ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

PDF XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني آية: (89) سورة: المائدة
لَا يُؤَاخِذُكُمُ ٱللَّهُ بِٱللَّغۡوِ فِيٓ أَيۡمَٰنِكُمۡ وَلَٰكِن يُؤَاخِذُكُم بِمَا عَقَّدتُّمُ ٱلۡأَيۡمَٰنَۖ فَكَفَّٰرَتُهُۥٓ إِطۡعَامُ عَشَرَةِ مَسَٰكِينَ مِنۡ أَوۡسَطِ مَا تُطۡعِمُونَ أَهۡلِيكُمۡ أَوۡ كِسۡوَتُهُمۡ أَوۡ تَحۡرِيرُ رَقَبَةٖۖ فَمَن لَّمۡ يَجِدۡ فَصِيَامُ ثَلَٰثَةِ أَيَّامٖۚ ذَٰلِكَ كَفَّٰرَةُ أَيۡمَٰنِكُمۡ إِذَا حَلَفۡتُمۡۚ وَٱحۡفَظُوٓاْ أَيۡمَٰنَكُمۡۚ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمۡ ءَايَٰتِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Imana Allah ntibahanira indahiro murahiye ku kwihenda bitavuye ku mutima, ariko Ibahanira indahiro murahiye n’ibigirankana bivuye ku mutima. Nimutubahiriza ivyo mwarahiriye rero, icuhagizo co kurenga ku ndahiro, ni ugufungurira abakene cumi, umwe wese muri bo akaronswa ibingana no kuyoza amashi incuro zibiri mu mfungurwa musanzwe mufungura; canke kubambika, umwe wese akaronswa umwambaro mu nyambarwa musanzwe mwambara, canke guhereza ubwigenge umugurano umwe[26]. Uwudashoboye rero kugira kimwe muri ivyo, abwirizwa gupfunga imisi itatu. Ukugira kimwe muri ivyo rero, ni co cuhagizo co kurenga ku ndahiro nimwaramuka murahiye. Muracungera rero indahiro zanyu mu kwirinda kurahira, mu kwubahiriza indahiro canke mu kugira icuhagizo mu gihe mworenga ku ndahiro. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Ibatomorera ingingo z’idini ryayo kugira muyishimire ku kuntu Ibarongora mu nzira yayo igororotse.
[26] Uwurenze ku ndahiro, icuhagizo ciwe agira muri ico gihe, ni kimwe muri ivyo bintu bitatu.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني آية: (89) سورة: المائدة
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق