Traducción de los significados del Sagrado Corán - الترجمة الكيروندية * - Índice de traducciones

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Traducción de significados Capítulo: Sura Saad   Versículo:

SURATU SWAAD

صٓۚ وَٱلۡقُرۡءَانِ ذِي ٱلذِّكۡرِ
Swaad[1]. Jewe Allah, Ndarahiye kuri Qor’ani yibutsa abantu kwikebuka ku vyo bagosweko!
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
Las Exégesis Árabes:
بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ فِي عِزَّةٖ وَشِقَاقٖ
Ariko rero, abagararije bagira amanyama mu guhonyanga ukuri bagaca kubiri na kwo.
Las Exégesis Árabes:
كَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَبۡلِهِم مِّن قَرۡنٖ فَنَادَواْ وَّلَاتَ حِينَ مَنَاصٖ
Hari imigwi myinshi y’abantu Twahoneje hambere yabo, yatakamvye mu kwigaya igihe ishikirwa n’ibihano, ico gihe umwanya wo kwigaya wari wamaze kurengerana, nta n’ubukiriro yari igifise bwo guhunga nya bihano.
Las Exégesis Árabes:
وَعَجِبُوٓاْ أَن جَآءَهُم مُّنذِرٞ مِّنۡهُمۡۖ وَقَالَ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا سَٰحِرٞ كَذَّابٌ
Abagarariji, baritangaje ku kurungikirwa Umugabisha avuye mu bantu nkabo, kugira abagabishe ku bihano vy’Imana Allah, yongere abararikire kuyemera, baraheza barinamura bati: “Uyu, ni umurozi karuhariwe mu kubesha;
Las Exégesis Árabes:
أَجَعَلَ ٱلۡأٓلِهَةَ إِلَٰهٗا وَٰحِدًاۖ إِنَّ هَٰذَا لَشَيۡءٌ عُجَابٞ
Karashize ingani, afate imana zacu azigire Imana Imwe Rudende, abe ari Yo aturarikira kwemera! Mu vy’ukuri, iryo rarikiramana ryiwe, ni ukuri ni ikintu gitangaje pe!”.
Las Exégesis Árabes:
وَٱنطَلَقَ ٱلۡمَلَأُ مِنۡهُمۡ أَنِ ٱمۡشُواْ وَٱصۡبِرُواْ عَلَىٰٓ ءَالِهَتِكُمۡۖ إِنَّ هَٰذَا لَشَيۡءٞ يُرَادُ
Indongozi z’abagararije zarahimirije abantu bazo gukomeza gutsimbatara mw’ibangikanyamana ziti: “Nimushishikare mutsimbatare mudahesha mu gusenga imana zanyu. Mu vy’ukuri inyigisho z’iyi Ntumwa, ni ukuri zifise ihangiro ryo kwiganza no kwigarurira ubutegetsi.
Las Exégesis Árabes:
مَا سَمِعۡنَا بِهَٰذَا فِي ٱلۡمِلَّةِ ٱلۡأٓخِرَةِ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا ٱخۡتِلَٰقٌ
Kuva na kera na rindi, nta ho twigeze twumva inyigisho nk’izo mw’idini rya ba data mu Bakorayishi canke mu banaswara. Izo nyigisho rero, si ikindi kiretse ko ari irementanya ryigendera!
Las Exégesis Árabes:
أَءُنزِلَ عَلَيۡهِ ٱلذِّكۡرُ مِنۢ بَيۡنِنَاۚ بَلۡ هُمۡ فِي شَكّٖ مِّن ذِكۡرِيۚ بَل لَّمَّا يَذُوقُواْ عَذَابِ
Vyoshoboka gute ko Muhamadi ari we gusa muri twese yohishurirwa Qor’ani!”. Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero abagarariji, bafise amakenga kw’ihishurirwa n’irungikwa vyawe. Ahubwo mbere binamura kuvuga ukwo, kuko batarahonja ibihano vyanje Jewe Allah.
Las Exégesis Árabes:
أَمۡ عِندَهُمۡ خَزَآئِنُ رَحۡمَةِ رَبِّكَ ٱلۡعَزِيزِ ٱلۡوَهَّابِ
Mbega none boba bagaba ibigega vy’impano z’Imana yawe Rurema Allah, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Bigaburo Iha uwo Ishatse mu ngabirano zayo Itarinze gusabwa!
Las Exégesis Árabes:
أَمۡ لَهُم مُّلۡكُ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَاۖ فَلۡيَرۡتَقُواْ فِي ٱلۡأَسۡبَٰبِ
Canke boba bagaba bakaganza amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, ku buryo bagaburira canke bakima uwo bashatse mu biremwa! Enda rero nibakore ibibashobokeye kugira bashike mw’ijuru, baheze rero bagaburire ibiremwa mu guha canke mu kwima uwo bashaka!
Las Exégesis Árabes:
جُندٞ مَّا هُنَالِكَ مَهۡزُومٞ مِّنَ ٱلۡأَحۡزَابِ
Ingabo z’ababangikanyamana, zizoneshwa nk’uko ingabo ziyunze z’abo hambere yabo zaneshejwe;
Las Exégesis Árabes:
كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ وَعَادٞ وَفِرۡعَوۡنُ ذُو ٱلۡأَوۡتَادِ
Aho hambere yabo, harigeze kuba hari abahakanye bivuye inyuma: abantu ba Nuhu, Bene Aadi, Firawuni yari afise ingabo n’inguvu bidasanzwe;
Las Exégesis Árabes:
وَثَمُودُ وَقَوۡمُ لُوطٖ وَأَصۡحَٰبُ لۡـَٔيۡكَةِۚ أُوْلَٰٓئِكَ ٱلۡأَحۡزَابُ
Bene Thamuudi, abantu ba Luutwi hamwe rero n’abantu bo mu gisagara c’ibiti bitotahaye barungikiwe Shu’ayibu. Iyo migwi rero, ni yo migwi y’abantu biyunze mu bugarariji no mu buhakanyi;
Las Exégesis Árabes:
إِن كُلٌّ إِلَّا كَذَّبَ ٱلرُّسُلَ فَحَقَّ عِقَابِ
Umugwi wose muri yo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa, uca uhabwa ibihano vyanje Jewe Allah.
Las Exégesis Árabes:
وَمَا يَنظُرُ هَٰٓؤُلَآءِ إِلَّا صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ مَّا لَهَا مِن فَوَاقٖ
Ababangikanyamana, nta n’ikindi barindiriye mu gihe boguma mw’ibangikanyamana, kiretse ivuzwa rimwe gusa ry’akaruru gahonya kadasubizwa inyuma.
Las Exégesis Árabes:
وَقَالُواْ رَبَّنَا عَجِّل لَّنَا قِطَّنَا قَبۡلَ يَوۡمِ ٱلۡحِسَابِ
Baranavuze batebura kw’iharurirwa ry’ibiremwa ku musi w’izuka bati: “Ewe Mana yacu Rurema Allah! Turagusavye Uduhe ibihano vyacu Watugeneye tukiri kw’isi, imbere yuko umusi w’iharurirwa ugera!”.
Las Exégesis Árabes:
ٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱذۡكُرۡ عَبۡدَنَا دَاوُۥدَ ذَا ٱلۡأَيۡدِۖ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ
Ntumwa y’Imana! Ihanganire ivyo bavuga bikubangamiye, uheze wibuke n’Umuja wacu Dawudi yaranzwe n’inguvu zo guhangana n’abansi ata guhesha, hamwe rero no kwihanganira igamburukiramana. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah[2].
[2] Iyi Aayah iratera intege Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
Las Exégesis Árabes:
إِنَّا سَخَّرۡنَا ٱلۡجِبَالَ مَعَهُۥ يُسَبِّحۡنَ بِٱلۡعَشِيِّ وَٱلۡإِشۡرَاقِ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twatumye imisozi yitabira itazira n’ininahazamana ryagirwa na Dawudi umugoroba n’igitondo;
Las Exégesis Árabes:
وَٱلطَّيۡرَ مَحۡشُورَةٗۖ كُلّٞ لَّهُۥٓ أَوَّابٞ
Dutuma n’umugwi w’inyoni witabira nya tazira n’ininahazamana, ivyo vyose rero vyaramwumvira;
Las Exégesis Árabes:
وَشَدَدۡنَا مُلۡكَهُۥ وَءَاتَيۡنَٰهُ ٱلۡحِكۡمَةَ وَفَصۡلَ ٱلۡخِطَابِ
Twaranamutsimbatarije ubwami bwiwe kw’ijunja n’inguvu Twamuhaye, Tumuha n’ubutumwa hamwe no gutomora ijambo n’ingingo.
Las Exégesis Árabes:
۞ وَهَلۡ أَتَىٰكَ نَبَؤُاْ ٱلۡخَصۡمِ إِذۡ تَسَوَّرُواْ ٱلۡمِحۡرَابَ
Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru y’abantu babiri batase, igihe basimba urugo rw’aho Dawudi yasengera;
Las Exégesis Árabes:
إِذۡ دَخَلُواْ عَلَىٰ دَاوُۥدَ فَفَزِعَ مِنۡهُمۡۖ قَالُواْ لَا تَخَفۡۖ خَصۡمَانِ بَغَىٰ بَعۡضُنَا عَلَىٰ بَعۡضٖ فَٱحۡكُم بَيۡنَنَا بِٱلۡحَقِّ وَلَا تُشۡطِطۡ وَٱهۡدِنَآ إِلَىٰ سَوَآءِ ٱلصِّرَٰطِ
Baraheza bamwinjirirako aca agira ubwoba! Ni ho bamutururuza bati: “Tekana, ntugire ubwoba namba, twebwe twatase, aho umwe muri twebwe yarenganije uwundi; twaje kukwitura rero kugira udutunganirize vy’ukuri ata nkunzi, wongere uduhanure gukurikira inzira igororotseˮ.
Las Exégesis Árabes:
إِنَّ هَٰذَآ أَخِي لَهُۥ تِسۡعٞ وَتِسۡعُونَ نَعۡجَةٗ وَلِيَ نَعۡجَةٞ وَٰحِدَةٞ فَقَالَ أَكۡفِلۡنِيهَا وَعَزَّنِي فِي ٱلۡخِطَابِ
Ni ho rero umwe muri bo yatangura kwigana avuga ati: “Mu vy’ukuri, uyu ni mwenewacu, afise intama mirongo icenda n’icenda, nanje nkaba mfise intama imwe rudende, akaba yagize inambu yo kuyinyaga, aca ambwira ati: “Mpa iyo ntamaˮ, maze aranzivya sinagira ayo ncira n’ayo miraˮ;
Las Exégesis Árabes:
قَالَ لَقَدۡ ظَلَمَكَ بِسُؤَالِ نَعۡجَتِكَ إِلَىٰ نِعَاجِهِۦۖ وَإِنَّ كَثِيرٗا مِّنَ ٱلۡخُلَطَآءِ لَيَبۡغِي بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٍ إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ وَقَلِيلٞ مَّا هُمۡۗ وَظَنَّ دَاوُۥدُ أَنَّمَا فَتَنَّٰهُ فَٱسۡتَغۡفَرَ رَبَّهُۥ وَخَرَّۤ رَاكِعٗاۤ وَأَنَابَ۩
Dawudi aca avuga ati: “Ni ukuri, mwenewanyu yakurenganije mu kukunyaga intama yawe akayihagira, kandi abenshi mu basangiye amatungo, ni ukuri birashika bamwe muri bo bakarenganya abandi, havuyemwo gusa abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ntibarenganyana. Abo rero, ni bake cane mu bantuˮ. Dawudi yaratahuye ko Twebwe Allah, Twamugerageje mu kuba abo bantu baje kumwitwarako, ni ho yasaba imbabazi Imana yiwe Rurema Allah, aca arayubamira ashira uruhanga hasi, maze arigaya[3];
[3] Iyo umuntu asomye iyi Aayah gushika ku mpera, aca yubama agashira uruhanga hasi.
Las Exégesis Árabes:
فَغَفَرۡنَا لَهُۥ ذَٰلِكَۖ وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلۡفَىٰ وَحُسۡنَ مَـَٔابٖ
Twaciye Tumugumiriza akabanga Turanamubabarira ivyaha vyiwe. Mu vy’ukuri Dawudi, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Las Exégesis Árabes:
يَٰدَاوُۥدُ إِنَّا جَعَلۡنَٰكَ خَلِيفَةٗ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَٱحۡكُم بَيۡنَ ٱلنَّاسِ بِٱلۡحَقِّ وَلَا تَتَّبِعِ ٱلۡهَوَىٰ فَيُضِلَّكَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِۚ إِنَّ ٱلَّذِينَ يَضِلُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ لَهُمۡ عَذَابٞ شَدِيدُۢ بِمَا نَسُواْ يَوۡمَ ٱلۡحِسَابِ
Ni ho rero Twamubwira Duti: “Ewe Dawudi! Mu vy’ukuri, Tukugize icariho cacu mu kukugira umwami kw’isi. Kubera ivyo rero, tunganiriza abantu vy’ukuri ata nkunzi, kandi ntugakurikire ivyipfuzo vyawe mu gufata ingingo, kuko vyoguhubisha inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah. Mu vy’ukuri abahuba inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah, barategekanirijwe ibihano bikaze, kuko birengagije umusi w’iharurirwa ry’ibiremwa[4]ˮ.
[4] Iyi Aayah ihanura indongozi ko zibwirizwa gutunganiriza abantu vy’ukuri ata nkunzi, kuko kutabatunganiriza kuzihubisha inzira y’amabwirizwa y’idini ry’Imana Allah.
Las Exégesis Árabes:
وَمَا خَلَقۡنَا ٱلسَّمَآءَ وَٱلۡأَرۡضَ وَمَا بَيۡنَهُمَا بَٰطِلٗاۚ ذَٰلِكَ ظَنُّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْۚ فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِنَ ٱلنَّارِ
Ntitwaremye ijuru n’isi n’ibiri hagati yavyo ku gufyinata, ukwo ni ko abagararije bibwira ko Twabiremye. Ibihano nya bihano vyo mu muriro rero, vyagenewe abagarariji badategera intumbero y’Imana Allah mu kurema ijuru n’isi.
Las Exégesis Árabes:
أَمۡ نَجۡعَلُ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ كَٱلۡمُفۡسِدِينَ فِي ٱلۡأَرۡضِ أَمۡ نَجۡعَلُ ٱلۡمُتَّقِينَ كَٱلۡفُجَّارِ
Mbega burya Twogira abemeye bagakora n’ivyiza bitegetswe nk’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi, canke Twogira abagamburukiramana nk’abanyavyaha! Eka nta ho basa basana mu butoni n’ubutore ku Mana Allah.
Las Exégesis Árabes:
كِتَٰبٌ أَنزَلۡنَٰهُ إِلَيۡكَ مُبَٰرَكٞ لِّيَدَّبَّرُوٓاْ ءَايَٰتِهِۦ وَلِيَتَذَكَّرَ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Ntumwa y’Imana! Ivyo wahishuriwe, ni Igitabu gihezagiye Twakumanuriye, kugira abantu bazigame Aayah zaco baheze bazigendere, no kugira incabwenge koko zibuke zishire mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah.
Las Exégesis Árabes:
وَوَهَبۡنَا لِدَاوُۥدَ سُلَيۡمَٰنَۚ نِعۡمَ ٱلۡعَبۡدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٌ
Dawudi rero, Twaranamuronkeje umwana yitwa Sulayimani, yari Umuja mwiza yatewe iteka akarigendera koko; mu vy’ukuri, yarigaya cane akitura kenshi Imana Allah;
Las Exégesis Árabes:
إِذۡ عُرِضَ عَلَيۡهِ بِٱلۡعَشِيِّ ٱلصَّٰفِنَٰتُ ٱلۡجِيَادُ
Ibuka aho Sulayimani yagenzura ifarasi z’akarorero zigishijwe, agahera ku muhingamo gushika ku kirengazuba;
Las Exégesis Árabes:
فَقَالَ إِنِّيٓ أَحۡبَبۡتُ حُبَّ ٱلۡخَيۡرِ عَن ذِكۡرِ رَبِّي حَتَّىٰ تَوَارَتۡ بِٱلۡحِجَابِ
Maze akavuga yiregura ati: “Mu vy’ukuri, jewe nahisemwo gukunda ifarasi, maze ndasamara sinibuka gutazira no kuninahaza Imana yanje Rurema Allah, gushika n’aho izuba rirenga;
Las Exégesis Árabes:
رُدُّوهَا عَلَيَّۖ فَطَفِقَ مَسۡحَۢا بِٱلسُّوقِ وَٱلۡأَعۡنَاقِ
Ngarukanira za farasi zose nagenzuraˮ. Ni ho rero nya farasi zagarukanwa, maze azitanga ikimazi[5] aca arazica imitsi arazikerera, kuko zatumye isengesho rimucika.
[5] Ukwiyegereza Imana Allah mu gukerera ifarasi, ryari ibwirizwa mu mabwirizwa yubahirizwa igihe c’Intumwa Sulayimani.
Las Exégesis Árabes:
وَلَقَدۡ فَتَنَّا سُلَيۡمَٰنَ وَأَلۡقَيۡنَا عَلَىٰ كُرۡسِيِّهِۦ جَسَدٗا ثُمَّ أَنَابَ
Ni ukuri, Twaragerageje Sulayimani, maze Dukororera ku ntebe yiwe umwana afise urubavu rumwe yavutse atageze[6], ni ho yagaruka ku Mana Allah arigaya;
[6] Sulayimani yarigeze kurahira ko arangurana amabanga y’abubatse n’abakenyezi biwe bose mw’ijoro rimwe, maze bose bagasamira rimwe, bakazomuvyarira abana barinda ku rugamba, bakazoharanira idini ry’Imana Allah, ariko rero ntiyibutse kuvuga ati: “In shaa Allah” ku bushake bw’Imana Allah. Ni ho rero yabigenza nk’uko yarahiye, maze hasama imbanyi umukenyezi umwe gusa muri bo, yahavuye yibaruka umwana afise urubavu rumwe.
Las Exégesis Árabes:
قَالَ رَبِّ ٱغۡفِرۡ لِي وَهَبۡ لِي مُلۡكٗا لَّا يَنۢبَغِي لِأَحَدٖ مِّنۢ بَعۡدِيٓۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡوَهَّابُ
Araheza avuga mu kwigaya kwiwe ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngumiriza akabanga Umbabarire ivyaha, Umpe n’ubwami buhambaye Utazokwigera Uha n’umwe mu bantu bo mu nyuma zanje. Mu vy’ukuri, Wewe Uri Bigaburoˮ.
Las Exégesis Árabes:
فَسَخَّرۡنَا لَهُ ٱلرِّيحَ تَجۡرِي بِأَمۡرِهِۦ رُخَآءً حَيۡثُ أَصَابَ
Ni ho rero Twamwakirira igisabisho ciwe, Tumworohereza kwikora ku muyaga, ukamwumvira mu gihe cose awutegetse kumujana aho hose ashaka;
Las Exégesis Árabes:
وَٱلشَّيَٰطِينَ كُلَّ بَنَّآءٖ وَغَوَّاصٖ
Tumworohereza no gukoresha amashetani mu bikorwa vyiwe vya misi yose; muri yo, harimwo ayubaka n’ayibira mw’ibahari;
Las Exégesis Árabes:
وَءَاخَرِينَ مُقَرَّنِينَ فِي ٱلۡأَصۡفَادِ
Hakaba rero n’ayandi mashetani ruhebwa yabohesha amapingu.
Las Exégesis Árabes:
هَٰذَا عَطَآؤُنَا فَٱمۡنُنۡ أَوۡ أَمۡسِكۡ بِغَيۡرِ حِسَابٖ
Ubu bwami buhambaye n’iyoroherezwa ryo kwikora ku muyaga no ku mashetani, ni impano yacu kuri wewe Sulayimani, uratanga utitangira, uhe uwo ushatse, wime uwo ushatse, nta wuzoguciramwo.
Las Exégesis Árabes:
وَإِنَّ لَهُۥ عِندَنَا لَزُلۡفَىٰ وَحُسۡنَ مَـَٔابٖ
Mu vy’ukuri Sulayimani, ni ukuri ari mu batonye kuri Twebwe Allah, ari no mu bagenewe uburuhukiro bwiza mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Las Exégesis Árabes:
وَٱذۡكُرۡ عَبۡدَنَآ أَيُّوبَ إِذۡ نَادَىٰ رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَسَّنِيَ ٱلشَّيۡطَٰنُ بِنُصۡبٖ وَعَذَابٍ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’Umuja wacu Ayubu igihe yasaba gukira umuniho, atakambira Imana yiwe Rurema Allah, avuga ati: “Mu vy’ukuri shetani, yanteye umuruho n’ububabare budasanzwe buturutse ku ndwara no ku kwangara kw’umuryango wanje, hamwe rero no guhona kw’amatungo yanjeˮ;
Las Exégesis Árabes:
ٱرۡكُضۡ بِرِجۡلِكَۖ هَٰذَا مُغۡتَسَلُۢ بَارِدٞ وَشَرَابٞ
Turaheza Tubwira Ayubu Duti: “Dida ikirenge cawe hasi, haca hadudubiza amazi akanye, uheze uyanyweko wongere uyiyuhagire, indwara ice ikiraˮ.
Las Exégesis Árabes:
وَوَهَبۡنَا لَهُۥٓ أَهۡلَهُۥ وَمِثۡلَهُم مَّعَهُمۡ رَحۡمَةٗ مِّنَّا وَذِكۡرَىٰ لِأُوْلِي ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Ni ho rero Twamukiza nya ndwara, Tukamutera n’iteka ryo gusubizwa abangaye mu bana no mu bagore, Tumurengerezako n’abandi nk’abo mu bana no mu buzukuru. Ivyo vyose rero, Twabigize ku mpuhwe zacu mu kumuhembera ukwihanganira igeragezwa ryamushikiye, no kugira rero bibere urwibutso incabwenge koko, ziheze zimenye ko ukwihangana gushikana umuntu ku ntsinzi.
Las Exégesis Árabes:
وَخُذۡ بِيَدِكَ ضِغۡثٗا فَٱضۡرِب بِّهِۦ وَلَا تَحۡنَثۡۗ إِنَّا وَجَدۡنَٰهُ صَابِرٗاۚ نِّعۡمَ ٱلۡعَبۡدُ إِنَّهُۥٓ أَوَّابٞ
Maze Tumubwira kandi Duti: “Fata umukama w’ubwatsi uwukubitishe umukenyezi wawe, mu gushira mu ngiro indahiro yawe kugira ntuyirengeko[7]ˮ. Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twasanze Ayubu ari umuntu yihanganira koko igeragezwa, yari n’Umuja mwiza, yatewe iteka akarigendera koko. Mu vy’ukuri, yarigaya cane akagaruka kenshi ku Mana Allah.
[7] Iyo ndahiro yari yuko niyaramuka akize, azokubita umukenyezi wiwe inkoni ijana, kuko uwo musi yari yatevye kugaruka kumuraba aho yari arwariye.
Las Exégesis Árabes:
وَٱذۡكُرۡ عِبَٰدَنَآ إِبۡرَٰهِيمَ وَإِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ أُوْلِي ٱلۡأَيۡدِي وَٱلۡأَبۡصَٰرِ
Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi Abaja bacu: Ibrahimu, Is-haka na Yakubu, baranzwe n’ishaka n’umwete bidasanzwe kw’iyumviramana hamwe n’ubumenyi budasanzwe mw’idini;
Las Exégesis Árabes:
إِنَّآ أَخۡلَصۡنَٰهُم بِخَالِصَةٖ ذِكۡرَى ٱلدَّارِ
Mu vy’ukuri Twabahisemwo mu bandi, mu kubatera iteka ryo kwama bibuka gukorera ubuzima bw’inyuma yo gupfa[8];
[8] Barumvira Imana Allah, bakararikira n’abantu kwemera no gusenga Imana Imwe Rudende Allah.
Las Exégesis Árabes:
وَإِنَّهُمۡ عِندَنَا لَمِنَ ٱلۡمُصۡطَفَيۡنَ ٱلۡأَخۡيَارِ
Mu vy’ukuri abo, ni ukuri bari mu bo Twahisemwo Tukabagira Intumwa n’intore mu kutwumvira.
Las Exégesis Árabes:
وَٱذۡكُرۡ إِسۡمَٰعِيلَ وَٱلۡيَسَعَ وَذَا ٱلۡكِفۡلِۖ وَكُلّٞ مِّنَ ٱلۡأَخۡيَارِ
Ntumwa y’Imana! Ongera wibuke Abaja bacu: Ismayili, Al-Yasa’a na Dhu l-Kifli, umwe wese muri bo, ni ukuri yari mu ntore zatewe iteka mu biremwa vy’Imana Allah.
Las Exégesis Árabes:
هَٰذَا ذِكۡرٞۚ وَإِنَّ لِلۡمُتَّقِينَ لَحُسۡنَ مَـَٔابٖ
Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni iteka n’urwibutso kuri wewe no ku bantu bawe warungitsweko. Mu vy’ukuri abagamburukiramana, ni ukuri baragenewe uburuhukiro bwiza;
Las Exégesis Árabes:
جَنَّٰتِ عَدۡنٖ مُّفَتَّحَةٗ لَّهُمُ ٱلۡأَبۡوَٰبُ
Ubwo buruhukiro bukaba ari imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru rya “Adeni” bazokwugururirwa imiryango yabwo;
Las Exégesis Árabes:
مُتَّكِـِٔينَ فِيهَا يَدۡعُونَ فِيهَا بِفَٰكِهَةٖ كَثِيرَةٖ وَشَرَابٖ
Aho bazoba bicaye ku nyegamo zisharije, basaba guherezwa ivyo bipfuza mu vyamwa vy’ubwoko bwinshi hamwe n’ibinyobwa bitandukanye;
Las Exégesis Árabes:
۞ وَعِندَهُمۡ قَٰصِرَٰتُ ٱلطَّرۡفِ أَتۡرَابٌ
Muri nya Bwami, bazoba bafise n’abakenyezi bagumiza akajisho ku bagabo babo, bari mu runganwe rumwe n’urugero rumwe.
Las Exégesis Árabes:
هَٰذَا مَا تُوعَدُونَ لِيَوۡمِ ٱلۡحِسَابِ
Bagamburukiramana! Izo nema rero, ziri mu vyo musezeraniwe kuzoronka ku musi w’iharurirwa ry’ibiremwa;
Las Exégesis Árabes:
إِنَّ هَٰذَا لَرِزۡقُنَا مَا لَهُۥ مِن نَّفَادٍ
Mu vy’ukuri, izo ni zo mpano zacu kuri mwebwe, ntizigera zishira canke ngo zikehe;
Las Exégesis Árabes:
هَٰذَاۚ وَإِنَّ لِلطَّٰغِينَ لَشَرَّ مَـَٔابٖ
Izo rero, ni zo mpano zagenewe abagamburukiramana. Nayo abimonogoje mu bugarariji, ni ukuri bagenewe uburuhukiro bubi cane;
Las Exégesis Árabes:
جَهَنَّمَ يَصۡلَوۡنَهَا فَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ
Ubwo buruhukiro bukaba ari umuriro wa Jahannamu, bazokwinjira maze bakawota. Ubwo rero, ni bwo busaswa bubi cane bubaho;
Las Exégesis Árabes:
هَٰذَا فَلۡيَذُوقُوهُ حَمِيمٞ وَغَسَّاقٞ
Ibi, ni vyo bihano bazohonja; ukunywa amazi asebuye akaryimara, urwuya hamwe n’amashira bitemba biva mu mibiri y’abantu bo mu muriro udahera;
Las Exégesis Árabes:
وَءَاخَرُ مِن شَكۡلِهِۦٓ أَزۡوَٰجٌ
Bazohabwa n’ibindi bihano rero nk’ivyo vy’ubwoko bwose.
Las Exégesis Árabes:
هَٰذَا فَوۡجٞ مُّقۡتَحِمٞ مَّعَكُمۡ لَا مَرۡحَبَۢا بِهِمۡۚ إِنَّهُمۡ صَالُواْ ٱلنَّارِ
Igihe abimonogoje mu bugarariji binjiye mu muriro, bazotanako umwikomo, maze babwirane hagati yabo bati: “Ng’uwo umugwi w’abantu isinzi, utegerezwa kwinjirana na mwe mu muriro udaheraˮ. Abari muri uwo muriro bazobishura bati: “Ntibagahabwe ikaze, ntibakagire uburaro n’uburamuko mu muriro, ni ukuri nibinjire mu muriro baheze bawote nkatweˮ;
Las Exégesis Árabes:
قَالُواْ بَلۡ أَنتُمۡ لَا مَرۡحَبَۢا بِكُمۡۖ أَنتُمۡ قَدَّمۡتُمُوهُ لَنَاۖ فَبِئۡسَ ٱلۡقَرَارُ
Abumviye abimonogoje mu bugarariji bakabakurikira, bazosubizayo bati: “Ahubwo mwebwe nyabuna ntimugahabwe ikaze, kuko ari mwebwe mwaduhubishije kw’isi mugatuma twinjira muri woˮ. Umuriro udahera rero, ni bwo buraro n’uburamuko bubi cane bubaho;
Las Exégesis Árabes:
قَالُواْ رَبَّنَا مَن قَدَّمَ لَنَا هَٰذَا فَزِدۡهُ عَذَابٗا ضِعۡفٗا فِي ٱلنَّارِ
Abumviye abimonogoje mu bugarariji, bazobandanya basabira ababahubishije, ko bohanwa vy’akarorero bati: “Mana yacu Rurema Allah! Abaduhubishije inzira yawe kw’isi, turagusavye ubongerereze ibihano ku bindi mu muriro udaheraˮ.
Las Exégesis Árabes:
وَقَالُواْ مَا لَنَا لَا نَرَىٰ رِجَالٗا كُنَّا نَعُدُّهُم مِّنَ ٱلۡأَشۡرَارِ
Abimonogoje mu bugarariji na bo, bazovuga bitangaza bati: “Mbega vyagenze gute ko mu muriro tutabonayo abantu twahora duharura kw’isi ko bari mu banyavyaha!
Las Exégesis Árabes:
أَتَّخَذۡنَٰهُمۡ سِخۡرِيًّا أَمۡ زَاغَتۡ عَنۡهُمُ ٱلۡأَبۡصَٰرُ
Mbega twoba twarabihenzeko mu kubateburako tubasuzugura, canke twoba tudashoboye gusa kubabona kandi bari kumwe na twe mu muriro!ˮ.
Las Exégesis Árabes:
إِنَّ ذَٰلِكَ لَحَقّٞ تَخَاصُمُ أَهۡلِ ٱلنَّارِ
Iryo tanako ry’umwikomo hagati y’abantu bo mu muriro, nta nkeka ko ari iry’ukuri kandi rizoshika.
Las Exégesis Árabes:
قُلۡ إِنَّمَآ أَنَا۠ مُنذِرٞۖ وَمَا مِنۡ إِلَٰهٍ إِلَّا ٱللَّهُ ٱلۡوَٰحِدُ ٱلۡقَهَّارُ
Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Ni ukuri jewe, ndi Umugabisha kuri mwebwe ku bihano vy’Imana Allah, nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Imana Allah Nyarudende[9], Nyeninkomezi-ntangere;
[9] Ni Yo Mana Rudende mu biyiranga vyose, Irikwije, ntibangikanywa. Nta giteye nkayo. Ivyo bigatuma ari Yo gusa Ikwiye kwiyegerezwa mu gusengwa ari Imwe Rudende, Itabangikanywa.
Las Exégesis Árabes:
رَبُّ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا بَيۡنَهُمَا ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡغَفَّٰرُ
Ni Yo Mana Rurema Ikaba n’Umubungabunzi w’amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenimbabazinyinshiˮ.
Las Exégesis Árabes:
قُلۡ هُوَ نَبَؤٌاْ عَظِيمٌ
Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Iyi Qor’ani, ni inkuru ihambaye, ngirakamaro cane;
Las Exégesis Árabes:
أَنتُمۡ عَنۡهُ مُعۡرِضُونَ
Mwebwe mwirengagiza kuyitegera no kuyigendera;
Las Exégesis Árabes:
مَا كَانَ لِيَ مِنۡ عِلۡمِۭ بِٱلۡمَلَإِ ٱلۡأَعۡلَىٰٓ إِذۡ يَخۡتَصِمُونَ
Nta bumenyi nogira ku vyerekeye uruhara rw’abamalayika kw’iremwa rya Adamu, kiretse ivyo nahishuriwe n’Imana Allah;
Las Exégesis Árabes:
إِن يُوحَىٰٓ إِلَيَّ إِلَّآ أَنَّمَآ أَنَا۠ نَذِيرٞ مُّبِينٌ
Nta co Impishurira ngo menye ivyo ntari nzi, atari uko ndi Umugabisha ku bihano vyayo, ntomora amabwirizwa yayoˮ.
Las Exégesis Árabes:
إِذۡ قَالَ رَبُّكَ لِلۡمَلَٰٓئِكَةِ إِنِّي خَٰلِقُۢ بَشَرٗا مِّن طِينٖ
Ntumwa y’Imana! Ibutsa abo warungitsweko, igihe Imana yawe Rurema Allah Yabwira abamalayika Iti: “Mu vy’ukuri, Jewe Ngira Ndeme umuntu mw’ivu;
Las Exégesis Árabes:
فَإِذَا سَوَّيۡتُهُۥ وَنَفَخۡتُ فِيهِ مِن رُّوحِي فَقَعُواْ لَهُۥ سَٰجِدِينَ
Ninamara gutunganya indemo y’umubiri wiwe, nkamuhuhiramwo n’inkomoko y’ubuzima “Roho” akaba muzima, muraheza rero mumuhe icubahiro kimukwiye mu kumwubamira[10]”.
[10] Ukwubama kuvugwa ng’aha, kwari mu ntumbero yo guha Adamu icubahiro yahawe n’Imana Allah Yamuremye, ntikwari mu ntumbero yo kumusenga kuko ubwislamu bubuza bwivuye inyuma ukwubama mu ntumbero yo guha icubahiro umuntu.
Las Exégesis Árabes:
فَسَجَدَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةُ كُلُّهُمۡ أَجۡمَعُونَ
Abamalayika baraheza baragamburuka bose barubama;
Las Exégesis Árabes:
إِلَّآ إِبۡلِيسَ ٱسۡتَكۡبَرَ وَكَانَ مِنَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Kiretse Ibilisi, yanse n’amanyama n’akantu kumwubamira, gutyo aca aba mu bagarariji;
Las Exégesis Árabes:
قَالَ يَٰٓإِبۡلِيسُ مَا مَنَعَكَ أَن تَسۡجُدَ لِمَا خَلَقۡتُ بِيَدَيَّۖ أَسۡتَكۡبَرۡتَ أَمۡ كُنتَ مِنَ ٱلۡعَالِينَ
Imana Allah Iraheza Ibaza Ibilisi icatumye atubama Iti: “Ewe Ibilisi! Ni igiki cakubujije kwubamira ikiremwa Niremeye n’amaboko yanje[11]! Wabigize ku manyama n’agasuzuguro, canke uri mu bihambaza ku Mana yawe Rurema!”.
[11] Iyi Aayah Iremeza ko Imana Allah Ifise amaboko mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.
Las Exégesis Árabes:
قَالَ أَنَا۠ خَيۡرٞ مِّنۡهُ خَلَقۡتَنِي مِن نَّارٖ وَخَلَقۡتَهُۥ مِن طِينٖ
Ibilisi yishuye n’amanyama n’akantu ati: “Sinubamiye ico kiremwa kuko jewe ndi intore kugisumba, Wandemye mu rubeya rw’umuriro, na co Ukirema mw’ivu!”.
Las Exégesis Árabes:
قَالَ فَٱخۡرُجۡ مِنۡهَا فَإِنَّكَ رَجِيمٞ
Imana Allah, Iraheza Ibwira Ibilisi Iti: “Kubera ivyo rero, va mu Bwami bw’ijuru, kuko wewe mu vy’ukuri uravumwe;
Las Exégesis Árabes:
وَإِنَّ عَلَيۡكَ لَعۡنَتِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلدِّينِ
Ni ukuri uzobaho mw’ivumwe ryanje, gushika ku musi w’iharurirwa n’impera”.
Las Exégesis Árabes:
قَالَ رَبِّ فَأَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Ibilisi abonye ko kabaye, yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Umpe kuramba gushika ku musi w’izuka ry’ibiremwa”.
Las Exégesis Árabes:
قَالَ فَإِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ
Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Mu vy’ukuri, wewe uri mu bazoramba;
Las Exégesis Árabes:
إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡوَقۡتِ ٱلۡمَعۡلُومِ
Gushika ku musi w’isango nyezina, rizwi ryo guhonya ibiremwa vyose”.
Las Exégesis Árabes:
قَالَ فَبِعِزَّتِكَ لَأُغۡوِيَنَّهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Ni ho Ibilisi yavuga n’agahigihigi n’akantu ati: “Ndarahiye ku cubahiro c’iteka ryawe, ni ukuri ntegerezwa guhubisha Bene Adamu;
Las Exégesis Árabes:
إِلَّا عِبَادَكَ مِنۡهُمُ ٱلۡمُخۡلَصِينَ
Kiretse gusa abo Wejeje mu baja bawe, Ukabaha ubudahangarwa, ku buryo ata nzira n’imwe yo kubahubisha noronka ncamwo”.
Las Exégesis Árabes:
قَالَ فَٱلۡحَقُّ وَٱلۡحَقَّ أَقُولُ
Imana Allah Yavuze Iti: “Uku ni ukuri kuvuye kuri Jewe Allah, kanatsinda sinigera Mvuga atari ukuri;
Las Exégesis Árabes:
لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنكَ وَمِمَّن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ أَجۡمَعِينَ
Ni ukuri Nzokwuzuza mu muriro wa Jahannamu, uruvyaro rugukomokako hamwe n’abazogukurikira bose muri Bene Adamu”.
Las Exégesis Árabes:
قُلۡ مَآ أَسۡـَٔلُكُمۡ عَلَيۡهِ مِنۡ أَجۡرٖ وَمَآ أَنَا۠ مِنَ ٱلۡمُتَكَلِّفِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nta mpembo ndabasavye kw’ishikirizabutumwa ryanje, eka si ndi no mu barementanya bihatira gushikiriza ivyo batahishuriwe”.
Las Exégesis Árabes:
إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ
Iyi Qor’ani rero, si ikindi kiretse ko ari urwibutso ku biremwa; abantu n’amajini kugira vyikebuke mu gukora ivyobigirira akamaro mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
Las Exégesis Árabes:
وَلَتَعۡلَمُنَّ نَبَأَهُۥ بَعۡدَ حِينِۭ
Babangikanyamana! Ni ukuri muzomenya ukuri kw’inkuru ya Qor’ani igihe ubwislamu bwatsinze, maze abantu bakabwinjiramwo ari imigwimigwi; n’igihe rero mwahaniwe kuyigarariza, ata wuronka ayo acira n’ayo amira.
Las Exégesis Árabes:
 
Traducción de significados Capítulo: Sura Saad
Índice de Capítulos Número de página
 
Traducción de los significados del Sagrado Corán - الترجمة الكيروندية - Índice de traducciones

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Cerrar