ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: السجدة   آية:

سورة السجدة - SURATU SSAJDA

الٓمٓ
Alif Laam Miim[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
التفاسير العربية:
تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ لَا رَيۡبَ فِيهِ مِن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Iyi Qor’ani yamanuriwe Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), nta makenga ko yamanuwe ivuye ku Mana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
التفاسير العربية:
أَمۡ يَقُولُونَ ٱفۡتَرَىٰهُۚ بَلۡ هُوَ ٱلۡحَقُّ مِن رَّبِّكَ لِتُنذِرَ قَوۡمٗا مَّآ أَتَىٰهُم مِّن نَّذِيرٖ مِّن قَبۡلِكَ لَعَلَّهُمۡ يَهۡتَدُونَ
Ahubwo nyene rero ababangikanyamana, ntibavuga ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yarementanije Qor’ani! Baranguha! Ntumwa y’Imana! Ahubwo Qor’ani, ni kwo kuri wamanuriwe n’Imana yawe Rurema Allah, kugira ugabishe abantu batigeze bashikirwa hambere yawe n’Umugabisha ku bihano vy’Imana Allah, kumbure hari n’aho botumbera inzira igororotse, bagaheza bakakwemera.
التفاسير العربية:
ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ مَا لَكُم مِّن دُونِهِۦ مِن وَلِيّٖ وَلَا شَفِيعٍۚ أَفَلَا تَتَذَكَّرُونَ
Imana Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu[2], hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo[3]. Bantu! Nta muhagarikizi mufise abatunganiriza ivyanyu havuye Imana Allah, eka nta n’uwubavugira mufise yobakurako ibihano vyayo atari ku burenganzira bwayo. Ubwo none, ntimwokwibuka mukamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa!
[2] Imana Allah Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu ku mvo Yo Yonyene Izi, ni na Yo Ishoboye kurema mu kubwira ikintu Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
[3] Uguhangama kw’Imana Allah ntikugereranywa n’uguhangama kw’ibiremwa.
التفاسير العربية:
يُدَبِّرُ ٱلۡأَمۡرَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ثُمَّ يَعۡرُجُ إِلَيۡهِ فِي يَوۡمٖ كَانَ مِقۡدَارُهُۥٓ أَلۡفَ سَنَةٖ مِّمَّا تَعُدُّونَ
Itunganiriza ibiremwa vyose kw’itegeko rivuye mw’ijuru rikamanuka kw’isi, hanyuma nya tegeko rigasubira kuri Yo ku musi ungana n’imyaka igihumbi, mufatiye ku kirangamisi co kw’isi.
التفاسير العربية:
ذَٰلِكَ عَٰلِمُ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ ٱلۡعَزِيزُ ٱلرَّحِيمُ
Iyo Mana Rurema Allah Ishoboye gutunganiriza ibiremwa rero, ni Yo Rumenyi w’ibintu vyose, Irazi ibinyegeje n’ibiboneka, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
التفاسير العربية:
ٱلَّذِيٓ أَحۡسَنَ كُلَّ شَيۡءٍ خَلَقَهُۥۖ وَبَدَأَ خَلۡقَ ٱلۡإِنسَٰنِ مِن طِينٖ
Yatunganije ikintu cose maze Igiha indemo ikibereye, Yatanguye no kurema umuntu ari we Adamu mw’ivu ata co Irinze gufatirako;
التفاسير العربية:
ثُمَّ جَعَلَ نَسۡلَهُۥ مِن سُلَٰلَةٖ مِّن مَّآءٖ مَّهِينٖ
Mu nyuma, Iraheza Igira uruvyaro rwa Adamu kuba rurondoka biciye mw’ima ry’intanga zigayitse;
التفاسير العربية:
ثُمَّ سَوَّىٰهُ وَنَفَخَ فِيهِ مِن رُّوحِهِۦۖ وَجَعَلَ لَكُمُ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡأَبۡصَٰرَ وَٱلۡأَفۡـِٔدَةَۚ قَلِيلٗا مَّا تَشۡكُرُونَ
Hanyuma Itunganya iremwa ry’umuntu mu ndemo ibereye, Iranarungika n’umumalayika amuhuhiramwo inkomoko y’ubuzima “Roho” iturutse kuri Yo. Bant! Yaranabahaye ubushobozi bwo kwumva no kubona, kugira mutandukanye amajwi mwumva n’amabara mubona, n’ibindi; Ibaha n’umushaha kugira mutahure, muheze mumenye gutandukanya iciza n’ikibi. Burya rero mushima gake!
التفاسير العربية:
وَقَالُوٓاْ أَءِذَا ضَلَلۡنَا فِي ٱلۡأَرۡضِ أَءِنَّا لَفِي خَلۡقٖ جَدِيدِۭۚ بَلۡ هُم بِلِقَآءِ رَبِّهِمۡ كَٰفِرُونَ
Ababangikanyamana bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, barinamuye bavuga bati: “Aho ga ntuze, nitwamara gucika ivu mu kuzimu, burya tuzoremwa bushasha tuzuke!”. Ahubwo rero, bamirira kure izurwa ry’ibiremwa, kuko bahakana bivuye inyuma ko batazohura n’Imana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka.
التفاسير العربية:
۞ قُلۡ يَتَوَفَّىٰكُم مَّلَكُ ٱلۡمَوۡتِ ٱلَّذِي وُكِّلَ بِكُمۡ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُمۡ تُرۡجَعُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Umumalayika ajejwe urupfu ari na we abashinzwe, azobakuramwo imishaha ikiringo co kubaho kwanyu nicahera, muce mupfa, hanyuma musubizwe ku Mana yanyu Rurema Allah kugira Ibahembere ivyo mwakoze; ineza ku ciza canke inabi ku kibi”.
التفاسير العربية:
وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذِ ٱلۡمُجۡرِمُونَ نَاكِسُواْ رُءُوسِهِمۡ عِندَ رَبِّهِمۡ رَبَّنَآ أَبۡصَرۡنَا وَسَمِعۡنَا فَٱرۡجِعۡنَا نَعۡمَلۡ صَٰلِحًا إِنَّا مُوقِنُونَ
Muntu! Iyo uba wobona ukuntu abanyavyaha bahakana bivuye inyuma izurwa ry’ibiremwa, bicurikiriye bajumarariwe n’ibiteterwe n’akantu ku Mana Yabo Rurema Allah, ico gihe wobonye igitangaza giteye ubwoba; igihe bavuze bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twabonye ibibi twakoze, twumvise n’ukuri ivyo Intumwa zawe zahora ziturarikira kw’isi, ni ukuri turigaye. Turagusavye rero Udusubize kw’isi maze dukore ivyiza bitegetswe. Mu vy’ukuri, twemeye ata guhigimanga ivyo twahora duhakana twivuye inyuma kw’isi”.
التفاسير العربية:
وَلَوۡ شِئۡنَا لَأٓتَيۡنَا كُلَّ نَفۡسٍ هُدَىٰهَا وَلَٰكِنۡ حَقَّ ٱلۡقَوۡلُ مِنِّي لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنَ ٱلۡجِنَّةِ وَٱلنَّاسِ أَجۡمَعِينَ
Iyo rero Twebwe Allah Dushaka, ni ukuri Twari gushoboza umwumwe wese mu babangikanyamana kwemera, akaba umugororotsi, ariko rero bamaze kwagirwa n’ijambo ry’ukuri rivuye kuri Jewe Allah, ko Ntegerezwa kwuzuza umuriro wa Jahannamu abagarariji bose bakomoka mu bantu no mu majini, kuko bahisemwo ubuhuvyi;
التفاسير العربية:
فَذُوقُواْ بِمَا نَسِيتُمۡ لِقَآءَ يَوۡمِكُمۡ هَٰذَآ إِنَّا نَسِينَٰكُمۡۖ وَذُوقُواْ عَذَابَ ٱلۡخُلۡدِ بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Igihe co gutabwa mu muriro, bazobwirwa ku gashinyaguro n'akantu bati: “Nimwumvirize rero ibihano bitewe n’igotwa ryanyu ryatumye mwibagira kwitegurira umusi wanyu w’izuka, mu vy’ukuri kuri uno musi, Twebwe Allah Turabirengagije, nimwumvirize nyabuna ku vyo mwahora mukora, ibihano vyamaho mu muriro wa Jahannamu”.
التفاسير العربية:
إِنَّمَا يُؤۡمِنُ بِـَٔايَٰتِنَا ٱلَّذِينَ إِذَا ذُكِّرُواْ بِهَا خَرُّواْۤ سُجَّدٗاۤ وَسَبَّحُواْ بِحَمۡدِ رَبِّهِمۡ وَهُمۡ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ۩
Burya, abemera Aayah zacu za Qor’ani bakanagendera vy’ukuri ibirimwo, ni barya iyo bibukijwe canke basomewe nya Aayah, bashoka bubama ku ruhanga, bagaheza muri nya kwubama bagashimagiza Imana yabo Rurema Allah, bayininahaza bayitazira, kandi ntibagira amanyama ngo banke kwubamira Imana Imwe Rudende Allah[4];
[4] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah, uca wubama incuro imwe.
التفاسير العربية:
تَتَجَافَىٰ جُنُوبُهُمۡ عَنِ ٱلۡمَضَاجِعِ يَدۡعُونَ رَبَّهُمۡ خَوۡفٗا وَطَمَعٗا وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ
Baravyuka bakigira kure y’uburiri basenga mu gicugu, basaba Imana yabo Rurema Allah ku gutinya ibihano vyayo, baziga n’indishi kuri Yo; no mu vyo Twabaronkeje, baratanga mu bikorwa vy’igamburukiramana.
التفاسير العربية:
فَلَا تَعۡلَمُ نَفۡسٞ مَّآ أُخۡفِيَ لَهُم مِّن قُرَّةِ أَعۡيُنٖ جَزَآءَۢ بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Nta muntu n’umwe rero azi ivyategekanirijwe abemeramana mu vyiza biri aho vy'akaroruhore, biryoheye ijisho bikeza n’umutima. Iyo, ni yo ndishi ku vyiza bamye bakora kw’isi.
التفاسير العربية:
أَفَمَن كَانَ مُؤۡمِنٗا كَمَن كَانَ فَاسِقٗاۚ لَّا يَسۡتَوُۥنَ
Mbega burya umwemeramana agamburukira Imana Allah akizera n’isezerano ryayo, ni nk’ikigaba kigarariza Imana Allah kigahakana civuye inyuma Intumwa n’umusi w’iherezo! Ihibambewe, ntibanganya ubutore.
التفاسير العربية:
أَمَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ فَلَهُمۡ جَنَّٰتُ ٱلۡمَأۡوَىٰ نُزُلَۢا بِمَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Abemeye rero Imana Allah bagakora n’ivyiza bitegetswe, barategekanirijwe imirima yo mu Bwami bw’ijuru bazoshikiramwo, ni yo ndishi ku vyiza bamye bakora kw’isi;
التفاسير العربية:
وَأَمَّا ٱلَّذِينَ فَسَقُواْ فَمَأۡوَىٰهُمُ ٱلنَّارُۖ كُلَّمَآ أَرَادُوٓاْ أَن يَخۡرُجُواْ مِنۡهَآ أُعِيدُواْ فِيهَا وَقِيلَ لَهُمۡ ذُوقُواْ عَذَابَ ٱلنَّارِ ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ
Nayo ibigaba vyarenze ku mabwirizwa y’Imana Allah, ubushikiro bwavyo ni mu muriro wa Jahannamu. Igihe cose bagerageje kuwuhunga ngo bawuvemwo bazokubitirwa gusubirayo, maze babwirwe n’agashinyaguro n’akantu bati: “Nimwumvirize nyabuna ibihano vy’umuriro mwahora muhakana muvuga ko bitabaho!”.
التفاسير العربية:
وَلَنُذِيقَنَّهُم مِّنَ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَدۡنَىٰ دُونَ ٱلۡعَذَابِ ٱلۡأَكۡبَرِ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Tuzohonja ibigaba bihakana bikarenga ku mabwirizwa yacu, ibihano vy’ubwoko bwose; ibihano bitobito vy’ivyago n’amagorwa kw’isi imbere yuko bihabwa mu muriro ibihano rutura ku musi w’izuka; ivyo bikaba ari mu ntumbero yo kugira vyisubireko bigaruke vyigaye ivyaha vyavyo ku Mana Allah.
التفاسير العربية:
وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن ذُكِّرَ بِـَٔايَٰتِ رَبِّهِۦ ثُمَّ أَعۡرَضَ عَنۡهَآۚ إِنَّا مِنَ ٱلۡمُجۡرِمِينَ مُنتَقِمُونَ
Nta n’umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwibutswa ku vyemezo vy’Imana yiwe Rurema Allah, hanyuma akavyirengagiza. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzokwihora mu guhana ibigaba birenga ku mabwirizwa yacu.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ ءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ فَلَا تَكُن فِي مِرۡيَةٖ مِّن لِّقَآئِهِۦۖ وَجَعَلۡنَٰهُ هُدٗى لِّبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twarahaye Musa Igitabu ca Tawurati nk’uko Twaguhaye Qor’ani; ntugire rero impungenge zo guhura na Musa mu rugendo rw’ijoro n’irerurwa ryo kuduga mw’ijuru. Kukaba nkako, Tawurati Twayigize uburongozi kuri Bene Israyeli.
التفاسير العربية:
وَجَعَلۡنَا مِنۡهُمۡ أَئِمَّةٗ يَهۡدُونَ بِأَمۡرِنَا لَمَّا صَبَرُواْۖ وَكَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يُوقِنُونَ
Twaranagize muri Bene Israyeli indongozi ziganwa n’abandi mw’idini, zikanabararikira kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah. Iryo teka Twaribateye igihe bihanganira kwubahiriza amabwirizwa yacu, bakaba baremera koko n’ivyemezo vyacu.
التفاسير العربية:
إِنَّ رَبَّكَ هُوَ يَفۡصِلُ بَيۡنَهُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ فِيمَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri, ku musi w’izuka, Imana yawe Rurema Allah Izoca urugororotse hagati y’abemeramana n’abagarariji muri Bene Israyeli, no mu yindi migwi y’abantu ku vyo bamye bahazanako mw’idini, hanyuma Ihembere umwumwe wese muri bo ivyo yakoze.
التفاسير العربية:
أَوَلَمۡ يَهۡدِ لَهُمۡ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَبۡلِهِم مِّنَ ٱلۡقُرُونِ يَمۡشُونَ فِي مَسَٰكِنِهِمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٍۚ أَفَلَا يَسۡمَعُونَ
Mbega abahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ntibamenye ko Twebwe Allah Twahoneje hambere yabo imigwi myinshi y’abantu bagarariza, mu gihe birirwa baragendagenda ahahoze imihana yabo, birabira ukuri kwamye ibisigarira vy’ihonywa ryabo! Mu vy’ukuri, muri iryo honywa, ni ukuri harimwo ivyemezo n’inkebuzo vyerekana ukuri kw’Intumwa Twarungitse. Mbega none abahakana Intumwa, ntibokwumva ngo bikebuke!
التفاسير العربية:
أَوَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّا نَسُوقُ ٱلۡمَآءَ إِلَى ٱلۡأَرۡضِ ٱلۡجُرُزِ فَنُخۡرِجُ بِهِۦ زَرۡعٗا تَأۡكُلُ مِنۡهُ أَنۡعَٰمُهُمۡ وَأَنفُسُهُمۡۚ أَفَلَا يُبۡصِرُونَ
Mbega abahakana izurwa ry’ibiremwa, ntibabonye ko Turungika amazi kw’isi yagadutse igacika ubukumbagare, maze Tukanagisha ibiterwa bitandukanye kw’ibara hakoreshejwe ayo mazi, maze ibitungwa vyabo bigaheza bikarisha, na bo nyene bakavyikorako mu kubifungura! Mbega none, ntibabona ivyo vyose ngo baheze bemere ko Imana Allah Ishoboye no kuzura abapfuye!
التفاسير العربية:
وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هَٰذَا ٱلۡفَتۡحُ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Ababangikanyamana bihutira kwisabira ibihano, bakavuga bitangaza bati: “None ni ryari isango ry’uguca urugororotse ruzodutandukanya na mwe abemeramana nimwaba muri imvugakuri!”.
التفاسير العربية:
قُلۡ يَوۡمَ ٱلۡفَتۡحِ لَا يَنفَعُ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِيمَٰنُهُمۡ وَلَا هُمۡ يُنظَرُونَ
Ntumwa y’Imana! Bishure ubabwire uti: “Umusi w’ukubacira urugororotse mugaheza mugahanwa, ni igihe mwashikiwe n’urupfu, aho ukwemera kw’abagararije muri ico gihe ata co kuzobamarira, eka ntibazohabwa n’akanya ngo bigaye ivyaha vyabo”.
التفاسير العربية:
فَأَعۡرِضۡ عَنۡهُمۡ وَٱنتَظِرۡ إِنَّهُم مُّنتَظِرُونَ
Ntumwa y’Imana! Birabishe amaso, wirengagize ibangamira ry’ababangikanyamana, uheze urindire ico bagiye kwibonerako, mu vy’ukuri na bo nyene ntibicaye, bararindiriye mu kubatega imisi y’akaga, ariko rero Imana Allah Izobatetereza.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: السجدة
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق