للإطلاع على الموقع بحلته الجديدة

ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - يوسف غهيتي * - فهرس التراجم

PDF XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: النجم   آية:

سورة النجم - An-Najm

وَٱلنَّجۡمِ إِذَا هَوَىٰ
Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri iyo zirenze;
التفاسير العربية:
مَا ضَلَّ صَاحِبُكُمۡ وَمَا غَوَىٰ
Ko umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), atigeze ahuba namba inzira y’ukuri;
التفاسير العربية:
وَمَا يَنطِقُ عَنِ ٱلۡهَوَىٰٓ
Kandi ntavuga yisunze ivyipfuzo vyiwe;
التفاسير العربية:
إِنۡ هُوَ إِلَّا وَحۡيٞ يُوحَىٰ
Qor’ani n’imigenzo yiwe, si ikindi kiretse ko ari ihishurwa yahishuriwe n’Imana Allah.
التفاسير العربية:
عَلَّمَهُۥ شَدِيدُ ٱلۡقُوَىٰ
Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yigishijwe n’umumalayika Jibrili arangwa n’inguvu nta ngere;
التفاسير العربية:
ذُو مِرَّةٖ فَٱسۡتَوَىٰ
Afise n’indemo nziza ibereye ijisho igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amubona ukuri kwamye;
التفاسير العربية:
وَهُوَ بِٱلۡأُفُقِ ٱلۡأَعۡلَىٰ
Ari mu kirere hejuru ku rugero rw’aho izuba riserukira;
التفاسير العربية:
ثُمَّ دَنَا فَتَدَلَّىٰ
Hanyuma rero, ni ho umumalayika Jibrili yegera aho Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iri, maze arasubira arayegera hafi cane;
التفاسير العربية:
فَكَانَ قَابَ قَوۡسَيۡنِ أَوۡ أَدۡنَىٰ
Gushika n’aho aba hafi yayo nka kurya kw’amasonga abiri y’umuheto canke mbere hafi cane kurusha (nka kurya kw’umunwa n’izuru);
التفاسير العربية:
فَأَوۡحَىٰٓ إِلَىٰ عَبۡدِهِۦ مَآ أَوۡحَىٰ
Aho rero, ni ho Imana Allah Yahishurira Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ivyo Yamuhishuriye Ibicishije ku mumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
التفاسير العربية:
مَا كَذَبَ ٱلۡفُؤَادُ مَا رَأَىٰٓ
Umushaha wa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), eka ntiwigeze uhinyuza ico yiboneye n’amaso yiwe.
التفاسير العربية:
أَفَتُمَٰرُونَهُۥ عَلَىٰ مَا يَرَىٰ
Mbega mubeshuza Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mukamuhaririza ku vyo abona mu vyemezo vy’Imana Allah!
التفاسير العربية:
وَلَقَدۡ رَءَاهُ نَزۡلَةً أُخۡرَىٰ
Ni ukuri, yarabonye umumalayika Jibrili ubugira kabiri ukuri kwamye;
التفاسير العربية:
عِندَ سِدۡرَةِ ٱلۡمُنتَهَىٰ
Ahari igiti ca Sidri mw’ijuru ry’indwi, akaba ari na ho ibiduzwa biva kw’isi n’ibimanuka biva hejuru biherera;
التفاسير العربية:
عِندَهَا جَنَّةُ ٱلۡمَأۡوَىٰٓ
Aho ni ho hari Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana;
التفاسير العربية:
إِذۡ يَغۡشَى ٱلسِّدۡرَةَ مَا يَغۡشَىٰ
Igihe ico giti ca Sidri kibonekeyemwo ivyerekana ububasha buhambaye bw’Imana Allah, ata n’umwe ashobora kumenya ukungene buteye atari Imana Allah gusa;
التفاسير العربية:
مَا زَاغَ ٱلۡبَصَرُ وَمَا طَغَىٰ
Muri ico gihe, Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaranzwe n’ubugamburutsi nya bwo, ntiyigeze akebaguzwa iburyo canke ibubamfu, ntiyanarengereye kuraba ivyo atarekuriwe;
التفاسير العربية:
لَقَدۡ رَأَىٰ مِنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ
Ni ukuri mw’ijoro ryo kuduzwa mw’ijuru, yarabonye Aayah n’ivyemezo bikurubikuru vy’Imana yiwe Rurema Allah, vyerekana ububasha n’ubushobozi vyayo; nk’Ubwami bw’ijuru, umuriro, n’ibindi.
التفاسير العربية:
أَفَرَءَيۡتُمُ ٱللَّٰتَ وَٱلۡعُزَّىٰ
Babangikanyamana! Murabona imana zanyu musenga; Laata na Uzzaa;
التفاسير العربية:
وَمَنَوٰةَ ٱلثَّالِثَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰٓ
Hamwe na Manaata igira gatatu, mbega zoba hari ico zimaze canke zica ku buryo zobangikanywa n’Imana Allah!
التفاسير العربية:
أَلَكُمُ ٱلذَّكَرُ وَلَهُ ٱلۡأُنثَىٰ
Bishoboka gute ko mwigenera umwana w’umuhungu ku rukundo mufitiye abahungu, mukubahuka kwomekera umwana w’umukobwa ku Mana Allah, mu vyo mwibwira ku rwanko gusa mufitiye abakobwa!
التفاسير العربية:
تِلۡكَ إِذٗا قِسۡمَةٞ ضِيزَىٰٓ
Iryo rero, ni ryo gaburwa ry’akarenganyo koko.
التفاسير العربية:
إِنۡ هِيَ إِلَّآ أَسۡمَآءٞ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٍۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَمَا تَهۡوَى ٱلۡأَنفُسُۖ وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّن رَّبِّهِمُ ٱلۡهُدَىٰٓ
Ivyo bigirwamana, si ikindi kiretse ko ari amazina mwapfundikanije murarementanya mwebwe hamwe na ba so banyu. Nta n’aho Imana Allah, Yigeze Imanura n’icemezo na kimwe cemeza ivyo mwibwira. Ababangikanyamana rero, nta co bakurikira kiretse ugukekeranya hamwe n’ivyipfuzo vyabo. Ni ukuri, barashikiriwe n’uburongozi buvuye ku Mana yabo Rurema Allah, Yaburungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko nta co bwabamariye.
التفاسير العربية:
أَمۡ لِلۡإِنسَٰنِ مَا تَمَنَّىٰ
Umuntu, ntazoronka ivugirwa yipfuza kuri ivyo bigirwamana canke ku bindi;
التفاسير العربية:
فَلِلَّهِ ٱلۡأٓخِرَةُ وَٱلۡأُولَىٰ
Imana Allah, ni Yo Nyeningingo yubahirizwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
۞ وَكَم مِّن مَّلَكٖ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ لَا تُغۡنِي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـًٔا إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ أَن يَأۡذَنَ ٱللَّهُ لِمَن يَشَآءُ وَيَرۡضَىٰٓ
Hari benshi mu bamalayika bari mu majuru hamwe n’icubahiro bafise, ivugira ryabo ata na kimwe rizomara, kiretse inyuma y’aho Imana Allah Izorekurira uwo Ishatse muri bo ngo hagire uwo avugiye, hanyuma Ikanishimira n’uwuvugiwe.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ لَيُسَمُّونَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ تَسۡمِيَةَ ٱلۡأُنثَىٰ
Mu vy’ukuri, abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa ko bubaho ngo babwitegurire, ni ukuri, ku kwemera kwabo kw’ibintazi, bita abamalayika abakobwa kuko bibwira ko ari abana b’Imana Allah b’abakobwa;
التفاسير العربية:
وَمَا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّۖ وَإِنَّ ٱلظَّنَّ لَا يُغۡنِي مِنَ ٱلۡحَقِّ شَيۡـٔٗا
Nta n’ubumenyi bafise bwemeza ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah; ntibanakurikira, kiretse ugukekeranya gusa, kandi rero burya mu vy’ukuri, ugukekeranya ntigusubirira ukuri na gato.
التفاسير العربية:
فَأَعۡرِضۡ عَن مَّن تَوَلَّىٰ عَن ذِكۡرِنَا وَلَمۡ يُرِدۡ إِلَّا ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا
Ntumwa y’Imana! Irengagize ubirabishe amaso. Uwugenza umugongo yirengagiza urwibutso rwacu rwa Qor’ani, nta kindi arondera kiretse ubuzima bwo kw’isi;
التفاسير العربية:
ذَٰلِكَ مَبۡلَغُهُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱهۡتَدَىٰ
Aho ni ho ubumenyi bwabo bugera. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza uwahuvye inzira y’ukuri, ni na Yo Izi neza kandi uwakurikiye inzira y’ubwislamu[1].
[1] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yihaniza ibigaba vyirengagiza kwubahiriza Igitabu cayo no kugendera imigenzo y’Intumwa yayo, maze bigahitamwo kwubahiriza ivyipfuzo vyavyo no guhurumbira ibihendamaso vy’isi ha guhurumbira ubuzima bw’inyuma yo gupfa.
التفاسير العربية:
وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَسَٰٓـُٔواْ بِمَا عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ بِٱلۡحُسۡنَى
Imana Allah, ni na Yo rero Rugaba, Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi, kugira Ihanire abakoze nabi ku vyo bakoze, Iheze Ihembe abakoze neza Ubwami bw’ijuru;
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ يَجۡتَنِبُونَ كَبَٰٓئِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡفَوَٰحِشَ إِلَّا ٱللَّمَمَۚ إِنَّ رَبَّكَ وَٰسِعُ ٱلۡمَغۡفِرَةِۚ هُوَ أَعۡلَمُ بِكُمۡ إِذۡ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَإِذۡ أَنتُمۡ أَجِنَّةٞ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡۖ فَلَا تُزَكُّوٓاْ أَنفُسَكُمۡۖ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱتَّقَىٰٓ
Abirinda gukora ivyaha rutura be n’ibicumuro, kiretse ibicumuro bitobito bidakorwa n’ibigirankana canke bigakorwa gake kabaho, ivyo biraheza bigahunguruka mu gihe umuntu yubahirije amabwirizwa y’ibisabwa n’ibibujijwe gukora; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iragumiriza akabanga umuntu Ikamubabarira ibicumuro, ni na Yo rero Izi cane ukuntu mubayeho kuva aho Iremeye so wanyu Adamu mw’ivu, n’igihe muba mukiri mu mbanyi z’abavyeyi banyu. Ntimukiyeze rero ko muri abagamburutsi, burya Imana Allah, ni Yo Izi na canecane uwikingira ibihano vyayo mu kwirinda gukora ibibujijwe.
التفاسير العربية:
أَفَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي تَوَلَّىٰ
Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye uwugenza umugongo akirengagiza igamburukiramana!
التفاسير العربية:
وَأَعۡطَىٰ قَلِيلٗا وَأَكۡدَىٰٓ
Maze agatanga dukeya mu matungo yiwe, hanyuma agateba agaheba gutanga n’utwo dukeya;
التفاسير العربية:
أَعِندَهُۥ عِلۡمُ ٱلۡغَيۡبِ فَهُوَ يَرَىٰٓ
Mbega yoba azi mu binyegejwe ibiremwa, ko amatungo yiwe azoteba agahera n’aho yoheba gutanga, akazovyibonera n’amaso! Uko yiyumvira si ko biri. Ahubwo areka gutanga, kuko ari impfumbasi ruhebwa;
التفاسير العربية:
أَمۡ لَمۡ يُنَبَّأۡ بِمَا فِي صُحُفِ مُوسَىٰ
Mbega ntiyabwiwe ibiri muri Tawurati ya Musa;
التفاسير العربية:
وَإِبۡرَٰهِيمَ ٱلَّذِي وَفَّىٰٓ
N’ibiri mu Mizingo ya Ibrahimu yubahirije ishirwa mu ngiro ry’ivyo yategetswe!
التفاسير العربية:
أَلَّا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰ
Ko ata muntu azohanirwa icaha ca mugenziwe, akazobazwa ku vyo yakoze ku gatwe kiwe;
التفاسير العربية:
وَأَن لَّيۡسَ لِلۡإِنسَٰنِ إِلَّا مَا سَعَىٰ
N’uko umuntu atazohemberwa, kiretse ico yaranguye we nyene;
التفاسير العربية:
وَأَنَّ سَعۡيَهُۥ سَوۡفَ يُرَىٰ
N’uko indishi y’ivyo yaranguye izoboneka mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
التفاسير العربية:
ثُمَّ يُجۡزَىٰهُ ٱلۡجَزَآءَ ٱلۡأَوۡفَىٰ
Hanyuma akazohemberwa ivyo yaranguye ata kigabanijweko;
التفاسير العربية:
وَأَنَّ إِلَىٰ رَبِّكَ ٱلۡمُنتَهَىٰ
N’uko iherezo ry’ibiremwa vyose ku musi w’izuka, ari ku Mana yawe Rurema Allah;
التفاسير العربية:
وَأَنَّهُۥ هُوَ أَضۡحَكَ وَأَبۡكَىٰ
N’uko Imana Allah ari Yo Ituma uwutwenga, atwenga iyo hagize ikimunezereye; Igatuma n’uwurira, arira iyo hagize ikimubabaza;
التفاسير العربية:
وَأَنَّهُۥ هُوَ أَمَاتَ وَأَحۡيَا
N’uko ari Yo Yaka ubuzima uwo Ishatse hageze gupfa, agapfa; Igaha n’ubuzima uwo Ishatse, akabaho;
التفاسير العربية:
وَأَنَّهُۥ خَلَقَ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰ
N’uko Yaremye mu bantu no mu binyabuzima ibitsina bibiribibiri: igitsina-gabo n’igitsina-gore;
التفاسير العربية:
مِن نُّطۡفَةٍ إِذَا تُمۡنَىٰ
Ikabirema mu ntanga zisunitswe mu gitereko;
التفاسير العربية:
وَأَنَّ عَلَيۡهِ ٱلنَّشۡأَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰ
N’uko Imana Allah Izosubiza kandi ubuzima ibiremwa, maze bikazuka ku musi w’izuka;
التفاسير العربية:
وَأَنَّهُۥ هُوَ أَغۡنَىٰ وَأَقۡنَىٰ
N’uko ari Yo Ikenura ibiremwa, maze bigatunga bigatunganirwa;
التفاسير العربية:
وَأَنَّهُۥ هُوَ رَبُّ ٱلشِّعۡرَىٰ
N’uko ari Yo Rurema Yaremye inyenyeri yakaka[655];
[655] Ni inyenyeri yakaka, Abarabu bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah imbere y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
التفاسير العربية:
وَأَنَّهُۥٓ أَهۡلَكَ عَادًا ٱلۡأُولَىٰ
N’uko ari Yo Yahoneje Bene Aadi barungikiwe Huudi;
التفاسير العربية:
وَثَمُودَاْ فَمَآ أَبۡقَىٰ
Ihonya na Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe. Abo bose rero, Yabahonereje rimwe, nta n’igisanira casigaye;
التفاسير العربية:
وَقَوۡمَ نُوحٖ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ هُمۡ أَظۡلَمَ وَأَطۡغَىٰ
Yahoneje n’abantu barungikiwe Nuhu hambere ya Bene Aadi na Bene Thamuudi. Mu vy’ukuri abo bose, bari n’abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah kurusha abakurikiye mu nyuma.
التفاسير العربية:
وَٱلۡمُؤۡتَفِكَةَ أَهۡوَىٰ
N’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba rero, Imana Allah Yarabibubitseko, maze Ibafuririra mu kuzimu;
التفاسير العربية:
فَغَشَّىٰهَا مَا غَشَّىٰ
Iraheza Ibakurikiza n’amabuye y’urutavanako yahanantutse mu kirere nk’imvura.
التفاسير العربية:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكَ تَتَمَارَىٰ
Muntu uhakana! None, ni iyihe nema mu nema z’Imana yawe Rurema Allah, ufiseko amakenga!
التفاسير العربية:
هَٰذَا نَذِيرٞ مِّنَ ٱلنُّذُرِ ٱلۡأُولَىٰٓ
Ng’uyu rero Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Umugabisha w’ukuri ku vyo n’Abavugishwamana bo hambere yiwe bagabishijeko abo barungitsweko. Ntabwo rero ari icaduka mu Ntumwa.
التفاسير العربية:
أَزِفَتِ ٱلۡأٓزِفَةُ
Umuhero w’isi, vuba bwango ugiye gushika;
التفاسير العربية:
لَيۡسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ كَاشِفَةٌ
Nta wushobora kubuza canke ngo amenye isango uzoshikirako atari Imana Allah.
التفاسير العربية:
أَفَمِنۡ هَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ تَعۡجَبُونَ
Babangikanyamana! Mbega mutangazwa n’uko iyi Qor’ani yoba koko ari ukuri;
التفاسير العربية:
وَتَضۡحَكُونَ وَلَا تَبۡكُونَ
Mukanatwenga muyiteburako, ha kurira kw’igabishwa ririmwo ku bihano bibarindiriye;
التفاسير العربية:
وَأَنتُمۡ سَٰمِدُونَ
Mukabandanya mufyinata munayirengagiza!
التفاسير العربية:
فَٱسۡجُدُواْۤ لِلَّهِۤ وَٱعۡبُدُواْ۩
Enda rero nyabuna nimwubamire Imana Allah mu gushira uruhanga hasi, mweze n’ivyo mukora vyose mu kuyiyegereza ku bwayo[2].
[2] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah ugashika ku mpera, uca wubamira Imana Allah.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: النجم
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - يوسف غهيتي - فهرس التراجم

ترجمها يوسف غهيتي. صادرة عن المؤسسة الإفريقية للتنمية.

إغلاق