ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: الأحزاب   آية:

سورة الأحزاب - SURATU L-AHZAAB

يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ ٱتَّقِ ٱللَّهَ وَلَا تُطِعِ ٱلۡكَٰفِرِينَ وَٱلۡمُنَٰفِقِينَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمٗا
Ewe Muvugishwamana! Shishikara ugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, kugira ubere akarorero keza abemeramana, kandi ntukumvire abagarariji n’indyarya. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.
التفاسير العربية:
وَٱتَّبِعۡ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٗا
Uraheza rero ukurikire ivyo uhishurirwa n’Imana yawe Rurema muri Qor’ani hamwe n’imigenzo myiza. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye Izi ivyo mukora vyose, ni Yo Muhetuziwavyose.
التفاسير العربية:
وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ وَكِيلٗا
Ishimikize Imana Allah mu kuyizera mu vyawe vyose unayiture, burya Imana Allah Irakwiye kuba Umuhagarikizi w’uwuyizeye.
التفاسير العربية:
مَّا جَعَلَ ٱللَّهُ لِرَجُلٖ مِّن قَلۡبَيۡنِ فِي جَوۡفِهِۦۚ وَمَا جَعَلَ أَزۡوَٰجَكُمُ ٱلَّٰٓـِٔي تُظَٰهِرُونَ مِنۡهُنَّ أُمَّهَٰتِكُمۡۚ وَمَا جَعَلَ أَدۡعِيَآءَكُمۡ أَبۡنَآءَكُمۡۚ ذَٰلِكُمۡ قَوۡلُكُم بِأَفۡوَٰهِكُمۡۖ وَٱللَّهُ يَقُولُ ٱلۡحَقَّ وَهُوَ يَهۡدِي ٱلسَّبِيلَ
Imana Allah, ntiyigeze Ishira mu gikiriza c’umugabo n’umwe imishaha ibiri, kandi ntiyigeze Igira n’abakenyezi banyu muziririza mu ndahiro[1], kuba ba nyoko basanzwe bazira kuri mwebwe kubabira, ntiyigeze Inagira abana mureze, kuba abana banyu bwite[2]. Iryo ziririzwa ry’abakenyezi n’iry’ukwiyomekera abana mureze, ni iryo mwishingira bivuye mu kanwa kanyu gusa, nta ngingo n’imwe y’Imana Allah rishingiyeko. Burya, Imana Allah Ivuga ukuri, Ikanarongora mu nzira igororotse.
[1] Ukuziririza umukenyezi mu ndahiro, ni kurya umugabo abwira umugore wiwe ati: “Wewe kuri jewe uri ikizira nko gusubira ku mugongo w’umuvyeyi wanje amvyara; gusubira kw’ibere”. Muri ico gihe rero nya mugore aca aba ikizira kuri we nka nyina amuvyara. Iyo ngingo yubahirizwa ukwo imbere yuko ubwislamu buza, mu nyuma rero iyo ngingo yahavuye ihagarikwa kuko ishingiye ku kinyoma mu kuziririza ibitaziririjwe n’Imana Allah.
[2] Mu bijanye n’ibizira canke ibirekuwe kuri mwebwe; nko mu gutorana canke mu kwabirana.
التفاسير العربية:
ٱدۡعُوهُمۡ لِأٓبَآئِهِمۡ هُوَ أَقۡسَطُ عِندَ ٱللَّهِۚ فَإِن لَّمۡ تَعۡلَمُوٓاْ ءَابَآءَهُمۡ فَإِخۡوَٰنُكُمۡ فِي ٱلدِّينِ وَمَوَٰلِيكُمۡۚ وَلَيۡسَ عَلَيۡكُمۡ جُنَاحٞ فِيمَآ أَخۡطَأۡتُم بِهِۦ وَلَٰكِن مَّا تَعَمَّدَتۡ قُلُوبُكُمۡۚ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمًا
Abana mureze rero, murabitirira amazina ya ba se babavyara, ico ni co ciza kandi ni na bwo butungane buva ku Mana Allah. Nimutamenya amazina ya ba se babavyara, muri ico gihe, murabita benewanyu mw’idini n’abanywanyi banyu. Nta n’icaha kuri mwebwe kiri mu vyo mwakosheje mutabigize nkana, ariko Imana Allah Ibahanira ivyo mugize nkana. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
ٱلنَّبِيُّ أَوۡلَىٰ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ مِنۡ أَنفُسِهِمۡۖ وَأَزۡوَٰجُهُۥٓ أُمَّهَٰتُهُمۡۗ وَأُوْلُواْ ٱلۡأَرۡحَامِ بَعۡضُهُمۡ أَوۡلَىٰ بِبَعۡضٖ فِي كِتَٰبِ ٱللَّهِ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُهَٰجِرِينَ إِلَّآ أَن تَفۡعَلُوٓاْ إِلَىٰٓ أَوۡلِيَآئِكُم مَّعۡرُوفٗاۚ كَانَ ذَٰلِكَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مَسۡطُورٗا
Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), akwiye kwitwararikwa n’abemeramana mu bijanye n’idini n’ubuzima bwo kw’isi, kurusha uko bitwararika ubuzima bwabo. Abakenyezi biwe na bo, ni ba kizira ku bemeramana nka ba nyina babavyara; ntibarekuriwe kubabira mu nyuma yiwe[3]. Incuti zisangiye amaraso mu bislamu, ni zo zikwiye gutorana hagati yazo hisunzwe ingingo z’Imana Allah ziri mu Gitabu, ha gutorana hagati y’abislamu hisunzwe ubucuti bushingiye ku kwemera no ku kwimukira i Madina[4]; kiretse mu gihe mwoshima guha ku bisigi abo mudasangiye amaraso mu bislamu ku bugwaneza. Iyo ngingo rero, yaramaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.
[3] Iyi Aayah, yigisha umwislamu ko abwirizwa gukunda Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kurusha uko yikunda, maze akamwumvira bikwiye; abwirizwa no kwubaha akubahiriza n’abakenyezi biwe; ntabatyoze canke ngo abatuke.
[4] Mu ntango y’ubwislamu, abislamu batorana hagati yabo bisunze ubucuti bwo kwemera no kwimukira i Madina. Iyi ngingo rero, yakuweho n’ingingo zitunganya itorana hagati yabo hisunzwe ubucuti bw’amaraso.
التفاسير العربية:
وَإِذۡ أَخَذۡنَا مِنَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ مِيثَٰقَهُمۡ وَمِنكَ وَمِن نُّوحٖ وَإِبۡرَٰهِيمَ وَمُوسَىٰ وَعِيسَى ٱبۡنِ مَرۡيَمَۖ وَأَخَذۡنَا مِنۡهُم مِّيثَٰقًا غَلِيظٗا
Muvugishwamana! Ibuka n’igihe Twebwe Allah, Twafata ku Bavugishwamana isezerano ryabo ko bazoshikiriza ubutumwa nk’uko baburungikanwe, Turaheza Dufata nya sezerano nyene kuri wewe, kuri Nuhu, kuri Ibrahimu, kuri Musa no kuri Isa mwene Mariyamu[5]. Kuri abo bose rero, Twafashe isezerano riremereye ryo gushikiriza ubutumwa ata guhigimanga, no kwitsanya ata kuvuguruzanya.
[5] Abo Bavugishwamana batanu, ni zo Ntumwa z'Inararibonye zihambaye, zatewe n’iteka kurusha izindi “Ulu l’azmi”.
التفاسير العربية:
لِّيَسۡـَٔلَ ٱلصَّٰدِقِينَ عَن صِدۡقِهِمۡۚ وَأَعَدَّ لِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابًا أَلِيمٗا
Imana Allah Yafashe isezerano kuri abo Bavugishwamana kugira Izobabaze ku kungene bumviwe n’abo barungitsweko, Iheze Ihembe abemeramana Ubwami bw’ijuru, Yaranategekanirije abagarariji ibihano bibabaza ku musi w’izuka.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱذۡكُرُواْ نِعۡمَةَ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡ إِذۡ جَآءَتۡكُمۡ جُنُودٞ فَأَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ رِيحٗا وَجُنُودٗا لَّمۡ تَرَوۡهَاۚ وَكَانَ ٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرًا
Emwe bemeramana! Nimwibuke inema y’Imana Allah kuri mwebwe; igihe mwaterwa n’ingabo ziyunze zigizwe n’ababangikanyamana baje bava i Makka, abayahudi b’i Madina hamwe rero n’abo mu micungararo yaho, zikabatera i Madina ku rugamba rwitiriwe ingabo ziyunze “Ahzaabu”, maze Tuzirungikira umuyaga w’igihuhusi warandaguye ukagurura ibikoresho vyazo, Tukarungika n’ingabo z’abamalayika zivuye mw’ijuru mutigeze muzibona, gutyo nya ngabo ziyunze zitekerwa n’ubwoba n’akantu, zirata ziromoka imbere yuko n’urugamba rutangura. Burya Imana Allah, Yamye Ibona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona.
التفاسير العربية:
إِذۡ جَآءُوكُم مِّن فَوۡقِكُمۡ وَمِنۡ أَسۡفَلَ مِنكُمۡ وَإِذۡ زَاغَتِ ٱلۡأَبۡصَٰرُ وَبَلَغَتِ ٱلۡقُلُوبُ ٱلۡحَنَاجِرَ وَتَظُنُّونَ بِٱللَّهِ ٱلظُّنُونَا۠
Nimwibuke kandi igihe zimwe muri nya ngabo ziyunze zije zizananye amaja haruguru y’akabande mu buseruko, izindi zikazanana amaja epfo ya nya kabande mu burengero, maze amaso arakanuka, imitima yenda kubavamwo kubera ubwoba, mugatangura kwiyumvira nabi Imana Allah ko Idatabara idini ryayo ngo riganze.
التفاسير العربية:
هُنَالِكَ ٱبۡتُلِيَ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ وَزُلۡزِلُواْ زِلۡزَالٗا شَدِيدٗا
Aho rero, ni ho abemeramana bageragezwa nya kugeragezwa, barahungabana nya guhungabana, haraheza hamenyekana umwemeramana vy’ukuri n’indyarya;
التفاسير العربية:
وَإِذۡ يَقُولُ ٱلۡمُنَٰفِقُونَ وَٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ مَّا وَعَدَنَا ٱللَّهُ وَرَسُولُهُۥٓ إِلَّا غُرُورٗا
Igihe indyarya hamwe n’abagoyagoya mu kwemera binamura bavuga bati: “Intsinzi Imana Allah n’Intumwa yayo Badusezeraniye, ni uruhendo nta kuri kurimwo namba”.
التفاسير العربية:
وَإِذۡ قَالَت طَّآئِفَةٞ مِّنۡهُمۡ يَٰٓأَهۡلَ يَثۡرِبَ لَا مُقَامَ لَكُمۡ فَٱرۡجِعُواْۚ وَيَسۡتَـٔۡذِنُ فَرِيقٞ مِّنۡهُمُ ٱلنَّبِيَّ يَقُولُونَ إِنَّ بُيُوتَنَا عَوۡرَةٞ وَمَا هِيَ بِعَوۡرَةٍۖ إِن يُرِيدُونَ إِلَّا فِرَارٗا
Muvugishwamana! Ibuka n’igihe zimwe mu ndyarya zahamagara abemeramana b’i Madina zikababwira ziti: “Bantu muba i Yath-ribu[6]! Nta co murindiriye mu kuguma ku rugamba mutari butsinde, turabinginze mwisubirire mu zanyu!”. Hari n’umugwi muri nya ndyarya wasavye Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko yowurekurira ugasubira inyuma ku mvo z’uko imiryango yawo idakingiwe bikwiye kandi ubesha. Uwo mugwi nta co warondera mu gusaba ko wosubira inyuma, atari uguhunga urugamba.
[6] Yath-ribu, ni ryo zina ry’igisagara ca Madina imbere yuko Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) acita Madina.
التفاسير العربية:
وَلَوۡ دُخِلَتۡ عَلَيۡهِم مِّنۡ أَقۡطَارِهَا ثُمَّ سُئِلُواْ ٱلۡفِتۡنَةَ لَأٓتَوۡهَا وَمَا تَلَبَّثُواْ بِهَآ إِلَّا يَسِيرٗا
Iyo ingabo ziyunze zitera i Madina ziturutse ku mpande zose, hanyuma zikagerageza indyarya mu kuzisaba kuva mw’idini, aho nyene izo ndyarya zaca ziva mw’idini, ntizari no kurindira n’akanya isase.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ كَانُواْ عَٰهَدُواْ ٱللَّهَ مِن قَبۡلُ لَا يُوَلُّونَ ٱلۡأَدۡبَٰرَۚ وَكَانَ عَهۡدُ ٱللَّهِ مَسۡـُٔولٗا
Ni ukuri, izo ndyarya imbere yuko urugamba rw’ingabo ziyunze rushuha, zari zahaye Intumwa isezerano ryo kwumvira Imana Allah mu kudahunga urugamba, iryo dohoka n’ihemuka kw’isezerano rero, zizorihanirwa. Burya, umuntu azobazwa kw’isezerano ry’Imana Allah.
التفاسير العربية:
قُل لَّن يَنفَعَكُمُ ٱلۡفِرَارُ إِن فَرَرۡتُم مِّنَ ٱلۡمَوۡتِ أَوِ ٱلۡقَتۡلِ وَإِذٗا لَّا تُمَتَّعُونَ إِلَّا قَلِيلٗا
Muvugishwamana! Bwira indyarya uti: “Ihunga ryanyu ry’urugamba ku mvo zo gutinya urupfu canke ukwicwa, ntirizotuma murenga umusi warwo hageze gupfa, kandi ntimuzoryoherwa n’ivy’isi, kiretse akanya gato mwagenewe kubaho hanyuma mupfe, ni n’akanya gato cane katogereranywa n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa”.
التفاسير العربية:
قُلۡ مَن ذَا ٱلَّذِي يَعۡصِمُكُم مِّنَ ٱللَّهِ إِنۡ أَرَادَ بِكُمۡ سُوٓءًا أَوۡ أَرَادَ بِكُمۡ رَحۡمَةٗۚ وَلَا يَجِدُونَ لَهُم مِّن دُونِ ٱللَّهِ وَلِيّٗا وَلَا نَصِيرٗا
Muvugishwamana! Bwira indyarya uti: “Mbega ni nde yobakingira ku Mana Allah mu gihe Yoshaka ko mushikirwa n’ikibi, canke Igashaka ko mushikirwa n’iciza ku mpuhwe zayo!”. Muri ico gihe rero, indyarya nta muhagarikizi zoronka atari Imana Allah azikura mu bihano, eka nta n’umutabazi zoronka azikingira nya bihano.
التفاسير العربية:
۞ قَدۡ يَعۡلَمُ ٱللَّهُ ٱلۡمُعَوِّقِينَ مِنكُمۡ وَٱلۡقَآئِلِينَ لِإِخۡوَٰنِهِمۡ هَلُمَّ إِلَيۡنَاۖ وَلَا يَأۡتُونَ ٱلۡبَأۡسَ إِلَّا قَلِيلًا
Ni ukuri Imana Allah, Irazi muri mwebwe abarondera inyendamuvano yo kutaja ku rugamba rwo guharanira idini ryayo, Irazi n’ababesha benewabo ngo barwiyonjororeko bakababwira bati: “Enda nyabuna rero, nimwiyizire iwacu muve kuri Muhamadi, ntimuzojane na we ku rugamba ngo muhave muhasiga agatwe!”. Hamwe n’ukurondera abokwiyonjorora ku rugamba rero, ntibaja no ku rugamba, kiretse gake kabaho ku kwiyerekana no ku gutinya kumaramara;
التفاسير العربية:
أَشِحَّةً عَلَيۡكُمۡۖ فَإِذَا جَآءَ ٱلۡخَوۡفُ رَأَيۡتَهُمۡ يَنظُرُونَ إِلَيۡكَ تَدُورُ أَعۡيُنُهُمۡ كَٱلَّذِي يُغۡشَىٰ عَلَيۡهِ مِنَ ٱلۡمَوۡتِۖ فَإِذَا ذَهَبَ ٱلۡخَوۡفُ سَلَقُوكُم بِأَلۡسِنَةٍ حِدَادٍ أَشِحَّةً عَلَى ٱلۡخَيۡرِۚ أُوْلَٰٓئِكَ لَمۡ يُؤۡمِنُواْ فَأَحۡبَطَ ٱللَّهُ أَعۡمَٰلَهُمۡۚ وَكَانَ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٗا
Muzobamenyera rero ku kuba ari ingumyi, nta co bikura mu matungo ngo babahereze, ntibanitanga mu guharanira idini no mu kubereka urukundo ku kubera urwanko n’inzigo babafitiye, ku gukunda ivy’isi no ku kwanka gupfa. Iyo hageze guhangana ku rugamba, baratinya gupfa amaso akabakanukana, ukabona bakuraba, amaso yabo akarerembuza nk’uwuri ku mpfiro; urugamba rwamara guhera, imitima yabo igasubira mu nda, bakabaha akarimi kabi mu kubatyoza no mu kubandagaza, bakaba n’ingumyi zirangwa n’ishari n’akantu mu gihe co kugabangana iminyago. Abo rero, ntibaremera vy’ukuri, gutyo Imana Allah Iraheza Ikagira ibikorwa vyabo impfagusa, kandi ukugira ivyo bikorwa vyabo impfagusa, biroroshe ku Mana Allah.
التفاسير العربية:
يَحۡسَبُونَ ٱلۡأَحۡزَابَ لَمۡ يَذۡهَبُواْۖ وَإِن يَأۡتِ ٱلۡأَحۡزَابُ يَوَدُّواْ لَوۡ أَنَّهُم بَادُونَ فِي ٱلۡأَعۡرَابِ يَسۡـَٔلُونَ عَنۡ أَنۢبَآئِكُمۡۖ وَلَوۡ كَانُواْ فِيكُم مَّا قَٰتَلُوٓاْ إِلَّا قَلِيلٗا
Indyarya ku bugugu bwazo, zibaza ko ingabo ziyunze zaneshejwe ata n’urugamba rurinze kuba, ata ho zagiye, kandi zarataye urugamba zikomoka. Iyo rero nya ngabo zigaruka gutera i Madina, indyarya zari kwipfuza kuba ziri kumwe n’abantu baba mu micungararo y’i Madina, aho zari kubariza kure, ku nkuru z’ivyabashikiye ku rugamba; n'iyo vyari gushika zikaba ziri kumwe na mwe ku rugamba, ntizari gupfa zibafashije kurwana kiretse gake.
التفاسير العربية:
لَّقَدۡ كَانَ لَكُمۡ فِي رَسُولِ ٱللَّهِ أُسۡوَةٌ حَسَنَةٞ لِّمَن كَانَ يَرۡجُواْ ٱللَّهَ وَٱلۡيَوۡمَ ٱلۡأٓخِرَ وَذَكَرَ ٱللَّهَ كَثِيرٗا
Bemeramana! Ni ukuri, murafise akarorero keza mwokwisunga mu nyigisho no mu migenzo vy’intumwa. Uwisunga rero inyigisho n’imigenzo vy’intumwa, ni uwizeye ko azohura n’Imana Allah, akemera n’umusi w’iherezo, maze akaninahaza akanatazira Imana Allah kenshi ayishimira.
التفاسير العربية:
وَلَمَّا رَءَا ٱلۡمُؤۡمِنُونَ ٱلۡأَحۡزَابَ قَالُواْ هَٰذَا مَا وَعَدَنَا ٱللَّهُ وَرَسُولُهُۥ وَصَدَقَ ٱللَّهُ وَرَسُولُهُۥۚ وَمَا زَادَهُمۡ إِلَّآ إِيمَٰنٗا وَتَسۡلِيمٗا
Abemeramana rero, aho baboneye ingabo ziyunze zamaze kwugariza i Madina, baributse isezerano ry’intsinzi y’Imana Allah ko igiye gushika, baraheza bavuga bati: “Iri, ni rya sezerano ry’igeragezwa n’intsinzi twahawe n’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo, Imana Allah Yarishize mu ngiro, n’Intumwa yayo yavuze ukuri mu vyo yadushikirije”. Umuzo w’ingabo ziyunze rero, nta co wabongerereje kiretse ugutsimbatara ku kwemera Imana Allah, no ku kwicisha bugufi mu kwakira neza ishirwa mu ngiro ry’ivyagezwe kuri bo.
التفاسير العربية:
مِّنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ رِجَالٞ صَدَقُواْ مَا عَٰهَدُواْ ٱللَّهَ عَلَيۡهِۖ فَمِنۡهُم مَّن قَضَىٰ نَحۡبَهُۥ وَمِنۡهُم مَّن يَنتَظِرُۖ وَمَا بَدَّلُواْ تَبۡدِيلٗا
Burya mu bemeramana, harimwo abagabo babushitse (b’ijunja n’ijambo), bubahiriza ivyo basezeraniye Imana Allah, bakihangana mu mahirwe no mu marushwa, no mu gihe bari ku rugamba. Muri bo rero, harimwo abashize mu ngiro ivyo biyemeje bapfira ku rugamba ku bw’Imana Allah, canke bapfa bakiri kuri nya sezerano bataridohotseko; harimwo n’abakirindiriye kuronka kimwe mu vyiza bibiri: intsinzi canke gupfira ku rugamba ku bw’Imana Allah; kandi ntibigeze na rimwe bivuguruza nk’indyarya ngo badohoke ku vyo basezeraniye Imana Allah;
التفاسير العربية:
لِّيَجۡزِيَ ٱللَّهُ ٱلصَّٰدِقِينَ بِصِدۡقِهِمۡ وَيُعَذِّبَ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ إِن شَآءَ أَوۡ يَتُوبَ عَلَيۡهِمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Ivyo biri ukwo, kugira Imana Allah Ihembere imvugakuri z’abemeramana ukwubahiriza isezerano no kwihangana ku bwayo, Iheze Ihane n’indyarya niyabishaka mu kutazishoboza kwigaya imbere yo gupfa, canke Izibabarire mu kuzishoboza kwigaya kuri Yo imbere yo gupfa. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
وَرَدَّ ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِغَيۡظِهِمۡ لَمۡ يَنَالُواْ خَيۡرٗاۚ وَكَفَى ٱللَّهُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٱلۡقِتَالَۚ وَكَانَ ٱللَّهُ قَوِيًّا عَزِيزٗا
Imana Allah Yasubije inyuma ingabo ziyunze ziteterewe zishwe n’ishavu n’akantu ku kudashika ku co zipfuje; nta n’iciza zaronse kuri nya rugamba, haba kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Imana Allah Iraheza Ikingira abemeramana kurwana kuri nya rugamba ku bubasha bwayo. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa.
التفاسير العربية:
وَأَنزَلَ ٱلَّذِينَ ظَٰهَرُوهُم مِّنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ مِن صَيَاصِيهِمۡ وَقَذَفَ فِي قُلُوبِهِمُ ٱلرُّعۡبَ فَرِيقٗا تَقۡتُلُونَ وَتَأۡسِرُونَ فَرِيقٗا
Ni naho rero Imana Allah, Yakura abayahudi Bene Quraidhwa mu nzitiro-ntamenwa zabo, ku kubera ubugaba bwabo bwo gufadikanya n’ingabo ziyunze mu kurwanya abislamu, Iraheza Itera n’ubwoba mu mitima yabo bashoka baneshwa. Bemeramana! Muri bo rero, harimwo umugwi mwishe n’uwundi mwagize imbohe;
التفاسير العربية:
وَأَوۡرَثَكُمۡ أَرۡضَهُمۡ وَدِيَٰرَهُمۡ وَأَمۡوَٰلَهُمۡ وَأَرۡضٗا لَّمۡ تَطَـُٔوهَاۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٗا
Yaranabakomoreye amatongo n’inyubakwa vyabo, Ibakomorera kandi amatungo yimurwa n’ayatimurwa; Inabashoboza kwigarurira n’amatongo yabo mutari bwigere muhonyozamwo n’ikirenge kuko mutari kuyahangara, kubera yari akingiwe mu buryo budasanzwe. Burya Imana Allah Yamye ari Mushoboravyose.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ قُل لِّأَزۡوَٰجِكَ إِن كُنتُنَّ تُرِدۡنَ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا وَزِينَتَهَا فَتَعَالَيۡنَ أُمَتِّعۡكُنَّ وَأُسَرِّحۡكُنَّ سَرَاحٗا جَمِيلٗا
Ewe Muvugishwamana! Bwira abakenyezi bawe baguteraniyeko basaba kwongererezwa ibibabeshaho ku musi, uti: “Nimwaba mugomba ubuzima bwo kw’isi n’ibihendamaso vyabwo, enda nimuze rero ndabatekerere, mpeze nahukane na mwe ku neza;
التفاسير العربية:
وَإِن كُنتُنَّ تُرِدۡنَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَٱلدَّارَ ٱلۡأٓخِرَةَ فَإِنَّ ٱللَّهَ أَعَدَّ لِلۡمُحۡسِنَٰتِ مِنكُنَّ أَجۡرًا عَظِيمٗا
Nimwaba naho mugomba gushimwa n’Imana Allah n’Intumwa yayo, no kuronka ivyo mwategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, nimwihanganire kubeshwaho n’ivyo ndabahaye, muheze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo; mu vy’ukuri Imana Allah, Yarateguriye abagwaneza muri mwebwe impembo ihambaye[7]”.
[7] Abakenyezi b’Intumwa rero, bahavuye bahitamwo Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’impembo ihambaye bateguriwe, baraheza barihangana.
التفاسير العربية:
يَٰنِسَآءَ ٱلنَّبِيِّ مَن يَأۡتِ مِنكُنَّ بِفَٰحِشَةٖ مُّبَيِّنَةٖ يُضَٰعَفۡ لَهَا ٱلۡعَذَابُ ضِعۡفَيۡنِۚ وَكَانَ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرٗا
Bakenyezi b’Umuvugishwamana! Uwuhirahiye muri mwebwe agacumura bimwe bigaragara, azohabwa igihano kigwijwe incuro zibiri[8]. Kandi uguhabwa ico gihano kwanyu, kuroroshe ku Mana Allah.
[8] Uguhabwa igihano kigwijwe incuro zibiri, gushingiye ku kuba bitabereye namba ku bakenyezi b’Intumwa gukora igicumuro kigaragara, kuko bafise ikibanza c’iteka n’icubahiro nta ngere co kuba abakenyezi b’Intumwa y’Imana.
التفاسير العربية:
۞ وَمَن يَقۡنُتۡ مِنكُنَّ لِلَّهِ وَرَسُولِهِۦ وَتَعۡمَلۡ صَٰلِحٗا نُّؤۡتِهَآ أَجۡرَهَا مَرَّتَيۡنِ وَأَعۡتَدۡنَا لَهَا رِزۡقٗا كَرِيمٗا
N’uwumviye Imana Allah n’Intumwa yayo muri mwebwe, agakora n’iciza gitegetswe, Tuzomuhembera ico ciza impembo igwijwe incuro zibiri; Twaranamutegekanirije n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.
التفاسير العربية:
يَٰنِسَآءَ ٱلنَّبِيِّ لَسۡتُنَّ كَأَحَدٖ مِّنَ ٱلنِّسَآءِ إِنِ ٱتَّقَيۡتُنَّۚ فَلَا تَخۡضَعۡنَ بِٱلۡقَوۡلِ فَيَطۡمَعَ ٱلَّذِي فِي قَلۡبِهِۦ مَرَضٞ وَقُلۡنَ قَوۡلٗا مَّعۡرُوفٗا
Bakenyezi b’Umuvugishwamana! Nta ho musa musana n’uwo wese mu bandi bakenyezi mu mpano no mu cubahiro mwagenewe, mu gihe mwokwumvira Intumwa, mukagamburukira n’Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo; ntimukaganire rero n’abagabo batari ba kizira kuri mwebwe, mw’ijwi rirongorotse ryotirimutsa uwufise indwara mu mutima, bigatuma agira ikigumbagumba maze akipfuza imibonano mpuzabitsina[9]. Muraheza rero mukoreshe imvugo idatera amakenga, itanateye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah;
[9] Uru rupfasoni rwo kuganira, ni ingingo yega umugore wese yemera Imana Allah, akemera n’umusi w’iherezo.
التفاسير العربية:
وَقَرۡنَ فِي بُيُوتِكُنَّ وَلَا تَبَرَّجۡنَ تَبَرُّجَ ٱلۡجَٰهِلِيَّةِ ٱلۡأُولَىٰۖ وَأَقِمۡنَ ٱلصَّلَوٰةَ وَءَاتِينَ ٱلزَّكَوٰةَ وَأَطِعۡنَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥٓۚ إِنَّمَا يُرِيدُ ٱللَّهُ لِيُذۡهِبَ عَنكُمُ ٱلرِّجۡسَ أَهۡلَ ٱلۡبَيۡتِ وَيُطَهِّرَكُمۡ تَطۡهِيرٗا
Muheze muturure mu kuguma mu zanyu, kiretse mu gihe hoba hari igituma mwosohoka. Kandi ntimukerekane ibisharizo mwambaye n’ibiranga ubwiza bwanyu, nk’uko abakenyezi babigira imbere yuko hashingwa amabwirizwa y’ubwislamu. Muratsimbataza amasengesho akwije ibisabwa ku mwanya wayo, muheze mutange n’ishikanwa-bwirizwa, maze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo. Emwe banyamuryango w’Intumwa[10]! Ni ukuri Imana Allah, Ibahanura kugira Ibeze akabi n’akabibi mu mitima yanyu, Yongere Ibasukure isuku ry’ibiboneka n’isuku ry’umushaha;
[10] Abantu bo mu muryango w’Intumwa “ahlu l-bayti”, ni abakenyezi biwe hamwe n’uruvyaro rukomoka kuri yo.
التفاسير العربية:
وَٱذۡكُرۡنَ مَا يُتۡلَىٰ فِي بُيُوتِكُنَّ مِنۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ وَٱلۡحِكۡمَةِۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ لَطِيفًا خَبِيرًا
Murama mwibuka rero ibisomerwa mu nzu zanyu muri Qor’ani n’inyigisho z’intumwa, muheze muvyubahirize, mubigendere. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa, Irazi neza ibibafitiye akamaro; Muhetuziwavyose, Irazi n’igituma Yarabashingiye Intumwa.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلۡمُسۡلِمِينَ وَٱلۡمُسۡلِمَٰتِ وَٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ وَٱلۡقَٰنِتِينَ وَٱلۡقَٰنِتَٰتِ وَٱلصَّٰدِقِينَ وَٱلصَّٰدِقَٰتِ وَٱلصَّٰبِرِينَ وَٱلصَّٰبِرَٰتِ وَٱلۡخَٰشِعِينَ وَٱلۡخَٰشِعَٰتِ وَٱلۡمُتَصَدِّقِينَ وَٱلۡمُتَصَدِّقَٰتِ وَٱلصَّٰٓئِمِينَ وَٱلصَّٰٓئِمَٰتِ وَٱلۡحَٰفِظِينَ فُرُوجَهُمۡ وَٱلۡحَٰفِظَٰتِ وَٱلذَّٰكِرِينَ ٱللَّهَ كَثِيرٗا وَٱلذَّٰكِرَٰتِ أَعَدَّ ٱللَّهُ لَهُم مَّغۡفِرَةٗ وَأَجۡرًا عَظِيمٗا
Mu vy’ukuri, abislamu n’abislamukazi, abemeramana n’abemeramanakazi, abumviramana n’abumviramanakazi, imvugakuri mu bagabo no mu bagore, abihanganira igamburukiramana n’ivyago bibashikira muri bo, abatinya Imana Allah muri bo, abatanga muri bo ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa, abipfunga muri bo amapfungo-bwirizwa n’amapfungo yo kwitonesha, abacungera ubwambure bwabo muri bo mu kudasambana no mu kutagira ivyotuma haba ubusambanyi, hamwe rero n’abaninahaza bagatazira kenshi Imana Allah mu buryo bwose mu bagabo no mu bagore; abo bose rero, Imana Allah Yabategekanirije igumirizwa ry’akabanga ku vyaha, Iraheza Irabababarira; Yabategekanirije n’ironswa ry’indishi ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.
التفاسير العربية:
وَمَا كَانَ لِمُؤۡمِنٖ وَلَا مُؤۡمِنَةٍ إِذَا قَضَى ٱللَّهُ وَرَسُولُهُۥٓ أَمۡرًا أَن يَكُونَ لَهُمُ ٱلۡخِيَرَةُ مِنۡ أَمۡرِهِمۡۗ وَمَن يَعۡصِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ فَقَدۡ ضَلَّ ضَلَٰلٗا مُّبِينٗا
Nta ho vyakabaye mu gihe Imana Allah n’Intumwa yayo bashinze ingingo, ko umwemeramana n’umwemeramanakazi baca kubiri na nya ngingo bakishirira ahabo. Uwo wese rero agabitaniye Imana Allah n’Intumwa yayo, ni ukuri aba ari mu muzimagiza ugaragara uri kure cane y’ukuri.
التفاسير العربية:
وَإِذۡ تَقُولُ لِلَّذِيٓ أَنۡعَمَ ٱللَّهُ عَلَيۡهِ وَأَنۡعَمۡتَ عَلَيۡهِ أَمۡسِكۡ عَلَيۡكَ زَوۡجَكَ وَٱتَّقِ ٱللَّهَ وَتُخۡفِي فِي نَفۡسِكَ مَا ٱللَّهُ مُبۡدِيهِ وَتَخۡشَى ٱلنَّاسَ وَٱللَّهُ أَحَقُّ أَن تَخۡشَىٰهُۖ فَلَمَّا قَضَىٰ زَيۡدٞ مِّنۡهَا وَطَرٗا زَوَّجۡنَٰكَهَا لِكَيۡ لَا يَكُونَ عَلَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ حَرَجٞ فِيٓ أَزۡوَٰجِ أَدۡعِيَآئِهِمۡ إِذَا قَضَوۡاْ مِنۡهُنَّ وَطَرٗاۚ وَكَانَ أَمۡرُ ٱللَّهِ مَفۡعُولٗا
Muvugishwamana! Ibuka igihe Zayidi mwene Haaritha[11] ahabwa n’Imana Allah inema y’ukuba umwislamu, maze na we ukamugirira ubuntu bwo kumuha ubwigenge ukamubarira uti: “Kenyera wubake rugume, nturote wahukana n’umukenyezi wawe Zayinabu mwene Jahshi, maze utinye Imana Allah”; uraheza uhisha mu mushaha wawe ivyo Imana Allah Yahavuye Ishira ahabona, ko Zayinabu niyahukana na Zayidi, ari wewe uzoca umwabira; ugira n’impungenge zo kwanka ko indyarya zovuga ko wabiriye uwahoze ari umukazana wawe, kandi Imana Allah ari Yo wategerezwa gutinya kurusha. Zayidi rero amaze kwahukana na Zayinabu, Zayinabu agaheza ikiringo ciwe co kwarama, Twebwe Allah Twaramugushingiye, kugira ubere abemeramana imboneza n’imurikizi mu kutaziririza gushingirwa abahoze ari abakenyezi b’abana b’abarerano inyuma yo kwahukana. Burya ingingo y’Imana Allah, yamye ari yo ija mu ngiro ata gisivya.
[11] Zayidi mwene Haaritha yarerewe ku Ntumwa, ico gihe umwana w’umurerano yafatwa nk’aho ari umwana w’uwamureze akanamwitirirwa kw’izina. Ivyo rero, vyahagaritswe n’ihishurwa rya Aayah ya 5 iri muri iki gisomwa c’Ingabo ziyunze “Al-Ahzaab”.
التفاسير العربية:
مَّا كَانَ عَلَى ٱلنَّبِيِّ مِنۡ حَرَجٖ فِيمَا فَرَضَ ٱللَّهُ لَهُۥۖ سُنَّةَ ٱللَّهِ فِي ٱلَّذِينَ خَلَوۡاْ مِن قَبۡلُۚ وَكَانَ أَمۡرُ ٱللَّهِ قَدَرٗا مَّقۡدُورًا
Nta kibi rero kiri ku Muvugishwamana, mu kurekurirwa n’Imana Allah kwabira uwahoze ari umukenyezi w’umwana w’umurerano inyuma y’aho bahukaniye, ni wo mugirwa-ndemanwa rero Imana Allah Yarekuriye n’abo hambere yiwe mu Bavugishwamana, ni ingingo y’Imana Allah iri mu vyagezwe bitegerezwa kuba;
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ يُبَلِّغُونَ رِسَٰلَٰتِ ٱللَّهِ وَيَخۡشَوۡنَهُۥ وَلَا يَخۡشَوۡنَ أَحَدًا إِلَّا ٱللَّهَۗ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ حَسِيبٗا
Nya Bavugishwamana bashikiriza abantu ubutumwa bw’Imana Allah, bagaheza bagatinya Imana Allah Yo Yonyene ata guhirahira ngo batinye ikindi kintu na kimwe. Burya Imana Allah, Irakwiye kuba ari Yo Mureretsi Iharurira Igahembera ibiremwa ivyo vyakoze.
التفاسير العربية:
مَّا كَانَ مُحَمَّدٌ أَبَآ أَحَدٖ مِّن رِّجَالِكُمۡ وَلَٰكِن رَّسُولَ ٱللَّهِ وَخَاتَمَ ٱلنَّبِيِّـۧنَۗ وَكَانَ ٱللَّهُ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٗا
Muhamadi, ntiyigeze aba se w’uwo wese muri mwebwe, ariko ni Intumwa y’Imana Allah, akaba n’Umuhetuzi w’Abavugishwamana bose gushika ku musi w’umuhero w’isi. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ ذِكۡرٗا كَثِيرٗا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimuninahaze mwongere mutazire kenshi cane Imana Allah mu buryo bwose[12];
[12] Ininahaza n’itaziramana mu buryo bwose, rigirwa n’ururimi rivuye ku mutima rikagamburukirwa n’ibindi bihimba vy’umubiri.
التفاسير العربية:
وَسَبِّحُوهُ بُكۡرَةٗ وَأَصِيلًا
Muheze mushimagize Imana Allah muyininahaza mwongera muyitazira mu bihe vyose; igitondo n’umugoroba, inyuma y’amasengesho-bwirizwa no mu gihe mushikiwe n’ibiza[13];
[13] Ininahaza n’itaziramana mu bihe vyose, riri mu bintu vyegereza umuntu ku Mana Allah, rigatuma ururimi rwiwe rudacumura, rikanamufasha gushika ku vyiza vyinshi, maze nya muntu agakundwa n’Imana Allah.
التفاسير العربية:
هُوَ ٱلَّذِي يُصَلِّي عَلَيۡكُمۡ وَمَلَٰٓئِكَتُهُۥ لِيُخۡرِجَكُم مِّنَ ٱلظُّلُمَٰتِ إِلَى ٱلنُّورِۚ وَكَانَ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ رَحِيمٗا
Ni Yo Ibagirira impuhwe Ikabahayagiza, abamalayika na bo bakabasabira kuri Yo kugira Ibakure mu muzimagiza w’ubuhuvyi, Iheze Ibashire mu muco w’ukwemera, kanatsinda Yamye ari Nyenimbabazi ku bemeramana mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
تَحِيَّتُهُمۡ يَوۡمَ يَلۡقَوۡنَهُۥ سَلَٰمٞۚ وَأَعَدَّ لَهُمۡ أَجۡرٗا كَرِيمٗا
Indamutso y’abemeramana mu Bwami bw’ijuru, umusi bahuye n’Imana Allah, ni indamutso y’amahoro n’itekane; Yaranabateguriye n’impembo nziza yubashwe y’Ubwami bw’ijuru.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ إِنَّآ أَرۡسَلۡنَٰكَ شَٰهِدٗا وَمُبَشِّرٗا وَنَذِيرٗا
Ewe Muvugishwamana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungitse kugira ubere icabona abantu warungitsweko, ko wabashikirije koko ubutumwa, maze ushikirize inkuru nziza ihumuriza abameramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, wongere ugabishe n’ibigaba ku bihano vy’Imana Allah;
التفاسير العربية:
وَدَاعِيًا إِلَى ٱللَّهِ بِإِذۡنِهِۦ وَسِرَاجٗا مُّنِيرٗا
No kugira rero urarikire n’abantu kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah ku burenganzira bwayo, ubabere n’itara ribamurikira inzira y’ukuri.
التفاسير العربية:
وَبَشِّرِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ بِأَنَّ لَهُم مِّنَ ٱللَّهِ فَضۡلٗا كَبِيرٗا
Shikiriza rero, inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bagenewe n’Imana Allah impano rutura mu Bwami bw’ijuru;
التفاسير العربية:
وَلَا تُطِعِ ٱلۡكَٰفِرِينَ وَٱلۡمُنَٰفِقِينَ وَدَعۡ أَذَىٰهُمۡ وَتَوَكَّلۡ عَلَى ٱللَّهِۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ وَكِيلٗا
Kandi ntukumvire namba abagarariji n’indyarya mu biciye kubiri n’ingingo z’ubwislamu, irengagize ibangamira ryabo, maze ushishikare gushikiriza ubutumwa, uheze wishimikize Imana Allah uyizere. Burya Imana Allah, Irakwiye kuba Umuhagarikizi Agukingira ibikubangamiye kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا نَكَحۡتُمُ ٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ ثُمَّ طَلَّقۡتُمُوهُنَّ مِن قَبۡلِ أَن تَمَسُّوهُنَّ فَمَا لَكُمۡ عَلَيۡهِنَّ مِنۡ عِدَّةٖ تَعۡتَدُّونَهَاۖ فَمَتِّعُوهُنَّ وَسَرِّحُوهُنَّ سَرَاحٗا جَمِيلٗا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwashingirwa abemeramanakazi, hanyuma mukahukana na bo imbere yuko murangurana amabanga y’abubatse, muri ico gihe nta kwaramira ukwahukana muzobaharurako. Muraheza rero mugire ico mubatekereye mwisunze ubushobozi bwanyu, maze mwahukane na bo ku neza[14].
[14] Iryo tekererwa ry’umukenyezi yahukanye, ni ingingo yubahirizwa mu ntumbero yo gushumbusha nya mukenyezi yahukanye ku mvo zitamuvuyeko.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ إِنَّآ أَحۡلَلۡنَا لَكَ أَزۡوَٰجَكَ ٱلَّٰتِيٓ ءَاتَيۡتَ أُجُورَهُنَّ وَمَا مَلَكَتۡ يَمِينُكَ مِمَّآ أَفَآءَ ٱللَّهُ عَلَيۡكَ وَبَنَاتِ عَمِّكَ وَبَنَاتِ عَمَّٰتِكَ وَبَنَاتِ خَالِكَ وَبَنَاتِ خَٰلَٰتِكَ ٱلَّٰتِي هَاجَرۡنَ مَعَكَ وَٱمۡرَأَةٗ مُّؤۡمِنَةً إِن وَهَبَتۡ نَفۡسَهَا لِلنَّبِيِّ إِنۡ أَرَادَ ٱلنَّبِيُّ أَن يَسۡتَنكِحَهَا خَالِصَةٗ لَّكَ مِن دُونِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَۗ قَدۡ عَلِمۡنَا مَا فَرَضۡنَا عَلَيۡهِمۡ فِيٓ أَزۡوَٰجِهِمۡ وَمَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُمۡ لِكَيۡلَا يَكُونَ عَلَيۡكَ حَرَجٞۗ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Ewe Muvugishwamana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarakurekuriye kwabira abakenyezi wakoye, abo ugaba ukaganza mu ncoreke waronkejwe n’Imana Allah mu minyago, abakobwa ba sowanyu n’abakobwa ba nyogosenge, hamwe rero n’abakobwa ba nyokorome n’abakobwa ba nyokwanyu bimukanye na we bakaja i Madina. Twakurekuriye no kwabira umukenyezi w’umwemeramanakazi mu gihe yokwiha ubwiwe ata nkwano arinze gusaba, mu gihe wokenera wewe nyene kumwabira. Muvugishwamana! Iyi ngingo, ni wewe gusa yagenewe, nta n’uwundi n’umwe mu bemeramana yega. Ni ukuri Twebwe Allah, Turazi neza ingingo Twashingiye abemeramana zijanye n’abakenyezi babo n’incoreke bagaba bakaganza; ko barekuriwe kwabira gushika kuri bane mu bakenyezi, hamwe rero n’igitigiri bipfuza mu ncoreke, mu gihe bobaha inkwano zabo hakaba hari umushingizi n’ivyabona. Izo ngingo rero zikworohereza kwabira ku buryo butarekuriwe abandi, zashinzwe kugira ntugire akangonongono mu kwabira bamwe mu migwi y’abakenyezi wipfuza. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
۞ تُرۡجِي مَن تَشَآءُ مِنۡهُنَّ وَتُـٔۡوِيٓ إِلَيۡكَ مَن تَشَآءُۖ وَمَنِ ٱبۡتَغَيۡتَ مِمَّنۡ عَزَلۡتَ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكَۚ ذَٰلِكَ أَدۡنَىٰٓ أَن تَقَرَّ أَعۡيُنُهُنَّ وَلَا يَحۡزَنَّ وَيَرۡضَيۡنَ بِمَآ ءَاتَيۡتَهُنَّ كُلُّهُنَّۚ وَٱللَّهُ يَعۡلَمُ مَا فِي قُلُوبِكُمۡۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلِيمًا حَلِيمٗا
Urarindiriza izamu ryo gutahira uwo ushatse mu bakenyezi bawe, ukanakira kw’izamu muri bo uwo ushatse, n’uwo ushatse kwakira muri bo izamu ryiwe ritaragera, nta caha kuri wewe; iryo hitamwo ry’izamu hagati yabo, ni ryo rituma bagumiza umutima mu nda bakagira n’akamwemwe, maze bose bagashimishwa n’igaburwa ry’izamu wabahaye. Imana Allah rero, Irazi neza ibiri mu mitima yanyu mwebwe abagabo, bituma muhengamira kuri bamwe mu bakenyezi banyu. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba.
التفاسير العربية:
لَّا يَحِلُّ لَكَ ٱلنِّسَآءُ مِنۢ بَعۡدُ وَلَآ أَن تَبَدَّلَ بِهِنَّ مِنۡ أَزۡوَٰجٖ وَلَوۡ أَعۡجَبَكَ حُسۡنُهُنَّ إِلَّا مَا مَلَكَتۡ يَمِينُكَۗ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ رَّقِيبٗا
Muvugishwamana! Kuva ubu rero, nturekuriwe kwabira abagore mu nyuma y’abakenyezi bawe ufise, ntunarekuriwe no kwahukana na bo ngo uheze wabire abandi mu kibanza c’abo[15], n’aho woshimishwa n’ubwiza bw’abo ushaka kwabira, kiretse mu gihe boba ari mu bo ugaba ukaganza mu ncoreke. Burya Imana Allah, Yamye ari Mureretsi w’ivyo mugira.
[15] Iyi ngingo yashinzwe n’Imana Allah mu ntunbero yo kwubaha no kwubahiriza abakanyezi b’Intumwa, kuko bahisemwo Imana Allah n’Intumwa yayo n’ubuzima bw’inyuma yo gupfa ha guhurumbira ibihendamaso vy’isi.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَدۡخُلُواْ بُيُوتَ ٱلنَّبِيِّ إِلَّآ أَن يُؤۡذَنَ لَكُمۡ إِلَىٰ طَعَامٍ غَيۡرَ نَٰظِرِينَ إِنَىٰهُ وَلَٰكِنۡ إِذَا دُعِيتُمۡ فَٱدۡخُلُواْ فَإِذَا طَعِمۡتُمۡ فَٱنتَشِرُواْ وَلَا مُسۡتَـٔۡنِسِينَ لِحَدِيثٍۚ إِنَّ ذَٰلِكُمۡ كَانَ يُؤۡذِي ٱلنَّبِيَّ فَيَسۡتَحۡيِۦ مِنكُمۡۖ وَٱللَّهُ لَا يَسۡتَحۡيِۦ مِنَ ٱلۡحَقِّۚ وَإِذَا سَأَلۡتُمُوهُنَّ مَتَٰعٗا فَسۡـَٔلُوهُنَّ مِن وَرَآءِ حِجَابٖۚ ذَٰلِكُمۡ أَطۡهَرُ لِقُلُوبِكُمۡ وَقُلُوبِهِنَّۚ وَمَا كَانَ لَكُمۡ أَن تُؤۡذُواْ رَسُولَ ٱللَّهِ وَلَآ أَن تَنكِحُوٓاْ أَزۡوَٰجَهُۥ مِنۢ بَعۡدِهِۦٓ أَبَدًاۚ إِنَّ ذَٰلِكُمۡ كَانَ عِندَ ٱللَّهِ عَظِيمًا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukinjire mu mihana y’Umuvugishwamana mutabanje kudodora ngo abemerere kwinjira, anabazimane ku mfungurwa mutarinze guteramira mu kurindira ko zisha; ariko mu gihe mwotumirwa murinjira, maze mufungure. Mumaze gufungura rero, muraca mukura meza mutarinze guteramira ku kiyago, mu vy’ukuri uguteramira mu mihana yiwe mu kurindira ko imfungurwa zisha, hamwe no guteramira ku kiyago muhejeje gufungurirwa, birageramira Umuvugishwamana akagira isoni zo kubasohora kandi abifitiye uburenganzira; mu vy’ukuri Imana Allah, ntigira isoni zo kugaragaza ukuri. Nihagira rero ibintu nkenerwa mu dukoresho two mu nzu n’ibindi mwipfuza gusaba abakenyezi b’Intumwa, murabisabira inyuma y’ipaziya. Ivyo rero, ni vyo vyeza cane imitima yanyu n’imitima yabo, mu kutagira akarigangamuhogo k’inyoshambi, kanatsinda ntimukwiye kubangamira namba Intumwa mu mvugo canke mu ngiro, eka ntimunarekuriwe namba mu nyuma yayo kwabira abakenyezi bayo, kuko ari abavyeyi banyu. Mu vy’ukuri, ukubangamira Intumwa kwanyu mu mvugo canke mu ngiro, hamwe no kwabira abakenyezi bayo mu nyuma yayo, ni icaha rutura ku Mana Allah.
التفاسير العربية:
إِن تُبۡدُواْ شَيۡـًٔا أَوۡ تُخۡفُوهُ فَإِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٗا
Bantu! Muramutse museruye ikiri ku mutima mu vyo mubuzwa, mu kubangamira Intumwa canke mukakigira ibanga ryanyu, ni ukuri Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, nta kiyinyegeje mu vyo muserura no mu vyo muhisha, kandi Izobibahembera.
التفاسير العربية:
لَّا جُنَاحَ عَلَيۡهِنَّ فِيٓ ءَابَآئِهِنَّ وَلَآ أَبۡنَآئِهِنَّ وَلَآ إِخۡوَٰنِهِنَّ وَلَآ أَبۡنَآءِ إِخۡوَٰنِهِنَّ وَلَآ أَبۡنَآءِ أَخَوَٰتِهِنَّ وَلَا نِسَآئِهِنَّ وَلَا مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُهُنَّۗ وَٱتَّقِينَ ٱللَّهَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدًا
Nta caha kiri ku bagore bemera Imana Allah, mu kutitwikira mu gihe bari kumwe na ba se, bari kumwe n’abahungu babo, basaza babo, abahungu ba basaza babo canke ba benewabo, bari kumwe n’abemeramanakazi hamwe rero n’abo bagaba bakaganza mu bashumba babo. Ivyo bikaba biri ukwo, kuko bakenerana kenshi mu dukorwa twabo twa misi yose. Bemeramanakazi! Nimwikingire ibihano vy’Imana Allah, mu kutarenga ku mabwirizwa yayo[16]. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irabona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa; ibihishije n’ibigaragara, kandi Izobibihembera.
[16] Amabwirizwa abakenyezi b’abemeramanakazi babuzwa kurengako ng’aha, ni ukugaragariza ibisharizo bambaye abatarekuriwe kubibona, hamwe rero no kutitwikira mu gihe bari kumwe n’abatarekuriwe kubabona mu bagabo n’abagore batitwikiriye.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱللَّهَ وَمَلَٰٓئِكَتَهُۥ يُصَلُّونَ عَلَى ٱلنَّبِيِّۚ يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ صَلُّواْ عَلَيۡهِ وَسَلِّمُواْ تَسۡلِيمًا
Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahayagiza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku batoni bayo mu bamalayika; abamalayika bayo na bo bakamuhayagiza banamusabira kuri Yo. Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ni kuri izo mvo rero zo kwubaha no kwubahiriza uyo Muvugishwamana, mutegetswe kumusabira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah[17].
[17] Harakiriwe uburyo bwinshi bwo gusabira amahoro n’impuhwe Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); muri bwo, ni ubu bukurikira: “ALLAAHUMMA SWALLI ALAA MUHAMMADIN WA'ALAA AALI MUHAMMADIN KAMAA SWALLAYTA ALAA IBRAAHIIMA WA'ALAA AALI IBRAAHIIMA, INNAKA HAMIIDUN MAJIIDUN. ALLAAHUMMA BAARIK ALAA MUHAMMADIN WA'ALAA AALI MUHAMMADIN KAMAA BAARAKTA ALAA IBRAAHIIMA WA'ALAA AALI IBRAAHIIMA, INNAKA HAMIIDUN MAJIIDUN”. (Ewe Mana yanje Rurema Allah! Hundagaza impuhwe zawe ku Ntumwa Muhamadi n'umuryango w'Intumwa Muhamadi, nk'uko Wahundagaje impuhwe zawe ku Ntumwa Ibrahimu n'umuryango w'Intumwa Ibrahimu. Mu vy'ukuri Wewe, ni Nyenugushimagizwa, Nyeniteka. Ewe Mana Yanje Rurema Allah! Hezagira Intumwa Muhamadi n'umuryango w'Intumwa Muhamadi, nk'uko Wahezagiye Intumwa Ibrahimu n'umuryango w'Intumwa Ibrahimu. Mu vy'ukuri Wewe, ni Nyenugushimagizwa, Nyeniteka).
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلَّذِينَ يُؤۡذُونَ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ لَعَنَهُمُ ٱللَّهُ فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِ وَأَعَدَّ لَهُمۡ عَذَابٗا مُّهِينٗا
Mu vy’ukuri, abashavuza Imana Allah mu kuyibangikanya no mu kurenga ku mabwirizwa yayo, bakabangamira n’Intumwa yayo mu mvugo no mu ngiro, baravumwe n’Imana Allah kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Yaranabateguriye n’ibihano bisuzuguza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِينَ يُؤۡذُونَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ بِغَيۡرِ مَا ٱكۡتَسَبُواْ فَقَدِ ٱحۡتَمَلُواْ بُهۡتَٰنٗا وَإِثۡمٗا مُّبِينٗا
Na barya babangamira abemeramana n’abemeramanakazi mu mvugo n’ingiro, babahora icaha batigeze bakora, ni ukuri biremeka ikinyoma ceruye hamwe n’icaha kigaragara bazohanirwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّبِيُّ قُل لِّأَزۡوَٰجِكَ وَبَنَاتِكَ وَنِسَآءِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ يُدۡنِينَ عَلَيۡهِنَّ مِن جَلَٰبِيبِهِنَّۚ ذَٰلِكَ أَدۡنَىٰٓ أَن يُعۡرَفۡنَ فَلَا يُؤۡذَيۡنَۗ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Muvugishwamana! Bwira abakenyezi bawe, abakobwa bawe hamwe n’abakenyezi b’abemeramana, barenze ku mutwe umwitwikiro upfuka mu maso no mw’izosi gushika ku gikiriza; ukwo kwitwikira rero, ni ukugira abakenyezi biyubahirize banamenyekane, maze ntibabangamirwe n’ibihumbu. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
۞ لَّئِن لَّمۡ يَنتَهِ ٱلۡمُنَٰفِقُونَ وَٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِم مَّرَضٞ وَٱلۡمُرۡجِفُونَ فِي ٱلۡمَدِينَةِ لَنُغۡرِيَنَّكَ بِهِمۡ ثُمَّ لَا يُجَاوِرُونَكَ فِيهَآ إِلَّا قَلِيلٗا
Indyarya, abanyengeterewe mu mutima n’indwara yo kwamana amakenga, hamwe rero na ba gateranya barazwa ishinga no gukwiragiza ibihuha mu gisagara ca Madina, mu ntumbero yo gutera akaguma, ni ukuri nibatateshwa bagata, Tuzokugomorera kuri bo maze ubomore, hanyuma ntibazokumarana muri nya gisagara kiretse akanya gato;
التفاسير العربية:
مَّلۡعُونِينَۖ أَيۡنَمَا ثُقِفُوٓاْ أُخِذُواْ وَقُتِّلُواْ تَقۡتِيلٗا
Baheze bavumwe n’Imana Allah aho bazoba bari hose. Nibatavavanura n’izo ngeso mbi rero, bazofatwa bagirwe imbohe, bicwe nya kwicwa.
التفاسير العربية:
سُنَّةَ ٱللَّهِ فِي ٱلَّذِينَ خَلَوۡاْ مِن قَبۡلُۖ وَلَن تَجِدَ لِسُنَّةِ ٱللَّهِ تَبۡدِيلٗا
Ni uko vyamye rero ku ndyarya n’abarazwa ishinga no gukwiragiza ibihuha mu ntumbero yo gutera akaguma mu b’aho hambere, ko Imana Allah Yabahanisha gufatwa bakagirwa imbohe, bakanicwa aho hose bari mu gihe batavavanuye n’izo ngeso. Ntumwa y’Imana! Genda ugendereze, nta hantu na hamwe uzosanga Twarigeze kudohoka ku ngingo yo guhana indyarya na ba gateranya.
التفاسير العربية:
يَسۡـَٔلُكَ ٱلنَّاسُ عَنِ ٱلسَّاعَةِۖ قُلۡ إِنَّمَا عِلۡمُهَا عِندَ ٱللَّهِۚ وَمَا يُدۡرِيكَ لَعَلَّ ٱلسَّاعَةَ تَكُونُ قَرِيبًا
Ntumwa y’Imana! Abantu barakubaza ku bijanye n’isango umuhero w’isi uzoshikirako mu ntumbero yo guhakana. Bakurire inkoni ku gishitsi, maze ubabwire uti: “Ni ukuri ubumenyi bw’isango ry’umuhero w’isi, buzwi gusa n’Imana Allah”. Mbega Ntumwa y’Imana! Wobibwirwa n’iki, kumbure hari n’aho isango rya nya muhero w’isi ryoba riri hafi gushika!
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱللَّهَ لَعَنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ وَأَعَدَّ لَهُمۡ سَعِيرًا
Mu vy’ukuri Imana Allah, Yaravumye abagarariji mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa, Iranabategekaniriza mu buzima bw’inyuma yo gupfa umuriro wama wegenyejwe;
التفاسير العربية:
خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدٗاۖ لَّا يَجِدُونَ وَلِيّٗا وَلَا نَصِيرٗا
Bazowugumamwo ibihe bidahera mu bihano vyamaho, ntibazoronka umuhagarikizi n’umwe abakura mu bihano, eka nta n’uwubatabara mu kubibakingira bazoronka;
التفاسير العربية:
يَوۡمَ تُقَلَّبُ وُجُوهُهُمۡ فِي ٱلنَّارِ يَقُولُونَ يَٰلَيۡتَنَآ أَطَعۡنَا ٱللَّهَ وَأَطَعۡنَا ٱلرَّسُولَا۠
Umusi bahindukijwe mu maso bari muri nya muriro, bazovuga bajumarariwe n’ukwihebura n’akantu bati: “Amagorwa arama yemwe! Ese iyo tumenya tukumvira Imana Allah, tukumvira n’Intumwa yayo tukiri kw’isi, ntitwari kubona ayo tubonye!”.
التفاسير العربية:
وَقَالُواْ رَبَّنَآ إِنَّآ أَطَعۡنَا سَادَتَنَا وَكُبَرَآءَنَا فَأَضَلُّونَا ٱلسَّبِيلَا۠
Abagarariji kuri uwo musi, bazovuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri twebwe, twarumviye abubahwa hamwe n’indongozi zacu mw’igarariza no mw’ibangikanyamana, baraheza baraduhubisha inzira y’ukwemera uburongozi bwawe;
التفاسير العربية:
رَبَّنَآ ءَاتِهِمۡ ضِعۡفَيۡنِ مِنَ ٱلۡعَذَابِ وَٱلۡعَنۡهُمۡ لَعۡنٗا كَبِيرٗا
Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye rero Ubahe ibihano bigwijwe incuro zibiri ku vyo Uduha, Wongere Ubavume nya kubavuma”.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَكُونُواْ كَٱلَّذِينَ ءَاذَوۡاْ مُوسَىٰ فَبَرَّأَهُ ٱللَّهُ مِمَّا قَالُواْۚ وَكَانَ عِندَ ٱللَّهِ وَجِيهٗا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukabangamire Intumwa y’Imana mu mvugo canke mu ngiro; ntimukabe nk’ababangamiye Musa mu kumutyoza, maze Imana Allah Iramweza. Musa rero, yari n’Intumwa yubashwe ku Mana Allah.
التفاسير العربية:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَقُولُواْ قَوۡلٗا سَدِيدٗا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimugamburukire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze muvuge amajambo aroranye mu bihe vyose;
التفاسير العربية:
يُصۡلِحۡ لَكُمۡ أَعۡمَٰلَكُمۡ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡ ذُنُوبَكُمۡۗ وَمَن يُطِعِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ فَقَدۡ فَازَ فَوۡزًا عَظِيمًا
Muri ico gihe, Imana Allah Izobatunganiriza ibikorwa vyanyu, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu Ibababarire. Uwo wese rero yumviye Imana Allah n’Intumwa yayo mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo, ni ukuri azoronka intsinzi ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.
التفاسير العربية:
إِنَّا عَرَضۡنَا ٱلۡأَمَانَةَ عَلَى ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَٱلۡجِبَالِ فَأَبَيۡنَ أَن يَحۡمِلۡنَهَا وَأَشۡفَقۡنَ مِنۡهَا وَحَمَلَهَا ٱلۡإِنسَٰنُۖ إِنَّهُۥ كَانَ ظَلُومٗا جَهُولٗا
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarasavye amajuru, isi hamwe n’imisozi ko vyogira ububasha bwo guhitamwo kwubaha no kwubahiriza imbitso y’amabwirizwa, maze amajuru, isi hamwe n’imisozi biranka kuyiremeka, biranagira n’impungenge zo kudashobora kuyubahiriza. Ni ho rero, umuntu yakanagara aremera kwiremeka nya mbitso; mu vy’ukuri umuntu, yamye yirenganya kenshi akaba n’ikijujute ruhebwa.
التفاسير العربية:
لِّيُعَذِّبَ ٱللَّهُ ٱلۡمُنَٰفِقِينَ وَٱلۡمُنَٰفِقَٰتِ وَٱلۡمُشۡرِكِينَ وَٱلۡمُشۡرِكَٰتِ وَيَتُوبَ ٱللَّهُ عَلَى ٱلۡمُؤۡمِنِينَ وَٱلۡمُؤۡمِنَٰتِۗ وَكَانَ ٱللَّهُ غَفُورٗا رَّحِيمَۢا
Uguhitamwo kw’umuntu kwiremeka no kwubahiriza nya mbitso, kwahavuye kuba ari yo mvo yo kugira Imana Allah Ihane indyarya n’indyaryakazi, hamwe rero n’ababangikanyamana n’ababangikanyamanakazi, Iheze Yumvire ukwigaya kw’abemeramana n’abemeramanakazi, Inabagumirize n’akabanga ku vyaha vyabo, Iheze Ibababarire. Burya Imana Allah, Yamye ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: الأحزاب
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق