Nihashimagizwe Imana Allah Yo Mugabe w’ibiremwa vyose biri mu majuru, n’ibiri mw’isi n’ibiri hagati yavyo; ni Yo Nyenegushimagizwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni na Yo Ntungane mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose;
Nayo abakoresheje urwenge mu kubeshuza Aayah zacu za Qor’ani ngo bazirwanye, maze bahakane n’Intumwa zacu bivuye inyuma, bibwira ko bazotunaniza Twebwe Allah, abo, ni bo bantu rero bagenewe ibihano bisuzuguza bibabaza mu muriro wa Jahannamu.
Abahawe ubumenyi barazi neza ko Qor’ani wamanuriwe ari kwo kuri kudahinyuzwa, irongora mu nzira igororotse y’Imana Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenugushimwa, Ishimwa mu bihe vyose ku mazina, ku matazirano no ku bikorwa vyayo.
Mbega arementaniriza nkana Imana Allah canke yarakehewe n’ubwenge![2]”. Haba namba! Si nk’ukwo rero abagarariji bavyibaza, ahubwo Muhamadi ni Intumwa akaba n’Imvugakuri koko. Ahubwo abatemera izurwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, bazoja mu bihano vyamaho; bari no mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri.
[2] Ivyo babivuga batebura ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu ntumbero yo guhakana no kwiyamiriza ko ata zurwa ry’ibiremwa ribaho.
Nya Majini yakorera Sulayimani ivyo ashaka mu kwubaka imisigiti, no mu guhingura ibintu mu butare bw’umujumpu n’ubw’ikiyo, amabakuri maninimanini yagutse nk’icogo, inkono z’impange amahanga zitigera ziva aho zihinguriwe ku bunini bwazo. Ni ho rero Twavuga Duti: “Ewe muryango wa Dawudi! Nimukore mwubahiriza amabwirizwa yanje Jewe Allah mu ntumbero yo gushima inema zanje”. Burya rero, ni bake cane mu baja banje banshimira cane[3].
Igihe rero Twebwe Allah Twiciye Sulayimani, nta camenyesheje Amajini ko yapfuye, kiretse umuswa wariye inkoni yari yishimikije aca arahenuka. Sulayimani amaze kugwa hasi, ni ho rero ya Majini yatahura ko iyo aba azi ibinyegejwe ibiremwa, atari kuguma mu bihano vyo gukoreshwa na Sulayimani ku kwibwira ko akiri muzima kandi yapfuye kera[4].
[4] Iyi Aayah, iremeza ko Amajini atazi na kimwe mu binyegejwe ibiremwa “ILMU L-GHAYB”, kuko iyo Amajini aba azi ibinyegejwe ibiremwa, Amajini yakoreshwa na Sulayimani aba yaramenye ubwayo urupfu rwa Sulayimani, agaheza akareka kuguma mu bikorwa, yibaza ko Sulayimani aho yari ahagaze yishimikije inkoni, ayabona kandi yari yapfuye kera.
Icabakuye amata mu kanwa, bakarumanga bahora basomera, ni ubugarariji bwabo no kudashimira Imana Allah. Burya Twebwe Allah, ntiduhana ngo duhashe kiretse abimonogoje mu bugarariji no mu kwihakana inema zacu.
Bamaze kworoherwa mu buzima bakarengwa, bavuze n’agahimbo n’akantu bati: “Mana yacu Rurema Allah! Dushirire kure na kure ibituro vy’ibisagara vyacu, maze dufate urugendo rurerure ata gituro ducako mu nzira turonkerako induhuro canke impamba”. Ni ho rero birenganya mu kugarariza, Duca Turabahana, maze Tubagira inkebuzo n’akayazwe ku bakurikiye mu nyuma, Turaheza Turabashwiragiza nya kubashwiragiza. Mu vy’ukuri mu vyashikiye Abasaba-i, ni ukuri harimwo ivyemezo n’inkebuzo ku muntu wese yigumya mu vyago, ashima inema z’Imana Allah.
Ni ukuri Ibilisi, yaribwiye ko azohubisha Bene Adamu bakamwumvira mu gucumura ku Mana Allah, maze icipfuzo ciwe kuri bo kija mu ngiro, Bene Adamu baramwumvira, kiretse umugwi w’abemeramana bagamburukira Imana Allah mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo.
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Enda nimusabe abo mwibaza ko babangikanije[5] n’Imana Allah mukabasenga mu gishingo cayo, muheze rero mubiture mu kubasaba ngo babatunganirize ivyanyu. Eka ntibazobumvira namba kuko ata co bagaba haba mu majuru, haba no mw’isi, n’aho coba kingana n’akanyegeri; eka nta n’ico babangikanijeko n’Imana Allah mu biri mu majuru no mw’isi; bitayeko, nta n’umwe muri bo yobera Imana Allah umufasha mu kurema, ahubwo Imana Allah ni Imwe Rudende mu bumana no mu kurema kwayo, Ikwiye gusengwa rero ari Imwe Rudende Itabangikanywa”.
[5] Mu bigirwamana vyo mu bwoko bwose; vyaba mu bamalayika canke mu bantu, canke mu bindi mwibaza.
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni nde Abaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere; n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi n’ibindi!”. Bazoheza bishure ata gukekereza ko ari Imana Allah. Nibatishura kubera ubugugu bwabo, urababwira uti: “Ni Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho; kandi mu vy’ukuri, hagati yacu, harimwo umugwi uri mu burongozi canke uri mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”.
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana rero uti: “Ntimuzobazwa namba ku vyaha vyacu, eka na twe nyene ntituzobazwa ku vyo mwakoze, bitayeko nta n’ico duhuriyeko na mwe”.
Ntumwa y’Imana! Vuga ubabwire uti: “Imana yacu Rurema Allah, Izotwegeraniriza hamwe twese ku musi w’izuka, hanyuma Iducire urw’ukuri rutunganye, ni na Yo Mugomorozi Ikaba n’Umucamanza Atunganiriza bikwiye ibiremwa, ni na Yo Izi urwo Izoducira”.
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimunyereke mwisunze ivyemezo, ko abo mwanganishije n’Imana Allah mukayibangikanya na bo mu gusengwa, boba hari na kimwe bashoboye kurema!”. Eka barahumba nibateshwe bate, si nk’uko bavyibaza! Ahubwo Imana Ikwiye gusengwa Itabangikanywa, ni Allah, Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Bakinamura n’amanyama n’akantu bati: “No mu vyerekana ko Imana Allah Itwishimiye, ni uko Yaduteye iteka mu kuturonsa amatungo n’abana benshi kubasumba, kandi rero ntiturota duhanwa, haba ng’aha kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
Amatungo hamwe n’abana vyanyu, si vyo bibahesha icubahiro bikanabegereza kuri Twebwe Allah; ariko abemeye Imana Allah bakanakora n’ivyiza bitegetswe, abo ni bo bagenewe impembo y’ivyo bakoze igwijwe incuro nyinshi, ni na bo rero bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bwisununuye, batekaniwe.
Abamalayika bagaheza bakishura bati: “Ukuninahazwa ni ukwawe Mana, ntibikabe ko Ubangikanywa! Ni Wewe Muhagarikizi wacu twumvira tugasenga. Ahubwo bahora basenga ibigirwamana mu Majini kuko abenshi muri bo, ni yo bemera”;
Kuri uyo musi w’iyegeranywa rero, ibigirwamana nta co bizomarira ababisenga, eka nta n’ico bizobicira. Tuzonabwira abirenganije mw’ibangikanyamana, Duti: “Nimuhonje rero ibihano vyo mu muriro mwahora muhakana mwivuye inyuma ko utabaho”.
Iyo abagarariji b’i Makka basomewe Aayah zacu za Qor’ani zitomoye, bavuga bati: “Uyu Muhamadi, si ikindi, kiretse ko ari umuntu agomba kubabuza isengwa ry’imana zamye zisengwa na ba so kuva na kera na rindi”; bakongera bakavuga bati: “Muhama! Iyi Qor’ani udusomera, si ikindi kiretse ko ari amajambo yawe y’irementanya, si n’ayo wahishuriwe namba”. Abagararije na bo, barinamuye igihe bashikiwe na Qor’ani bati: “Iyi Qor’ani, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye”.
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abagarariji uti: “Nta mpembo ndigera ndabasaba kw’ishikirizabutumwa ryanje, kanatsinda ni no ku neza yanyu, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah, ni na Yo Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, Ikazobibihembera”.
Ni ukuri baragararije Imana Allah, Ibitabu hamwe n’Intumwa vyayo bakiri kw’isi; barondera gushika ku kuri kandi bari mu makenga abata kure yakwo, maze baraguhusha ntibagushikira; nka kurya ata wugema ikintu kandi ari kure cane yaco.
4. إبقاء معلومات نسخة الترجمة الموجودة داخل المستند.
5. إفادة المصدر (QuranEnc.com) بأي ملاحظة على الترجمة.
6. تطوير الترجمات وفق النسخ الجديدة الصادرة من المصدر (QuranEnc.com).
7. عدم تضمين إعلانات لا تليق بترجمات معاني القرآن الكريم عند العرض.
نتائج البحث:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".