ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: ص   آية:

سورة ص - SURATU SWAAD

صٓۚ وَٱلۡقُرۡءَانِ ذِي ٱلذِّكۡرِ
Swaad[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kuri Qor’ani yibutsa abantu kwikebuka ku vyo bagosweko!
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
التفاسير العربية:
بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي عِزَّةٖ وَشِقَاقٖ
Ariko rero, abagararije bagira amanyama mu guhonyanga ukuri bagaca kubiri na kwo.
التفاسير العربية:
كَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَبۡلِهِم مِّن قَرۡنٖ فَنَادَواْ وَّلَاتَ حِينَ مَنَاصٖ
Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje hambere yabo, yatakamvye mu kwigaya igihe ishikirwa n’ibihano, ico gihe umwanya wo kwigaya wari wamaze kurengerana, nta n’ubukiriro yari igifise bwo guhunga nya bihano.
التفاسير العربية:
وَعَجِبُوٓاْ أَن جَآءَهُم مُّنذِرٞ مِّنۡهُمۡۖ وَقَالَ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا سَٰحِرٞ كَذَّابٌ
Abagarariji, baritangaje ku kurungikirwa Umugabisha avuye mu bantu nkabo, kugira abagabishe ku bihano vy’Imana Allah, yongere abararikire kuyemera, baraheza barinamura bati: “Uyu, ni umurozi karuhariwe mu kubesha;
التفاسير العربية:
أَجَعَلَ ٱلۡأٓلِهَةَ إِلَٰهٗا وَٰحِدًاۖ إِنَّ هَٰذَا لَشَيۡءٌ عُجَابٞ
Karashize ingani, afate imana zacu azigire Imana Imwe Rudende, abe ari Yo aturarikira kwemera! Mu vy’ukuri, iryo rarikiramana ryiwe, ni ukuri ni ikintu gitangaje pe!”.
التفاسير العربية:
وَٱنطَلَقَ ٱلۡمَلَأُ مِنۡهُمۡ أَنِ ٱمۡشُواْ وَٱصۡبِرُواْ عَلَىٰٓ ءَالِهَتِكُمۡۖ إِنَّ هَٰذَا لَشَيۡءٞ يُرَادُ
Indongozi z’abagararije zarahimirije abantu bazo gukomeza gutsimbatara mw’ibangikanyamana ziti: “Nimushishikare mutsimbatare mudahesha mu gusenga imana zanyu. Mu vy’ukuri inyigisho z’iyi Ntumwa, ni ukuri zifise ihangiro ryo kwiganza no kwigarurira ubutegetsi.
التفاسير العربية:
مَا سَمِعۡنَا بِهَٰذَا فِي ٱلۡمِلَّةِ ٱلۡأٓخِرَةِ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا ٱخۡتِلَٰقٌ
Kuva na kera na rindi, nta ho twigeze twumva inyigisho nk’izo mw’idini rya ba data mu Bakorayishi canke mu banaswara. Izo nyigisho rero, si ikindi kiretse ko ari irementanya ryigendera!
التفاسير العربية:
أَءُنزِلَ عَلَيۡهِ ٱلذِّكۡرُ مِنۢ بَيۡنِنَاۚ بَلۡ هُمۡ فِي شَكّٖ مِّن ذِكۡرِيۚ بَل لَّمَّا يَذُوقُواْ عَذَابِ
Vyoshoboka gute ko Muhamadi ari we gusa muri twese yohishurirwa Qor’ani!”. Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero abagarariji, bafise amakenga kw’ihishurirwa n’irungikwa vyawe. Ahubwo mbere binamura kuvuga ukwo, kuko batarahonja ibihano vyanje Jewe Allah.
التفاسير العربية:
أَمۡ عِندَهُمۡ خَزَآئِنُ رَحۡمَةِ رَبِّكَ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡوَهَّابِ
Mbega none boba bagaba ibigega vy’impano z’Imana yawe Rurema Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Bigaburo Iha uwo Ishatse mu ngabirano zayo Itarinze gusabwa!
التفاسير العربية:
أَمۡ لَهُم مُّلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَاۖ فَلۡيَرۡتَقُواْ فِي ٱلۡأَسۡبَٰبِ
Canke boba bagaba bakaganza amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ku buryo bagaburira canke bakima uwo bashatse mu biremwa! Enda rero nibakore ibibashobokeye kugira bashike mw’ijuru, baheze rero bagaburire ibiremwa mu guha canke mu kwima uwo bashaka!
التفاسير العربية:
جُندٞ مَّا هُنَالِكَ مَهۡزُومٞ مِّنَ ٱلۡأَحۡزَابِ
Ingabo z’ababangikanyamana, zizoneshwa nk’uko ingabo ziyunze z’abo hambere yabo zaneshejwe;
التفاسير العربية:
كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ وَعَادٞ وَفِرۡعَوۡنُ ذُو ٱلۡأَوۡتَادِ
Aho hambere yabo, harigeze kuba hari abahakanye bivuye inyuma: abantu ba Nuhu, Bene Aadi, Firawuni yari afise ingabo n’inguvu bidasanzwe;
التفاسير العربية:
وَثَمُودُ وَقَوۡمُ لُوطٖ وَأَصۡحَٰبُ لۡـَٔيۡكَةِۚ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلۡأَحۡزَابُ
Bene Thamuudi, abantu ba Luutwi hamwe rero n’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barungikiwe Shu’ayibu. Iyo migwi rero, ni yo migwi y’abantu biyunze mu bugarariji no mu buhakanyi;
التفاسير العربية:
إِن كُلٌّ إِلَّا كَذَّبَ ٱلرُّسُلَ فَحَقَّ عِقَابِ
Umugwi wose muri yo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa, uca uhabwa ibihano vyanje Jewe Allah.
التفاسير العربية:
وَمَا يَنظُرُ هَٰٓؤُلَآءِ إِلَّا صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ مَّا لَهَا مِن فَوَاقٖ
Ababangikanyamana, nta n’ikindi barindiriye mu gihe boguma mw’ibangikanyamana, kiretse ivuzwa rimwe gusa ry’akaruru gahonya kadasubizwa inyuma.
التفاسير العربية:
وَقَالُواْ رَبَّنَا عَجِّل لَّنَا قِطَّنَا قَبۡلَ يَوۡمِ ٱلۡحِسَابِ
Baranavuze batebura kw’iharurirwa ry’ibiremwa ku musi w’izuka bati: “Ewe Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye Uduhe ibihano vyacu Watugeneye tukiri kw’isi, imbere yuko umusi w’iharurirwa ugera!”.
التفاسير العربية:
ٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱذۡكُرۡ عَبۡدَنَا دَاوُۥدَ ذَا ٱلۡأَيۡدِۖ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ
Ntumwa y’Imana! Ihanganire ivyo bavuga bikubangamiye, uheze wibuke n’Umuja wacu Dawudi yaranzwe n’inguvu zo guhangana n’abansi ata guhesha, hamwe rero no kwihanganira igamburukiramana. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah[2].
[2] Iyi Aayah iratera intege Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
التفاسير العربية:
إِنَّا سَخَّرۡنَا ٱلۡجِبَالَ مَعَهُۥ يُسَبِّحۡنَ بِٱلۡعَشِيِّ وَٱلۡإِشۡرَاقِ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twatumye imisozi yitabira itazira n’ininahazamana ryagirwa na Dawudi umugoroba n’igitondo;
التفاسير العربية:
وَٱلطَّيۡرَ مَحۡشُورَةٗۖ كُلّٞ لَّهُۥٓ أَوَّابٞ
Dutuma n’umugwi w’inyoni witabira nya tazira n’ininahazamana, ivyo vyose rero vyaramwumvira;
التفاسير العربية:
وَشَدَدۡنَا مُلۡكَهُۥ وَءَاتَيۡنَٰهُ ٱلۡحِكۡمَةَ وَفَصۡلَ ٱلۡخِطَابِ
Twaranamutsimbatarije ubwami bwiwe kw’ijunja n’inguvu Twamuhaye, Tumuha n’ubutumwa hamwe no gutomora ijambo n’ingingo.
التفاسير العربية:
۞ وَهَلۡ أَتَىٰكَ نَبَؤُاْ ٱلۡخَصۡمِ إِذۡ تَسَوَّرُواْ ٱلۡمِحۡرَابَ
Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru y’abantu babiri batase, igihe basimba urugo rw’aho Dawudi yasengera;
التفاسير العربية:
إِذۡ دَخَلُواْ عَلَىٰ دَاوُۥدَ فَفَزِعَ مِنۡهُمۡۖ قَالُواْ لَا تَخَفۡۖ خَصۡمَانِ بَغَىٰ بَعۡضُنَا عَلَىٰ بَعۡضٖ فَٱحۡكُم بَيۡنَنَا بِٱلۡحَقِّ وَلَا تُشۡطِطۡ وَٱهۡدِنَآ إِلَىٰ سَوَآءِ ٱلصِّرَٰطِ
Baraheza bamwinjirirako aca agira ubwoba! Ni ho bamutururuza bati: “Tekana, ntugire ubwoba namba, twebwe twatase, aho umwe muri twebwe yarenganije uwundi; twaje kukwitura rero kugira udutunganirize vy’ukuri ata nkunzi, wongere uduhanure gukurikira inzira igororotseˮ.
التفاسير العربية:
إِنَّ هَٰذَآ أَخِي لَهُۥ تِسۡعٞ وَتِسۡعُونَ نَعۡجَةٗ وَلِيَ نَعۡجَةٞ وَٰحِدَةٞ فَقَالَ أَكۡفِلۡنِيهَا وَعَزَّنِي فِي ٱلۡخِطَابِ
Ni ho rero umwe muri bo yatangura kwigana avuga ati: “Mu vy’ukuri, uyu ni mwenewacu, afise intama mirongo icenda n’icenda, nanje nkaba mfise intama imwe rudende, akaba yagize inambu yo kuyinyaga, aca ambwira ati: “Mpa iyo ntamaˮ, maze aranzivya sinagira ayo ncira n’ayo miraˮ;
التفاسير العربية:
قَالَ لَقَدۡ ظَلَمَكَ بِسُؤَالِ نَعۡجَتِكَ إِلَىٰ نِعَاجِهِۦۖ وَإِنَّ كَثِيرٗا مِّنَ ٱلۡخُلَطَآءِ لَيَبۡغِي بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٍ إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَقَلِيلٞ مَّا هُمۡۗ وَظَنَّ دَاوُۥدُ أَنَّمَا فَتَنَّٰهُ فَٱسۡتَغۡفَرَ رَبَّهُۥ وَخَرَّۤ رَاكِعٗاۤ وَأَنَابَ۩
Dawudi aca avuga ati: “Ni ukuri, mwenewanyu yakurenganije mu kukunyaga intama yawe akayihagira, kandi abenshi mu basangiye amatungo, ni ukuri birashika bamwe muri bo bakarenganya abandi, havuyemwo gusa abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ntibarenganyana. Abo rero, ni bake cane mu bantuˮ. Dawudi yaratahuye ko Twebwe Allah, Twamugerageje mu kuba abo bantu baje kumwitwarako, ni ho yasaba imbabazi Imana yiwe Rurema Allah, aca arayubamira ashira uruhanga hasi, maze arigaya[3];
[3] Iyo umuntu asomye iyi Aayah gushika ku mpera, aca yubama agashira uruhanga hasi.
التفاسير العربية:
فَغَفَرۡنَا لَهُۥ ذَٰلِكَۖ وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلۡفَىٰ وَحُسۡنَ مَـَٔابٖ
Twaciye Tumugumiriza akabanga Turanamubabarira ivyaha vyiwe. Mu vy’ukuri Dawudi, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
يَٰدَاوُۥدُ إِنَّا جَعَلۡنَٰكَ خَلِيفَةٗ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱحۡكُم بَيۡنَ ٱلنَّاسِ بِٱلۡحَقِّ وَلَا تَتَّبِعِ ٱلۡهَوَىٰ فَيُضِلَّكَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَضِلُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ لَهُمۡ عَذَابٞ شَدِيدُۢ بِمَا نَسُواْ يَوۡمَ ٱلۡحِسَابِ
Ni ho rero Twamubwira Duti: “Ewe Dawudi! Mu vy’ukuri, Tukugize icariho cacu mu kukugira umwami kw’isi. Kubera ivyo rero, tunganiriza abantu vy’ukuri ata nkunzi, kandi ntugakurikire ivyipfuzo vyawe mu gufata ingingo, kuko vyoguhubisha inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri abahuba inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah, barategekanirijwe ibihano bikaze, kuko birengagije umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa[4]ˮ.
[4] Iyi Aayah ihanura indongozi ko zibwirizwa gutunganiriza abantu vy’ukuri ata nkunzi, kuko kutabatunganiriza kuzihubisha inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَآءَ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا بَٰطِلٗاۚ ذَٰلِكَ ظَنُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْۚ فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنَ ٱلنَّارِ
Ntitwaremye ijuru n’isi n’ibiri hagati yavyo ku gufyinata, ukwo ni ko abagararije bibwira ko Twabiremye. Ibihano nya bihano vyo mu muriro rero, vyagenewe abagarariji badategera intumbero y’Imana Allah mu kurema ijuru n’isi.
التفاسير العربية:
أَمۡ نَجۡعَلُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ كَٱلۡمُفۡسِدِينَ فِي ٱلۡأَرۡضِ أَمۡ نَجۡعَلُ ٱلۡمُتَّقِينَ كَٱلۡفُجَّارِ
Mbega burya Twogira abemeye bagakora n’ivyiza bitegetswe nk’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi, canke Twogira abagamburukiramana nk’abanyavyaha! Eka nta ho basa basana mu butoni n’ubutore ku Mana Allah.
التفاسير العربية:
كِتَٰبٌ أَنزَلۡنَٰهُ إِلَيۡكَ مُبَٰرَكٞ لِّيَدَّبَّرُوٓاْ ءَايَٰتِهِۦ وَلِيَتَذَكَّرَ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Ntumwa y’Imana! Ivyo wahishuriwe, ni Igitabu gihezagiye Twakumanuriye, kugira abantu bazigame Aayah zaco baheze bazigendere, no kugira incabwenge koko zibuke zishire mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah.
التفاسير العربية:
وَوَهَبۡنَا لِدَاوُۥدَ سُلَيۡمَٰنَۚ نِعۡمَ ٱلۡعَبۡدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ
Dawudi rero, Twaranamuronkeje umwana yitwa Sulayimani, yari Umuja mwiza yatewe iteka akarigendera koko; mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah;
التفاسير العربية:
إِذۡ عُرِضَ عَلَيۡهِ بِٱلۡعَشِيِّ ٱلصَّٰفِنَٰتُ ٱلۡجِيَادُ
Ibuka aho Sulayimani yagenzura ifarasi z’akarorero zigishijwe, agahera ku muhingamo gushika ku kirengazuba;
التفاسير العربية:
فَقَالَ إِنِّيٓ أَحۡبَبۡتُ حُبَّ ٱلۡخَيۡرِ عَن ذِكۡرِ رَبِّي حَتَّىٰ تَوَارَتۡ بِٱلۡحِجَابِ
Maze akavuga yiregura ati: “Mu vy’ukuri, jewe nahisemwo gukunda ifarasi, maze ndasamara sinibuka gutazira no kuninahaza Imana yanje Rurema Allah, gushika n’aho izuba rirenga;
التفاسير العربية:
رُدُّوهَا عَلَيَّۖ فَطَفِقَ مَسۡحَۢا بِٱلسُّوقِ وَٱلۡأَعۡنَاقِ
Ngarukanira za farasi zose nagenzuraˮ. Ni ho rero nya farasi zagarukanwa, maze azitanga ikimazi[5] aca arazica imitsi arazikerera, kuko zatumye isengesho rimucika.
[5] Ukwiyegereza Imana Allah mu gukerera ifarasi, ryari ibwirizwa mu mabwirizwa yubahirizwa igihe c’Intumwa Sulayimani.
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ فَتَنَّا سُلَيۡمَٰنَ وَأَلۡقَيۡنَا عَلَىٰ كُرۡسِيِّهِۦ جَسَدٗا ثُمَّ أَنَابَ
Ni ukuri, Twaragerageje Sulayimani, maze Dukororera ku ntebe yiwe umwana afise urubavu rumwe yavutse atageze[6], ni ho yagaruka ku Mana Allah arigaya;
[6] Sulayimani yarigeze kurahira ko arangurana amabanga y’abubatse n’abakenyezi biwe bose mw’ijoro rimwe, maze bose bagasamira rimwe, bakazomuvyarira abana barinda ku rugamba, bakazoharanira idini ry’Imana Allah, ariko rero ntiyibutse kuvuga ati: “In shaa Allah” ku bushake bw’Imana Allah. Ni ho rero yabigenza nk’uko yarahiye, maze hasama imbanyi umukenyezi umwe gusa muri bo, yahavuye yibaruka umwana afise urubavu rumwe.
التفاسير العربية:
قَالَ رَبِّ ٱغۡفِرۡ لِي وَهَبۡ لِي مُلۡكٗا لَّا يَنۢبَغِي لِأَحَدٖ مِّنۢ بَعۡدِيٓۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡوَهَّابُ
Araheza avuga mu kwigaya kwiwe ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngumiriza akabanga Umbabarire ivyaha, Umpe n’ubwami buhambaye Utazokwigera Uha n’umwe mu bantu bo mu nyuma zanje. Mu vy’ukuri, Wewe Uri Bigaburoˮ.
التفاسير العربية:
فَسَخَّرۡنَا لَهُ ٱلرِّيحَ تَجۡرِي بِأَمۡرِهِۦ رُخَآءً حَيۡثُ أَصَابَ
Ni ho rero Twamwakirira igisabisho ciwe, Tumworohereza kwikora ku muyaga, ukamwumvira mu gihe cose awutegetse kumujana aho hose ashaka;
التفاسير العربية:
وَٱلشَّيَٰطِينَ كُلَّ بَنَّآءٖ وَغَوَّاصٖ
Tumworohereza no gukoresha amashetani mu bikorwa vyiwe vya misi yose; muri yo, harimwo ayubaka n’ayibira mw’ibahari;
التفاسير العربية:
وَءَاخَرِينَ مُقَرَّنِينَ فِي ٱلۡأَصۡفَادِ
Hakaba rero n’ayandi mashetani ruhebwa yabohesha amapingu.
التفاسير العربية:
هَٰذَا عَطَآؤُنَا فَٱمۡنُنۡ أَوۡ أَمۡسِكۡ بِغَيۡرِ حِسَابٖ
Ubu bwami buhambaye n’iyoroherezwa ryo kwikora ku muyaga no ku mashetani, ni impano yacu kuri wewe Sulayimani, uratanga utitangira, uhe uwo ushatse, wime uwo ushatse, nta wuzoguciramwo.
التفاسير العربية:
وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلۡفَىٰ وَحُسۡنَ مَـَٔابٖ
Mu vy’ukuri Sulayimani, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَٱذۡكُرۡ عَبۡدَنَآ أَيُّوبَ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَسَّنِيَ ٱلشَّيۡطَٰنُ بِنُصۡبٖ وَعَذَابٍ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’Umuja wacu Ayubu igihe yasaba gukira umuniho, atakambira Imana yiwe Rurema Allah, avuga ati: “Mu vy’ukuri shetani, yanteye umuruho n’ububabare budasanzwe buturutse ku ndwara no ku kwangara kw’umuryango wanje, hamwe rero no guhona kw’amatungo yanjeˮ;
التفاسير العربية:
ٱرۡكُضۡ بِرِجۡلِكَۖ هَٰذَا مُغۡتَسَلُۢ بَارِدٞ وَشَرَابٞ
Turaheza Tubwira Ayubu Duti: “Dida ikirenge cawe hasi, haca hadudubiza amazi akanye, uheze uyanyweko wongere uyiyuhagire, indwara ice ikiraˮ.
التفاسير العربية:
وَوَهَبۡنَا لَهُۥٓ أَهۡلَهُۥ وَمِثۡلَهُم مَّعَهُمۡ رَحۡمَةٗ مِّنَّا وَذِكۡرَىٰ لِأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Ni ho rero Twamukiza nya ndwara, Tukamutera n’iteka ryo gusubizwa abangaye mu bana no mu bagore, Tumurengerezako n’abandi nk’abo mu bana no mu buzukuru. Ivyo vyose rero, Twabigize ku mpuhwe zacu mu kumuhembera ukwihanganira igeragezwa ryamushikiye, no kugira rero bibere urwibutso incabwenge koko, ziheze zimenye ko ukwihangana gushikana umuntu ku ntsinzi.
التفاسير العربية:
وَخُذۡ بِيَدِكَ ضِغۡثٗا فَٱضۡرِب بِّهِۦ وَلَا تَحۡنَثۡۗ إِنَّا وَجَدۡنَٰهُ صَابِرٗاۚ نِّعۡمَ ٱلۡعَبۡدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٞ
Maze Tumubwira kandi Duti: “Fata umukama w’ubwatsi uwukubitishe umukenyezi wawe, mu gushira mu ngiro indahiro yawe kugira ntuyirengeko[7]ˮ. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twasanze Ayubu ari umuntu yihanganira koko igeragezwa, yari n’Umuja mwiza, yatewe iteka akarigendera koko. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akagaruka kenshi ku Mana Allah.
[7] Iyo ndahiro yari yuko niyaramuka akize, azokubita umukenyezi wiwe inkoni ijana, kuko uwo musi yari yatevye kugaruka kumuraba aho yari arwariye.
التفاسير العربية:
وَٱذۡكُرۡ عِبَٰدَنَآ إِبۡرَٰهِيمَ وَإِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ أُوْلِي ٱلۡأَيۡدِي وَٱلۡأَبۡصَٰرِ
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi Abaja bacu: Ibrahimu, Is-haka na Yakubu, baranzwe n’ishaka n’umwete bidasanzwe kw’iyumviramana hamwe n’ubumenyi budasanzwe mw’idini;
التفاسير العربية:
إِنَّآ أَخۡلَصۡنَٰهُم بِخَالِصَةٖ ذِكۡرَى ٱلدَّارِ
Mu vy’ukuri Twabahisemwo mu bandi, mu kubatera iteka ryo kwama bibuka gukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa[8];
[8] Barumvira Imana Allah, bakararikira n’abantu kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah.
التفاسير العربية:
وَإِنَّهُمۡ عِندَنَا لَمِنَ ٱلۡمُصۡطَفَيۡنَ ٱلۡأَخۡيَارِ
Mu vy’ukuri abo, ni ukuri bari mu bo Twahisemwo Tukabagira Intumwa n’intore mu kutwumvira.
التفاسير العربية:
وَٱذۡكُرۡ إِسۡمَٰعِيلَ وَٱلۡيَسَعَ وَذَا ٱلۡكِفۡلِۖ وَكُلّٞ مِّنَ ٱلۡأَخۡيَارِ
Ntumwa y’Imana! Ongera wibuke Abaja bacu: Ismayili, Al-Yasa’a na Dhu l-Kifli, umwe wese muri bo, ni ukuri yari mu ntore zatewe iteka mu biremwa vy’Imana Allah.
التفاسير العربية:
هَٰذَا ذِكۡرٞۚ وَإِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ لَحُسۡنَ مَـَٔابٖ
Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni iteka n’urwibutso kuri wewe no ku bantu bawe warungitsweko. Mu vy’ukuri abagamburukiramana, ni ukuri baragenewe uburuhukiro bwiza;
التفاسير العربية:
جَنَّٰتِ عَدۡنٖ مُّفَتَّحَةٗ لَّهُمُ ٱلۡأَبۡوَٰبُ
Ubwo buruhukiro bukaba ari imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni” bazokwugururirwa imiryango yabwo;
التفاسير العربية:
مُتَّكِـِٔينَ فِيهَا يَدۡعُونَ فِيهَا بِفَٰكِهَةٖ كَثِيرَةٖ وَشَرَابٖ
Aho bazoba bicaye ku nyegamo zisharije, basaba guherezwa ivyo bipfuza mu vyamwa vy’ubwoko bwinshi hamwe n’ibinyobwa bitandukanye;
التفاسير العربية:
۞ وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ أَتۡرَابٌ
Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi bagumiza akajisho ku bagabo babo, bari mu runganwe rumwe n’urugero rumwe.
التفاسير العربية:
هَٰذَا مَا تُوعَدُونَ لِيَوۡمِ ٱلۡحِسَابِ
Bagamburukiramana! Izo nema rero, ziri mu vyo musezeraniwe kuzoronka ku musi w’iharurirwa ry’ibiremwa;
التفاسير العربية:
إِنَّ هَٰذَا لَرِزۡقُنَا مَا لَهُۥ مِن نَّفَادٍ
Mu vy’ukuri, izo ni zo mpano zacu kuri mwebwe, ntizigera zishira canke ngo zikehe;
التفاسير العربية:
هَٰذَاۚ وَإِنَّ لِلطَّٰغِينَ لَشَرَّ مَـَٔابٖ
Izo rero, ni zo mpano zagenewe abagamburukiramana. Nayo abimonogoje mu bugarariji, ni ukuri bagenewe uburuhukiro bubi cane;
التفاسير العربية:
جَهَنَّمَ يَصۡلَوۡنَهَا فَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ
Ubwo buruhukiro bukaba ari umuriro wa Jahannamu, bazokwinjira maze bakawota. Ubwo rero, ni bwo busaswa bubi cane bubaho;
التفاسير العربية:
هَٰذَا فَلۡيَذُوقُوهُ حَمِيمٞ وَغَسَّاقٞ
Ibi, ni vyo bihano bazohonja; ukunywa amazi asebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera;
التفاسير العربية:
وَءَاخَرُ مِن شَكۡلِهِۦٓ أَزۡوَٰجٌ
Bazohabwa n’ibindi bihano rero nk’ivyo vy’ubwoko bwose.
التفاسير العربية:
هَٰذَا فَوۡجٞ مُّقۡتَحِمٞ مَّعَكُمۡ لَا مَرۡحَبَۢا بِهِمۡۚ إِنَّهُمۡ صَالُواْ ٱلنَّارِ
Igihe abimonogoje mu bugarariji binjiye mu muriro, bazotanako umwikomo, maze babwirane hagati yabo bati: “Ng’uwo umugwi w’abantu isinzi, utegerezwa kwinjirana na mwe mu muriro udaheraˮ. Abari muri uwo muriro bazobishura bati: “Ntibagahabwe ikaze, ntibakagire uburaro n’uburamuko mu muriro, ni ukuri nibinjire mu muriro baheze bawote nkatweˮ;
التفاسير العربية:
قَالُواْ بَلۡ أَنتُمۡ لَا مَرۡحَبَۢا بِكُمۡۖ أَنتُمۡ قَدَّمۡتُمُوهُ لَنَاۖ فَبِئۡسَ ٱلۡقَرَارُ
Abumviye abimonogoje mu bugarariji bakabakurikira, bazosubizayo bati: “Ahubwo mwebwe nyabuna ntimugahabwe ikaze, kuko ari mwebwe mwaduhubishije kw’isi mugatuma twinjira muri woˮ. Umuriro udahera rero, ni bwo buraro n’uburamuko bubi cane bubaho;
التفاسير العربية:
قَالُواْ رَبَّنَا مَن قَدَّمَ لَنَا هَٰذَا فَزِدۡهُ عَذَابٗا ضِعۡفٗا فِي ٱلنَّارِ
Abumviye abimonogoje mu bugarariji, bazobandanya basabira ababahubishije, ko bohanwa vy’akarorero bati: “Mana yacu Rurema Allah! Abaduhubishije inzira yawe kw’isi, turagusavye ubongerereze ibihano ku bindi mu muriro udaheraˮ.
التفاسير العربية:
وَقَالُواْ مَا لَنَا لَا نَرَىٰ رِجَالٗا كُنَّا نَعُدُّهُم مِّنَ ٱلۡأَشۡرَارِ
Abimonogoje mu bugarariji na bo, bazovuga bitangaza bati: “Mbega vyagenze gute ko mu muriro tutabonayo abantu twahora duharura kw’isi ko bari mu banyavyaha!
التفاسير العربية:
أَتَّخَذۡنَٰهُمۡ سِخۡرِيًّا أَمۡ زَاغَتۡ عَنۡهُمُ ٱلۡأَبۡصَٰرُ
Mbega twoba twarabihenzeko mu kubateburako tubasuzugura, canke twoba tudashoboye gusa kubabona kandi bari kumwe na twe mu muriro!ˮ.
التفاسير العربية:
إِنَّ ذَٰلِكَ لَحَقّٞ تَخَاصُمُ أَهۡلِ ٱلنَّارِ
Iryo tanako ry’umwikomo hagati y’abantu bo mu muriro, nta nkeka ko ari iry’ukuri kandi rizoshika.
التفاسير العربية:
قُلۡ إِنَّمَآ أَنَا۠ مُنذِرٞۖ وَمَا مِنۡ إِلَٰهٍ إِلَّا ٱللَّهُ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّارُ
Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Ni ukuri jewe, ndi Umugabisha kuri mwebwe ku bihano vy’Imana Allah, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Imana Allah Nyarudende[9], Nyeninkomezi-ntangere;
[9] Ni Yo Mana Rudende mu biyiranga vyose, Irikwije, ntibangikanywa. Nta giteye nkayo. Ivyo bigatuma ari Yo gusa Ikwiye kwiyegerezwa mu gusengwa ari Imwe Rudende, Itabangikanywa.
التفاسير العربية:
رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفَّٰرُ
Ni Yo Mana Rurema Ikaba n’Umubungabunzi w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshiˮ.
التفاسير العربية:
قُلۡ هُوَ نَبَؤٌاْ عَظِيمٌ
Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Iyi Qor’ani, ni inkuru ihambaye, ngirakamaro cane;
التفاسير العربية:
أَنتُمۡ عَنۡهُ مُعۡرِضُونَ
Mwebwe mwirengagiza kuyitegera no kuyigendera;
التفاسير العربية:
مَا كَانَ لِيَ مِنۡ عِلۡمِۭ بِٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰٓ إِذۡ يَخۡتَصِمُونَ
Nta bumenyi nogira ku vyerekeye uruhara rw’abamalayika kw’iremwa rya Adamu, kiretse ivyo nahishuriwe n’Imana Allah;
التفاسير العربية:
إِن يُوحَىٰٓ إِلَيَّ إِلَّآ أَنَّمَآ أَنَا۠ نَذِيرٞ مُّبِينٌ
Nta co Impishurira ngo menye ivyo ntari nzi, atari uko ndi Umugabisha ku bihano vyayo, ntomora amabwirizwa yayoˮ.
التفاسير العربية:
إِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِنِّي خَٰلِقُۢ بَشَرٗا مِّن طِينٖ
Ntumwa y’Imana! Ibutsa abo warungitsweko, igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwira abamalayika Iti: “Mu vy’ukuri, Jewe Ngira Ndeme umuntu mw’ivu;
التفاسير العربية:
فَإِذَا سَوَّيۡتُهُۥ وَنَفَخۡتُ فِيهِ مِن رُّوحِي فَقَعُواْ لَهُۥ سَٰجِدِينَ
Ninamara gutunganya indemo y’umubiri wiwe, nkamuhuhiramwo n’inkomoko y’ubuzima “Roho” akaba muzima, muraheza rero mumuhe icubahiro kimukwiye mu kumwubamira[10]”.
[10] Ukwubama kuvugwa ng’aha, kwari mu ntumbero yo guha Adamu icubahiro yahawe n’Imana Allah Yamuremye, ntikwari mu ntumbero yo kumusenga kuko ubwislamu bubuza bwivuye inyuma ukwubama mu ntumbero yo guha icubahiro umuntu.
التفاسير العربية:
فَسَجَدَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ كُلُّهُمۡ أَجۡمَعُونَ
Abamalayika baraheza baragamburuka bose barubama;
التفاسير العربية:
إِلَّآ إِبۡلِيسَ ٱسۡتَكۡبَرَ وَكَانَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Kiretse Ibilisi, yanse n’amanyama n’akantu kumwubamira, gutyo aca aba mu bagarariji;
التفاسير العربية:
قَالَ يَٰٓإِبۡلِيسُ مَا مَنَعَكَ أَن تَسۡجُدَ لِمَا خَلَقۡتُ بِيَدَيَّۖ أَسۡتَكۡبَرۡتَ أَمۡ كُنتَ مِنَ ٱلۡعَالِينَ
Imana Allah Iraheza Ibaza Ibilisi icatumye atubama Iti: “Ewe Ibilisi! Ni igiki cakubujije kwubamira ikiremwa Niremeye n’amaboko yanje[11]! Wabigize ku manyama n’agasuzuguro, canke uri mu bihambaza ku Mana yawe Rurema!”.
[11] Iyi Aayah Iremeza ko Imana Allah Ifise amaboko mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.
التفاسير العربية:
قَالَ أَنَا۠ خَيۡرٞ مِّنۡهُ خَلَقۡتَنِي مِن نَّارٖ وَخَلَقۡتَهُۥ مِن طِينٖ
Ibilisi yishuye n’amanyama n’akantu ati: “Sinubamiye ico kiremwa kuko jewe ndi intore kugisumba, Wandemye mu rubeya rw’umuriro, na co Ukirema mw’ivu!”.
التفاسير العربية:
قَالَ فَٱخۡرُجۡ مِنۡهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٞ
Imana Allah, Iraheza Ibwira Ibilisi Iti: “Kubera ivyo rero, va mu Bwami bw’ijuru, kuko wewe mu vy’ukuri uravumwe;
التفاسير العربية:
وَإِنَّ عَلَيۡكَ لَعۡنَتِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلدِّينِ
Ni ukuri uzobaho mw’ivumwe ryanje, gushika ku musi w’iharurirwa n’impera”.
التفاسير العربية:
قَالَ رَبِّ فَأَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Ibilisi abonye ko kabaye, yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa”.
التفاسير العربية:
قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ
Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Mu vy’ukuri, wewe uri mu bazoramba;
التفاسير العربية:
إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡوَقۡتِ ٱلۡمَعۡلُومِ
Gushika ku musi w’isango nyezina, rizwi ryo guhonya ibiremwa vyose”.
التفاسير العربية:
قَالَ فَبِعِزَّتِكَ لَأُغۡوِيَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Ni ho Ibilisi yavuga n’agahigihigi n’akantu ati: “Ndarahiye ku cubahiro c’iteka ryawe, ni ukuri ntegerezwa guhubisha Bene Adamu;
التفاسير العربية:
إِلَّا عِبَادَكَ مِنۡهُمُ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Kiretse gusa abo Wejeje mu baja bawe, Ukabaha ubudahangarwa, ku buryo ata nzira n’imwe yo kubahubisha noronka ncamwo”.
التفاسير العربية:
قَالَ فَٱلۡحَقُّ وَٱلۡحَقَّ أَقُولُ
Imana Allah Yavuze Iti: “Uku ni ukuri kuvuye kuri Jewe Allah, kanatsinda sinigera Mvuga atari ukuri;
التفاسير العربية:
لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنكَ وَمِمَّن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Ni ukuri Nzokwuzuza mu muriro wa Jahannamu, uruvyaro rugukomokako hamwe n’abazogukurikira bose muri Bene Adamu”.
التفاسير العربية:
قُلۡ مَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٖ وَمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُتَكَلِّفِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, eka si ndi no mu barementanya bihatira gushikiriza ivyo batahishuriwe”.
التفاسير العربية:
إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ
Iyi Qor’ani rero, si ikindi kiretse ko ari urwibutso ku biremwa; abantu n’amajini kugira vyikebuke mu gukora ivyobigirira akamaro mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَلَتَعۡلَمُنَّ نَبَأَهُۥ بَعۡدَ حِينِۭ
Babangikanyamana! Ni ukuri muzomenya ukuri kw’inkuru ya Qor’ani igihe ubwislamu bwatsinze, maze abantu bakabwinjiramwo ari imigwimigwi; n’igihe rero mwahaniwe kuyigarariza, ata wuronka ayo acira n’ayo amira.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: ص
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق