنِ أَنَّهَا لَكُمۡ وَتَوَدُّونَ أَنَّ غَيۡرَ ذَاتِ ٱلشَّوۡكَةِ تَكُونُ لَكُمۡ وَيُرِيدُ ٱللَّهُ أَن يُحِقَّ ٱلۡحَقَّ بِكَلِمَٰتِهِۦ وَيَقۡطَعَ دَابِرَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Ngendanyi mubazagiza ku vyerekeye indwano! Nimwibuke igihe Imana Allah Yabaha isezerano ko mutegerezwa kuronka imwe mu ntsinzi zibiri; ukunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye canke ugutsinda urugamba, mugashaka ku bwanyu ko mworonka intsinzi yo kunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye mutabanje kurwana, Imana Allah na Yo Igashaka kugaragaza ukuri kw’ubwislamu, ijambo ryayo na ryo rikaganza mu guhangana n’abagarariji, Igaheza Ikabahonya;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لِيُحِقَّ ٱلۡحَقَّ وَيُبۡطِلَ ٱلۡبَٰطِلَ وَلَوۡ كَرِهَ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Kugira Imana Allah Iheshe icubahiro ubwislamu n’abislamu, Iheze Ikureho ibangikanyamana n’ababangikanyamana n’aho vyoshavuza abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ تَسۡتَغِيثُونَ رَبَّكُمۡ فَٱسۡتَجَابَ لَكُمۡ أَنِّي مُمِدُّكُم بِأَلۡفٖ مِّنَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ مُرۡدِفِينَ
Nimwibuke inema y’Imana Allah kuri mwebwe ku musi w’urugamba rwa Badri, igihe mwitabaza Imana Allah ngo Ibahe intsinzi yo kunesha umwansi wanyu, gutyo Imana Allah Iraheza Irabumvira Iti: “Jewe Allah mu vy’ukuri, Ndabateje intege ingabo z’abamalayika ibihumbi bibiri, baturutse mw’ijuru baza bakurakuranwa”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا جَعَلَهُ ٱللَّهُ إِلَّا بُشۡرَىٰ وَلِتَطۡمَئِنَّ بِهِۦ قُلُوبُكُمۡۚ وَمَا ٱلنَّصۡرُ إِلَّا مِنۡ عِندِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٌ
Imana Allah ntiyabateye intege atari ukugira bibabere ikimenyetso c’inkuru nziza yo kunesha umwansi, no gutururuza imitima yanyu, gutyo muheze mwizere ata mazinda ko ata ntsinzi mushobora gushikako kiretse ko iba iturutse ku Mana Allah, intsinzi burya ntituruka ku butwari canke ku nguvu zanyu. Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubutungane mu vyo Ikora.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ يُغَشِّيكُمُ ٱلنُّعَاسَ أَمَنَةٗ مِّنۡهُ وَيُنَزِّلُ عَلَيۡكُم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ لِّيُطَهِّرَكُم بِهِۦ وَيُذۡهِبَ عَنكُمۡ رِجۡزَ ٱلشَّيۡطَٰنِ وَلِيَرۡبِطَ عَلَىٰ قُلُوبِكُمۡ وَيُثَبِّتَ بِهِ ٱلۡأَقۡدَامَ
Ibuka igihe Imana Allah Yabahunyiriza muri ku rugamba rwa Badri, kugira ngo Ibatekanishe ntimwicwe n’ubwoba bwo gutinya gutsindwa, Ikanabamanurira n’amazi y’imvura asukuye kugira ngo Ibahumanure, Inabeze n’imitima ntirangwe n’inyoshambi za shetani, Inabahe n’ukwihangana ku rugamba, Yongere Ibatsimbataze mukenyere zigume, ntimuhave munyerera urugamba rumaze kureta.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ يُوحِي رَبُّكَ إِلَى ٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ أَنِّي مَعَكُمۡ فَثَبِّتُواْ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْۚ سَأُلۡقِي فِي قُلُوبِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱلرُّعۡبَ فَٱضۡرِبُواْ فَوۡقَ ٱلۡأَعۡنَاقِ وَٱضۡرِبُواْ مِنۡهُمۡ كُلَّ بَنَانٖ
Muvugishwamana! Igihe Imana yawe Rurema Allah Yahishurira abamalayika Irungitse kubatera intege ku rugamba rwa “Badri” Iti: “Jewe Allah, mu vy’ukuri Ndi kumwe na mwe Ndabateye intege. Kubera ivyo rero, genda mutere intege abemeye Imana Allah, Nshoke Ntera n’ubwoba mu mitima y’abagararije”, ni uko rero bemeramana! Nimuce imitwe n’ibikonjo vy’abagarariji;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ شَآقُّواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥۚ وَمَن يُشَاقِقِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ فَإِنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Ivyo vyashikiye abagarariji ku kwimonogoza kwabo mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo. Uwo wese rero yimonogoje mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo, mu vy'ukuri Imana Allah Izomuhana Imuhashe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذَٰلِكُمۡ فَذُوقُوهُ وَأَنَّ لِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابَ ٱلنَّارِ
Bagarariji! Ico ni co gihano canyu, nimucumvirize ng’aha kw’isi. Muranategekanirijwe n’ibihano vyo mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا لَقِيتُمُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ زَحۡفٗا فَلَا تُوَلُّوهُمُ ٱلۡأَدۡبَارَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwahangana imbona nkubone n’abagararije ku rugamba, ntimuzogenze umugongo ngo muhunge, ahubwo murahabera intwari mutsimbatare.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَن يُوَلِّهِمۡ يَوۡمَئِذٖ دُبُرَهُۥٓ إِلَّا مُتَحَرِّفٗا لِّقِتَالٍ أَوۡ مُتَحَيِّزًا إِلَىٰ فِئَةٖ فَقَدۡ بَآءَ بِغَضَبٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَمَأۡوَىٰهُ جَهَنَّمُۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمَصِيرُ
Uwuzogenza umugongo kuri uwo musi, azoba akwiye ishavu ry’Imana Allah, kiretse hamwe yogenza umugongo ashaka kwigobotora ingabo z’abagarariji canke guhungira ku ngabo z’abislamu ziri ku rugamba. Uwuzogenza rero umugongo, ubushikiro bwiwe ni mu muriro wa Jahannamu. Iryo ni ryo herezo ribi cane.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلَمۡ تَقۡتُلُوهُمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ قَتَلَهُمۡۚ وَمَا رَمَيۡتَ إِذۡ رَمَيۡتَ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ رَمَىٰ وَلِيُبۡلِيَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ مِنۡهُ بَلَآءً حَسَنًاۚ إِنَّ ٱللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٞ
Bemeramana! Ntimwishe ababangikanyamana ku rugamba rwa Badri ku bubasha bwanyu, ariko Imana Allah ni Yo Yabashoboje kubica. Eka si na wewe Ntumwa y’Imana wabateye urucekeri mu maso, ariko Imana Allah ni Yo Yagushoboje kubagema mu maso. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Igerageze abemeramana igeragezwa ryiza ribashikana ku ntsinzi, rikanabaduza n’urwego rwo hejuru mu guharanira idini ryayo, Yongere Inabamenyeshe inema zayo kuri bo baheze bayishimire. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenukwumva, Irumva ivyo muserura n’ivyo munyegeza mu mishaha, Irazi ivyankenerwa vy’ibiremwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذَٰلِكُمۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ مُوهِنُ كَيۡدِ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Ivyo vyose rero vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri”, bituruka ku Mana Allah, nta n’inkeka rero ko bitebe bitebuke, Imana Allah Izoca ingoga iburagiza ry’abagarariji gushika baneshejwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِن تَسۡتَفۡتِحُواْ فَقَدۡ جَآءَكُمُ ٱلۡفَتۡحُۖ وَإِن تَنتَهُواْ فَهُوَ خَيۡرٞ لَّكُمۡۖ وَإِن تَعُودُواْ نَعُدۡ وَلَن تُغۡنِيَ عَنكُمۡ فِئَتُكُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَوۡ كَثُرَتۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Bagarariji! Nimwasabira abarenganya abandi igihano ku Mana Allah, nta nkeka ko Imana Allah Yamaze kubumvira igihe Yabahanisha ukuneshwa ku rugamba. Nimwaramuka rero mwisubiyeko mukavavanura n’igarariza ry’Imana Allah, mukanareka kurwanya n’Umuvugishwamana wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ivyo bizoba ari vyiza kuri mwebwe. Nimwongera kurwanya Umuvugishwamana, Tuzosubira Tubatsinde kandi, imigwi yanyu nta na kimwe izoheza ngo ibamarire, n’aho izoba igizwe n’ingabo n’ibirwanisho vyinshi, kanatsinda Imana Allah Iri kumwe n’abemeramana, ntibatana urugamba.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَلَا تَوَلَّوۡاْ عَنۡهُ وَأَنتُمۡ تَسۡمَعُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimubandanye na ntaryo mwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo, ntimuzodohoke kuri iryo yumviramana kandi mwama mwumvise ivyemezo musomerwa muri Qor’ani.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّذِينَ قَالُواْ سَمِعۡنَا وَهُمۡ لَا يَسۡمَعُونَ
Bemeramana! Eka ntimukabe nk’ababangikanyamana n’indyarya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), igihe basomerwa Qor’ani bavuze bati: “Twumvise”, kandi batigeze bategera namba ivyo bumvise ngo babizirikane.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ إِنَّ شَرَّ ٱلدَّوَآبِّ عِندَ ٱللَّهِ ٱلصُّمُّ ٱلۡبُكۡمُ ٱلَّذِينَ لَا يَعۡقِلُونَ
Mu vy’ukuri ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni intumva zazivye amatwi, zitigera zitahura ukuri; zikaba n’ibiragi vyagovye indimi, zitigera zivuga ukuri. Abo rero, ni bo badatahura ngo bubahirize amabwirizwa y’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَوۡ عَلِمَ ٱللَّهُ فِيهِمۡ خَيۡرٗا لَّأَسۡمَعَهُمۡۖ وَلَوۡ أَسۡمَعَهُمۡ لَتَوَلَّواْ وَّهُم مُّعۡرِضُونَ
Iyo Imana Allah Imenya ko barangwa n’iciza, Yari gutuma bumva bagatahura inyigisho za Qor’ani, bagaheza bakanubahiriza n’amabwirizwa yayo. N’iyo Ituma na ho bumva nya nyigisho, bari kugenza umugongo, ntibari kwemera namba n’ibigirankana, birengagiza ukuri bakuzi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱسۡتَجِيبُواْ لِلَّهِ وَلِلرَّسُولِ إِذَا دَعَاكُمۡ لِمَا يُحۡيِيكُمۡۖ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَحُولُ بَيۡنَ ٱلۡمَرۡءِ وَقَلۡبِهِۦ وَأَنَّهُۥٓ إِلَيۡهِ تُحۡشَرُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo mu gihe Ibahamagariye kwubahiriza ukuri guheza kukabaha ubuzima bwiza . Nimumenye ko Imana Allah ari Yo Ishoboye gutera intambamyi hagati y’umuntu n’ivyo umushaha wiwe wipfuza. Mumenye n’uko muzokwegeranirizwa kuri Yo ku musi w’izuka, Igahembera umwe wese ivyo yakoze.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱتَّقُواْ فِتۡنَةٗ لَّا تُصِيبَنَّ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنكُمۡ خَآصَّةٗۖ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Bemeramana! Nimwiyubare igeragezwa ry’ikiza ridashikira gusa ibigaba muri mwebwe , ahubwo riranashikira n’aberanda bari bashoboye gusemerera bakamirira kure ibikorwa n’ivyo bigaba, ariko bakigira ba sindabibazwa, bakirengagiza. Nimumenye kandi ko Imana Allah Ihana Igahasha abaca kubiri n’amabwirizwa yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ أَنتُمۡ قَلِيلٞ مُّسۡتَضۡعَفُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ تَخَافُونَ أَن يَتَخَطَّفَكُمُ ٱلنَّاسُ فَـَٔاوَىٰكُمۡ وَأَيَّدَكُم بِنَصۡرِهِۦ وَرَزَقَكُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Bemeramana! Nimwibuke inema z’Imana Allah kuri mwebwe igihe mwari inkehwa i Makka, mucinyizwa, mutinya ko abagarariji bobanyuruza bakabamarira ku buhomba, maze Imana Allah Ibaha ubuhungiro, mwimukira i Madina, Iranabatera n’intege mutsinda abagarariji ku rugamba rwa “Badri”, Iranabaronsa iminyago kugira muyishimire.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَخُونُواْ ٱللَّهَ وَٱلرَّسُولَ وَتَخُونُوٓاْ أَمَٰنَٰتِكُمۡ وَأَنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugahemukire Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa yayo. Ntimukanihemukire mwebwe nyene mu kudacungera imbitso mwaragijwe n’Imana Allah, kandi muzi neza ko mutegerezwa kuzibungabunga.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَآ أَمۡوَٰلُكُمۡ وَأَوۡلَٰدُكُمۡ فِتۡنَةٞ وَأَنَّ ٱللَّهَ عِندَهُۥٓ أَجۡرٌ عَظِيمٞ
Nimumenye kandi ko amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ari ibigeragezo kuri mwebwe kugira Imenye ko muyishimira canke ko muyirengagiza! Mumenye n’uko ku Mana Allah hari impera nta ngere ku bayigamburukira.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِن تَتَّقُواْ ٱللَّهَ يَجۡعَل لَّكُمۡ فُرۡقَانٗا وَيُكَفِّرۡ عَنكُمۡ سَيِّـَٔاتِكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۗ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwatinya Imana Allah mukareka ivyo Yababujije, mukayigamburukira mugakora n’ivyo Yabategetse, Izobashoboza gutandukanya ukuri n’ikinyoma, Iheze Ibababarire ibicumuro vyanyu, Inabagumirize akabanga ibababarire ivyaha vyanyu. Burya Imana Allah ni Nyeningabirano zihambaye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذۡ يَمۡكُرُ بِكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لِيُثۡبِتُوكَ أَوۡ يَقۡتُلُوكَ أَوۡ يُخۡرِجُوكَۚ وَيَمۡكُرُونَ وَيَمۡكُرُ ٱللَّهُۖ وَٱللَّهُ خَيۡرُ ٱلۡمَٰكِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe abagarariji bategura umugambi mubi w’uko bokugira imbohe, bakakwica canke bakakwangaza, bagategura umugambi wo kukugirira nabi, Imana Allah na Yo Ikabahinyura mu kuburizamwo nya mugambi mubi. Burya Imana Allah ni Yo Mwiza w’abahinyura.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُنَا قَالُواْ قَدۡ سَمِعۡنَا لَوۡ نَشَآءُ لَقُلۡنَا مِثۡلَ هَٰذَآ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Iyo abagarariji basomewe Aayah zacu Twebwe Allah muri Qor’ani, bavuga n’akagagazo bati: “Ni ukuri turamaze kwumva nk’ivyo! Twobishaka, nta nkeka ko twovuga amajambo nka Qor’ani. Iyo Qor’ani udusomera, si ikindi kiretse ko ari imigani y’ab’aho hambere”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذۡ قَالُواْ ٱللَّهُمَّ إِن كَانَ هَٰذَا هُوَ ٱلۡحَقَّ مِنۡ عِندِكَ فَأَمۡطِرۡ عَلَيۡنَا حِجَارَةٗ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ أَوِ ٱئۡتِنَا بِعَذَابٍ أَلِيمٖ
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi igihe ababangikanyamana bavuga n’agahemo bati: “Mana yacu! Ibivugwa na Muhamadi, nivyaba ari ukuri kuvuye iwawe, tumanurire imvura y’urubuye iturutse hejuru, canke duhe igihano kibabaza”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُعَذِّبَهُمۡ وَأَنتَ فِيهِمۡۚ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ مُعَذِّبَهُمۡ وَهُمۡ يَسۡتَغۡفِرُونَ
Ihibambewe! Imana Allah ntiyari kubahana kandi ukiri hamwe na bo. Imana Allah ntiyari no kubahana mu gihe bagisabira imbabazi ivyaha vyabo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا لَهُمۡ أَلَّا يُعَذِّبَهُمُ ٱللَّهُ وَهُمۡ يَصُدُّونَ عَنِ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ وَمَا كَانُوٓاْ أَوۡلِيَآءَهُۥٓۚ إِنۡ أَوۡلِيَآؤُهُۥٓ إِلَّا ٱلۡمُتَّقُونَ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Mbega ni gute batoba bakwiye ibihano vy’Imana Allah kandi baburagiza abemeramana gukikura no gusengera mu musigiti mutagatifu! Kanatsinda ntibari n’abatoni b’Imana Allah. Abatoni b’Imana Allah si abandi kiretse abayitinya bakanayigamburukira, ariko abenshi muri bo ntibatahura.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا كَانَ صَلَاتُهُمۡ عِندَ ٱلۡبَيۡتِ إِلَّا مُكَآءٗ وَتَصۡدِيَةٗۚ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡفُرُونَ
Isengesho ry’ababangikanyamana mu musigiti mutagatifu w’i Makka, ntiryari ikindi kiretse gukobereza no gukoma amashi. Nimwumvirize rero ibihano vy’ukwicwa no kugirwa imbohe vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri” kubera ubugarariji bwanyu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمۡ لِيَصُدُّواْ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ فَسَيُنفِقُونَهَا ثُمَّ تَكُونُ عَلَيۡهِمۡ حَسۡرَةٗ ثُمَّ يُغۡلَبُونَۗ وَٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِلَىٰ جَهَنَّمَ يُحۡشَرُونَ
Mu vy’ukuri, abagararije Imana Allah bakanagabira Intumwa yayo, batanga amatungo yabo batiziganya kugira barwanye idini ry’Imana Allah, no kugira babuze abantu kwinjira mw’idini ryayo. Kubera ivyo rero, bazotanga nya matungo hanyuma baruhire kwicuza, kuko impera n’imperuka bategerezwa kuneshwa. Burya abagarariji bazokwegeranirizwa mu muriro wa Jahannamu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لِيَمِيزَ ٱللَّهُ ٱلۡخَبِيثَ مِنَ ٱلطَّيِّبِ وَيَجۡعَلَ ٱلۡخَبِيثَ بَعۡضَهُۥ عَلَىٰ بَعۡضٖ فَيَرۡكُمَهُۥ جَمِيعٗا فَيَجۡعَلَهُۥ فِي جَهَنَّمَۚ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Ivyo bizogenda ukwo, kugira Imana Allah Itandukanye umubi n’umwiza, gutyo Ikumakumire ababi bose mu muriro wa Jahannamu. Abo bagarariji rero, ni bo bahomvye ubuzima bwabo kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُل لِّلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِن يَنتَهُواْ يُغۡفَرۡ لَهُم مَّا قَدۡ سَلَفَ وَإِن يَعُودُواْ فَقَدۡ مَضَتۡ سُنَّتُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abagarariji ko nibaramuka baretse kugarariza bakanareka kurwanya Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hanyuma bakemera Imana Imwe Rudende Allah, nta nkeka ko Imana Allah Izobagumiriza akabanga Ikabababarira ivyaha vyabo bakoze imbere yuko bemera. Nibasubira kurwanya Imana Allah n’Intumwa yayo naho, ni ukuri Tuzobahana nk’uko Twahanye ab’aho hambere yabo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَٰتِلُوهُمۡ حَتَّىٰ لَا تَكُونَ فِتۡنَةٞ وَيَكُونَ ٱلدِّينُ كُلُّهُۥ لِلَّهِۚ فَإِنِ ٱنتَهَوۡاْ فَإِنَّ ٱللَّهَ بِمَا يَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ
Bemeramana! Nimurwanye ababangikanyamana gushika n’aho ibangikanyamana no kurwanya idini ry’Imana Allah biranduranwa n’imizi, gutyo idini risigare ari idini ry’Imana Allah Yonyene. Nibaramuka rero baretse guhohotera abemeramana, bakanemera Imana Imwe Rudende Allah, mu vy’ukuri burya Imana Allah Irabona neza ivyo bakora, ni Yo Nyenukubona.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِن تَوَلَّوۡاْ فَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ مَوۡلَىٰكُمۡۚ نِعۡمَ ٱلۡمَوۡلَىٰ وَنِعۡمَ ٱلنَّصِيرُ
Nibagenza umugongo naho bakirengagiza ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, bakanashishikara kurwanya idini ryayo, muramenya neza bemeramana ko Imana Allah ari Yo Muhagarikizi Ikaba n’Umutabazi wanyu. Irakaba Umwiza w’abahagarikizi ku batoni bayo, Irakaba n’Umwiza w’abatabazi mu kunesha abansi bayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَا غَنِمۡتُم مِّن شَيۡءٖ فَأَنَّ لِلَّهِ خُمُسَهُۥ وَلِلرَّسُولِ وَلِذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِ إِن كُنتُمۡ ءَامَنتُم بِٱللَّهِ وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَىٰ عَبۡدِنَا يَوۡمَ ٱلۡفُرۡقَانِ يَوۡمَ ٱلۡتَقَى ٱلۡجَمۡعَانِۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ
Bemeramana! Nimumenye kandi ko ikintu ico ari co cose munyaze ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah, ivya bitanu bine vyaco ari ivy’abarurwanye, ica gatanu gisigaye kikagaburwamwo imice itanu: umuce ugenerwa Imana Allah n’Intumwa yayo, uheza ugakoreshwa mw’iterambere rusangi ry’abislamu; uwugenerwa abavandimwe b’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)[1] muri Bene Hashimu na Bene Al-Muttwalib; uw’impfuvyi zitaragera mu bigero; uw’abakene hamwe rero n’uw’abari ku rugendo bakehaniwe n’uburyo. Ivyo rero muravyubahiriza nimwaba mwemera koko Imana Imwe Rudende Allah, mukemera n’ivyo Twebwe Allah Twamanuriye Umuja wacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu bitangaro, iterantege n’intsinzi Yabashikanyeko ku musi Itandukanya ukuri n’ikinyoma ku rugamba rwa Badri, umusi imigwi ibiri ihangana: uw’abemeramana n’uw’ababangikanyamana; burya rero Imana Allah ni Mushoboravyose.
[1] Bagenewe kuronka ku ca gatanu c’iminyago kuko batarekuriwe guhabwa imperezwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ أَنتُم بِٱلۡعُدۡوَةِ ٱلدُّنۡيَا وَهُم بِٱلۡعُدۡوَةِ ٱلۡقُصۡوَىٰ وَٱلرَّكۡبُ أَسۡفَلَ مِنكُمۡۚ وَلَوۡ تَوَاعَدتُّمۡ لَٱخۡتَلَفۡتُمۡ فِي ٱلۡمِيعَٰدِ وَلَٰكِن لِّيَقۡضِيَ ٱللَّهُ أَمۡرٗا كَانَ مَفۡعُولٗا لِّيَهۡلِكَ مَنۡ هَلَكَ عَنۢ بَيِّنَةٖ وَيَحۡيَىٰ مَنۡ حَيَّ عَنۢ بَيِّنَةٖۗ وَإِنَّ ٱللَّهَ لَسَمِيعٌ عَلِيمٌ
Bemeramana! Nimwibuke n’igihe mwari mu kabande kari mu micungararo ya Madina, umwansi wanyu na we ari mu kabande kari hirya yanyu, ico gihe ibitwazi vyikoreye ibidandazwa vyari amaja epfo yanyu ku nkengera z’ibahari ritukura; iyo muhana isango ryo kuhahurira ntimwari kurihurizako, ariko Imana Allah Yarabahuje kw’isango mutari mwiteze kugira Ishitse icagezwe ko Yageneye intsinzi abatoni bayo, n’uko iteterezwa ryo kwicwa no kugirwa imbohe ari iry’abansi bayo. Ivyo vyabaye ukwo, kugira ngo uwuhahonera wese, ahone yamaze kwibonera ivyemezo vy’Imana Allah; uwuharokoka na we nyene, arokoke yamaze kwibonera ivyemezo vyayo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’imigwi yompi; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo iyo migwi ikora n’ivyo izirikana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ يُرِيكَهُمُ ٱللَّهُ فِي مَنَامِكَ قَلِيلٗاۖ وَلَوۡ أَرَىٰكَهُمۡ كَثِيرٗا لَّفَشِلۡتُمۡ وَلَتَنَٰزَعۡتُمۡ فِي ٱلۡأَمۡرِ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ سَلَّمَۚ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ
Muvugishwamana! Ibuka igihe Imana Allah Ikwereka mu ndoto ko igitigiri c’abansi bawe ari gito, ukanabibwira n’abemeramana, gutyo bituma bagira ishaka ryo kuja ku rugamba. Iyo Imana Allah Ikwereka ko igitigiri cabo ari kinini, ingendanyi zawe zari guhazana kuja ku rugamba, bigatuma munanirwa gufata ingingo yo kurujako, ariko rero Imana Allah Yarakinze ntimwananirwa gufata nya ngingo, muraheza murarusimba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi ibinyegejwe mu mishaha.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذۡ يُرِيكُمُوهُمۡ إِذِ ٱلۡتَقَيۡتُمۡ فِيٓ أَعۡيُنِكُمۡ قَلِيلٗا وَيُقَلِّلُكُمۡ فِيٓ أَعۡيُنِهِمۡ لِيَقۡضِيَ ٱللَّهُ أَمۡرٗا كَانَ مَفۡعُولٗاۗ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرۡجَعُ ٱلۡأُمُورُ
Ibuka kandi n’igihe mwahurira n'abansi banyu ku rugamba, Imana Allah Ikabereka ko igitigiri cabo ari gito, gutyo bituma mwubahuka guhangana na bo, na bo nyene Iraheza Ibereka ko igitigiri canyu ari gito kugira ntibitegurire bikwiye kubarwanya. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Ishitse icagezwe ko Yageneye abatoni bayo intsinzi, gutyo ijambo ryayo riganze, iry’abagarariji na ryo riganzwe. Burya rero ku Mana Allah, ni ho ibintu vyose bizosubira kugira Ihembere umwe wese ivyo yakoze.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا لَقِيتُمۡ فِئَةٗ فَٱثۡبُتُواْ وَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرٗا لَّعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwahurira ku rugamba n’abagarariji biteguriye bikwiye kubarwanya, muraheza muhabere intwari, mumere magabo ntimuhunge, munaninahaze mutazire kenshi Imana Allah, mwongere muyisabe Ibatere intege kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَلَا تَنَٰزَعُواْ فَتَفۡشَلُواْ وَتَذۡهَبَ رِيحُكُمۡۖ وَٱصۡبِرُوٓاْۚ إِنَّ ٱللَّهَ مَعَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Muheze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo aho muzoba muri hose, kandi ntimugacanemwo kuko vyobacamwo imigwi, inguvu zanyu na zo zigasanzara, mugashoka munanirwa mugatsindwa. Kubera ivyo rero, ba mwihangana ku rugamba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no mu kubashikana ku ntsinzi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَا تَكُونُواْ كَٱلَّذِينَ خَرَجُواْ مِن دِيَٰرِهِم بَطَرٗا وَرِئَآءَ ٱلنَّاسِ وَيَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ وَٱللَّهُ بِمَا يَعۡمَلُونَ مُحِيطٞ
Ntimukabe rero nk’ababangikanyamana bavuye mu gihugu cabo biyerekana n'amanyama n'akantu, kugira baburagize abantu kwinjira mu bwislamu. Burya Imana Allah, ubumenyi bwayo buhetura ivyo bakora vyose, nta na kimwe Itazi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِذۡ زَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ أَعۡمَٰلَهُمۡ وَقَالَ لَا غَالِبَ لَكُمُ ٱلۡيَوۡمَ مِنَ ٱلنَّاسِ وَإِنِّي جَارٞ لَّكُمۡۖ فَلَمَّا تَرَآءَتِ ٱلۡفِئَتَانِ نَكَصَ عَلَىٰ عَقِبَيۡهِ وَقَالَ إِنِّي بَرِيٓءٞ مِّنكُمۡ إِنِّيٓ أَرَىٰ مَا لَا تَرَوۡنَ إِنِّيٓ أَخَافُ ٱللَّهَۚ وَٱللَّهُ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Bemeramana! Nimwibuke n’igihe shetani yaryohereza ababangikanyamana icabazanye ku rugamba, ikababwira iti: “Uno musi nta n’umwe abanesha, mu vy’ukuri ndi kumwe na mwe, ndabatabara”. Iyo migwi yompi rero hageze ko ihangana, shetani yagenjeje umugongo irisubirako iti: “Mu vy’ukuri, jewe nditandukanije na mwe; ni ukuri, ndabona ivyo mudashoboye kubona mu bamalayika baje gutera intege abemeramana; jewe mu vy’ukuri ndatinya Imana Allah”. Shetani rero yarabataye mu rudubi hanyuma irabihakana. Burya Imana Allah Irahana Igahasha uwugabitanya, mu gihe atisubiyeko ngo yigaye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ يَقُولُ ٱلۡمُنَٰفِقُونَ وَٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٌ غَرَّ هَٰٓؤُلَآءِ دِينُهُمۡۗ وَمَن يَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِ فَإِنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Nimwibuke n’igihe indyarya n’abasinzikajwe mu mitima n’indwara y’ubuhakanyi, babona igitigiri gito c’abemeramana n’igitigiri kinini c’abansi babo, bagaca bavuga bati: “Abislamu bahenzwe n’idini ryabo pe! rirahava ribahonya”. Ico batamenye rero, ni uko uwo wese yishimikije Imana Allah akayizera, Itigera Imuta mu rudubi. Burya Imana Allah mu vy’ukuri, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذۡ يَتَوَفَّى ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ يَضۡرِبُونَ وُجُوهَهُمۡ وَأَدۡبَٰرَهُمۡ وَذُوقُواْ عَذَابَ ٱلۡحَرِيقِ
Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abagarariji bahanwa, ico gihe wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe abamalayika bariko bakura inkomoko y’ubuzima "roho" mu mishaha y’abagarariji bagasezera isi, babakubita mu maso no mu mugongo; bakazonabashinyaguriza bari mu muriro bati: “Nimuhonje rero ibihano vyo guturirwa mu muriro”[2].
[2] Iyi Aayah, n’aho ivuga ku vyashikiye abagarariji ku rugamba rwa Badri, ifata umugarariji uwo ari we wese.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذَٰلِكَ بِمَا قَدَّمَتۡ أَيۡدِيكُمۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ لَيۡسَ بِظَلَّٰمٖ لِّلۡعَبِيدِ
Bagarariji! Ivyo bihano rero vyabashikiye, vyatewe n’ivyo mwakoze ku gatwe kanyu kw’isi, n’uko Imana Allah Itigera Irenganya n’umwe mu biremwa, mu kugabanywa ku vyiza canke mu kurengerezwa ku vyaha; n’aho koba akantu kangana n’inzatsa Izokamuhembera.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَدَأۡبِ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ فَأَخَذَهُمُ ٱللَّهُ بِذُنُوبِهِمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ قَوِيّٞ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Ivyashikiye ababangikanyamana rero kuri uwo musi wa Badri, ni vyo vyashikiye ibigaba mu ntumva z’aho hambere; nk’abantu ba Firawuni n’abo hambere yabo, baragararije Intumwa z’Imana Allah mu guhakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyayo, maze Imana Allah Ica Irabahanira ivyaha vyabo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeninguvu, Irahana Igahasha uwo wese atigaya ku vyaha vyiwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذَٰلِكَ بِأَنَّ ٱللَّهَ لَمۡ يَكُ مُغَيِّرٗا نِّعۡمَةً أَنۡعَمَهَا عَلَىٰ قَوۡمٍ حَتَّىٰ يُغَيِّرُواْ مَا بِأَنفُسِهِمۡ وَأَنَّ ٱللَّهَ سَمِيعٌ عَلِيمٞ
Ivyo biri ukwo rero, kuko Imana Allah Itigera Yaka inema Yahaye abantu, kiretse iyo ari bo babanje guhindura inyifato bakigenza nabi, n’uko Imana Allah mu vy'ukuri ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bikora, Izohembera kimwe cose ivyo cakoze.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَدَأۡبِ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِمۡ فَأَهۡلَكۡنَٰهُم بِذُنُوبِهِمۡ وَأَغۡرَقۡنَآ ءَالَ فِرۡعَوۡنَۚ وَكُلّٞ كَانُواْ ظَٰلِمِينَ
Ivyashikiye rero abagarariji, ni nk’ivyashikiye abantu ba Firawuni bagararije Musa, n’abantu b’aho hambere yabo bagararije Intumwa barungikiwe, gutyo Twebwe Allah Duca Tubahanira ivyaha vyabo. Twaranasomesheje nturi mw’ibahari abantu ba Firawuni. Kandi umugwi wose muri bo, warirenganije mu guhakana Intumwa, mu kugarariza ivyemezo vy’Imana Allah no kuyibangikanya.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ شَرَّ ٱلدَّوَآبِّ عِندَ ٱللَّهِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Mu vy’ukuri, ikiremwa kibi cane ku Mana Allah mu biremwa bigendagenda kw’isi, ni abagarariji batsimbatara ku bugarariji, bakareka kwemera Imana Imwe Rudende Allah mu kutubahiriza amabwirizwa yayo, bakanka no kwemera n’Intumwa zayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِينَ عَٰهَدتَّ مِنۡهُمۡ ثُمَّ يَنقُضُونَ عَهۡدَهُمۡ فِي كُلِّ مَرَّةٖ وَهُمۡ لَا يَتَّقُونَ
Ntumwa y'Imana! Muri ivyo biremwa bibi rero, harimwo n’abayahudi wahaye isezerano ryo kutakurwanya canke kutifadikanya n’uwukurwanya, hanyuma barenga kuri nya sezerano kenshi uko bukeye uko bwije, eka ntibanatinya n’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِمَّا تَثۡقَفَنَّهُمۡ فِي ٱلۡحَرۡبِ فَشَرِّدۡ بِهِم مَّنۡ خَلۡفَهُمۡ لَعَلَّهُمۡ يَذَّكَّرُونَ
Niwaramuka rero uhanganye na bo ku rugamba, urabahana ubahashe vy’akarorero, kugira ngo n’abandi babonereho kutazosubira kurenga ku masezerano.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِمَّا تَخَافَنَّ مِن قَوۡمٍ خِيَانَةٗ فَٱنۢبِذۡ إِلَيۡهِمۡ عَلَىٰ سَوَآءٍۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُحِبُّ ٱلۡخَآئِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Niwatinya naho ko hogira abaguhemukira bitwaza amasezerano mufitaniye, mu gihe wamaze kubona ibimenyetso vy’iryo hemuka, uraheza ubitange mu guhagarika amasezerano mwari mufitaniye. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abahemuka mu kudohoka ku masezerano.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَا يَحۡسَبَنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ سَبَقُوٓاْۚ إِنَّهُمۡ لَا يُعۡجِزُونَ
Abagararije Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah, ntibibaze ko bananiye Imana Allah bakarusimba. Mu vy’ukuri, ntibashobora namba kunanira Imana Allah ngo basimbe ibihano vyayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَعِدُّواْ لَهُم مَّا ٱسۡتَطَعۡتُم مِّن قُوَّةٖ وَمِن رِّبَاطِ ٱلۡخَيۡلِ تُرۡهِبُونَ بِهِۦ عَدُوَّ ٱللَّهِ وَعَدُوَّكُمۡ وَءَاخَرِينَ مِن دُونِهِمۡ لَا تَعۡلَمُونَهُمُ ٱللَّهُ يَعۡلَمُهُمۡۚ وَمَا تُنفِقُواْ مِن شَيۡءٖ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ يُوَفَّ إِلَيۡكُمۡ وَأَنتُمۡ لَا تُظۡلَمُونَ
Bislamu! Muritegurira neza uko mushoboye kwose urugamba rwo guhangana n’abansi banyu, mu gutunganya ingabo n’ibirwanisho kugira ngo mutere ubwoba abansi b’Imana Allah, bakaba ari na bo bansi banyu, mutere ubwoba n’abandi mutaramenya ko ari abansi banyu, ariko Imana Allah Ikaba Ibazi n’ivyo bahishije mu mishaha. Ico ari co cose mutanze rero mu nzira yo guharanira idini ry'Imana Allah, caba gito canke kinini, Imana Allah Izokibasubiriza mu ndumane mukiri kw’isi, Iheze Inakibahembere mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntimuzorenganywa namba.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ وَإِن جَنَحُواْ لِلسَّلۡمِ فَٱجۡنَحۡ لَهَا وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Ntumwa y’Imana! Nibaramuka baretse kubarwanya bagafata inzira y’amahoro, uraheza ufate iyo nzira y’amahoro nyene, kandi wishimikize Imana Allah unayizere. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bazirikana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِن يُرِيدُوٓاْ أَن يَخۡدَعُوكَ فَإِنَّ حَسۡبَكَ ٱللَّهُۚ هُوَ ٱلَّذِيٓ أَيَّدَكَ بِنَصۡرِهِۦ وَبِٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Nibashaka naho kwiyorobeka mu kurondera amahoro ngo bahave baguhinduka mu nyuma, mu vy’ukuri Imana Allah Irakwiye kugira Igukingire inabi yabo, ni Yo Yaguhaye intsinzi Inaguteza ingoga abemeramana[3];
[3] Mu bimukira (Muhaajiriina) no mu basangwa (Answaari).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَلَّفَ بَيۡنَ قُلُوبِهِمۡۚ لَوۡ أَنفَقۡتَ مَا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا مَّآ أَلَّفۡتَ بَيۡنَ قُلُوبِهِمۡ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ أَلَّفَ بَيۡنَهُمۡۚ إِنَّهُۥ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Iraheza Iranabanywanisha inyuma yuko batacana uwaka. N'iyo utanga amatungo yose y’isi kugira ngo ubanywanishe ku bwawe, ntiwari kubishobora namba; ariko rero, Imana Allah Yarabanywanishije Ibahuriza ku kwemera, gutyo baba abavukanyi barangwa n’urukundo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ حَسۡبُكَ ٱللَّهُ وَمَنِ ٱتَّبَعَكَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ewe Muvugishwamana! Imana Allah Irakwiye kugira Igukingire inabi yabo. Eka n’abagukurikiye mu bemeramana barakwiye kugira bagukingire inabi yabo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ حَرِّضِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ عَلَى ٱلۡقِتَالِۚ إِن يَكُن مِّنكُمۡ عِشۡرُونَ صَٰبِرُونَ يَغۡلِبُواْ مِاْئَتَيۡنِۚ وَإِن يَكُن مِّنكُم مِّاْئَةٞ يَغۡلِبُوٓاْ أَلۡفٗا مِّنَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِأَنَّهُمۡ قَوۡمٞ لَّا يَفۡقَهُونَ
Ewe Muvugishwamana! Himiriza abemeramana kurwana batiziganya. Muri mwebwe nihaba harimwo abantu mirongo ibiri bihangana ku rugamba, bazonesha abantu amajana abiri. Nihaba naho harimwo abantu ijana bihangana ku rugamba, bazonesha abantu igihumbi mu babangikanyamana, kuko ababangikanyamana badatahura indishi zagenewe abaharanira idini ry’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلۡـَٰٔنَ خَفَّفَ ٱللَّهُ عَنكُمۡ وَعَلِمَ أَنَّ فِيكُمۡ ضَعۡفٗاۚ فَإِن يَكُن مِّنكُم مِّاْئَةٞ صَابِرَةٞ يَغۡلِبُواْ مِاْئَتَيۡنِۚ وَإِن يَكُن مِّنكُمۡ أَلۡفٞ يَغۡلِبُوٓاْ أَلۡفَيۡنِ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ مَعَ ٱلصَّٰبِرِينَ
Bemeramana! Kuva ubu rero, ku kubera ingoga nke mufise, Imana Allah Iraborohereje; muri mwebwe nihaba harimwo abantu ijana bihangana, bazonesha abantu amajana abiri mu babangikanyamana. Nihaba naho harimwo abantu igihumbi bihangana, bazonesha abantu ibihumbi bibiri ku burenganzira bw’Imana Allah. Burya Imana Allah, Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no kubashikana ku ntsinzi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا كَانَ لِنَبِيٍّ أَن يَكُونَ لَهُۥٓ أَسۡرَىٰ حَتَّىٰ يُثۡخِنَ فِي ٱلۡأَرۡضِۚ تُرِيدُونَ عَرَضَ ٱلدُّنۡيَا وَٱللَّهُ يُرِيدُ ٱلۡأٓخِرَةَۗ وَٱللَّهُ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Ntivyari bibereye namba ko Umuvugishwamana yogira imbohe abamurwanya atabanje kurwana bigacika, abansi bagaheza bakamutinya, idini na ryo rigashinga imizi. Bislamu! Murondera kuronka ivy’isi bigizwe n’imbohozo zitangwa n’abagizwe imbohe ku rugamba rwa Badri, Imana Allah na Yo Ikarondera gutsimbataza idini ryayo rizobashikana ku buzima bwiza bw’inyuma yo gupfa. Burya Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa; Intungane mu vyo Ikora.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَّوۡلَا كِتَٰبٞ مِّنَ ٱللَّهِ سَبَقَ لَمَسَّكُمۡ فِيمَآ أَخَذۡتُمۡ عَذَابٌ عَظِيمٞ
Iyo hataba rero ivyamaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah, ko Yabarekuriye iminyago n’imbohozo z’abagizwe imbohe ku rugamba, mwari guhabwa igihano rutura ku kwihutira gutora iminyago n’imbohozo imbere yuko hashingwa ingingo ivyerekeye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَكُلُواْ مِمَّا غَنِمۡتُمۡ حَلَٰلٗا طَيِّبٗاۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Kuva ubu rero, murarekuriwe gufungura mu minyago n’imbohozo, biri no mu vyiza murekuriwe, mwongere mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ قُل لِّمَن فِيٓ أَيۡدِيكُم مِّنَ ٱلۡأَسۡرَىٰٓ إِن يَعۡلَمِ ٱللَّهُ فِي قُلُوبِكُمۡ خَيۡرٗا يُؤۡتِكُمۡ خَيۡرٗا مِّمَّآ أُخِذَ مِنكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Ewe Muvugishwamana! Bwira abo warekuye mu mbohe zo ku rugamba rwa Badri ziri mu minwe yanyu, uti: “Ntimubabazwe n’imbohozo mwatanze! Imana Allah niyamenya ko imishaha yanyu irangwa n’iciza[4], Izoheza Ibahe ivyiza bisumba imbohozo mwatswe, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntimubihanirwe. Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;
[4] Mu bo Imana Allah Yubahirije iryo sezerano Yabahaye kuko berekanye ko imishaha yabo irangwa n’iciza, ni Al’Abbaasi n’abandi (Imana Allah Ibishimire).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِن يُرِيدُواْ خِيَانَتَكَ فَقَدۡ خَانُواْ ٱللَّهَ مِن قَبۡلُ فَأَمۡكَنَ مِنۡهُمۡۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٌ
Muri izo mbohe warekuye rero, nihagira abashaka kuguhemukira bakakurwanya kandi, ntibizokubabaze ngo ucike intege, mu vy’ukuri baramaze guhemukira Imana Allah imbere y’aho, vyongeye baranakurwanije, maze Imana Allah Iraheza Iragushoboza kubanesha. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibiri mu mishaha, Intungane mu vyo Ikora.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ بِأَمۡوَٰلِهِمۡ وَأَنفُسِهِمۡ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱلَّذِينَ ءَاوَواْ وَّنَصَرُوٓاْ أُوْلَٰٓئِكَ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٖۚ وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَلَمۡ يُهَاجِرُواْ مَا لَكُم مِّن وَلَٰيَتِهِم مِّن شَيۡءٍ حَتَّىٰ يُهَاجِرُواْۚ وَإِنِ ٱسۡتَنصَرُوكُمۡ فِي ٱلدِّينِ فَعَلَيۡكُمُ ٱلنَّصۡرُ إِلَّا عَلَىٰ قَوۡمِۭ بَيۡنَكُمۡ وَبَيۡنَهُم مِّيثَٰقٞۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٞ
Mu vy’ukuri, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu[5], bakanaharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga ubwabo; n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise, bakanatabara idini ry’Imana Allah, abo rero ni bo batabarana vy’ukuri hagati yabo. Nayo abemeye hanyuma ntibimuka ngo bave mu gihugu kibacinyiza, abo ntimutegetswe namba kubatabara gushika bimutse. Nibarenganywa mu kwemera kwabo bakabatabaza, murabitabira mubatabare, kiretse mu gihe borenganywa n’abo musanzwe mufitaniye amasezerano yo kudasotorana, aho ntimuzorenge na gato kuri nya masezerano. Burya Imana Allah, Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona;
[5] Canke bakimukira mu gihugu bishira bakizana mu kwemera kwabo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلِيَآءُ بَعۡضٍۚ إِلَّا تَفۡعَلُوهُ تَكُن فِتۡنَةٞ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَفَسَادٞ كَبِيرٞ
Kukaba nkako rero, n’abagararije baratabarana hagati yabo. Bemeramana! Nimutatabarana rero hagati yanyu, hazoba igeragezwa kw’isi ku bemeramana mu kwemera kwabo, habe n’ubwononyi bwinshi bushingiye kw’iburagizwa ry’abemeramana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَٱلَّذِينَ ءَاوَواْ وَّنَصَرُوٓاْ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ حَقّٗاۚ لَّهُم مَّغۡفِرَةٞ وَرِزۡقٞ كَرِيمٞ
Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bata izabo bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu, banaharanira idini ry’Imana Allah kugira ritsimbatare, n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise bakanabatabara, abo ni bo bemeramana vy’ukuri rero. Bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, ntibabihanirwe; baheze baronke n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنۢ بَعۡدُ وَهَاجَرُواْ وَجَٰهَدُواْ مَعَكُمۡ فَأُوْلَٰٓئِكَ مِنكُمۡۚ وَأُوْلُواْ ٱلۡأَرۡحَامِ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلَىٰ بِبَعۡضٖ فِي كِتَٰبِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمُۢ
N’abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu nyuma y'abo bimukira n’abasangwa, bagaheza bakimuka bagafadikanya na mwe mu guharanira idini ry’Imana Allah, abo na bo nyene baharurwa muri mwebwe abemeramana. Burya incuti mu bavandimwe, zigenda zisumbasumbana mu gutorana hisunzwe ingingo y’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza igitunganye mu gutorana, ni Nyenubumenyikurivyose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል-አንፋል
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት