የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አጥ ጡር   አንቀጽ:

SURATU TTWUUR

وَٱلطُّورِ
Jewe Allah, Ndarahiye ku musozi wa Twuuri Sinayi, ari na wo Navuganiyeko na Musa ukuri kwamye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَكِتَٰبٖ مَّسۡطُورٖ
No ku Gitabu ca Qor’ani canditswe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِي رَقّٖ مَّنشُورٖ
No ku Mizingo ihinguwe mu rusato, yuguruye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلۡبَيۡتِ ٱلۡمَعۡمُورِ
No ku ngoro iri mw’ijuru ryegereye isi, irimwo abamalayika bama bariko barayikikura ku mwanya ku mwanya;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلسَّقۡفِ ٱلۡمَرۡفُوعِ
No kw’ijuru ryegereye isi, rikaba ari na co gisenge cayo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلۡبَحۡرِ ٱلۡمَسۡجُورِ
No kw’ibahari rizodomekwa rikarurumba ku musi w’umuhero w’isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ عَذَابَ رَبِّكَ لَوَٰقِعٞ
Ko mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yawe Rurema ga Ntumwa y’Imana, bitegerezwa gushikira abagarariji;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَّا لَهُۥ مِن دَافِعٖ
Nta n’uwuzobuza ko nya bihano bibashikira;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ تَمُورُ ٱلسَّمَآءُ مَوۡرٗا
Ku musi ijuru ryasenyutse rigacika ubunywenywe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَتَسِيرُ ٱلۡجِبَالُ سَيۡرٗا
Imisozi na yo igakurwaho, maze ikagenda nka kurya ubona ibicu bigenda!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَوَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Uguhanwa nya guhanwa kuri uwo musi, ni ukw’abahakana ukuri bivuye inyuma;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِينَ هُمۡ فِي خَوۡضٖ يَلۡعَبُونَ
Barya bishinga gufyinata mu gutebura kw’idini;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ يُدَعُّونَ إِلَىٰ نَارِ جَهَنَّمَ دَعًّا
Umusi rero, abahakanyi basunikiwe mu muriro wa Jahannamu ukuri kwo gusunikirwayo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هَٰذِهِ ٱلنَّارُ ٱلَّتِي كُنتُم بِهَا تُكَذِّبُونَ
Bazobwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Ng’uwo wa muriro mwahora muhakana ko utabaho;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَسِحۡرٌ هَٰذَآ أَمۡ أَنتُمۡ لَا تُبۡصِرُونَ
Mbega none ibi bihano murimwo, ni uburozi canke nta vyo mubona!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱصۡلَوۡهَا فَٱصۡبِرُوٓاْ أَوۡ لَا تَصۡبِرُواْ سَوَآءٌ عَلَيۡكُمۡۖ إِنَّمَا تُجۡزَوۡنَ مَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Nimuwinjire muwote rero; mwihangana mutihangana, vyose ni kimwe, ntimurota mutezurirwa mu bihano. Ni ukuri, muhemberwa ivyo mwari mwarakoze kw’isi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٖ وَنَعِيمٖ
Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, bari no mu nema zihambaye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٰكِهِينَ بِمَآ ءَاتَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ وَوَقَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡ عَذَابَ ٱلۡجَحِيمِ
Akamwemwe kabasya, baryohewe n’inema z’ubwoko bwose bahawe n’Imana yabo Rurema Allah, kandi Imana yabo Rurema Allah Izonabakingira ibihano vy’umuriro ururumba wa Jahannamu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Maze babwirwe bati: “Nimurye mwongere munywe n’akayabagu kenshi, burya muhembewe ibikorwa vyiza mwari mwarakoze kw’isi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مُتَّكِـِٔينَ عَلَىٰ سُرُرٖ مَّصۡفُوفَةٖۖ وَزَوَّجۡنَٰهُم بِحُورٍ عِينٖ
Bazoba rero bicaye ku bitanda bisharije bitondetse neza. Tuzonabatera iteka Tubashingire abakenyezi bo mu Bwami bw’ijuru, barangwa n’ubwiza bw’akataraboneka (Hururayini).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَٱتَّبَعَتۡهُمۡ ذُرِّيَّتُهُم بِإِيمَٰنٍ أَلۡحَقۡنَا بِهِمۡ ذُرِّيَّتَهُمۡ وَمَآ أَلَتۡنَٰهُم مِّنۡ عَمَلِهِم مِّن شَيۡءٖۚ كُلُّ ٱمۡرِيِٕۭ بِمَا كَسَبَ رَهِينٞ
Na barya bemeye, maze n’uruvyaro rwabo rukabakurikira mu kwemera, Tuzobakurikiza uruvyaro rwabo mu Bwami bw’ijuru, n’aho batazoba bari ku rugezo rw’ibikorwa vyabo, kandi ntituzogabanya na kimwe ku ndishi y’ivyo bakoze. Burya umuntu wese azofatirwa ku vyo yakoze, nta wuzohanirwa icaha c’uwundi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَمۡدَدۡنَٰهُم بِفَٰكِهَةٖ وَلَحۡمٖ مِّمَّا يَشۡتَهُونَ
Hejuru y’inema bazoba barimwo, Tuzobaha ivyamwa n’inyama bitera akayabagu, kuko biri mu bintu bikundwa cane;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَتَنَٰزَعُونَ فِيهَا كَأۡسٗا لَّا لَغۡوٞ فِيهَا وَلَا تَأۡثِيمٞ
Tuzobaha n’umwuhiro w’inzoga zitaboreza, ibirahuri vy’inzoga bikurakuranwa, bahererekanya hagati yabo mu Bwami bw’ijuru; nya nzoga, nta ho zisa zisana n’izo kw’isi ziyayura umutwe, umuntu agatangura kudedemba avuga ayamuhe yitonganya;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ وَيَطُوفُ عَلَيۡهِمۡ غِلۡمَانٞ لَّهُمۡ كَأَنَّهُمۡ لُؤۡلُؤٞ مَّكۡنُونٞ
Bazoba bakikijwe n’imisore myiza, ikurakuranwa mu kubazimana; uyibonye, ku bwiza bwayo wogira ngo ni lulu[1] zikiri aho zaremewe, zitarakorwako n’iminwe y’abantu.
[1] Lulu, ni ubwoko bw’ubutare bwiburungushuye, bucukurwa mw’ibahari, bukaba buboneka mu binyabuzima biba musi yayo, bukagira amabara atandukanye; nk’ibara ryera, iryirabura, n’ayandi. Ni ubutare buzimvye cane.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَقۡبَلَ بَعۡضُهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ يَتَسَآءَلُونَ
Abari mu Bwami bw’ijuru, bazobazanya hagati yabo, batera inkuru z’ubuzima babanyemwo n’abandi kw’isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُوٓاْ إِنَّا كُنَّا قَبۡلُ فِيٓ أَهۡلِنَا مُشۡفِقِينَ
Maze bavuge bati: “Mu vy’ukuri, mu buzima twabayeho mu bacu, aho hambere kw’isi, twaratinya Imana yacu Rurema Allah, tukamana impungenge ku bihano vyo ku musi w’izuka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَمَنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡنَا وَوَقَىٰنَا عَذَابَ ٱلسَّمُومِ
Maze Imana Allah Itugirira ubuntu, Iturongora mu nzira yayo, Iraheza Idukingira n’ibihano vy’umwokero wa Jahannamu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّا كُنَّا مِن قَبۡلُ نَدۡعُوهُۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡبَرُّ ٱلرَّحِيمُ
Mu vy’ukuri n’imbere y’ugukingirwa nya bihano, twahora dutakambira Imana Allah, mu kuyisaba tutayibangikanya, ko Yobidukingira. Mu vy’ukuri, ni Yo Mugiranezamurivyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَذَكِّرۡ فَمَآ أَنتَ بِنِعۡمَتِ رَبِّكَ بِكَاهِنٖ وَلَا مَجۡنُونٍ
Ntumwa y’Imana! Ibutsa rero abo warungitsweko ukoresheje Qor’ani, kuko guhabwa kwawe ubutumwa n’ubumenyi mw’idini, si vyo vyotuma witwa Senyagara avuga ivyo adafitiye ubumenyi, canke umusazi yakehewe n’ubwenge.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ يَقُولُونَ شَاعِرٞ نَّتَرَبَّصُ بِهِۦ رَيۡبَ ٱلۡمَنُونِ
Canke ababangikanyamana boba bavuga bati: “Uwo Muhamadi mwumva, ni umwivuzi w’amazina, tumuteze imisi, mureke urupfu ruramubona!”
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُلۡ تَرَبَّصُواْ فَإِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُتَرَبِّصِينَ
Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Nimurindire urupfu rwanje, nanje mu vy’ukuri ndacarindiriye hamwe na mwe ibihano muzohabwa”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ تَأۡمُرُهُمۡ أَحۡلَٰمُهُم بِهَٰذَآۚ أَمۡ هُمۡ قَوۡمٞ طَاغُونَ
Ahubwo rero, burya ubwenge bw’ababangikanyamana, bwoba bubategeka kuvuga ijambo ry’igarariza nk’iryo, mu gihe bitarigera bishika ko umuntu yoba senyagara, akaba umwivuzi w’amazina, akaba n’umusazi mu mwanya umwe! Ahubwo rero bo, ni abantu bimonogoje mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ يَقُولُونَ تَقَوَّلَهُۥۚ بَل لَّا يُؤۡمِنُونَ
Ahubwo none, ababangikanyamana boba bavuga ko Muhamadi yarementanije Qor’ani! Ahubwo rero bo, ntibemera namba.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلۡيَأۡتُواْ بِحَدِيثٖ مِّثۡلِهِۦٓ إِن كَانُواْ صَٰدِقِينَ
Nivyaba biri nk’ukwo babivuga, nibazane rero amajambo arementanije nka Qor’ani, nibaba ari imvugakuri ko Muhamadi yarementanije Qor’ani.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ خُلِقُواْ مِنۡ غَيۡرِ شَيۡءٍ أَمۡ هُمُ ٱلۡخَٰلِقُونَ
Mbega ababangikanyamana, boba baremwe n’ubusa ata cabaremye! Canke boba bariremye! Usangwa bataremwe n’ubusa canke ngo bireme, nibamenye rero ko Imana Allah ari Yo Yabaremye, n’uko ari Yo rero, Ikwiye gusengwa Itabangikanywa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ خَلَقُواْ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَۚ بَل لَّا يُوقِنُونَ
Canke boba bararemye amajuru n’isi muri ubu buryo buhimbaye! Ahubwo rero, ntibemera namba ko bazohanwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ عِندَهُمۡ خَزَآئِنُ رَبِّكَ أَمۡ هُمُ ٱلۡمُصَۜيۡطِرُونَ
Canke boba bajejwe ibigega vy’Imana yawe Rurema Allah! Canke boba baganza ibiremwa vy’Imana Allah! Ahubwo rero bo, nta n’ico bishoboje.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ لَهُمۡ سُلَّمٞ يَسۡتَمِعُونَ فِيهِۖ فَلۡيَأۡتِ مُسۡتَمِعُهُم بِسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٍ
Canke boba bafise ingazi burirako ngo bumvirize ihishurwa ry’Imana Allah ko bari mu kuri! Nivyaba biri nk’ukwo babivuga rero, uwavyumvise muri bo, enda rero nyabuna nazane icemeza kigaragara cemeza ko bari mu kuri.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ لَهُ ٱلۡبَنَٰتُ وَلَكُمُ ٱلۡبَنُونَ
Mbega none, Imana Allah Yarigeneye abana b’abakobwa, Iraheza na mwe Ibagenera abana b’abahungu nk’uko muvyibwira mwihenda!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ تَسۡـَٔلُهُمۡ أَجۡرٗا فَهُم مِّن مَّغۡرَمٖ مُّثۡقَلُونَ
Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero, woba usaba ababangikanyamana impembo kw’irarikiramana ryawe, bigatuma batakwumvira ku kuremerwa n’iyo mpembo ubasaba!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ عِندَهُمُ ٱلۡغَيۡبُ فَهُمۡ يَكۡتُبُونَ
Canke boba bafise ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa, baheza bakabwandika babushikiriza abantu! Baranguha, ubwo bumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa ni ubw’Imana Allah gusa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ يُرِيدُونَ كَيۡدٗاۖ فَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ هُمُ ٱلۡمَكِيدُونَ
Ahubwo bashaka gukoresha urwenge ngo bagirire nabi Intumwa n’abemeramana. Nibamenye rero, ko Imana Allah Izohinyura urwenge rw’abagararije, maze inabi babipfuriza igaruke kuri bo nyene, na kare ngo urucira mukaso rugatwara nyoko.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمۡ لَهُمۡ إِلَٰهٌ غَيۡرُ ٱللَّهِۚ سُبۡحَٰنَ ٱللَّهِ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Canke boba bafise iyindi mana ikwiye gusengwa atari Imana Allah! Nihaninahazwe rero Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِن يَرَوۡاْ كِسۡفٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ سَاقِطٗا يَقُولُواْ سَحَابٞ مَّرۡكُومٞ
Ababangikanyamana no mu gihe bobona igihande c’ijuru kibaguyeko, ntiboretse guhakana, bovuze bati: “Ivyo, ni ibicu gusa vyiyegeranije”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَذَرۡهُمۡ حَتَّىٰ يُلَٰقُواْ يَوۡمَهُمُ ٱلَّذِي فِيهِ يُصۡعَقُونَ
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana, bareke barendegere gushika igihe bahuye n’umusi wabo w’izuka bazohanirwako;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ لَا يُغۡنِي عَنۡهُمۡ كَيۡدُهُمۡ شَيۡـٔٗا وَلَا هُمۡ يُنصَرُونَ
Umusi urwenge rwabo ata na kimwe ruzobamarira mu gihe bazoba bari mu bihano vy’Imana Allah; eka mbere bobo, ntibazoronka n’uwubatabara ngo abibakuremwo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ عَذَابٗا دُونَ ذَٰلِكَ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Mu vy’ukuri, abirenganije mu guhakana, barategekanirijwe n’ibihano mu buzima bwo kw’isi[2], ariko rero abenshi muri bo nta vyo bazi.
[2] Nko kwicwa, kugirwa imbohe hamwe rero no guhanirwa mu mva, n’ibindi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱصۡبِرۡ لِحُكۡمِ رَبِّكَ فَإِنَّكَ بِأَعۡيُنِنَاۖ وَسَبِّحۡ بِحَمۡدِ رَبِّكَ حِينَ تَقُومُ
Ntumwa y’Imana! Ihanganire rero ishikirizabutumwa ku bw’Imana Allah, maze wihanganire n’ibangamira ry’abaguhakana; mu vy’ukuri wewe, Tugushinze ijisho nta kigukorako urakingiwe, uheze uninahaze n’Imana yawe Rurema Allah mu kuyishimagiza mu gihe ugiye gusenga no mu gihe uvyutse;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمِنَ ٱلَّيۡلِ فَسَبِّحۡهُ وَإِدۡبَٰرَ ٱلنُّجُومِ
Uheze rero no mw’ijoro uyininahaze mu kuyishimagiza mw’isengesho, wongere ugire nk’ukwo nyene mu mutwenzi igihe c’irenga ry’inyenyeri.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አጥ ጡር
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት