Check out the new design

আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-আনফাল   আয়াত:
وَٱذۡكُرُوٓاْ إِذۡ أَنتُمۡ قَلِيلٞ مُّسۡتَضۡعَفُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ تَخَافُونَ أَن يَتَخَطَّفَكُمُ ٱلنَّاسُ فَـَٔاوَىٰكُمۡ وَأَيَّدَكُم بِنَصۡرِهِۦ وَرَزَقَكُم مِّنَ ٱلطَّيِّبَٰتِ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Bemeramana! Nimwibuke inema z’Imana Allah kuri mwebwe igihe mwari inkehwa i Makka, mucinyizwa, mutinya ko abagarariji bobanyuruza bakabamarira ku buhomba, maze Imana Allah Ibaha ubuhungiro, mwimukira i Madina, Iranabatera n’intege mutsinda abagarariji ku rugamba rwa “Badri”, Iranabaronsa iminyago kugira muyishimire.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَخُونُواْ ٱللَّهَ وَٱلرَّسُولَ وَتَخُونُوٓاْ أَمَٰنَٰتِكُمۡ وَأَنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimugahemukire Imana Allah n’Intumwa yayo mu kurenga ku mabwirizwa yayo. Ntimukanihemukire mwebwe nyene mu kudacungera imbitso mwaragijwe n’Imana Allah, kandi muzi neza ko mutegerezwa kuzibungabunga.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَآ أَمۡوَٰلُكُمۡ وَأَوۡلَٰدُكُمۡ فِتۡنَةٞ وَأَنَّ ٱللَّهَ عِندَهُۥٓ أَجۡرٌ عَظِيمٞ
Nimumenye kandi ko amatungo yanyu n’ibibondo vyanyu, ari ibigeragezo kuri mwebwe kugira Imenye ko muyishimira canke ko muyirengagiza! Mumenye n’uko ku Mana Allah hari impera nta ngere ku bayigamburukira.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِن تَتَّقُواْ ٱللَّهَ يَجۡعَل لَّكُمۡ فُرۡقَانٗا وَيُكَفِّرۡ عَنكُمۡ سَيِّـَٔاتِكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡۗ وَٱللَّهُ ذُو ٱلۡفَضۡلِ ٱلۡعَظِيمِ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwatinya Imana Allah mukareka ivyo Yababujije, mukayigamburukira mugakora n’ivyo Yabategetse, Izobashoboza gutandukanya ukuri n’ikinyoma, Iheze Ibababarire ibicumuro vyanyu, Inabagumirize akabanga ibababarire ivyaha vyanyu. Burya Imana Allah ni Nyeningabirano zihambaye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذۡ يَمۡكُرُ بِكَ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لِيُثۡبِتُوكَ أَوۡ يَقۡتُلُوكَ أَوۡ يُخۡرِجُوكَۚ وَيَمۡكُرُونَ وَيَمۡكُرُ ٱللَّهُۖ وَٱللَّهُ خَيۡرُ ٱلۡمَٰكِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe abagarariji bategura umugambi mubi w’uko bokugira imbohe, bakakwica canke bakakwangaza, bagategura umugambi wo kukugirira nabi, Imana Allah na Yo Ikabahinyura mu kuburizamwo nya mugambi mubi. Burya Imana Allah ni Yo Mwiza w’abahinyura.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُنَا قَالُواْ قَدۡ سَمِعۡنَا لَوۡ نَشَآءُ لَقُلۡنَا مِثۡلَ هَٰذَآ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Iyo abagarariji basomewe Aayah zacu Twebwe Allah muri Qor’ani, bavuga n’akagagazo bati: “Ni ukuri turamaze kwumva nk’ivyo! Twobishaka, nta nkeka ko twovuga amajambo nka Qor’ani. Iyo Qor’ani udusomera, si ikindi kiretse ko ari imigani y’ab’aho hambere”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِذۡ قَالُواْ ٱللَّهُمَّ إِن كَانَ هَٰذَا هُوَ ٱلۡحَقَّ مِنۡ عِندِكَ فَأَمۡطِرۡ عَلَيۡنَا حِجَارَةٗ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ أَوِ ٱئۡتِنَا بِعَذَابٍ أَلِيمٖ
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi igihe ababangikanyamana bavuga n’agahemo bati: “Mana yacu! Ibivugwa na Muhamadi, nivyaba ari ukuri kuvuye iwawe, tumanurire imvura y’urubuye iturutse hejuru, canke duhe igihano kibabaza”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا كَانَ ٱللَّهُ لِيُعَذِّبَهُمۡ وَأَنتَ فِيهِمۡۚ وَمَا كَانَ ٱللَّهُ مُعَذِّبَهُمۡ وَهُمۡ يَسۡتَغۡفِرُونَ
Ihibambewe! Imana Allah ntiyari kubahana kandi ukiri hamwe na bo. Imana Allah ntiyari no kubahana mu gihe bagisabira imbabazi ivyaha vyabo.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: আল-আনফাল
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - কিকঙ্গো (বান্টু) অনুবাদ- ইউছুফ ঘহীতি - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ইয়াকূব ঘাইটি দ্বাৰা অনুবাদিত। আফ্ৰিকান ডেভেলপমেণ্ট ফাউণ্ডেচনৰ দ্বাৰা প্ৰকাশিত।

বন্ধ