Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Mục lục các bản dịch

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ý nghĩa nội dung Câu: (89) Chương: Chương Al-Ma-idah
لَا يُؤَاخِذُكُمُ ٱللَّهُ بِٱللَّغۡوِ فِيٓ أَيۡمَٰنِكُمۡ وَلَٰكِن يُؤَاخِذُكُم بِمَا عَقَّدتُّمُ ٱلۡأَيۡمَٰنَۖ فَكَفَّٰرَتُهُۥٓ إِطۡعَامُ عَشَرَةِ مَسَٰكِينَ مِنۡ أَوۡسَطِ مَا تُطۡعِمُونَ أَهۡلِيكُمۡ أَوۡ كِسۡوَتُهُمۡ أَوۡ تَحۡرِيرُ رَقَبَةٖۖ فَمَن لَّمۡ يَجِدۡ فَصِيَامُ ثَلَٰثَةِ أَيَّامٖۚ ذَٰلِكَ كَفَّٰرَةُ أَيۡمَٰنِكُمۡ إِذَا حَلَفۡتُمۡۚ وَٱحۡفَظُوٓاْ أَيۡمَٰنَكُمۡۚ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمۡ ءَايَٰتِهِۦ لَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Imana Allah ntibahanira indahiro murahiye ku kwihenda bitavuye ku mutima, ariko Ibahanira indahiro murahiye n’ibigirankana bivuye ku mutima. Nimutubahiriza ivyo mwarahiriye rero, icuhagizo co kurenga ku ndahiro, ni ugufungurira abakene cumi, umwe wese muri bo akaronswa ibingana no kuyoza amashi incuro zibiri mu mfungurwa musanzwe mufungura; canke kubambika, umwe wese akaronswa umwambaro mu nyambarwa musanzwe mwambara, canke guhereza ubwigenge umugurano umwe[26]. Uwudashoboye rero kugira kimwe muri ivyo, abwirizwa gupfunga imisi itatu. Ukugira kimwe muri ivyo rero, ni co cuhagizo co kurenga ku ndahiro nimwaramuka murahiye. Muracungera rero indahiro zanyu mu kwirinda kurahira, mu kwubahiriza indahiro canke mu kugira icuhagizo mu gihe mworenga ku ndahiro. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Ibatomorera ingingo z’idini ryayo kugira muyishimire ku kuntu Ibarongora mu nzira yayo igororotse.
[26] Uwurenze ku ndahiro, icuhagizo ciwe agira muri ico gihe, ni kimwe muri ivyo bintu bitatu.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
 
Ý nghĩa nội dung Câu: (89) Chương: Chương Al-Ma-idah
Mục lục các chương Kinh Số trang
 
Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - الترجمة الكيروندية - Mục lục các bản dịch

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Đóng lại