Abatsimbataza isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, bakemera n’uko hari izurwa n’iharurirwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Ni ukuri, Twarahaye umuja mweranda Luqmaani, ubutore bwo gutumbera ukuri mu mvugo n’ingiro, Turaheza Tumubwira Duti: “Shimira Imana Allah ku nema Yaguhaye”. Uwushimiye rero Imana Allah ku nema Yamuhaye, aba ashimye ku neza yiwe. Nayo uwugararije mu guhakana yivuye inyuma inema zayo, ni ukuri Imana Allah ni Uwikenuye, Yikenuye muri vyose nta co Ikeneye ku biremwa; Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.
Luqmaani yabandanije ahanura umuhungu wiwe ati: “Mwananje! Ikibi canke iciza ukoze, n’aho coba kingana n’urutete rw’ururo, kikaba kiri mw’ibuye riri mu musozi canke aho ari ho hose mu majuru canke mw’isi, menya ko Imana Allah Izokizana ku musi w’izuka maze Ikiguharurire. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa, ni Muhetuziwavyose;
Ntukarabe hirya ngo wirengagize abantu n’amanyama mu gihe co kuganira na bo; kandi ntukagendere kw’isi n’ubwishime ku bantu. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntikunda namba uwishima akirata ku bandi;
Uricisha bugufi mu gutambuka, nturenze ijwi abo muganira. Mu vy’ukuri, ijwi ribi ridakundwa na gato, ni ukuri ni ijwi ry’indogobwe yabira ikarenza urugezo”.
Bantu! Mbega ntimubona ko Imana Allah Yaremye ku neza yanyu ibiri mu majuru[3] n’ibiri mw’isi[4], n’ibindi bitari ivyo, Iraheza Ibakwiragizako inema zayo; iziboneka[5] muri zo n’izitaboneka[6], n’izindi nema rero mutazi Yabategekanirije! Burya mu bantu, harimwo abaharira ku bijanye n’isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, bagaharira mu ntumbero yo kugarariza ata n’ubumenyi canke icemezo bafise, ata n’uburongozi bw’Intumwa Twarungitse bisunze, eka ata n’Igitabu cerekana ukuri kw’ivyo bavuga.
Uwutumbera Imana Allah mu vyo akora vyose, akaba ari n’umugwaneza mu mvugo n’ingiro, ni ukuri azoba yafashe kw’ipfundo rimushikana ku gushimwa n’Imana Allah. Burya, iherezo ry’ibintu vyose riri ku Mana Allah, Izohembera umwumwe wese ico yakoze.
Twebwe Allah, Tuzoheza Tubahe kuryoherwa gato mu buzima bwo kw’isi, hanyuma ku musi w’izuka, Tubashorere mu bihano biremereye vyo mu muriro wa Jahannamu.
Imana Allah, ni Yo Rugaba w’ibiri mu majuru n’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Uwikenuye Yikenuye muri vyose, Nyenugushimwa, Ishimwa ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo mu bihe vyose.
Ivyo vyose rero, bikerekana ubushobozi bw’Imana Allah kugira mumenye ko ari Yo Nyakuri[8]; n’uko ivyo musenga mu gishingo cayo ari irementanya; n’uko Imana Allah ari Yo Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru, Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa.
[8] Ukubaho kwayo n’ibikomoka kuri Yo vyose, ni ukuri, nta makenga canke amazinda ari mu mazina no mu matazirano yayo, kibure mu bumana bwayo.
Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’isango umuhero w’isi uzoshikirako, ni ubw’Imana Allah Yonyene, ni Yo Inatuma imvura igwa igahembura ibiremwa, Irazi n’ikiremwa kikiri mu gitereko, nta kiremwa na kimwe gifise ubuzima kizi ikizokibeshaho ejo, nta n’ikiremwa na kimwe gifise ubuzima kizi isango n’ahantu kizopfira, ivyo vyose bikaba biri gusa mu bumenyi bwayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose.
4. إبقاء معلومات نسخة الترجمة الموجودة داخل المستند.
5. إفادة المصدر (QuranEnc.com) بأي ملاحظة على الترجمة.
6. تطوير الترجمات وفق النسخ الجديدة الصادرة من المصدر (QuranEnc.com).
7. عدم تضمين إعلانات لا تليق بترجمات معاني القرآن الكريم عند العرض.
نتائج البحث:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".