ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: المطففين   آية:

سورة المطففين - SURATU L-MUTWAFFIFIINA

وَيۡلٞ لِّلۡمُطَفِّفِينَ
Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abazirika umunzani n’abadakwiza ingero (igipimo);
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ إِذَا ٱكۡتَالُواْ عَلَى ٱلنَّاسِ يَسۡتَوۡفُونَ
Abitwararika gukwirizwa ku munzani n’ingero mu gihe bapimiwe n’abandi bantu.
التفاسير العربية:
وَإِذَا كَالُوهُمۡ أَو وَّزَنُوهُمۡ يُخۡسِرُونَ
Iyo naho bapimiye abandi bantu ku ngero canke ku munzani, ntibakwiza urugero.
التفاسير العربية:
أَلَا يَظُنُّ أُوْلَٰٓئِكَ أَنَّهُم مَّبۡعُوثُونَ
Mbega, ntibazi ko bazozurwa bakanahemberwa ivyo bakoze!
التفاسير العربية:
لِيَوۡمٍ عَظِيمٖ
Ku musi w’intureka zihambaye.
التفاسير العربية:
يَوۡمَ يَقُومُ ٱلنَّاسُ لِرَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Umusi abantu bose bazohagarara imbere y’Imana yabo Rurema Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, kugira Ibahembere ivyo bakoze vyose.
التفاسير العربية:
كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡفُجَّارِ لَفِي سِجِّينٖ
Nibateshwe bate, barahumba! Mu vy’ukuri, ubushikiro bw’inkozi z’ikibi ni mu kaga “Sijjiini”.
التفاسير العربية:
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا سِجِّينٞ
Mbega, ni igiki cokumenyesha akaga “Sijjiini” ico ari co?
التفاسير العربية:
كِتَٰبٞ مَّرۡقُومٞ
Ni ibihano bibabaza vy’akataraboneka bategekanirijwe, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo.
التفاسير العربية:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Uguhanwa nya guhanwa, ni ukw’abahakanyi;
التفاسير العربية:
ٱلَّذِينَ يُكَذِّبُونَ بِيَوۡمِ ٱلدِّينِ
Bahakana bivuye inyuma ko hari umusi w’impera.
التفاسير العربية:
وَمَا يُكَذِّبُ بِهِۦٓ إِلَّا كُلُّ مُعۡتَدٍ أَثِيمٍ
Nta wuhakana uwo musi atari uwimonogoje mu buhakanyi, umunyavyaha ruhebwa;
التفاسير العربية:
إِذَا تُتۡلَىٰ عَلَيۡهِ ءَايَٰتُنَا قَالَ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Iyo asomewe Aayah zacu za Qo’rani, aca avuga ati: “Ivyo, ni imigani n'ibitito vy’ab'aho hambere”.
التفاسير العربية:
كَلَّاۖ بَلۡۜ رَانَ عَلَىٰ قُلُوبِهِم مَّا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo ni amajambo y’Imana Allah Yahishuriye Intumwa yayo. Bananiwe kwemera Qor’ani, kuko imitima yabo yaguye ingese, itewe n’ibicumuro bakoze.
التفاسير العربية:
كَلَّآ إِنَّهُمۡ عَن رَّبِّهِمۡ يَوۡمَئِذٖ لَّمَحۡجُوبُونَ
Nibateshwe bate, barahumba! Ahubwo mu vy’ukuri, abahakanyi kuri uwo musi w’izuka, bazobuzwa kubona Imana yabo Rurema Allah[1];
[1] Iyi Aayah, irerekana ko abemeramana ari bo bazobona Imana yabo Rurema Allah mu Bwami bw’ijuru.
التفاسير العربية:
ثُمَّ إِنَّهُمۡ لَصَالُواْ ٱلۡجَحِيمِ
Hanyuma binjire mu muriro ururumba, bawote;
التفاسير العربية:
ثُمَّ يُقَالُ هَٰذَا ٱلَّذِي كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ
Hanyuma babwirwe n’abamalayika bawucungereye bati: “Ibi, ni vya bihano mwahora muhakana mwivuye inyuma”.
التفاسير العربية:
كَلَّآ إِنَّ كِتَٰبَ ٱلۡأَبۡرَارِ لَفِي عِلِّيِّينَ
Emwe! Nibateshwe bate barahumba! Mu vy’ukuri, ivyanditswe ku beranda biri ku rwego ruhanitse “Illiyyiina” mu Bwami bw’ijuru.
التفاسير العربية:
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا عِلِّيُّونَ
Mbega, ni igiki cokumenyesha urwego ruhanitse “Illiyyiina” ico ari co!
التفاسير العربية:
كِتَٰبٞ مَّرۡقُومٞ
Ni ivyagenewe aberanda, vyanditswe mu buryo ata kwihenda kurimwo;
التفاسير العربية:
يَشۡهَدُهُ ٱلۡمُقَرَّبُونَ
Bibonwa n’abamalayika b’abishikira.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلۡأَبۡرَارَ لَفِي نَعِيمٍ
Mu vy’ukuri aberanda, bazoba bari mu nema z’Ubwami bw’ijuru;
التفاسير العربية:
عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ
Bicaye ku bitanda bisharije vy'iteka biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;
التفاسير العربية:
تَعۡرِفُ فِي وُجُوهِهِمۡ نَضۡرَةَ ٱلنَّعِيمِ
Uzobona basayangana mu maso kubera akamwemwe ku kandi gatewe n’inema z’Imana Allah;
التفاسير العربية:
يُسۡقَوۡنَ مِن رَّحِيقٖ مَّخۡتُومٍ
Bazoherezwa inzoga zitaboreza, zipfundikiye neza zitwararitswe.
التفاسير العربية:
خِتَٰمُهُۥ مِسۡكٞۚ وَفِي ذَٰلِكَ فَلۡيَتَنَافَسِ ٱلۡمُتَنَٰفِسُونَ
Uwuhejeje kunywa kuri nya nzoga, mu kanwa hasigara akamoto ka “Miski”. Mu gutsindira izo nema rero, nibarushanwe abarushanwa.
التفاسير العربية:
وَمِزَاجُهُۥ مِن تَسۡنِيمٍ
Iyo nzoga yengeshejwe amazi ya “Tasniim”;
التفاسير العربية:
عَيۡنٗا يَشۡرَبُ بِهَا ٱلۡمُقَرَّبُونَ
Ni iriba, abatoni b’Imana Allah bazonywako.
التفاسير العربية:
إِنَّ ٱلَّذِينَ أَجۡرَمُواْ كَانُواْ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ يَضۡحَكُونَ
Mu vy’ukuri abahakanye Imana Allah, bahora batwenga abemeramana bakiri kw’isi;
التفاسير العربية:
وَإِذَا مَرُّواْ بِهِمۡ يَتَغَامَزُونَ
Mu gihe babarenganye, bavunanira urugohe ku gasuzuguro;
التفاسير العربية:
وَإِذَا ٱنقَلَبُوٓاْ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِمُ ٱنقَلَبُواْ فَكِهِينَ
Mu gihe naho batashe mu miryango yabo, bagataha baryohewe batera inkuru z’ukuntu basuzuguye abemeramana;
التفاسير العربية:
وَإِذَا رَأَوۡهُمۡ قَالُوٓاْ إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ لَضَآلُّونَ
Iyo naho babonye ingendanyi zamaze kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bavuga bati: “Mu vy’ukuri, abo ni bo bahuvye, bari mu muzimiza”.
التفاسير العربية:
وَمَآ أُرۡسِلُواْ عَلَيۡهِمۡ حَٰفِظِينَ
Kanatsinda, ntibatumwe kugira ngo bazicungere.
التفاسير العربية:
فَٱلۡيَوۡمَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ مِنَ ٱلۡكُفَّارِ يَضۡحَكُونَ
Uno musi w’izuka rero, abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, baratwenga abagararije basuzuguritse mu bihano;
التفاسير العربية:
عَلَى ٱلۡأَرَآئِكِ يَنظُرُونَ
Abemeramana bazoba bicaye ku bitanda vy'iteka bisharije biteye igomwe, baraba Imana yabo Allah hamwe n’ingabirano n’ivyiza bahawe;
التفاسير العربية:
هَلۡ ثُوِّبَ ٱلۡكُفَّارُ مَا كَانُواْ يَفۡعَلُونَ
Bazovuga bati: “Mbega yemwe! Abagarariji boba bahembewe ivyo bari barakoze kw’isi?”.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: المطففين
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق