للإطلاع على الموقع بحلته الجديدة

ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - يوسف غهيتي * - فهرس التراجم

PDF XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: الروم   آية:
وَمِنۡ ءَايَٰتِهِۦٓ أَن تَقُومَ ٱلسَّمَآءُ وَٱلۡأَرۡضُ بِأَمۡرِهِۦۚ ثُمَّ إِذَا دَعَاكُمۡ دَعۡوَةٗ مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ إِذَآ أَنتُمۡ تَخۡرُجُونَ
Biri no mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah Ishoboye, kuba ijuru hamwe n’isi bibungabunzwe kw’itegeko ryayo[7], hanyuma niyabahamagara ku musi w’izuka, ubwo nyene mwese muzovunduruka muzuka muva mu kuzimu.
[7] Mu kuba isi idahungabanya abayibako, no mu kuba ijuru ritagwa kw’isi.
التفاسير العربية:
وَلَهُۥ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ كُلّٞ لَّهُۥ قَٰنِتُونَ
Ni Yo Mugabe w’ibiremwa vyose, ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo[8], vyose biricisha bugufi bikubahiriza itegeko ryayo.
[8] Ibinyabuzima n’ibitari ibinyabuzima.
التفاسير العربية:
وَهُوَ ٱلَّذِي يَبۡدَؤُاْ ٱلۡخَلۡقَ ثُمَّ يُعِيدُهُۥ وَهُوَ أَهۡوَنُ عَلَيۡهِۚ وَلَهُ ٱلۡمَثَلُ ٱلۡأَعۡلَىٰ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَهُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Ni na Yo Yaremye ibiremwa ata co Irinze gufatirako, hanyuma Ikazosubira kubirema bushasha nivyazuka kandi vyaramaze guhona. Iryo remwa bushasha ry’icahonye, riroroshe cane ku Mana Allah kuruta iremwa ry’ikitari bwabeho. Ni Yo rero Iyagwa neza mu majuru no mw’isi mu buryo buberanye n'icubahiro cayo kuko ntitangwako akarorero. Ni na Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
التفاسير العربية:
ضَرَبَ لَكُم مَّثَلٗا مِّنۡ أَنفُسِكُمۡۖ هَل لَّكُم مِّن مَّا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُكُم مِّن شُرَكَآءَ فِي مَا رَزَقۡنَٰكُمۡ فَأَنتُمۡ فِيهِ سَوَآءٞ تَخَافُونَهُمۡ كَخِيفَتِكُمۡ أَنفُسَكُمۡۚ كَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Babangikanyamana! Imana Allah Yarabaciriye agace Ifatiye kuri mwebwe nyene; mbega burya mwokwemera ko mugira mu bo mugaba mukaganza, abo musangira ivyo Twebwe Allah Twabaronkeje, maze mwese mukabigirako ububasha bungana, mugatinya abo mugaba mukaganza ko bobibaganzako nka kurya mutinya abigenga nkamwe ko bobibaganzako[9]! Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Dutomorera ivyemezo vyacu abantu biyumvira bagaheza bagatahura icobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
[9] Nimwaba rero mutokwemera kunganya ububasha ku matungo yanyu n’abo mugaba mukaganza, vyoshoboka gute ko mubangikanya Imana Allah n’ibiremwa Igaba Ikaganza.
التفاسير العربية:
بَلِ ٱتَّبَعَ ٱلَّذِينَ ظَلَمُوٓاْ أَهۡوَآءَهُم بِغَيۡرِ عِلۡمٖۖ فَمَن يَهۡدِي مَنۡ أَضَلَّ ٱللَّهُۖ وَمَا لَهُم مِّن نَّٰصِرِينَ
Ahubwo rero abirenganije mw’ibangikanyamana, bakurikiye ivyipfuzo vyabo ata n’ubumenyi bafise ku kwigana ubuhuvyi bwa ba se. Burya, nta woshobora kurongora abo Imana Allah Yaretse bagahuba ku bugaba bwabo. Abo rero, ntibazoronka mw’isi yose uwubatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah.
التفاسير العربية:
فَأَقِمۡ وَجۡهَكَ لِلدِّينِ حَنِيفٗاۚ فِطۡرَتَ ٱللَّهِ ٱلَّتِي فَطَرَ ٱلنَّاسَ عَلَيۡهَاۚ لَا تَبۡدِيلَ لِخَلۡقِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ ٱلدِّينُ ٱلۡقَيِّمُ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَ ٱلنَّاسِ لَا يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Tumbera Imana Allah, uheze ushishikare wewe hamwe n’abagukurikiye mu kwubahiriza idini ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah. Ukwemera-ndemanwa, Imana Allah Yaremeye abantu, nta cohindura ukwemera-ndemanwa kw’Imana Allah, ni na ryo dini rigororotse rishimwa n’Imana Allah; ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ico wategetswe gukurikira ko ari ryo dini ry’ukuri ry’Imana Allah.
التفاسير العربية:
۞ مُنِيبِينَ إِلَيۡهِ وَٱتَّقُوهُ وَأَقِيمُواْ ٱلصَّلَوٰةَ وَلَا تَكُونُواْ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Muraheza rero mube abigaya kuri Yo, munayigamburukire mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mutsimbataze n’isengesho rikwije ibisabwa, kandi ntimukabe mu babangikanyamana;
التفاسير العربية:
مِنَ ٱلَّذِينَ فَرَّقُواْ دِينَهُمۡ وَكَانُواْ شِيَعٗاۖ كُلُّ حِزۡبِۭ بِمَا لَدَيۡهِمۡ فَرِحُونَ
Mu biciyemwo utugwitugwi mw’idini ryabo, baraheza bubahiriza amwe mu mabwirizwa y’Imana Allah, bahakana bivuye inyuma ayandi bisunze ivyipfuzo vyabo, gutyo haduka utudumbidumbi twisunga ingingo z’abaturongoye, buri kagwi kose muri two kishimira ivyiyumviro vyako gusa.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: الروم
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - يوسف غهيتي - فهرس التراجم

ترجمها يوسف غهيتي. صادرة عن المؤسسة الإفريقية للتنمية.

إغلاق