የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አን ነጅም   አንቀጽ:

SURATU NNAJMI

وَٱلنَّجۡمِ إِذَا هَوَىٰ
Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri iyo zirenze;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا ضَلَّ صَاحِبُكُمۡ وَمَا غَوَىٰ
Ko umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), atigeze ahuba namba inzira y’ukuri;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا يَنطِقُ عَنِ ٱلۡهَوَىٰٓ
Kandi ntavuga yisunze ivyipfuzo vyiwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنۡ هُوَ إِلَّا وَحۡيٞ يُوحَىٰ
Qor’ani n’imigenzo yiwe, si ikindi kiretse ko ari ihishurwa yahishuriwe n’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عَلَّمَهُۥ شَدِيدُ ٱلۡقُوَىٰ
Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yigishijwe n’umumalayika Jibrili arangwa n’inguvu nta ngere;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذُو مِرَّةٖ فَٱسۡتَوَىٰ
Afise n’indemo nziza ibereye ijisho igihe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), amubona ukuri kwamye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَهُوَ بِٱلۡأُفُقِ ٱلۡأَعۡلَىٰ
Ari mu kirere hejuru ku rugero rw’aho izuba riserukira;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ دَنَا فَتَدَلَّىٰ
Hanyuma rero, ni ho umumalayika Jibrili yegera aho Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iri, maze arasubira arayegera hafi cane;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَكَانَ قَابَ قَوۡسَيۡنِ أَوۡ أَدۡنَىٰ
Gushika n’aho aba hafi yayo nka kurya kw’amasonga abiri y’umuheto canke mbere hafi cane kurusha (nka kurya kw’umunwa n’izuru);
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَوۡحَىٰٓ إِلَىٰ عَبۡدِهِۦ مَآ أَوۡحَىٰ
Aho rero, ni ho Imana Allah Yahishurira Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ivyo Yamuhishuriye Ibicishije ku mumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا كَذَبَ ٱلۡفُؤَادُ مَا رَأَىٰٓ
Umushaha wa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), eka ntiwigeze uhinyuza ico yiboneye n’amaso yiwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَتُمَٰرُونَهُۥ عَلَىٰ مَا يَرَىٰ
Mbega mubeshuza Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), mukamuhaririza ku vyo abona mu vyemezo vy’Imana Allah!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَقَدۡ رَءَاهُ نَزۡلَةً أُخۡرَىٰ
Ni ukuri, yarabonye umumalayika Jibrili ubugira kabiri ukuri kwamye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عِندَ سِدۡرَةِ ٱلۡمُنتَهَىٰ
Ahari igiti ca Sidri mw’ijuru ry’indwi, akaba ari na ho ibiduzwa biva kw’isi n’ibimanuka biva hejuru biherera;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عِندَهَا جَنَّةُ ٱلۡمَأۡوَىٰٓ
Aho ni ho hari Ubwami bw’ijuru bwasezeraniwe abagamburukiramana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ يَغۡشَى ٱلسِّدۡرَةَ مَا يَغۡشَىٰ
Igihe ico giti ca Sidri kibonekeyemwo ivyerekana ububasha buhambaye bw’Imana Allah, ata n’umwe ashobora kumenya ukungene buteye atari Imana Allah gusa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا زَاغَ ٱلۡبَصَرُ وَمَا طَغَىٰ
Muri ico gihe, Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaranzwe n’ubugamburutsi nya bwo, ntiyigeze akebaguzwa iburyo canke ibubamfu, ntiyanarengereye kuraba ivyo atarekuriwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَقَدۡ رَأَىٰ مِنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِ ٱلۡكُبۡرَىٰٓ
Ni ukuri mw’ijoro ryo kuduzwa mw’ijuru, yarabonye Aayah n’ivyemezo bikurubikuru vy’Imana yiwe Rurema Allah, vyerekana ububasha n’ubushobozi vyayo; nk’Ubwami bw’ijuru, umuriro, n’ibindi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَرَءَيۡتُمُ ٱللَّٰتَ وَٱلۡعُزَّىٰ
Babangikanyamana! Murabona imana zanyu musenga; Laata na Uzzaa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَنَوٰةَ ٱلثَّالِثَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰٓ
Hamwe na Manaata igira gatatu, mbega zoba hari ico zimaze canke zica ku buryo zobangikanywa n’Imana Allah!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَلَكُمُ ٱلذَّكَرُ وَلَهُ ٱلۡأُنثَىٰ
Bishoboka gute ko mwigenera umwana w’umuhungu ku rukundo mufitiye abahungu, mukubahuka kwomekera umwana w’umukobwa ku Mana Allah, mu vyo mwibwira ku rwanko gusa mufitiye abakobwa!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
تِلۡكَ إِذٗا قِسۡمَةٞ ضِيزَىٰٓ
Iryo rero, ni ryo gaburwa ry’akarenganyo koko.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنۡ هِيَ إِلَّآ أَسۡمَآءٞ سَمَّيۡتُمُوهَآ أَنتُمۡ وَءَابَآؤُكُم مَّآ أَنزَلَ ٱللَّهُ بِهَا مِن سُلۡطَٰنٍۚ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّ وَمَا تَهۡوَى ٱلۡأَنفُسُۖ وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّن رَّبِّهِمُ ٱلۡهُدَىٰٓ
Ivyo bigirwamana, si ikindi kiretse ko ari amazina mwapfundikanije murarementanya mwebwe hamwe na ba so banyu. Nta n’aho Imana Allah, Yigeze Imanura n’icemezo na kimwe cemeza ivyo mwibwira. Ababangikanyamana rero, nta co bakurikira kiretse ugukekeranya hamwe n’ivyipfuzo vyabo. Ni ukuri, barashikiriwe n’uburongozi buvuye ku Mana yabo Rurema Allah, Yaburungikanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko nta co bwabamariye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ لِلۡإِنسَٰنِ مَا تَمَنَّىٰ
Umuntu, ntazoronka ivugirwa yipfuza kuri ivyo bigirwamana canke ku bindi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلِلَّهِ ٱلۡأٓخِرَةُ وَٱلۡأُولَىٰ
Imana Allah, ni Yo Nyeningingo yubahirizwa mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ وَكَم مِّن مَّلَكٖ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ لَا تُغۡنِي شَفَٰعَتُهُمۡ شَيۡـًٔا إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ أَن يَأۡذَنَ ٱللَّهُ لِمَن يَشَآءُ وَيَرۡضَىٰٓ
Hari benshi mu bamalayika bari mu majuru hamwe n’icubahiro bafise, ivugira ryabo ata na kimwe rizomara, kiretse inyuma y’aho Imana Allah Izorekurira uwo Ishatse muri bo ngo hagire uwo avugiye, hanyuma Ikanishimira n’uwuvugiwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ لَيُسَمُّونَ ٱلۡمَلَٰٓئِكَةَ تَسۡمِيَةَ ٱلۡأُنثَىٰ
Mu vy’ukuri, abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa ko bubaho ngo babwitegurire, ni ukuri, ku kwemera kwabo kw’ibintazi, bita abamalayika abakobwa kuko bibwira ko ari abana b’Imana Allah b’abakobwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٍۖ إِن يَتَّبِعُونَ إِلَّا ٱلظَّنَّۖ وَإِنَّ ٱلظَّنَّ لَا يُغۡنِي مِنَ ٱلۡحَقِّ شَيۡـٔٗا
Nta n’ubumenyi bafise bwemeza ko abamalayika ari abakobwa b’Imana Allah; ntibanakurikira, kiretse ugukekeranya gusa, kandi rero burya mu vy’ukuri, ugukekeranya ntigusubirira ukuri na gato.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَعۡرِضۡ عَن مَّن تَوَلَّىٰ عَن ذِكۡرِنَا وَلَمۡ يُرِدۡ إِلَّا ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا
Ntumwa y’Imana! Irengagize ubirabishe amaso. Uwugenza umugongo yirengagiza urwibutso rwacu rwa Qor’ani, nta kindi arondera kiretse ubuzima bwo kw’isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذَٰلِكَ مَبۡلَغُهُم مِّنَ ٱلۡعِلۡمِۚ إِنَّ رَبَّكَ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَن ضَلَّ عَن سَبِيلِهِۦ وَهُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱهۡتَدَىٰ
Aho ni ho ubumenyi bwabo bugera. Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, ni Yo Izi neza uwahuvye inzira y’ukuri, ni na Yo Izi neza kandi uwakurikiye inzira y’ubwislamu[1].
[1] Muri iyi Aayah, Imana Allah Yihaniza ibigaba vyirengagiza kwubahiriza Igitabu cayo no kugendera imigenzo y’Intumwa yayo, maze bigahitamwo kwubahiriza ivyipfuzo vyavyo no guhurumbira ibihendamaso vy’isi ha guhurumbira ubuzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلِلَّهِ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِ لِيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَسَٰٓـُٔواْ بِمَا عَمِلُواْ وَيَجۡزِيَ ٱلَّذِينَ أَحۡسَنُواْ بِٱلۡحُسۡنَى
Imana Allah, ni na Yo rero Rugaba, Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi, kugira Ihanire abakoze nabi ku vyo bakoze, Iheze Ihembe abakoze neza Ubwami bw’ijuru;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِينَ يَجۡتَنِبُونَ كَبَٰٓئِرَ ٱلۡإِثۡمِ وَٱلۡفَوَٰحِشَ إِلَّا ٱللَّمَمَۚ إِنَّ رَبَّكَ وَٰسِعُ ٱلۡمَغۡفِرَةِۚ هُوَ أَعۡلَمُ بِكُمۡ إِذۡ أَنشَأَكُم مِّنَ ٱلۡأَرۡضِ وَإِذۡ أَنتُمۡ أَجِنَّةٞ فِي بُطُونِ أُمَّهَٰتِكُمۡۖ فَلَا تُزَكُّوٓاْ أَنفُسَكُمۡۖ هُوَ أَعۡلَمُ بِمَنِ ٱتَّقَىٰٓ
Abirinda gukora ivyaha rutura be n’ibicumuro, kiretse ibicumuro bitobito bidakorwa n’ibigirankana canke bigakorwa gake kabaho, ivyo biraheza bigahunguruka mu gihe umuntu yubahirije amabwirizwa y’ibisabwa n’ibibujijwe gukora; mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iragumiriza akabanga umuntu Ikamubabarira ibicumuro, ni na Yo rero Izi cane ukuntu mubayeho kuva aho Iremeye so wanyu Adamu mw’ivu, n’igihe muba mukiri mu mbanyi z’abavyeyi banyu. Ntimukiyeze rero ko muri abagamburutsi, burya Imana Allah, ni Yo Izi na canecane uwikingira ibihano vyayo mu kwirinda gukora ibibujijwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَرَءَيۡتَ ٱلَّذِي تَوَلَّىٰ
Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye uwugenza umugongo akirengagiza igamburukiramana!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَعۡطَىٰ قَلِيلٗا وَأَكۡدَىٰٓ
Maze agatanga dukeya mu matungo yiwe, hanyuma agateba agaheba gutanga n’utwo dukeya;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَعِندَهُۥ عِلۡمُ ٱلۡغَيۡبِ فَهُوَ يَرَىٰٓ
Mbega yoba azi mu binyegejwe ibiremwa, ko amatungo yiwe azoteba agahera n’aho yoheba gutanga, akazovyibonera n’amaso! Uko yiyumvira si ko biri. Ahubwo areka gutanga, kuko ari impfumbasi ruhebwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ لَمۡ يُنَبَّأۡ بِمَا فِي صُحُفِ مُوسَىٰ
Mbega ntiyabwiwe ibiri muri Tawurati ya Musa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِبۡرَٰهِيمَ ٱلَّذِي وَفَّىٰٓ
N’ibiri mu Mizingo ya Ibrahimu yubahirije ishirwa mu ngiro ry’ivyo yategetswe!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَلَّا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰ
Ko ata muntu azohanirwa icaha ca mugenziwe, akazobazwa ku vyo yakoze ku gatwe kiwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَن لَّيۡسَ لِلۡإِنسَٰنِ إِلَّا مَا سَعَىٰ
N’uko umuntu atazohemberwa, kiretse ico yaranguye we nyene;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّ سَعۡيَهُۥ سَوۡفَ يُرَىٰ
N’uko indishi y’ivyo yaranguye izoboneka mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ يُجۡزَىٰهُ ٱلۡجَزَآءَ ٱلۡأَوۡفَىٰ
Hanyuma akazohemberwa ivyo yaranguye ata kigabanijweko;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّ إِلَىٰ رَبِّكَ ٱلۡمُنتَهَىٰ
N’uko iherezo ry’ibiremwa vyose ku musi w’izuka, ari ku Mana yawe Rurema Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّهُۥ هُوَ أَضۡحَكَ وَأَبۡكَىٰ
N’uko Imana Allah ari Yo Ituma uwutwenga, atwenga iyo hagize ikimunezereye; Igatuma n’uwurira, arira iyo hagize ikimubabaza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّهُۥ هُوَ أَمَاتَ وَأَحۡيَا
N’uko ari Yo Yaka ubuzima uwo Ishatse hageze gupfa, agapfa; Igaha n’ubuzima uwo Ishatse, akabaho;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّهُۥ خَلَقَ ٱلزَّوۡجَيۡنِ ٱلذَّكَرَ وَٱلۡأُنثَىٰ
N’uko Yaremye mu bantu no mu binyabuzima ibitsina bibiribibiri: igitsina-gabo n’igitsina-gore;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مِن نُّطۡفَةٍ إِذَا تُمۡنَىٰ
Ikabirema mu ntanga zisunitswe mu gitereko;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّ عَلَيۡهِ ٱلنَّشۡأَةَ ٱلۡأُخۡرَىٰ
N’uko Imana Allah Izosubiza kandi ubuzima ibiremwa, maze bikazuka ku musi w’izuka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّهُۥ هُوَ أَغۡنَىٰ وَأَقۡنَىٰ
N’uko ari Yo Ikenura ibiremwa, maze bigatunga bigatunganirwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّهُۥ هُوَ رَبُّ ٱلشِّعۡرَىٰ
N’uko ari Yo Rurema Yaremye inyenyeri yakaka[655];
[655] Ni inyenyeri yakaka, Abarabu bahora basenga mu gishingo c’Imana Allah imbere y’irungikwa ry’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنَّهُۥٓ أَهۡلَكَ عَادًا ٱلۡأُولَىٰ
N’uko ari Yo Yahoneje Bene Aadi barungikiwe Huudi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَثَمُودَاْ فَمَآ أَبۡقَىٰ
Ihonya na Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe. Abo bose rero, Yabahonereje rimwe, nta n’igisanira casigaye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَوۡمَ نُوحٖ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ هُمۡ أَظۡلَمَ وَأَطۡغَىٰ
Yahoneje n’abantu barungikiwe Nuhu hambere ya Bene Aadi na Bene Thamuudi. Mu vy’ukuri abo bose, bari n’abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah kurusha abakurikiye mu nyuma.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلۡمُؤۡتَفِكَةَ أَهۡوَىٰ
N’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba rero, Imana Allah Yarabibubitseko, maze Ibafuririra mu kuzimu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَغَشَّىٰهَا مَا غَشَّىٰ
Iraheza Ibakurikiza n’amabuye y’urutavanako yahanantutse mu kirere nk’imvura.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَبِأَيِّ ءَالَآءِ رَبِّكَ تَتَمَارَىٰ
Muntu uhakana! None, ni iyihe nema mu nema z’Imana yawe Rurema Allah, ufiseko amakenga!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هَٰذَا نَذِيرٞ مِّنَ ٱلنُّذُرِ ٱلۡأُولَىٰٓ
Ng’uyu rero Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Umugabisha w’ukuri ku vyo n’Abavugishwamana bo hambere yiwe bagabishijeko abo barungitsweko. Ntabwo rero ari icaduka mu Ntumwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَزِفَتِ ٱلۡأٓزِفَةُ
Umuhero w’isi, vuba bwango ugiye gushika;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَيۡسَ لَهَا مِن دُونِ ٱللَّهِ كَاشِفَةٌ
Nta wushobora kubuza canke ngo amenye isango uzoshikirako atari Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَمِنۡ هَٰذَا ٱلۡحَدِيثِ تَعۡجَبُونَ
Babangikanyamana! Mbega mutangazwa n’uko iyi Qor’ani yoba koko ari ukuri;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَتَضۡحَكُونَ وَلَا تَبۡكُونَ
Mukanatwenga muyiteburako, ha kurira kw’igabishwa ririmwo ku bihano bibarindiriye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَنتُمۡ سَٰمِدُونَ
Mukabandanya mufyinata munayirengagiza!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱسۡجُدُواْۤ لِلَّهِۤ وَٱعۡبُدُواْ۩
Enda rero nyabuna nimwubamire Imana Allah mu gushira uruhanga hasi, mweze n’ivyo mukora vyose mu kuyiyegereza ku bwayo[2].
[2] Iyo uhejeje gusoma iyi Aayah ugashika ku mpera, uca wubamira Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አን ነጅም
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት