ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: الزمر   آية:

سورة الزمر - SURATU ZZUMAR

تَنزِيلُ ٱلۡكِتَٰبِ مِنَ ٱللَّهِ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡحَكِيمِ
Ihishurwa ry’iki Gitabu ca Qor’ani ryavuye ku Mana Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
التفاسير العربية:
إِنَّآ أَنزَلۡنَآ إِلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّ فَٱعۡبُدِ ٱللَّهَ مُخۡلِصٗا لَّهُ ٱلدِّينَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri. Kubera ivyo rero, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose, unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ugira vyose ku bwayo.
التفاسير العربية:
أَلَا لِلَّهِ ٱلدِّينُ ٱلۡخَالِصُۚ وَٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَ مَا نَعۡبُدُهُمۡ إِلَّا لِيُقَرِّبُونَآ إِلَى ٱللَّهِ زُلۡفَىٰٓ إِنَّ ٱللَّهَ يَحۡكُمُ بَيۡنَهُمۡ فِي مَا هُمۡ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَهۡدِي مَنۡ هُوَ كَٰذِبٞ كَفَّارٞ
Bantu, nimwumve mwumvireho! Iyumviramana rizira ibangikanya, rikwiye Imana Allah. Nayo abayibangikanya bakigirira mu gishingo cayo abahagarikizi, barinamura bati: “Ntitubangikanya Imana Allah mu gusenga izo mana atari ukugira ngo zidushikane kuri Yo, maze tube hafi yayo”, gutyo bakaba baragararije. Mu vy’ukuri ku musi w’izuka, Imana Allah Izoca urugororotse hagati y’abemeramana n’ababangikanyamana ku vyo bahora bahazanako mw’idini bakiri kw’isi, hanyuma Ihembere umwumwe wese muri bo ivyo yakoze. Mu vy’ukuri Imana Allah, ntishoboza gutumbera inzira yayo uwuyirementaniriza, akagarariza yivuye inyuma ivyemezo vyayo.
التفاسير العربية:
لَّوۡ أَرَادَ ٱللَّهُ أَن يَتَّخِذَ وَلَدٗا لَّٱصۡطَفَىٰ مِمَّا يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ سُبۡحَٰنَهُۥۖ هُوَ ٱللَّهُ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّارُ
Iyo rero Imana Allah Ishaka kwigenera umwana, Yari guhitamwo mu biremwa vyayo uwo Ishatse. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah, kurengeye cane kuba Yokwigenera umwana! Imana Allah ni Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere;
التفاسير العربية:
خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ بِٱلۡحَقِّۖ يُكَوِّرُ ٱلَّيۡلَ عَلَى ٱلنَّهَارِ وَيُكَوِّرُ ٱلنَّهَارَ عَلَى ٱلَّيۡلِۖ وَسَخَّرَ ٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَۖ كُلّٞ يَجۡرِي لِأَجَلٖ مُّسَمًّىۗ أَلَا هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفَّٰرُ
Imana Allah, Yaremye vy’ukuri amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Iserura ijoro ahavuye umurango, Igaserura umurango ahavuye ijoro. Yaranaremye izuba n’ukwezi, kimwe cose gica mu nzira-ntasobwa yaco kugera kw’isango ryagezwe. Bantu, nimwumve mwumvireho! Burya Imana Allah Yaremye ivyo vyose, ni Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshi;
التفاسير العربية:
خَلَقَكُم مِّن نَّفۡسٖ وَٰحِدَةٖ ثُمَّ جَعَلَ مِنۡهَا زَوۡجَهَا وَأَنزَلَ لَكُم مِّنَ ٱلۡأَنۡعَٰمِ ثَمَٰنِيَةَ أَزۡوَٰجٖۚ يَخۡلُقُكُمۡ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡ خَلۡقٗا مِّنۢ بَعۡدِ خَلۡقٖ فِي ظُلُمَٰتٖ ثَلَٰثٖۚ ذَٰلِكُمُ ٱللَّهُ رَبُّكُمۡ لَهُ ٱلۡمُلۡكُۖ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَۖ فَأَنَّىٰ تُصۡرَفُونَ
Bantu! Imana Allah, Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu, maze Irema muri we umukenyezi wiwe. Iraheza Ibaremera n’amoko y’ibitungwa umunani; igitsina-gabo n’igitsina-gore mu ngamiya, mu nka, mu ntama no mu mpene. Iraheza Ibarema intambwe ku yindi mukiri mu nda za ba nyoko mu myijima itatu: umwijima wo mu nda, uw’igitereko n’uwingovyi. Imana Yaremye ivyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, Nyenubwami, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni gute mureka gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mugahitamwo kuyibangikanya!
التفاسير العربية:
إِن تَكۡفُرُواْ فَإِنَّ ٱللَّهَ غَنِيٌّ عَنكُمۡۖ وَلَا يَرۡضَىٰ لِعِبَادِهِ ٱلۡكُفۡرَۖ وَإِن تَشۡكُرُواْ يَرۡضَهُ لَكُمۡۗ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۚ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّكُم مَّرۡجِعُكُمۡ فَيُنَبِّئُكُم بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَۚ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ
Bantu! Nimwaramuka rero mugararije mu kutayemera no mu kutemera Intumwa zayo, muramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Yikwije mu bumana bwayo ata n’ico Ibakeneyeko, kanatsinda ni mwebwe muyikeneye mu kubaho kwanyu, kandi ntishima namba ko abaja bayo bayigarariza; nimwayishimira rero mukanayigamburukira, Izobibashimira. Kandi nta n’umwe azohanirwa icaha c’uwundi, hanyuma muzokwegeranirizwa ku Mana yanyu Rurema Allah, Iheze Ibabwire ivyo mwakoze maze Ibibahembere. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ibihishijwe mu mishaha.
التفاسير العربية:
۞ وَإِذَا مَسَّ ٱلۡإِنسَٰنَ ضُرّٞ دَعَا رَبَّهُۥ مُنِيبًا إِلَيۡهِ ثُمَّ إِذَا خَوَّلَهُۥ نِعۡمَةٗ مِّنۡهُ نَسِيَ مَا كَانَ يَدۡعُوٓاْ إِلَيۡهِ مِن قَبۡلُ وَجَعَلَ لِلَّهِ أَندَادٗا لِّيُضِلَّ عَن سَبِيلِهِۦۚ قُلۡ تَمَتَّعۡ بِكُفۡرِكَ قَلِيلًا إِنَّكَ مِنۡ أَصۡحَٰبِ ٱلنَّارِ
Iyo umuntu akozweko n’ivyago, aca yibuka Imana yiwe Rurema Allah, maze akayisaba ayitakambira ngo Ibimukureko; Igize ngo Iramwumviye mu kubimukurako, Ikamuha inema zayo, aca yibagira ibisabisho yahora agira, agaheza akayibangikanya n’ibigirwamana, kugira ahubishe abantu inzira y’ukwemera n’iy’igamburukiramana. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ryoherwa gato n’ubugarariji bwawe gushika upfe, wewe mu vy’ukuri, uri mu bantu bo mu muriro udahera”.
التفاسير العربية:
أَمَّنۡ هُوَ قَٰنِتٌ ءَانَآءَ ٱلَّيۡلِ سَاجِدٗا وَقَآئِمٗا يَحۡذَرُ ٱلۡأٓخِرَةَ وَيَرۡجُواْ رَحۡمَةَ رَبِّهِۦۗ قُلۡ هَلۡ يَسۡتَوِي ٱلَّذِينَ يَعۡلَمُونَ وَٱلَّذِينَ لَا يَعۡلَمُونَۗ إِنَّمَا يَتَذَكَّرُ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Mbega burya umugarariji aryoherwa gato mu bugarariji bwiwe, ni we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwicisha bugufi kuri Yo, akayisenga ayubamira mu gicugu, atinya n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, yizeye no kugirirwa impuhwe n’Imana yiwe Rurema Allah! Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mbega burya abazi Imana Allah bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hari aho banganiye mu butore n’ubutoni n’abatayizi batubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ihibambewe, ntibashobora kungana”. Ni ukuri, abibuka bagatandukanya icatsi n’ururo, ni abanyabwenge koko.
التفاسير العربية:
قُلۡ يَٰعِبَادِ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ ٱتَّقُواْ رَبَّكُمۡۚ لِلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ فِي هَٰذِهِ ٱلدُّنۡيَا حَسَنَةٞۗ وَأَرۡضُ ٱللَّهِ وَٰسِعَةٌۗ إِنَّمَا يُوَفَّى ٱلصَّٰبِرُونَ أَجۡرَهُم بِغَيۡرِ حِسَابٖ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abaja banje b’abemeramana uti: “Nimugamburukire Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo”. Abarangwa n’ubugwaneza, baragenewe ukuroranirwa mu buzima bwo kw’isi hamwe rero n’Ubwami bw’ijuru mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kubera ivyo rero, isi y’Imana Allah iragutse, nimwaburabuzwa mu kwemera kwanyu, muraheza mwimukire aho mwidegemvya mw’idini. Ni ukuri abihanganira iyubahirizwa ry’amabwirizwa y’Imana Allah, mu buzima bw’inyuma yo gupfa bazohabwa impembo nta ngere.
التفاسير العربية:
قُلۡ إِنِّيٓ أُمِرۡتُ أَنۡ أَعۡبُدَ ٱللَّهَ مُخۡلِصٗا لَّهُ ٱلدِّينَ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bose uti: “Mu vy’ukuri Imana Allah, Yantegetse jewe hamwe n’abankurikiye kuyiyegereza mu vyo dukora vyose tunayisenga ari Imwe Rudende, tweza n’ivyo tugira vyose ku bwayo;
التفاسير العربية:
وَأُمِرۡتُ لِأَنۡ أَكُونَ أَوَّلَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ
Kandi Yantegetse kuba umwislamu wa mbere mu bo narungitsweko, nicisha bugufi nkayisenga ari Imana Imwe Rudende Allah ntayibangikanya”.
التفاسير العربية:
قُلۡ إِنِّيٓ أَخَافُ إِنۡ عَصَيۡتُ رَبِّي عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bose uti: “Mu vy’ukuri jewe, mu gihe noca kubiri no gusenga Imana yanje Rurema Allah ari Imwe Rudende, ndatinya ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”.
التفاسير العربية:
قُلِ ٱللَّهَ أَعۡبُدُ مُخۡلِصٗا لَّهُۥ دِينِي
Ntumwa y’Imana! Vuga wemanga ukwemera kwawe uti: “Burya jewe, niyegereza Imana Allah mu vyo nkora vyose, maze nkayisenga ari Imwe Rudende, nkeza n’ivyo ngira vyose ku bwayo;
التفاسير العربية:
فَٱعۡبُدُواْ مَا شِئۡتُم مِّن دُونِهِۦۗ قُلۡ إِنَّ ٱلۡخَٰسِرِينَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ وَأَهۡلِيهِمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ أَلَا ذَٰلِكَ هُوَ ٱلۡخُسۡرَانُ ٱلۡمُبِينُ
Babangikanyamana! Nimusenge ivyo mushaka mu bigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, ivyo vyose nta co binyicira”. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mu vy’ukuri abari mu ruhombo nya ruhombo, ni barya bihombeye bagahomba n’imiryango yabo ku musi w’izuka[1]”. Bantu, nimwumve mwumvireho! Urwo rero, ni rwo ruhombo rugaragara.
[1] Kuko bahuvye bakanahubisha imiryango yabo inzira y’ukwemera Imana Imwe Rudende Allah.
التفاسير العربية:
لَهُم مِّن فَوۡقِهِمۡ ظُلَلٞ مِّنَ ٱلنَّارِ وَمِن تَحۡتِهِمۡ ظُلَلٞۚ ذَٰلِكَ يُخَوِّفُ ٱللَّهُ بِهِۦ عِبَادَهُۥۚ يَٰعِبَادِ فَٱتَّقُونِ
Abo bahomvye ku musi w’izuka, bagenewe ibihano bikaze vy’umuriro uzoba ubakikuje hejuru no musi, nk’amagorofa amahanga. Ivyo bihano rero, Imana Allah Ivyiganira abaja bayo, kugira bikebuke maze bavyiyubare. Emwe baja banje! Nimungamburukire rero mu kwubahiriza amabwirizwa yanje.
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِينَ ٱجۡتَنَبُواْ ٱلطَّٰغُوتَ أَن يَعۡبُدُوهَا وَأَنَابُوٓاْ إِلَى ٱللَّهِ لَهُمُ ٱلۡبُشۡرَىٰۚ فَبَشِّرۡ عِبَادِ
Na barya bitandukanya n’isengwa ry’ibigirwamana vy’ubwoko bwose[2], bakagaruka bakigaya ku Mana Allah, maze bakayiyegereza mu vyo bagira vyose, bagenewe inkuru nziza yo kuyagwa no gushobozwa n’Imana Allah mu buzima bwo kw’isi, hamwe rero no kuronswa impembo nziza kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru. Ntumwa y’Imana! Shikiriza rero inkuru nziza ihumuriza abaja banje;
[2] Ibigirwamana vyo mu bwoko bwose “TWAAGHUUT”, ni ikiremwa ico ari co cose gisengwa mu gishingo c’Imana Allah, gishimishwa n’iryo sengwa.
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ يَسۡتَمِعُونَ ٱلۡقَوۡلَ فَيَتَّبِعُونَ أَحۡسَنَهُۥٓۚ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ هَدَىٰهُمُ ٱللَّهُۖ وَأُوْلَٰٓئِكَ هُمۡ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Barya bumviriza ijambo, maze bakubahiriza irigororotse gusumba; iryo na ryo rikaba ari jambo ry’Imana Allah n’iry’Intumwa yayo. Abo rero, ni bo Imana Allah Yarongoye mu gushobozwa kurangwa n’ingeso hamwe n’ibikorwa vyiza. Abo, ni na bo banyabwenge koko.
التفاسير العربية:
أَفَمَنۡ حَقَّ عَلَيۡهِ كَلِمَةُ ٱلۡعَذَابِ أَفَأَنتَ تُنقِذُ مَن فِي ٱلنَّارِ
Ntumwa y’Imana! Burya, uwagiriwe n’igihano ku gushishikara kwiwe mu bugarariji, nta buhinga wokoresha ngo umugire umugororotsi. Ntumwa y’Imana! Mbega none, burya urashoboye gukingira umuntu ari mu muriro ngo ntahanwe! Wanguha.
التفاسير العربية:
لَٰكِنِ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ رَبَّهُمۡ لَهُمۡ غُرَفٞ مِّن فَوۡقِهَا غُرَفٞ مَّبۡنِيَّةٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ وَعۡدَ ٱللَّهِ لَا يُخۡلِفُ ٱللَّهُ ٱلۡمِيعَادَ
Ariko rero, abagamburukira Imana yabo Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, baragenewe mu Bwami bw’ijuru ivyumba vy’amagorofa musi yavyo hatemba inzuzi. Iryo rero, ni isezerano Imana Allah, Yasezeraniye abagamburukiramana, kandi Imana Allah ntica kubiri n’isezerano ryayo.
التفاسير العربية:
أَلَمۡ تَرَ أَنَّ ٱللَّهَ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَسَلَكَهُۥ يَنَٰبِيعَ فِي ٱلۡأَرۡضِ ثُمَّ يُخۡرِجُ بِهِۦ زَرۡعٗا مُّخۡتَلِفًا أَلۡوَٰنُهُۥ ثُمَّ يَهِيجُ فَتَرَىٰهُ مُصۡفَرّٗا ثُمَّ يَجۡعَلُهُۥ حُطَٰمًاۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَذِكۡرَىٰ لِأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko mu vy’ukuri Imana Allah, Ituma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Igaca Icira inzira nya mazi y’imvura akanyika, maze akadudubiza kw’isi ari imbizi n’inzuzi zitemba, hanyuma Ikanagisha ibiterwa bitotahaye bitandukanye kw’ibara n’ubwoko hakoreshejwe amazi ya nya mvura; mu nyuma, nya biterwa bigakaba bigahindura ibara bigahishira ukabona bisa n’umuhondo, hanyuma bigahungurura amababi aheza akavungagurika ku bushobozi bw’Imana Allah! Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo inyigisho n’urwibutso ku banyabwenge koko.
التفاسير العربية:
أَفَمَن شَرَحَ ٱللَّهُ صَدۡرَهُۥ لِلۡإِسۡلَٰمِ فَهُوَ عَلَىٰ نُورٖ مِّن رَّبِّهِۦۚ فَوَيۡلٞ لِّلۡقَٰسِيَةِ قُلُوبُهُم مِّن ذِكۡرِ ٱللَّهِۚ أُوْلَٰٓئِكَ فِي ضَلَٰلٖ مُّبِينٍ
Mbega burya, umuntu yaguriwe n’Imana Allah igikiriza agahimbarwa no kuyemera akaba umwislamu, maze akagendera mu muco w’uburongozi bw’Imana yiwe Rurema Allah, yoba anganya ubotore n’ubutoni, n’uwurangwa n’agatimatare ko kutayemera! Ntibashobora kunganya ubutore n'ubutoni. Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’abarangwa n’agatimatare batigera bibuka Imana Allah. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri.
التفاسير العربية:
ٱللَّهُ نَزَّلَ أَحۡسَنَ ٱلۡحَدِيثِ كِتَٰبٗا مُّتَشَٰبِهٗا مَّثَانِيَ تَقۡشَعِرُّ مِنۡهُ جُلُودُ ٱلَّذِينَ يَخۡشَوۡنَ رَبَّهُمۡ ثُمَّ تَلِينُ جُلُودُهُمۡ وَقُلُوبُهُمۡ إِلَىٰ ذِكۡرِ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ هُدَى ٱللَّهِ يَهۡدِي بِهِۦ مَن يَشَآءُۚ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٍ
Imana Allah, Yamanuye amajambo meza cane, ayo majambo akaba ari Qor’ani isusa mu bwiza no mu ngingo vyayo; itigera ivuguruzanya mu ngingo zayo; irimwo amateka y’Intumwa yisubiriza aha na harya, ingingo n’ivyemezo bitomoye; ntitera ubunebwe uwuyisomye n’aho yoyisoma kenshi yisubiriza; iyo isomwe, abatinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah barahinda agashitsi, maze imibiri n’imitima vyabo bikoroha mu guhurumbira ivyiza. Ubwo rero, ni bwo burongozi bwa Qor’ani, Imana Allah Ishoboza kubutumbera uwo Ishatse. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntazoronka n’umwe ashobora kumurongora mu nzira yayo.
التفاسير العربية:
أَفَمَن يَتَّقِي بِوَجۡهِهِۦ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ وَقِيلَ لِلظَّٰلِمِينَ ذُوقُواْ مَا كُنتُمۡ تَكۡسِبُونَ
Mbega burya, uwuzotabwa mu muriro ku musi w’izuka abohewe amaboko imugongo kubera ubugarariji bwiwe, gutyo ntashobore kuwikingira mu maso, yoba ari we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwuri mu nema zo mu Bwami bw’ijuru kubera ubugamburutsi bwiwe! Kuri uwo musi rero, abirenganije bazobwirwa ku gahemo bati: “Nimuhonje rero ibihano ku vyo mwari mwararondeye kw’isi”.
التفاسير العربية:
كَذَّبَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَأَتَىٰهُمُ ٱلۡعَذَابُ مِنۡ حَيۡثُ لَا يَشۡعُرُونَ
Ntumwa y’Imana! Abo hambere y’abantu bawe warungitsweko, barahakanye bivuye inyuma Intumwa zabo, baraheza bashikirwa n’ibihano mu buryo batari biteze;
التفاسير العربية:
فَأَذَاقَهُمُ ٱللَّهُ ٱلۡخِزۡيَ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَلَعَذَابُ ٱلۡأٓخِرَةِ أَكۡبَرُۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Gutyo Imana Allah, Ibahonja ibihano vyo gusuzugurika kw’isi, ni ukuri baranategekanirijwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibihano bikaze kandi biremereye cane. Iyo rero ababangikanyamana bamenya ko abo hambere yabo bahanwe ku bugarariji bwabo, bokwikebutse bakemera Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ ضَرَبۡنَا لِلنَّاسِ فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٖ لَّعَلَّهُمۡ يَتَذَكَّرُونَ
Ni ukuri Twebwe Allah, Twarahaye ababangikanyamana muri iyi Qor’ani, uburorero bukwiye butandukanye, kugira banyurwe bikebuke, baheze bavavanure n’ibangikanyamana;
التفاسير العربية:
قُرۡءَانًا عَرَبِيًّا غَيۡرَ ذِي عِوَجٖ لَّعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ
Qor’ani Twayimanuye mu rurimi rw’icarabu, itomoye mu majambo no mu nsiguro vyayo, itagiramwo akanenge; ivyo bikaba biri ukwo, kugira bagamburikire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
التفاسير العربية:
ضَرَبَ ٱللَّهُ مَثَلٗا رَّجُلٗا فِيهِ شُرَكَآءُ مُتَشَٰكِسُونَ وَرَجُلٗا سَلَمٗا لِّرَجُلٍ هَلۡ يَسۡتَوِيَانِ مَثَلًاۚ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِۚ بَلۡ أَكۡثَرُهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Imana Allah, Yarabaciriye agace k’abantu babiri; umwe muri bo, agabwa akaganzwa n’abantu benshi bamukoresha mu vyo umwumwe wese muri bo ashaka mu mwanya umwe, maze akananirwa ukuntu yobashimisha bose; uwundi na we akagabwa akaganzwa n’umuntu umwe rudende, aheza akamukoresha mu vyo ashaka, maze na we akamushimisha. Burya none abo bantu babiri, bokworoherwa kumwe mu kurangurana ubukerebutsi ico basabwa! Wanguha. Ni nk’ukwo nyene rero, umubangikanyamana yama mu makenga n’ihungabana ryo kudashobora gushimisha ibigirwamana, mu gihe umwemeramana yama atekaniwe ashoboye no gushimisha Imana Allah. Ishimagizwa rero, ni iry’Imana Allah, ahubwo abenshi mu babangikanyamana, ntibazi ukuri ngo bagukurikire.
التفاسير العربية:
إِنَّكَ مَيِّتٞ وَإِنَّهُم مَّيِّتُونَ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri wewe uzopfa, kandi na bo nyene mu vy’ukuri bazopfa;
التفاسير العربية:
ثُمَّ إِنَّكُمۡ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ عِندَ رَبِّكُمۡ تَخۡتَصِمُونَ
Hanyuma mu vy’ukuri, mwese ku musi w’izuka muzoheza muburane ku Mana Allah, Iheze Ibatunganirize vy’ukuri.
التفاسير العربية:
۞ فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن كَذَبَ عَلَى ٱللَّهِ وَكَذَّبَ بِٱلصِّدۡقِ إِذۡ جَآءَهُۥٓۚ أَلَيۡسَ فِي جَهَنَّمَ مَثۡوٗى لِّلۡكَٰفِرِينَ
Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah[3], canke uwuhakana yivuye inyuma ukuri kwarungikanwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) igihe kumushikiriye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagarariji.
[3] Mu kuyitirira ibitaberanye n’icubahiro cayo; nko kuyitirira umwana, canke umugore, canke kuyibangikanya, canke gushinga ingingo ngo ni iy’Imana Allah kandi ata ho Yigeze Iyihishura.
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِي جَآءَ بِٱلصِّدۡقِ وَصَدَّقَ بِهِۦٓ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُتَّقُونَ
Uwazanye ukuri mu mvugo n’ingiro mu Ntumwa maze akakugendera, we hamwe n’abamukurikiye, ni bo bagamburukiramana koko;
التفاسير العربية:
لَهُم مَّا يَشَآءُونَ عِندَ رَبِّهِمۡۚ ذَٰلِكَ جَزَآءُ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Bagenewe kuronka ivyiza bipfuza ku Mana yabo Rurema Allah; iyo, ni yo mpembo y’abagwaneza mu kwubahiriza amabwirizwa;
التفاسير العربية:
لِيُكَفِّرَ ٱللَّهُ عَنۡهُمۡ أَسۡوَأَ ٱلَّذِي عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَهُمۡ أَجۡرَهُم بِأَحۡسَنِ ٱلَّذِي كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Ivyo biri ukwo, kugira Imana Allah Ibagumirize akabanga ku vyaha bakoze kw’isi bivanye n’ukwigaya kwabo, Iheze Ibababarire, Yongere Ibahembere ivyiza bakoze kw’isi mu kuronswa impembo nziza cane y’Ubwami bw’ijuru.
التفاسير العربية:
أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِكَافٍ عَبۡدَهُۥۖ وَيُخَوِّفُونَكَ بِٱلَّذِينَ مِن دُونِهِۦۚ وَمَن يُضۡلِلِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِنۡ هَادٖ
Burya none Imana Allah, si Yo Ibungabunga Umuja wayo Muhamadi mu kumukingira kugirirwa nabi n’ababangikanyamana! Ego cane, ni Yo Imubungabunga mu bijanye n’idini, Ikamuzigama no mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! Baragutera n’ubwoba ko ibigirwamana vyokugeramira. Humura nta co bizokugira. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntashobora kuronka n’umwe amurongora mu nzira yayo;
التفاسير العربية:
وَمَن يَهۡدِ ٱللَّهُ فَمَا لَهُۥ مِن مُّضِلٍّۗ أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِعَزِيزٖ ذِي ٱنتِقَامٖ
Nayo uwushobojwe n’Imana Allah akemera akanagamburuka, ntihazoboneka n’umwe ashobora kumuhubisha inzira y’ukuri. Burya none Imana Allah, si Yo Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Yihora bikwiye abayigarariza!
التفاسير العربية:
وَلَئِن سَأَلۡتَهُم مَّنۡ خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ لَيَقُولُنَّ ٱللَّهُۚ قُلۡ أَفَرَءَيۡتُم مَّا تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ إِنۡ أَرَادَنِيَ ٱللَّهُ بِضُرٍّ هَلۡ هُنَّ كَٰشِفَٰتُ ضُرِّهِۦٓ أَوۡ أَرَادَنِي بِرَحۡمَةٍ هَلۡ هُنَّ مُمۡسِكَٰتُ رَحۡمَتِهِۦۚ قُلۡ حَسۡبِيَ ٱللَّهُۖ عَلَيۡهِ يَتَوَكَّلُ ٱلۡمُتَوَكِّلُونَ
Ntumwa y’Imana! No mu gihe woramuka ubajije ababangikanyamana uti: “Mbega, ni nde Yaremye amajuru n’isi?”. Ni ukuri, bazokwishura ata gushidikanya bati: “Vyaremwe n’Imana Allah”. Nibemanga ko ari Yo Rurema, uraca ubabaza kandi uti: “Mbega burya none, ibigirwamana musaba mu gishingo c’Imana Allah, birashoboye kunkura mu kaga n’igeragezwa nashizwemwo n’Imana Allah, canke birashoboye gutuma ntashikirwa n’ivyiza n’impuhwe nagiriwe n’Imana Allah!”. Nibemanga ko bitabishoboye, uraca ubabwira uti: “Imana Allah rero, ni Yo Ikwiye kunkingira. Abizera rero nibishimikize nyabuna kuri Yo bayizere”.
التفاسير العربية:
قُلۡ يَٰقَوۡمِ ٱعۡمَلُواْ عَلَىٰ مَكَانَتِكُمۡ إِنِّي عَٰمِلٞۖ فَسَوۡفَ تَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu narungitsweko! Nimukore ivyo mugira vyose nk’uko muvyipfuza mu gusenga ibigirwamana ata co bishoboye, jewe mu vy’ukuri nkora ivyo nkora, nisunze amabwirizwa y’Imana Allah, bitebe bitebuke rero muzomenya;
التفاسير العربية:
مَن يَأۡتِيهِ عَذَابٞ يُخۡزِيهِ وَيَحِلُّ عَلَيۡهِ عَذَابٞ مُّقِيمٌ
Uwuzoshikirwa n’ibihano bisuzuguza mu buzima bwo kw’isi, agaheza akaja no mu bihano vyamaho mu buzima bw’inyuma yo gupfa”.
التفاسير العربية:
إِنَّآ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ لِلنَّاسِ بِٱلۡحَقِّۖ فَمَنِ ٱهۡتَدَىٰ فَلِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَإِنَّمَا يَضِلُّ عَلَيۡهَاۖ وَمَآ أَنتَ عَلَيۡهِم بِوَكِيلٍ
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri, kugira ibere uburongozi ibiremwa mu bantu no mu Majini. Uwuzotumbera rero inzira igororotse akagendera n’inyigisho zayo, ni we nyene bizogirira akamaro; uwuzohuba iyo nzira na we akaba intumva, ni we nyene bizogirira inkurikizi mbi; kira noneho, wewe nturi umuhagarikizi abazwa ku vyo bakoze, ujejwe gusa kubashikiriza ubutumwa.
التفاسير العربية:
ٱللَّهُ يَتَوَفَّى ٱلۡأَنفُسَ حِينَ مَوۡتِهَا وَٱلَّتِي لَمۡ تَمُتۡ فِي مَنَامِهَاۖ فَيُمۡسِكُ ٱلَّتِي قَضَىٰ عَلَيۡهَا ٱلۡمَوۡتَ وَيُرۡسِلُ ٱلۡأُخۡرَىٰٓ إِلَىٰٓ أَجَلٖ مُّسَمًّىۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَتَفَكَّرُونَ
Imana Allah, Yaka ubuzima burundu ibiremwa mu gihe hageze ko bipfa[4] bigapfa; Ikaka ubuzima ibindi biremwa hataragera ko bipfa mu gihe bisinziriye (biri mw’itiro)[5]; maze Igasinziriza ubutakivayo ibiremwa Yandikiye ko bipfa, bigapfira muri nya tiro; Igaheza Igasubiza ubuzima ibindi biremwa bikikangura, maze bikabaho gushika isango rizwi ryo gupfa kwavyo rigere. Muri ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo bigaragara vyotuma abantu biyumvira, bikebuka bagatahura ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
[4] Urwo ni urupfu rukuru, rwitwa urupfu rukuru kuko inkomoko y’ubuzima “Roho” itandukana n’umubiri burundu kuko ikiringo co kubaho kw’isi kiba kirangiye; gutyo kwa gukakaza, kwumva no kubona vyatuma umuntu atahura ibiriko biraba, bigahagarara burundu.
[5] Ugusinzira kwitwa urupfu ruto, kuko inkomoko y’ubuzima “Roho” itandukana n’umubiri mu gihe usinziriye, ku buryo ushobora gusa kwikakaza no guhema, ariko udashobora kwumva no kubona ngo utahure ibiriko biraba mu gihe cose uba ugisinziriye. Ugusinzira rero, ni urupfu ruto rushikira zina kiremwa-muntu ku musi ku musi, rukaba rwari rukwiye gutuma umuntu yibuka ko hariho urupfu rukuru.
التفاسير العربية:
أَمِ ٱتَّخَذُواْ مِن دُونِ ٱللَّهِ شُفَعَآءَۚ قُلۡ أَوَلَوۡ كَانُواْ لَا يَمۡلِكُونَ شَيۡـٔٗا وَلَا يَعۡقِلُونَ
Canke ababangikanyamana bagize ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, kugira bibavugire kuri Yo! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega none, ibigirwamana vyobavugira gute kandi na vyo nyene ata na kimwe bigaba, eka ntibinamenya namba ko mubisenga!”.
التفاسير العربية:
قُل لِّلَّهِ ٱلشَّفَٰعَةُ جَمِيعٗاۖ لَّهُۥ مُلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ ثُمَّ إِلَيۡهِ تُرۡجَعُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Burya, ivugira n’ivugirwa ry’ibiremwa vyose, ni ivy’Imana Allah; riba ku burenganzira bwayo, ni Yo Nyenubwami Iganza ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo; hanyuma rero, ni kuri Yo muzosubizwa kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze”.
التفاسير العربية:
وَإِذَا ذُكِرَ ٱللَّهُ وَحۡدَهُ ٱشۡمَأَزَّتۡ قُلُوبُ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِۖ وَإِذَا ذُكِرَ ٱلَّذِينَ مِن دُونِهِۦٓ إِذَا هُمۡ يَسۡتَبۡشِرُونَ
Iyo rero havuzwe Imana Allah Yonyene, imitima y’abatemera ko hari ubuzima bw’inyuma yo gupfa, irashishwa n’ishavu n’akantu ikajugumira. Iyo havuzwe ibigirwamana naho, akamwemwe kakabasya, kuko havuzwe ikijanye n’ivyipfuzo vyabo; maze imitima yabo ikaremurukirwa.
التفاسير العربية:
قُلِ ٱللَّهُمَّ فَاطِرَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ عَٰلِمَ ٱلۡغَيۡبِ وَٱلشَّهَٰدَةِ أَنتَ تَحۡكُمُ بَيۡنَ عِبَادِكَ فِي مَا كَانُواْ فِيهِ يَخۡتَلِفُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ewe Mana yanje Nzima! Rutanguzandemo Waremye amajuru n’isi! Rumenyi w’ibintu vyose; ibinyegeje n’ibiboneka! Ni Wewe ku musi w’izuka, Uzocira abaja bawe urutunganye, rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, ndongora mu kunshikana ku kuri ku burenganzira bwawe, Wewe mu vy’ukuri, Urongora uwo Ushatse mu nzira igororotse[6]”.
[6] Iki gisabisho, ni kimwe mu bisabisho Intumwa yakunda gusaba mu ntumbero yo kwigisha abemeramana kugaruka ku Mana Allah mu kuyisaba hakoreshejwe amazina n’amatazirano vyayo.
التفاسير العربية:
وَلَوۡ أَنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ مَا فِي ٱلۡأَرۡضِ جَمِيعٗا وَمِثۡلَهُۥ مَعَهُۥ لَٱفۡتَدَوۡاْ بِهِۦ مِن سُوٓءِ ٱلۡعَذَابِ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ وَبَدَا لَهُم مِّنَ ٱللَّهِ مَا لَمۡ يَكُونُواْ يَحۡتَسِبُونَ
Abirenganije mw’ibangikanyamana, iyo baba bagaba ibiri mw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibindi nkavyo, bobitanze kugira bigombore muri vyo ku musi w’izuka; kira noneho, n’aho bobitanga ngo bigombore muri nya bihano, ntibirota vyemerwa namba. Kuri uwo musi rero, bazobona mu bihano vy’Imana Allah, ivyo batigera bibaza bakiri kw’isi ko vyoshika, bagwe mu gahundwe;
التفاسير العربية:
وَبَدَا لَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْ وَحَاقَ بِهِم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Bazobona kuri uwo musi w’iharurirwa ry’ibiremwa, indishi mbi y’ivyo bari bararondeye kw'isi, mu kwitirira Imana Allah ibitaberanye n’icubahiro cayo, bazonasagirizwa n’ibihano bibabaza ku vyo bahora bateburako.
التفاسير العربية:
فَإِذَا مَسَّ ٱلۡإِنسَٰنَ ضُرّٞ دَعَانَا ثُمَّ إِذَا خَوَّلۡنَٰهُ نِعۡمَةٗ مِّنَّا قَالَ إِنَّمَآ أُوتِيتُهُۥ عَلَىٰ عِلۡمِۭۚ بَلۡ هِيَ فِتۡنَةٞ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Iyo umuntu ashikiwe n’ivyago, aca atwitabaza Twebwe Allah ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; Twamara kubimukurako Tukamuha inema ivuye iwacu, agaheza akinamura avuga yihaya yihayagiza mu kugarariza Imana Allah, ati: “Ni ukuri ivyo naronkejwe, nabihawe kuko Imana Allah Izi ko ndabikwiye”. Ahubwo nyabuna, uguhabwa kw’abantu inema, ni ikigeragezo kuri bo kugira hamenyekane (ku vyo Imana Allah Isanzwe Izi), uwushimira Imana Allah n’uwuyigarariza; ariko rero abenshi muri bo ku bujuju bwabo, ntibazi ko bageragezwa ku nema bahawe n’Imana Allah;
التفاسير العربية:
قَدۡ قَالَهَا ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡ فَمَآ أَغۡنَىٰ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri imigwi y’abantu bagararije aho hambere y’abantu bawe, baravuze ijambo nk’iryo ryo kwihakana inema z’Imana Allah, maze bararihanirwa; ico gihe rero, ivyo begeranije mu matungo n’abana, nta co vyabamariye;
التفاسير العربية:
فَأَصَابَهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْۚ وَٱلَّذِينَ ظَلَمُواْ مِنۡ هَٰٓؤُلَآءِ سَيُصِيبُهُمۡ سَيِّـَٔاتُ مَا كَسَبُواْ وَمَا هُم بِمُعۡجِزِينَ
Kubera iryo jambo, ni ho rero bibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze, maze barahanwa mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! N’abirenganije rero mu kuvuga iryo jambo mu bantu bawe, bazokwibonerako inkurikizi y’ivyo bakoze maze bahanwe, kandi ntibazocaruka ngo bananire Imana Allah.
التفاسير العربية:
أَوَلَمۡ يَعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Mbega ntibamenye, ko Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho kugira Imugerageze[7], Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo kugira Imugerageze; bidaturutse ku butoni bw’uriya canke ku bugaba bw’uyu[8]! Mu vy’ukuri muri iryo ronswa ry’umusesekara canke igererwa ry’ibibeshaho, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana bemera amabwirizwa y’Imana Allah bakanayashira mu ngiro, vyerekana ko ibeshwaho ry’ibiremwa ari ku mpuhwe n’ubugwaneza vy’Imana Allah.
[7] Ko ashima inema z’Imana Allah akayisenga ari Imwe Rudende canke ko azihakana akayigarariza.
[8] ko yihangana akigumya, akabumbwa n’ivyo aronse canke ko ahababuka agata imiragwe ku Mana Allah no ku bantu.
التفاسير العربية:
۞ قُلۡ يَٰعِبَادِيَ ٱلَّذِينَ أَسۡرَفُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ لَا تَقۡنَطُواْ مِن رَّحۡمَةِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ يَغۡفِرُ ٱلذُّنُوبَ جَمِيعًاۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡغَفُورُ ٱلرَّحِيمُ
Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje barendegeye mu vyaha uti: “Ntimukihebure ku bwinshi bw’ivyaha vyanyu, ko mutobabarirwa ku mpuhwe z’Imana Allah; mu vy’ukuri Imana Allah, Iragumya akabanga ku vyaha vy’uwigaye, Ikanabibabarira vyose; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;
التفاسير العربية:
وَأَنِيبُوٓاْ إِلَىٰ رَبِّكُمۡ وَأَسۡلِمُواْ لَهُۥ مِن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلۡعَذَابُ ثُمَّ لَا تُنصَرُونَ
Bantu! Enda nyabuna rero, nimugaruke ku Mana yanyu Rurema Allah maze mwigaye, muheze mwicishe bugufi kuri Yo imbere yuko mushikirwa n’ibihano vyayo, hanyuma ntimunaronke n’umwe abatabara;
التفاسير العربية:
وَٱتَّبِعُوٓاْ أَحۡسَنَ مَآ أُنزِلَ إِلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُم مِّن قَبۡلِ أَن يَأۡتِيَكُمُ ٱلۡعَذَابُ بَغۡتَةٗ وَأَنتُمۡ لَا تَشۡعُرُونَ
Muheze mukurikire n’ivyiza mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah muri Qor’ani, mubigendere mu kwubahiriza amabwirizwa yayo imbere yuko mushikirwa n’ibihano mutabizi;
التفاسير العربية:
أَن تَقُولَ نَفۡسٞ يَٰحَسۡرَتَىٰ عَلَىٰ مَا فَرَّطتُ فِي جَنۢبِ ٱللَّهِ وَإِن كُنتُ لَمِنَ ٱلسَّٰخِرِينَ
Maze umuntu akicuza avuga ati: “Ese agahombo nagize mu kutitwararika gukora ivyo nabwirijwe n’Imana Allah! Ni ukuri kw’isi, nari mu batebura kuri vyo, ku Ntumwa no ku bemeramana”;
التفاسير العربية:
أَوۡ تَقُولَ لَوۡ أَنَّ ٱللَّهَ هَدَىٰنِي لَكُنتُ مِنَ ٱلۡمُتَّقِينَ
Canke akavuga ati: “Iyo Imana Allah Indongora mw’idini ryayo, ni ukuri nari kuba ndi mu bagamburukiramana”;
التفاسير العربية:
أَوۡ تَقُولَ حِينَ تَرَى ٱلۡعَذَابَ لَوۡ أَنَّ لِي كَرَّةٗ فَأَكُونَ مِنَ ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Canke akavuga igihe yabonye yamaze gusagirizwa n’ibihano vy’Imana Allah, ku musi w’izuka, ati: “Ese icompa nkasubizwa kandi kw’isi, ngaheza nkaba mu bagwaneza bubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah!”.
التفاسير العربية:
بَلَىٰ قَدۡ جَآءَتۡكَ ءَايَٰتِي فَكَذَّبۡتَ بِهَا وَٱسۡتَكۡبَرۡتَ وَكُنتَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Imana Allah Izoheza Yishure Iti: “Muntu! Ntibikabe nk’uko ubivuze! Ni ukuri, warashikiriwe n’ivyemezo vyanje vyerekana ukuri, maze urabihakana wivuye inyuma, uranagira amanyama mu kutavyemera, wari no mu bagarariji bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo”.
التفاسير العربية:
وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ تَرَى ٱلَّذِينَ كَذَبُواْ عَلَى ٱللَّهِ وُجُوهُهُم مُّسۡوَدَّةٌۚ أَلَيۡسَ فِي جَهَنَّمَ مَثۡوٗى لِّلۡمُتَكَبِّرِينَ
Ku musi w’izuka rero, abahakanye bivuye inyuma mu kubangikanya Imana Allah bayitirira n’ibitaberanye n’icubahiro cayo, uzobabona bijiriwe, mu maso hirabuye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagira amanyama mu kudasenga Imana Imwe Rudende Allah.
التفاسير العربية:
وَيُنَجِّي ٱللَّهُ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ بِمَفَازَتِهِمۡ لَا يَمَسُّهُمُ ٱلسُّوٓءُ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Imana Allah rero, Izoheza Irokore mu bihano, abayigamburukiye mu kwubahiriza amabwirizwa yayo mu kubashikana ku ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru bipfuza, ntibazokorwako n’akabi, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu namba ku vyo basize kw’isi.
التفاسير العربية:
ٱللَّهُ خَٰلِقُ كُلِّ شَيۡءٖۖ وَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ وَكِيلٞ
Imana Allah, ni Yo Rurema Ikaba n’Umugabe Yaremye ibintu vyose, ni na Yo Muhagarikizi Itunganiriza ibiremwa;
التفاسير العربية:
لَّهُۥ مَقَالِيدُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Ni Yo Nyenimpfunguruzo z’ibigega vy’amajuru n’isi, Igomororera muri vyo uwo Ishatse mu biremwa. Abagararije bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, abo ni bo rero bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
قُلۡ أَفَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَأۡمُرُوٓنِّيٓ أَعۡبُدُ أَيُّهَا ٱلۡجَٰهِلُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega mwa bijuju mwe! Karashize ingani muntegeke kwiyegereza mu vyo nkora vyose mu gusenga ikitari Imana Allah, kandi ari Yo Ikwiye gusengwa Itabangikanijwe!”.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ أُوحِيَ إِلَيۡكَ وَإِلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِكَ لَئِنۡ أَشۡرَكۡتَ لَيَحۡبَطَنَّ عَمَلُكَ وَلَتَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, wahishuriwe n’Imana Allah nk’uko Intumwa zo hambere yawe zahishuriwe; ko niwaramuka uhirahiye ukabangikanya Imana Allah n’ibiremwa, ibikorwa vyawe vyose bizocika impfagusa; kandi ni ukuri, uzoba uri mu bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa[9];
[9] Kuko ata gikorwa na kimwe c’umubangikanyamana cemerwa mu gihe ataravavanura n’ibangikanyamana ngo yigaye atarapfa.
التفاسير العربية:
بَلِ ٱللَّهَ فَٱعۡبُدۡ وَكُن مِّنَ ٱلشَّٰكِرِينَ
Ahubwo rero nyabuna, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ukora vyose ku bwayo, wongere ube no mu bashima inema zayo.
التفاسير العربية:
وَمَا قَدَرُواْ ٱللَّهَ حَقَّ قَدۡرِهِۦ وَٱلۡأَرۡضُ جَمِيعٗا قَبۡضَتُهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ وَٱلسَّمَٰوَٰتُ مَطۡوِيَّٰتُۢ بِيَمِينِهِۦۚ سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Ababangikanyamana, ntibigeze baha namba Imana Allah icubahiro kiyikwiye mu kuyibangikanya n’ibiremwa, mu gihe ari Yo Nyenubushobozi; isi yose ku musi w’izuka izoba iri mu gipfunsi cayo; amajuru na yo azingwazingwe akonywakonywerezwe mu kuryo kwayo. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya;
التفاسير العربية:
وَنُفِخَ فِي ٱلصُّورِ فَصَعِقَ مَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَن فِي ٱلۡأَرۡضِ إِلَّا مَن شَآءَ ٱللَّهُۖ ثُمَّ نُفِخَ فِيهِ أُخۡرَىٰ فَإِذَا هُمۡ قِيَامٞ يَنظُرُونَ
Inzamba yo guhonya ibiremwa rero izovuzwa, maze ibiremwa vyose biri mu majuru no mw’isi bihonere rimwe, kiretse ivyo Imana Allah Izoshaka ko bidashoka bihwera. Mu nyuma, hazovuzwa inzamba igira kabiri yo kuzura ibiremwa, ubwo nyene ibiremwa vyose bice bizukuruka mu kuzimu vyirabira ico Imana Allah Igiye kubigirira!
التفاسير العربية:
وَأَشۡرَقَتِ ٱلۡأَرۡضُ بِنُورِ رَبِّهَا وَوُضِعَ ٱلۡكِتَٰبُ وَجِاْيٓءَ بِٱلنَّبِيِّـۧنَ وَٱلشُّهَدَآءِ وَقُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡحَقِّ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Isi rero izoheza iboneshwe n’umuco w’Imana yayo Rurema Allah, igihe Yigaragaje mu gutunganiriza ibiremwa, maze abamalayika bace bugurura igitabu c’umwumwe wese muri vyo; Abavugishwamana na bo hamwe n’ivyabona vyagiriza umugwi wose w’abantu, baheze barengutswe kugira bagirize umugwi umwumwe w’abantu; maze Imana Allah Ibacire urugororotse vy’ukuri, eka ntibazorenganywa namba.
التفاسير العربية:
وَوُفِّيَتۡ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا عَمِلَتۡ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَا يَفۡعَلُونَ
Umuntu wese rero, azoheza ahabwe indishi ikwiranye n’ivyo yakoze; indishi nziza ku ciza canke indishi mbi ku kibi. Burya rero Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bagira kw’isi, Izobibahembera.
التفاسير العربية:
وَسِيقَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِلَىٰ جَهَنَّمَ زُمَرًاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا فُتِحَتۡ أَبۡوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمۡ خَزَنَتُهَآ أَلَمۡ يَأۡتِكُمۡ رُسُلٞ مِّنكُمۡ يَتۡلُونَ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِ رَبِّكُمۡ وَيُنذِرُونَكُمۡ لِقَآءَ يَوۡمِكُمۡ هَٰذَاۚ قَالُواْ بَلَىٰ وَلَٰكِنۡ حَقَّتۡ كَلِمَةُ ٱلۡعَذَابِ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ
Abagararije Imana Allah n’Intumwa zayo, bazoshorerwa gusunurirwa mu muriro wa Jahannamu bari mu migwimigwi; bagize ngo barawushikiriye, abamalayika bawucungera bace babugururira imiryango yawo indwi, maze bababwire n’agashinyaguro n’akantu bati: “Mbega ntuze! Ntimwashikiriwe n’Intumwa zirungitswe muri mwebwe nyene, zibasomera Aayah z’Imana yanyu Rurema Allah, zikanabagabisha ku bihano muzohura na vyo kuri uno musi?”. Bace bishura bemanga bati: “Ego cane! Zaradushikiriye, ziranadushikiriza ubutumwa bw’Imana Allah, ariko rero twamaze kwagirwa n’ijambo ry’Imana Allah, aho Yasezeraniye ibihano abagarariji”.
التفاسير العربية:
قِيلَ ٱدۡخُلُوٓاْ أَبۡوَٰبَ جَهَنَّمَ خَٰلِدِينَ فِيهَاۖ فَبِئۡسَ مَثۡوَى ٱلۡمُتَكَبِّرِينَ
Abagararije ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gusengwa vy’ukuri, bazoheza babwirwe n’agasuzuguro n’akantu bati: “Dagamba muce ng’aha, muheze mwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah”.
التفاسير العربية:
وَسِيقَ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ رَبَّهُمۡ إِلَى ٱلۡجَنَّةِ زُمَرًاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوهَا وَفُتِحَتۡ أَبۡوَٰبُهَا وَقَالَ لَهُمۡ خَزَنَتُهَا سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡ طِبۡتُمۡ فَٱدۡخُلُوهَا خَٰلِدِينَ
Abagamburukiye Imana yabo Rurema Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, bazotwarwa bajanwe mu Bwami bw’ijuru bari mu migwimigwi, bagize ngo barabushikiriye, bace bugururirwa imiryango yabwo ngo binjire, abamalayika babarindiranye igishika kuri nya Bwami, babahe ikaze n’akamwemwe n’akantu bati: “Nimugire amahoro, kaze murisanze, muragahorana urweze, iteka n’itekane! Murahawe ikaze rero mu Bwami bw’ijuru, muzobubamwo ibihe bidahera”;
التفاسير العربية:
وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي صَدَقَنَا وَعۡدَهُۥ وَأَوۡرَثَنَا ٱلۡأَرۡضَ نَتَبَوَّأُ مِنَ ٱلۡجَنَّةِ حَيۡثُ نَشَآءُۖ فَنِعۡمَ أَجۡرُ ٱلۡعَٰمِلِينَ
Bazoheza bavuge bakura ubwatsi bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yaduhaye isezerano ryayo ry’ukuri twashikirijwe n’Intumwa zayo, Iraheza Irarishitsa, Ituraga isi y’Ubwami bw’ijuru, aho twishira tukizana aho hose dushaka muri Bwo. Iyo rero, ni yo ndishi y’abagwaneza mw’igamburukiramana”.
التفاسير العربية:
وَتَرَى ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ حَآفِّينَ مِنۡ حَوۡلِ ٱلۡعَرۡشِ يُسَبِّحُونَ بِحَمۡدِ رَبِّهِمۡۚ وَقُضِيَ بَيۡنَهُم بِٱلۡحَقِّۚ وَقِيلَ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Kuri uwo musi rero, uzobona abamalayika bakikuje ubuhangamo bwa Nyenimpuhwe, baninahaza mu gushimagiza Imana yabo Rurema Allah, maze Imana Allah Icire urugororotse vy’ukuri ibiremwa vyayo, abemeramana baje mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo baje mu muriro udahera, haheze havugwe hashimirwa Imana Allah ngo: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose”.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: الزمر
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق