የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ለይል   አንቀጽ:

SURATU LLAYLI

وَٱلَّيۡلِ إِذَا يَغۡشَىٰ
Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijoro iyo ripfutse ibintu vyose kw’isi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلنَّهَارِ إِذَا تَجَلَّىٰ
No ku murango iyo hakeye, hakabona!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا خَلَقَ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰٓ
No kw’irema ry’igitsina-gabo n’igitsina-gore!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ سَعۡيَكُمۡ لَشَتَّىٰ
Bantu! Mu vy’ukuri ibikorwa vyanyu biri kwinshi; muri mwebwe harimwo uwukorera isi, hakabamwo n’uwukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَمَّا مَنۡ أَعۡطَىٰ وَٱتَّقَىٰ
Uwo wese rero azotanga atiziganya mu matungo yiwe ku bw’Imana Allah, akanagamburuka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَصَدَّقَ بِٱلۡحُسۡنَىٰ
Akanemera ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH[1]”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;
[1] Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَسَنُيَسِّرُهُۥ لِلۡيُسۡرَىٰ
Uyo rero Twebwe Allah, Tuzomworohereza mu buzima bwo kw’isi, Tunamushoboze gukora ivyiza bimushikana mu Bwami bw’ijuru.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَمَّا مَنۢ بَخِلَ وَٱسۡتَغۡنَىٰ
Nayo uwuzoba ingumyi mu gutanga, ntanakenere indishi ku Mana Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَكَذَّبَ بِٱلۡحُسۡنَىٰ
Agahakana n’ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH”, ivyo ryigisha, ivyo risaba n’indishi zaryo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَسَنُيَسِّرُهُۥ لِلۡعُسۡرَىٰ
Uyo, Twebwe Allah Tuzomworohereza gukora ibimushikana ku magorwa yo mu muriro udahera;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا يُغۡنِي عَنۡهُ مَالُهُۥٓ إِذَا تَرَدَّىٰٓ
Amatungo yiwe, nta n’ico azomumarira igihe yahanantukiye mu muriro udahera.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ عَلَيۡنَا لَلۡهُدَىٰ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tujejwe kwerekana inzira igororotse iganisha mu Bwami bw’ijuru.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّ لَنَا لَلۡأٓخِرَةَ وَٱلۡأُولَىٰ
Kandi mu vy’ukuri, ni Twe Tugaba Tukaganza ubuzima bw’inyuma yo gupfa n’ubwo kw’isi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَنذَرۡتُكُمۡ نَارٗا تَلَظَّىٰ
Ni na co gituma Ndababuriye - bantu - Ndanabatinyisha n’ibihano vyo mu muriro ururumba.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَا يَصۡلَىٰهَآ إِلَّا ٱلۡأَشۡقَى
Nta wuwinjiramwo ubutavayo atari uwimonogoje mu bugarariji;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِي كَذَّبَ وَتَوَلَّىٰ
Uwuhakana Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), agaheza akagenza umugongo yirengagiza ukwemera Imana Allah n’Intumwa yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَسَيُجَنَّبُهَا ٱلۡأَتۡقَى
Hazokwegezwa kure y’uwo muriro, uwugamburukira Imana Allah bikwiye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِي يُؤۡتِي مَالَهُۥ يَتَزَكَّىٰ
Uwutanga amatungo yiwe ku bw’Imana Allah, arondera kubandanya yiyeza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا لِأَحَدٍ عِندَهُۥ مِن نِّعۡمَةٖ تُجۡزَىٰٓ
Kandi nta n’umwe agirira ineza mu ntumbero yo gusubirizwa mu ndumane;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا ٱبۡتِغَآءَ وَجۡهِ رَبِّهِ ٱلۡأَعۡلَىٰ
Ariko agira ineza arondera gushimwa n’Imana yiwe Rurema Allah, Nyenicubahiro-ntangere.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَسَوۡفَ يَرۡضَىٰ
Kandi nta kibuza ko azoshima impera n’inema zayo mu Bwami bw’ijuru.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ለይል
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት