የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አዝ ዛሪያት   አንቀጽ:

SURATU DDHAARIYAAT

وَٱلذَّٰرِيَٰتِ ذَرۡوٗا
Jewe Allah, Ndarahiye ku bihuhusi bitumura ivumbi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱلۡحَٰمِلَٰتِ وِقۡرٗا
No ku bicu vy’imvura;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱلۡجَٰرِيَٰتِ يُسۡرٗا
No ku bwato bugendera mw’ibahari vyoroshe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱلۡمُقَسِّمَٰتِ أَمۡرًا
No ku bamalayika bashikana amabwirizwa y’Imana Allah ku biremwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَصَادِقٞ
Ko vy’ukuri izurwa ry’ibiremwa musezeranirwa ari iry’ukuri, ritegerezwa gushika;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِنَّ ٱلدِّينَ لَوَٰقِعٞ
N’uko mu vy’ukuri iharurirwa n’impera ku vyo mwakoze, bitegerezwa kuba!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلۡحُبُكِ
Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryaremwe mu buryo butangaje;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّكُمۡ لَفِي قَوۡلٖ مُّخۡتَلِفٖ
Ko mu vy’ukuri, mwebwe abahakanyi muri ba mahindagu ku vyerekeye ukwemera Qor’ani hamwe n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah);
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يُؤۡفَكُ عَنۡهُ مَنۡ أُفِكَ
Higizwa kure ya Qor’ani n’Intumwa, uwigijwe kure y’ukuvyemera mu kwirengagiza ivyemezo vy’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُتِلَ ٱلۡخَرَّٰصُونَ
Harakavumwa rero abahakanyi bibwira ibitari ukuri;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱلَّذِينَ هُمۡ فِي غَمۡرَةٖ سَاهُونَ
Abimonogoje mu buhakanyi, bagoswe mu bugarariji;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَسۡـَٔلُونَ أَيَّانَ يَوۡمُ ٱلدِّينِ
Babaza bitangaza mu ntumbero yo guhakana bati: “Mbega umusi w’iharurirwa n’impera, uzoshika ryari!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ هُمۡ عَلَى ٱلنَّارِ يُفۡتَنُونَ
Umusi w’iharurirwa n’impera, ni umusi bahanishijwe umuriro;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ذُوقُواْ فِتۡنَتَكُمۡ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تَسۡتَعۡجِلُونَ
Maze bakabwirwa bati: “Nimuhonje ibihano vyanyu, ari na vyo mwahora mwihutira gusaba kw’isi ko mwohabwa”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٖ وَعُيُونٍ
Mu vy’ukuri abagamburukiramana, kuri uwo musi bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, irimwo n’amazi y’imbizi atemba;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ءَاخِذِينَ مَآ ءَاتَىٰهُمۡ رَبُّهُمۡۚ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَبۡلَ ذَٰلِكَ مُحۡسِنِينَ
Maze bakirane urweze n’akanyamuneza, impano bahawe n’Imana yabo Rurema Allah, mu vy’ukuri n’imbere yuko bahabwa nya mpano, bahora ari abagwaneza mu bugamburutsi bwabo kw’isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَانُواْ قَلِيلٗا مِّنَ ٱلَّيۡلِ مَا يَهۡجَعُونَ
Ni gake baryama mw’ijoro ku kubera ugusenga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَبِٱلۡأَسۡحَارِ هُمۡ يَسۡتَغۡفِرُونَ
No mu bucagucagu, barasaba Imana Allah imbabazi ku vyaha vyabo;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَفِيٓ أَمۡوَٰلِهِمۡ حَقّٞ لِّلسَّآئِلِ وَٱلۡمَحۡرُومِ
No mu matungo yabo, baratanga ishikanwa-bwirizwa n’imperezwa, bagahereza umukene asega n’uwipfa agasoni ntasege.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَفِي ٱلۡأَرۡضِ ءَايَٰتٞ لِّلۡمُوقِنِينَ
Burya mw’iremwa ry’isi, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, ku bemera ata guhigimanga ko Allah ari Yo Mana y’ukuri Ibwirijwe gusengwa, n’uko Muhamadi ari Intumwa yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَفِيٓ أَنفُسِكُمۡۚ أَفَلَا تُبۡصِرُونَ
Bantu! No mw’iremwa ryanyu nyene, harimwo ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Yo Yonyene Yabaremye, gutyo Ikaba ari Yo Ibwirijwe gusengwa ari Imana Imwe Rudende Itabangikanywa. Mbega none ntimubona ngo mutegere ukuri!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَفِي ٱلسَّمَآءِ رِزۡقُكُمۡ وَمَا تُوعَدُونَ
Ibibabeshaho hamwe n’ivyo musezeranirwa: vyaba ivyiza canke ibibi, amahirwe canke amarushwa, vyose biri mw’ijuru, vyaragezwe kandi biranditswe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَوَرَبِّ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ إِنَّهُۥ لَحَقّٞ مِّثۡلَ مَآ أَنَّكُمۡ تَنطِقُونَ
Ku kubera ivyo vyose rero, Ndarahiye Jewe Allah ku kuba ari Jewe Rurema Yaremye ijuru n’isi, ko ivyo Nabasezeraniye vyose, ari ukuri mudakwiye kugirako amakenga; nka kurya mutagira amakenga ko muvuga mugatomora.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ضَيۡفِ إِبۡرَٰهِيمَ ٱلۡمُكۡرَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Mbega warashikiriwe n’inkuru y’abashitsi bubashwe mu bamalayika bigeze kugendera Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ دَخَلُواْ عَلَيۡهِ فَقَالُواْ سَلَٰمٗاۖ قَالَ سَلَٰمٞ قَوۡمٞ مُّنكَرُونَ
Igihe binjira kwa Ibrahimu bagaca baramutsa bati: “Nimugire amahoro”; maze na we akabishura ati: “Nimusangwe amahoro, emwe bashitsi ntamenye abo muri bo!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَرَاغَ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ فَجَآءَ بِعِجۡلٖ سَمِينٖ
Ni ho yinyavya mu kigo afata ishashi y’inka inuze arayibaga, arayotsa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَقَرَّبَهُۥٓ إِلَيۡهِمۡ قَالَ أَلَا تَأۡكُلُونَ
Araheza ayizimana ba bashitsi mu rupfasoni nta ngere ati: “Mbega ntimwokwihereza!”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَوۡجَسَ مِنۡهُمۡ خِيفَةٗۖ قَالُواْ لَا تَخَفۡۖ وَبَشَّرُوهُ بِغُلَٰمٍ عَلِيمٖ
Ibrahimu amaze kubona ko ba bashitsi badafunguye, vyaramuteye ubwoba. Nya ntumwa zimaze kubona ko Ibrahimu yagize ubwoba, zahavuye mu kumuhumuriza zimubwira ziti: “Ntugire ubwoba namba! Twebwe turi abamalayika”. Ni ho rero baca banamushikiriza n’agakuru keza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’incabwenge mw’idini yitwa Is-haka.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَقۡبَلَتِ ٱمۡرَأَتُهُۥ فِي صَرَّةٖ فَصَكَّتۡ وَجۡهَهَا وَقَالَتۡ عَجُوزٌ عَقِيمٞ
Umukenyezi wa Ibrahimu Sarah aho yumviye inkuru yuko azokwibaruka umwana, yaregereye hafi yabo, maze yikubita kw’itama yitangaza ati: “Bishoboka gute ko novyara kandi ndi umukecuru, nkaba ndi n’ingumba!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ كَذَٰلِكِ قَالَ رَبُّكِۖ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡعَلِيمُ
Ba bashitsi b’abamalayika bamwishuye bati: “Iyo nkuru tuyikubwiye nk’uko yavuzwe n’Imana yawe Rurema Allah Yo Mushoboravyose; mu vy’ukuri Imana Allah, ni Intungane mu vyo Ikora, Nyenubumenyikurivyose”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
۞ قَالَ فَمَا خَطۡبُكُمۡ أَيُّهَا ٱلۡمُرۡسَلُونَ
Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabwiye nya ntumwa mu bamalayika ati: “Ntumwa z’Imana! None mwoba mugenzwa n’amaki?”;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُوٓاْ إِنَّآ أُرۡسِلۡنَآ إِلَىٰ قَوۡمٖ مُّجۡرِمِينَ
Na zo zirishura ziti: “Mu vy’ukuri, twarungitswe ku bantu b’abanyavyaha bimonogoje mw’igarariza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لِنُرۡسِلَ عَلَيۡهِمۡ حِجَارَةٗ مِّن طِينٖ
Kugira tubahanishe amabuye yokeje;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مُّسَوَّمَةً عِندَ رَبِّكَ لِلۡمُسۡرِفِينَ
Nya mabuye ariko ikimenyetso kivuye ku Mana yawe Rurema Allah, yagenewe abimonogoje mu bugarariji bagenzwa n’ubwononyi kw’isi”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَخۡرَجۡنَا مَن كَانَ فِيهَا مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twakura mu gacimbiri k’abantu ba Luutwi, abemeramana;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَمَا وَجَدۡنَا فِيهَا غَيۡرَ بَيۡتٖ مِّنَ ٱلۡمُسۡلِمِينَ
Eka mbere ntitwanasanze muri nya gacimbiri, kiretse umuhana umwe gusa w’abemeramana, ukaba wari uwa Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَتَرَكۡنَا فِيهَآ ءَايَةٗ لِّلَّذِينَ يَخَافُونَ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَلِيمَ
Muri ko, Twahasize ikimenyetso c’igihano Twabahaye, cerekana ubushobozi bw’Imana Allah bwo guhana, ku bantu batinya ibihano vyayo bibabaza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَفِي مُوسَىٰٓ إِذۡ أَرۡسَلۡنَٰهُ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ بِسُلۡطَٰنٖ مُّبِينٖ
No mw’irungikwa rya Musa kwa Firawuni n’abunganizi biwe, igihe Tumurungikana Aayah n’ivyemezo bigaragara, harimwo Aayah n’inkebuzo ku bantu batinya ibihano bibabaza vy’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَتَوَلَّىٰ بِرُكۡنِهِۦ وَقَالَ سَٰحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٞ
Firawuni yaragenjeje umugongo arirengagiza ukuri ku kwishimira inguvu ziwe, maze avuga ati: “Musa, ni umurozi canke ni umukehabwenge yeruye!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَخَذۡنَٰهُ وَجُنُودَهُۥ فَنَبَذۡنَٰهُمۡ فِي ٱلۡيَمِّ وَهُوَ مُلِيمٞ
Ni ho rero Twafata Firawuni n’ingabo ziwe, Duca Tubaterera mw’ibahari. Firawuni yari yakoze ibituma atabwako imiragwe ashavuriwe n’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَفِي عَادٍ إِذۡ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمُ ٱلرِّيحَ ٱلۡعَقِيمَ
No mw’ihonywa rya Bene Aadi, harimwo Aayah n’inkebuzo ku wutegera, igihe Twabarungikira igihuhusi gitema kigatongora;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَا تَذَرُ مِن شَيۡءٍ أَتَتۡ عَلَيۡهِ إِلَّا جَعَلَتۡهُ كَٱلرَّمِيمِ
Nta kintu na kimwe nya gihuhusi caciyeko, kiretse ko cagisiga ari ubunywenywe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَفِي ثَمُودَ إِذۡ قِيلَ لَهُمۡ تَمَتَّعُواْ حَتَّىٰ حِينٖ
No mw’ihanwa rya Bene Thamuudi, harimwo Aayah n’inkebuzo, igihe Intumwa yabo Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yababwira iti: “Nimuryoherwe mu zanyu imisi itatu itarenga ntirenguke mu kurindira urwanyu ko rushika”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَعَتَوۡاْ عَنۡ أَمۡرِ رَبِّهِمۡ فَأَخَذَتۡهُمُ ٱلصَّٰعِقَةُ وَهُمۡ يَنظُرُونَ
Bene Thamuudi baragabitanije kw’ibwirizwa ry’Imana yabo Rurema Allah, baca bahitanwa n’igihano c’umuriro amaso mu yandi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَمَا ٱسۡتَطَٰعُواْ مِن قِيَامٖ وَمَا كَانُواْ مُنتَصِرِينَ
Ntibashoboye no guhaguruka ngo babihunge bitarashika, canke ngo bavyikuremwo, eka mbere n’iyo bahunga ntibari kubirokoka.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَقَوۡمَ نُوحٖ مِّن قَبۡلُۖ إِنَّهُمۡ كَانُواْ قَوۡمٗا فَٰسِقِينَ
Twaranahoneje abantu ba Nuhu hambere yabo. Mu vy’ukuri abantu ba Nuhu, bari n’abantu b’ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلسَّمَآءَ بَنَيۡنَٰهَا بِأَيۡيْدٖ وَإِنَّا لَمُوسِعُونَ
N’ijuru ryegereye isi, Twarariremye maze Turaritunganya, kugira riyibere igisenge kiyikingira, kandi mu vy’ukuri Turanaryagura;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلۡأَرۡضَ فَرَشۡنَٰهَا فَنِعۡمَ ٱلۡمَٰهِدُونَ
N’isi, Twarayigize nk’isaso kugira ibiremwa biyiturureko, ni Twebwe rero Abeza b’abasasa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمِن كُلِّ شَيۡءٍ خَلَقۡنَا زَوۡجَيۡنِ لَعَلَّكُمۡ تَذَكَّرُونَ
No mu bwoko bw’ibiremwa vyose, Twaremye bibiribibiri bitandukanye mu ndemo; nk’igitsina-gabo n’igitsina-gore, kugira mwibuke ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, muheze mwikebuke.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَفِرُّوٓاْ إِلَى ٱللَّهِۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٞ مُّبِينٞ
Bantu! Enda rero nyabuna nimuhungire ibihano vy’Imana Allah, mu kwirukira ku mpuhwe zayo, maze mwemere mwongere mugamburukire Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe, ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo[651].
[651] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) iyo hagize ikiyigora, yaca iremururira umushaha wayo kw’isengesho, ubwo bukaba ari uburyo bumwe mu buryo bwo guhungira ku Mana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَلَا تَجۡعَلُواْ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَۖ إِنِّي لَكُم مِّنۡهُ نَذِيرٞ مُّبِينٞ
Ntimukanabangikanye Imana Allah mu vyo mukora vyose mu kuyisenga n’iyindi mana. Mu vy’ukuri jewe kuri mwebwe, ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَذَٰلِكَ مَآ أَتَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِم مِّن رَّسُولٍ إِلَّا قَالُواْ سَاحِرٌ أَوۡ مَجۡنُونٌ
Nk’uko rero Abakorayishi bahakanye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) bakavuga bati: “Muhamadi, ni umwivuzi w’amazina, canke umurozi, canke umukehabwenge”; ni ko n’imigwi y’abantu bo hambere yabo yabigenjeje, ntiyigeze irungikirwa Intumwa n’imwe, kiretse ko yavuga nk’ukwo nyene, bituma Tuyihana.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَتَوَاصَوۡاْ بِهِۦۚ بَلۡ هُمۡ قَوۡمٞ طَاغُونَ
Mbega yemwe! Abo hambere, boba basigiye abo mu nyuma zabo iragi ryo guhakana Intumwa muri ubwo buryo nyene! Ahubwo rero mbere, bo ni abantu biganza bakagarariza, bagahuza umutima w’ubugarariji n’akagagazo, gutyo bagasusa no mu buryo bwo kugarariza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡ فَمَآ أَنتَ بِمَلُومٖ
Ntumwa y’Imana! Irengagize ababangikanyamana mu kurindira itegeko riberekeye, nta n’uwogutako imiragwe kuko wamaze gushikana ubutumwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَذَكِّرۡ فَإِنَّ ٱلذِّكۡرَىٰ تَنفَعُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Hamwe n’ivyo rero, shishikara irarikiramana wibutsa abo warungitsweko, mu vy’ukuri ukwibutswa kuragirira akamaro abemeramana, na kare ngo uwukebura uwiwe agumizako.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا خَلَقۡتُ ٱلۡجِنَّ وَٱلۡإِنسَ إِلَّا لِيَعۡبُدُونِ
Jewe Allah, sinaremye Amajini n’abantu Nkabarungikira n’Intumwa, atari ukugira banyiyegereze mu vyo bakora vyose banansenge batambangikanya na kimwe mu biremwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَآ أُرِيدُ مِنۡهُم مِّن رِّزۡقٖ وَمَآ أُرِيدُ أَن يُطۡعِمُونِ
Nta bimbeshaho ndabashakako, eka mbere nta n’imfungurwa Ndabasavye, kuko ni Jewe Mubeshaho w’ibiremwa, Nyenugutanga.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ ٱللَّهَ هُوَ ٱلرَّزَّاقُ ذُو ٱلۡقُوَّةِ ٱلۡمَتِينُ
Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Rutunga Ibeshejeho ibiremwa vyose, Nyeninguvu, Mutananirwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِنَّ لِلَّذِينَ ظَلَمُواْ ذَنُوبٗا مِّثۡلَ ذَنُوبِ أَصۡحَٰبِهِمۡ فَلَا يَسۡتَعۡجِلُونِ
Mu vy’ukuri, abirenganije mu guhakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baragenewe umugabane w’ibihano; nk’uwagenewe bagenzi babo bahakanye hambere yabo, ntibihutire rero gusaba guhanwa, kuko bitebe bitebuke, bategerezwa guhanwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَوَيۡلٞ لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ مِن يَوۡمِهِمُ ٱلَّذِي يُوعَدُونَ
Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo, bakazohanwa kuri wa musi wabo w’izuka basezeranirwa ko bazohanwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አዝ ዛሪያት
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት